আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আদ-দুখান   আয়াত:

SURATU DDUKHAAN

حمٓ
Haa Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku Gitabu ca Qor’ani gitomoye neza mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّآ أَنزَلۡنَٰهُ فِي لَيۡلَةٖ مُّبَٰرَكَةٍۚ إِنَّا كُنَّا مُنذِرِينَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Qor’ani mw’ijoro ry’iteka, ryuzuyemwo imigisha myinshi mu kwezi kwa Ramadhani. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Ibitabu Turungika n’Intumwa kugira Tugabishe abantu ku bihano vyacu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فِيهَا يُفۡرَقُ كُلُّ أَمۡرٍ حَكِيمٍ
Muri nya joro ry’iteka rero, abanditsi mu bamalayika, bashirirwa ahabona ingingo yerekeye ikintu cose kizotunganywa kigashirwa mu ngiro muri uwo mwaka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡرٗا مِّنۡ عِندِنَآۚ إِنَّا كُنَّا مُرۡسِلِينَ
Ingingo yubahirizwa kw’itegeko n’ubumenyi bivuye iwacu Twebwe Allah. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse ku bantu Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’izindi zarungitswe hambere yiwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Mu ntumbero yo kugirira impuhwe abantu zarungitsweko, impuhwe zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, mu vy’ukuri ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ibivugwa vyose; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n’ibiremwa hamwe n’ivyo bizirikana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ
Ni Yo Rurema Yaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo. Nimwaba rero muzi neza ivyo mu buryo buzira amakenga, nimumenye ko Iyaremye ivyo vyose, ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ رَبُّكُمۡ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka. Ni Yo Mana yanyu Rurema, Ikaba n’Imana ya ba so bo hambere yanyu, nimuyisenge rero mutayibangikanya na kimwe mu biremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ هُمۡ فِي شَكّٖ يَلۡعَبُونَ
Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero, ababangikanyamana bafise amakenga ku kuri wabazaniye, baratwawe n’ibihendamaso vy’isi n’ubufyinyi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱرۡتَقِبۡ يَوۡمَ تَأۡتِي ٱلسَّمَآءُ بِدُخَانٖ مُّبِينٖ
Ntumwa y’Imana! Barindire rero bazokwibonerako, umusi ijuru ryafumvye umwotsi ugaragara, ukwiragiye hose;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَغۡشَى ٱلنَّاسَۖ هَٰذَا عَذَابٌ أَلِيمٞ
Ugahwikira abantu bose, maze bakabwirwa bati: “Iki rero, ni co gihano kibabaza cane”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَّبَّنَا ٱكۡشِفۡ عَنَّا ٱلۡعَذَابَ إِنَّا مُؤۡمِنُونَ
Bagaheza bagasaba gukurwako nya gihano batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Udukureko kino gihano. Uramutse Ukidukuyeko, ni ukuri twoca tukwemeraˮ.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَنَّىٰ لَهُمُ ٱلذِّكۡرَىٰ وَقَدۡ جَآءَهُمۡ رَسُولٞ مُّبِينٞ
Mbega bokwibuka gute inyuma y’aho bamanuriwe nya gihano, kandi baramaze gushikirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) itomora amabwirizwa y'Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ تَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ وَقَالُواْ مُعَلَّمٞ مَّجۡنُونٌ
Hanyuma bakayirengagiza bakanavuga ko ari umwigishwa[2] akaba n’umusazi, n’uko atari Intumwa namba!
[2] Ashikiriza ivyo yigishijwe n’abantu canke ba senyagara canke amashetani.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّا كَاشِفُواْ ٱلۡعَذَابِ قَلِيلًاۚ إِنَّكُمۡ عَآئِدُونَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzobakurako igihano umwanya muto, maze murabe ko mu vy’ukuri mutazosubira mu bugarariji n’ubuhuvyi mwahoramwo[3]. Muri ico gihe rero, Tuzoca Tubahana kandi;
[3] Ivyo rero vyarashitse, ariko ntibahavuye bemera nk’uko basezeranye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ نَبۡطِشُ ٱلۡبَطۡشَةَ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ إِنَّا مُنتَقِمُونَ
Umusi Twacakiye abagarariji, maze Tukabahana nya kubahana, ni wo musi w’izuka rero Tuzobihorerako.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ وَلَقَدۡ فَتَنَّا قَبۡلَهُمۡ قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَ وَجَآءَهُمۡ رَسُولٞ كَرِيمٌ
Ni ukuri, hambere y’ababangikanyamana b’i Makka, Twaragerageje abantu ba Firawuni, maze Tubarungikira Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yubashwe, baraheza barayihakana bivuye inyuma, Duca Turabahana. Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Tuzohana abo warungitsweko, nibatakwemera;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَنۡ أَدُّوٓاْ إِلَيَّ عِبَادَ ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ
Musa araheza ababwira ati: “Enda nyabuna rero, nimumpe abaja b’Imana Allah muri Bene Israyeli, kugira bayiyegereze mu vyo bakora vyose, banayisenge ari Imwe Rudende; jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa kuri mwebwe, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo mpishurirwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَن لَّا تَعۡلُواْ عَلَى ٱللَّهِۖ إِنِّيٓ ءَاتِيكُم بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٖ
Kandi ntimukagire amanyama ku Mana Allah mu guhakana Intumwa zayo; jewe mu vy’ukuri, ndabazaniye icemezo gitomoye cemeza ukuri kwanje;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنِّي عُذۡتُ بِرَبِّي وَرَبِّكُمۡ أَن تَرۡجُمُونِ
Mu vy’ukuri, ndikinze ku Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, Inkingire ko mwonyicisha amabuye;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِن لَّمۡ تُؤۡمِنُواْ لِي فَٱعۡتَزِلُونِ
Nimutanyemera ku vyo ndabazaniye, murandeka nidegemvye mutangeramiraˮ.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنَّ هَٰٓؤُلَآءِ قَوۡمٞ مُّجۡرِمُونَ
Musa amaze kubona ko bamuhakanye bivuye inyuma, ni ho yasaba atakambira Imana yiwe Rurema Allah ati: “Mu vy’ukuri aba bantu, ni abanyavyaha bakubangikanyaˮ.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَسۡرِ بِعِبَادِي لَيۡلًا إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ
Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Musa! Muri iri joro, uragenda ujanye abaja banje bakwemeye bakagukurikira; mu vy’ukuri, Firawuni n’ingabo ziwe bahava babomako, babatere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱتۡرُكِ ٱلۡبَحۡرَ رَهۡوًاۖ إِنَّهُمۡ جُندٞ مُّغۡرَقُونَ
Maze ureke ibahari rigume ritururuye nk’uko risanzwe, mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava basomeshwa nturi”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَمۡ تَرَكُواْ مِن جَنَّٰتٖ وَعُيُونٖ
Inyuma y’isomeshwa nturi rero, Firawuni n’ingabo ziwe basize ibintu vyinshi; imirima itotahaye, amariba y’amazi atemba;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَزُرُوعٖ وَمَقَامٖ كَرِيمٖ
N’indimo hamwe rero n’inzu ziteye igomwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَنَعۡمَةٖ كَانُواْ فِيهَا فَٰكِهِينَ
Hamwe rero n’inema nyinshi bari babayemwo, borohewe mu buzima;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا قَوۡمًا ءَاخَرِينَ
Ni nk’ico gihano rero Imana Allah Iha abihakana inema zayo, maze bakayigarariza. Inyuma y’ihonywa ryabo rero, ivyo vyose Twabiraze abandi bantu muri Bene Israyeli.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَا بَكَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّمَآءُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَا كَانُواْ مُنظَرِينَ
Ijuru n’isi, ntivyigeze biririra Firawuni n’ingabo ziwe; kira noneho, ntibari no kurindirizwa ngo ntibahanwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ نَجَّيۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ مِنَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡمُهِينِ
Ni ukuri, Twaranarokoye Bene Israyeli mu bihano bisuzuguza vyo gucurwa bufuni na buhoro;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مِن فِرۡعَوۡنَۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَالِيٗا مِّنَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Maze Tubakiza mu kubakura kw’izosi Firawuni; mu vy’ukuri Firawuni, yari no mu bantu bagira amanyama ku bandi, bimonogoza mu bugarariji.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدِ ٱخۡتَرۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ عِلۡمٍ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ni ukuri Twatoye Bene Israyeli Tubizi, mu kubatera iteka kurusha abandi bo mu gihe cabo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَءَاتَيۡنَٰهُم مِّنَ ٱلۡأٓيَٰتِ مَا فِيهِ بَلَٰٓؤٞاْ مُّبِينٌ
Maze Tubaha n’ibitangaro bazaniwe na Musa, birimwo igeragezwa rigaragara kuri bo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَيَقُولُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri aba babangikanyamana mu bantu warungitsweko, ni ukuri bavuga bahakana izurwa ry’ibiremwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنۡ هِيَ إِلَّا مَوۡتَتُنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُنشَرِينَ
Bakavuga bati: “Umuntu apfa rimwe! Urupfu ni urwo nyene rwo kw’isi nta rundi; ntituzonazuka inyuma yo gupfa ngo duharurirwe ivyo twakoze, duheze tubihemberwe!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأۡتُواْ بِـَٔابَآئِنَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Bakongera bati: “Ewe Muhamadi! Wewe n’abemeramana muri kumwe, enda nyabuna rero, nimugarure kw’isi ba data bapfuye kera, nimwaba koko muri imvugakuri ko abantu bazosubizwa ubuzima bakazuka!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَهُمۡ خَيۡرٌ أَمۡ قَوۡمُ تُبَّعٖ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ أَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ مُجۡرِمِينَ
Abo babangikanyamana b’i Makka, ni bo bahawe ubutore mu nguvu n’inema gusumba abandi ku buryo Tutobahana! Canke ni abantu b’umwami Tubba’i[4] hamwe n’imigwi y’abagararije hambere y’abo! Abo bose rero hamwe n’ubutore mu nguvu n’inema Twabahaye, Twarabahanye ku bugarariji bwabo Turabahonya. Mu vy’ukuri, bari abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
[4] Tubba-i, ni umwami yigeze gutwara Yemeni, yakomoka mu bwoko bwa Al-Himyar.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا لَٰعِبِينَ
Ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu ntumbero yo gufyinata;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا خَلَقۡنَٰهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntitwabiremye, kiretse ko kwari ukugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Ariko rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi intumbero y’Imana Allah mu kurema.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ يَوۡمَ ٱلۡفَصۡلِ مِيقَٰتُهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Mu vy’ukuri umusi w’izuka, ari na wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, ni ryo sango ntarengwa ryabo bose;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ لَا يُغۡنِي مَوۡلًى عَن مَّوۡلٗى شَيۡـٔٗا وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
Umusi umugenzi ata na kimwe azomarira mugenziwe, eka mbere nta n’uwuzotabara uwundi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّا مَن رَّحِمَ ٱللَّهُۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Kiretse uwuzogirirwa impuhwe n’Imana Allah mu bemeramana, maze akagira uwo avugira kuri Yo, ku burenganzira bwayo. Mu vy’ukuri rero Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ شَجَرَتَ ٱلزَّقُّومِ
Mu vy’ukuri, igiti Al-Zaqquumu kinagira mu nyenga y’umuriro;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
طَعَامُ ٱلۡأَثِيمِ
Ivyamwa vyaco birura, binuka utokwumva, ni zo mfungurwa z’umunyavyaha, na canecane uwubangikanya Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَٱلۡمُهۡلِ يَغۡلِي فِي ٱلۡبُطُونِ
Uwuriye nya vyamwa, birabira mu nda; nka kurya kw’ubutare bwayongejwe ku muriro;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَغَلۡيِ ٱلۡحَمِيمِ
Bugasebura nka kurya kw’amazi yabize akaryimara;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
خُذُوهُ فَٱعۡتِلُوهُ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ
Abamalayika, ku musi w’izuka bazobwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha, maze mumuterere mu nyenga y’umuriro ururumba;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ صُبُّواْ فَوۡقَ رَأۡسِهِۦ مِنۡ عَذَابِ ٱلۡحَمِيمِ
Hanyuma mumusuke ku mutwe amazi asebuye akaryimara, maze yumvirize ibihano vyayo”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ذُقۡ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡكَرِيمُ
Maze abwirwe n’agashinyaguro n’akantu ati: “Honja rero ibihano. Mu vy’ukuri, kw’isi wari umunyacubahiro, umwubahwa mu bantu bawe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ هَٰذَا مَا كُنتُم بِهِۦ تَمۡتَرُونَ
Banyavyaha! Ni ukuri ibi bihano muhawe kuri uno musi, ni bimwe mwahora mugirako amakenga ko bibaho”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي مَقَامٍ أَمِينٖ
Mu vy’ukuri, abagamburukiye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoba bari mw’icumbi ritekanye ryubashwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فِي جَنَّٰتٖ وَعُيُونٖ
Mu mirima itotahaye, icamwo n’amazi atemba y’imbizi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَلۡبَسُونَ مِن سُندُسٖ وَإِسۡتَبۡرَقٖ مُّتَقَٰبِلِينَ
Bazoba bambaye impuzu zishonywe mw’iharire yoroshe n’iyiremereye, bicaye barabana amaso mu yandi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَذَٰلِكَ وَزَوَّجۡنَٰهُم بِحُورٍ عِينٖ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahaye abagamburukiramana Ubwami bw’ijuru Tukabambika n’impuzu z’iteka - Tuzobatera n’iteka ryo kubashingira abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini);
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَدۡعُونَ فِيهَا بِكُلِّ فَٰكِهَةٍ ءَامِنِينَ
Muri Bwo, bazosaba guherezwa amoko yose y’ivyamwa bipfuza, batekaniwe ku kuba nya vyamwa bitigera bihundura;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَا يَذُوقُونَ فِيهَا ٱلۡمَوۡتَ إِلَّا ٱلۡمَوۡتَةَ ٱلۡأُولَىٰۖ وَوَقَىٰهُمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ
Muri nya Bwami, ntibazoshikirwa n’urupfu ngo bapfe, kiretse urupfu rwa mbere bahonjeje bakiri kw’isi; Imana Allah, Izonabakingira ibihano vy’umuriro ururumba;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَضۡلٗا مِّن رَّبِّكَۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Ivyo bikazoba ku mpano no ku bugwaneza bw’Imana yawe Rurema Allah. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِنَّمَا يَسَّرۡنَٰهُ بِلِسَانِكَ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani, mu kuntu isomwa no mu nsiguro yayo mu rurimi rwawe, kugira bibuke baheze bikebuke;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱرۡتَقِبۡ إِنَّهُم مُّرۡتَقِبُونَ
Rindira rero ineshwa canke ihanwa ry’ababangikanyamana Twagusezeraniye, na bo nyene mu vy’ukuri baguteze imisi ko uneshwa canke ugapfa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আদ-দুখান
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ