আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (12) ছুৰা: ছুৰা আল-মায়িদাহ
۞ وَلَقَدۡ أَخَذَ ٱللَّهُ مِيثَٰقَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَبَعَثۡنَا مِنۡهُمُ ٱثۡنَيۡ عَشَرَ نَقِيبٗاۖ وَقَالَ ٱللَّهُ إِنِّي مَعَكُمۡۖ لَئِنۡ أَقَمۡتُمُ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَيۡتُمُ ٱلزَّكَوٰةَ وَءَامَنتُم بِرُسُلِي وَعَزَّرۡتُمُوهُمۡ وَأَقۡرَضۡتُمُ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا لَّأُكَفِّرَنَّ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَلَأُدۡخِلَنَّكُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ فَمَن كَفَرَ بَعۡدَ ذَٰلِكَ مِنكُمۡ فَقَدۡ ضَلَّ سَوَآءَ ٱلسَّبِيلِ
Ni ukuri, Imana Allah Yarahaye Bene Israyeli isezerano rihambaye ryo kuyumvira, bakumvira n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’ibiri muri Tawurati. Twebwe Allah Twaranabwirije Intumwa Musa ko yobagenera indongozi cumi na zibiri z’inararibonye, zihagarikira iyubahirizwa ry’iryo sezerano mu miryango cumi n’ibiri ya Bene Israyeli, gutyo Imana Allah Ibabwira Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe mu kubacungera no mu kubatabara. Nimwatsimbataza isengesho, mugatanga n’ishikanwa-bwirizwa, mukemera n’Intumwa zanje mukanazishigikira, mukagurana Imana Allah ingurane nziza mu gutanga mu nzira yayo, ni ukuri Nzobababarira ibicumuro n’ivyaha vyanyu, ni ukuri Nzonabinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Uwo wese rero azogarariza muri mwebwe akarenga kuri iri sezerano, ni ukuri azoba yahuvye inzira y’ukuri”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (12) ছুৰা: ছুৰা আল-মায়িদাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ