আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (29) ছুৰা: ছুৰা আল-ফাতাহ
مُّحَمَّدٞ رَّسُولُ ٱللَّهِۚ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥٓ أَشِدَّآءُ عَلَى ٱلۡكُفَّارِ رُحَمَآءُ بَيۡنَهُمۡۖ تَرَىٰهُمۡ رُكَّعٗا سُجَّدٗا يَبۡتَغُونَ فَضۡلٗا مِّنَ ٱللَّهِ وَرِضۡوَٰنٗاۖ سِيمَاهُمۡ فِي وُجُوهِهِم مِّنۡ أَثَرِ ٱلسُّجُودِۚ ذَٰلِكَ مَثَلُهُمۡ فِي ٱلتَّوۡرَىٰةِۚ وَمَثَلُهُمۡ فِي ٱلۡإِنجِيلِ كَزَرۡعٍ أَخۡرَجَ شَطۡـَٔهُۥ فَـَٔازَرَهُۥ فَٱسۡتَغۡلَظَ فَٱسۡتَوَىٰ عَلَىٰ سُوقِهِۦ يُعۡجِبُ ٱلزُّرَّاعَ لِيَغِيظَ بِهِمُ ٱلۡكُفَّارَۗ وَعَدَ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ مِنۡهُم مَّغۡفِرَةٗ وَأَجۡرًا عَظِيمَۢا
Muhamadi, ni Intumwa y’Imana koko; abamukurikiye na bo, barakarira abagarariji, maze bakagiriranira impuhwe hagati yabo. Uzobabona bunama, bubama ku ruhanga mu gihe bariko barasenga, bazeye kuronka impano zivuye ku Mana Allah, maze Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru Ibishimiye. Ikimenyetso c’iyumviramana ryabo kigaragarira ku ruhanga ku kwama bubamira Imana Allah mu gusenga. Ico rero, ni co kimenyetso kibaranga kivugwa muri Tawurati. Akarorero k’ibibaranga mu Njili, ni nk’igiterwa casohoye intumbatumba n’amashami, hanyuma nya mashami akagwirirana ashigikiye nya giterwa, maze nya giterwa na co kigakura gitotahaye, kigororotse, abarimyi bagahimbarwa bakibonye. Imana Allah, Ibagereranya rero n’igiterwa mw’igwirirana ryabo no gushaza kwabo, kugira ngo Ishavuze abagarariji[6]. Imana Allah Yasezeraniye muri bo, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, maze Ikavyirengagiza ntibibahanire, hamwe rero n’impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.
[6] Iyi Aayah, iremeza ko ukwanka ingendanyi ari igarariza, kuko ng’aha Imana Allah Izihayagiza mu kwerekana ko ukugwirirana no gushaza kwazo, bishavuza abagarariji, gutyo rero uwanka agashavuzwa na zo, aba abaye umugarariji.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (29) ছুৰা: ছুৰা আল-ফাতাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ