আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা ক্বাফ   আয়াত:

SURATU QAAF

قٓۚ وَٱلۡقُرۡءَانِ ٱلۡمَجِيدِ
Qaaf[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri iyi Qor’ani y’iteka n’icubahiro, ko Intumwa Muhamadi ari imvugakuri mu vyo ishikiriza;
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ عَجِبُوٓاْ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٞ مِّنۡهُمۡ فَقَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا شَيۡءٌ عَجِيبٌ
Ahubwo abahakanye bivuye inyuma Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), batangajwe n’uko muri bo harungitswe Umugabisha abagabisha ku bihano vy’Imana Allah, maze abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo baca bavuga bitangaza bati: “Iki, ni ikintu gitangaje pe!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗاۖ ذَٰلِكَ رَجۡعُۢ بَعِيدٞ
Mbega burya nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko! Yemwe! Iryo zuka rero, riri kure nk’ukwezi, ntiribaho”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَدۡ عَلِمۡنَا مَا تَنقُصُ ٱلۡأَرۡضُ مِنۡهُمۡۖ وَعِندَنَا كِتَٰبٌ حَفِيظُۢ
Ni ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ibibora mu mibiri yabo bigahinduka ivu, maze isi ikabinunuza; Turafise rero n’Igitabu nyezina kibungabunzwe, canditswemwo ivyagezwe kuri bo n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ كَذَّبُواْ بِٱلۡحَقِّ لَمَّا جَآءَهُمۡ فَهُمۡ فِيٓ أَمۡرٖ مَّرِيجٍ
Ahubwo rero, ababangikanyamana barahakanye bivuye inyuma Qor’ani igihe ibashikiriye, baraheza baguma bajuragirika mu vyiyumviro, batazi ico bafata n’ico bareka hagati y'ukwemera no guhakana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَفَلَمۡ يَنظُرُوٓاْ إِلَى ٱلسَّمَآءِ فَوۡقَهُمۡ كَيۡفَ بَنَيۡنَٰهَا وَزَيَّنَّٰهَا وَمَا لَهَا مِن فُرُوجٖ
Mbega aho bahakana izurwa ry’ibiremwa, ntibabona ijuru rihanitse hejuru yabo, ukuntu Twebwe Allah Twaryubatse riringaniye, Turaheza Turishariza n’inyenyeri zakaka, ata n’akanenge woribonamwo!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلۡأَرۡضَ مَدَدۡنَٰهَا وَأَلۡقَيۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجِۭ بَهِيجٖ
Mbega, ntibabona n’isi nyene ko Twayaguye, maze Turayisasa, Tuyigirako n’imisozi iyigumije nk’imambo ku kwanka ko yobajegeza, Turaheza Tuyimereshako n’ubwoko bwose bw’ivyimeza bibereye ijisho!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تَبۡصِرَةٗ وَذِكۡرَىٰ لِكُلِّ عَبۡدٖ مُّنِيبٖ
Ivyo vyose rero, Twabiremye kugira Dukebure Twongere Twibutse uwo wese ashaka kugaruka ku Mana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَنَزَّلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ مُّبَٰرَكٗا فَأَنۢبَتۡنَا بِهِۦ جَنَّٰتٖ وَحَبَّ ٱلۡحَصِيدِ
Twaranatumye hagwa n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere abafitiye akamaro kanini, maze Tumeresha amashamba y’ibiti vyinshi, hamwe rero n’ibinyantete hakoreshejwe nya mazi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلنَّخۡلَ بَاسِقَٰتٖ لَّهَا طَلۡعٞ نَّضِيدٞ
Tumeresha n’ibiti vy’itende bikura bikaba birebire, biheka n’itende zihekeranye;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رِّزۡقٗا لِّلۡعِبَادِۖ وَأَحۡيَيۡنَا بِهِۦ بَلۡدَةٗ مَّيۡتٗاۚ كَذَٰلِكَ ٱلۡخُرُوجُ
Ivyo vyose rero, Tukaba Twabimeresheje kugira bibesheho ibiremwa, kimwe cose ku co gikeneye. Twaranatotahaje isi hakoreshejwe nya mazi nyene, isi yari yagadutse igacika ubukumbagare, isubira kunagisha ibiterwa n’ivyimeza bitandukanye. Ni nk’ukwo nyene rero na mwe Tuzobasubiza kandi ubuzima mukazuka ku musi w’izuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَأَصۡحَٰبُ ٱلرَّسِّ وَثَمُودُ
Hambere y’ababangikanyamana b’Abakorayishi, harigeze guhakana abantu ba Nuhu, Beniriba na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَعَادٞ وَفِرۡعَوۡنُ وَإِخۡوَٰنُ لُوطٖ
Bene Aadi barungikiwe Huudi, Firawuni yarungikiwe Musa, abantu ba Luutwi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ وَقَوۡمُ تُبَّعٖۚ كُلّٞ كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ وَعِيدِ
Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu, hamwe rero n’abantu b’umwami wo muri Yemeni batazira Tubba’a[2]. Abo bose rero, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, gutyo bashikirwa n’inkurikizi zo kutumva ukubihaniza kwanje Jewe Allah, Nca Ndabahana vy’akarorero.
[2] Tubba’a, ni itazirano ryahabwa umwami uwo ari we wese mu bami batwara igihugu ca Yemeni aho hambere hahise.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَفَعَيِينَا بِٱلۡخَلۡقِ ٱلۡأَوَّلِۚ بَلۡ هُمۡ فِي لَبۡسٖ مِّنۡ خَلۡقٖ جَدِيدٖ
Mbega none, bibaza ko Twananiwe kurema ibiremwa Twaremye na mbere ata n’ico Turinze kurabirako, ku buryo Twonanirwa no kubisubiza kandi ubuzima ngo bizuke vyaramaze guhona! Kira noneho, ivyo ntivyotunanira. Ukuri, ni uko ababangikanyamana bo bafise amakenga ku kuntu izurwa ry’ibiremwa ryoshoboka kandi vyaramaze gupfa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ وَنَعۡلَمُ مَا تُوَسۡوِسُ بِهِۦ نَفۡسُهُۥۖ وَنَحۡنُ أَقۡرَبُ إِلَيۡهِ مِنۡ حَبۡلِ ٱلۡوَرِيدِ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu Tuzi neza ivyo umushaha wiwe umwosha. Kira noneho, Turi no hafi yiwe cane kurusha umutsi mukuru wo kw’izosi ufitaniye imihora n’umutima;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِذۡ يَتَلَقَّى ٱلۡمُتَلَقِّيَانِ عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَعَنِ ٱلشِّمَالِ قَعِيدٞ
Igihe abamalayika babiri baba bari iburyo n’ibubamfu, maze uwuri iburyo akandika ibikorwa vy'umuntu vyiza, uwuri ibubamfu na we akandika ibikorwa vyiwe bibi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَّا يَلۡفِظُ مِن قَوۡلٍ إِلَّا لَدَيۡهِ رَقِيبٌ عَتِيدٞ
Nta n’ijambo na rimwe riva mu kanwa kiwe, kiretse ko aba afise umumalayika amucungereye aheza akaryandika, akaba ari na co gusa ajejwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَآءَتۡ سَكۡرَةُ ٱلۡمَوۡتِ بِٱلۡحَقِّۖ ذَٰلِكَ مَا كُنتَ مِنۡهُ تَحِيدُ
Yashikirwa n’ibimenyetso vy’ukuri vy’uko ari ku mpfiro, akabwirwa ati: “Ewe muntu! Ico ni co wahora uhunga utinya ko kigushikira”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِۚ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡوَعِيدِ
Maze inzamba igira kabiri yo kuzurwa kw’ibiremwa ivuzwe. Uwo rero ni wo musi w’izuka, Imana Allah Yasezeraniye abagarariji ko utegerezwa gushika;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَآءَتۡ كُلُّ نَفۡسٖ مَّعَهَا سَآئِقٞ وَشَهِيدٞ
Umuntu wese rero kuri uwo musi, azoza ari kumwe n’abamalayika babiri; umwe azoba amushoreye, awundi na we akazoba aje kumwagiriza ku vyo yakoze kw’isi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّقَدۡ كُنتَ فِي غَفۡلَةٖ مِّنۡ هَٰذَا فَكَشَفۡنَا عَنكَ غِطَآءَكَ فَبَصَرُكَ ٱلۡيَوۡمَ حَدِيدٞ
Aheze abwirwe ati: “Ni ukuri, wari waragoswe ku vyo wiboneye kuri uno musi, maze Twebwe Allah Tugukurirako ipaziya ku buryo amaso yawe kuri uno musi abona ata guhwihwisha”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَالَ قَرِينُهُۥ هَٰذَا مَا لَدَيَّ عَتِيدٌ
Umumalayika yamugendanira yandika ivyo akora, azomwagiriza ati: “Ng’ibi ivyo wakoze ndabifise kandi birabungabunzwe, biranditswe”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَلۡقِيَا فِي جَهَنَّمَ كُلَّ كَفَّارٍ عَنِيدٖ
Imana Allah Imaze gutunganiriza ibiremwa, Izobwira nya bamalayika babiri Iti: “Nimuterere muri Jahannamu umuhakanyi uwo ari we wese yimonogoje mu bugarariji, intumva mu kurenga ku mabwirizwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَّنَّاعٖ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٖ مُّرِيبٍ
Akaba n’impfumbasi itigera itanga namba mu matungo yayo, yahonyanga agateka k’abandi, ikarenga no ku mabwirizwa, yamana amakenga ku vyo yasezeraniwe no mu vyo yihanijweko;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِي جَعَلَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَأَلۡقِيَاهُ فِي ٱلۡعَذَابِ ٱلشَّدِيدِ
Uwabangikanije Imana Allah n’iyindi mana, nimumuterere mu bihano bikaze vya Jahannamu”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ قَالَ قَرِينُهُۥ رَبَّنَا مَآ أَطۡغَيۡتُهُۥ وَلَٰكِن كَانَ فِي ضَلَٰلِۭ بَعِيدٖ
Shetani yamwama hafi mu kumwosha nabi, izomwihakana maze ivuge iti: “Mana yacu Rurema Allah! Sinigeze ndamuhubisha, ariko yari asanzwe ari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالَ لَا تَخۡتَصِمُواْ لَدَيَّ وَقَدۡ قَدَّمۡتُ إِلَيۡكُم بِٱلۡوَعِيدِ
Imana Allah Izovuga Iti: “Nimukazibe! Nta kamaro ko gutanako imiragwe imbere yanje mu gihe Nabasezeraniye kw’isi ko umugarariji azohanwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا يُبَدَّلُ ٱلۡقَوۡلُ لَدَيَّ وَمَآ أَنَا۠ بِظَلَّٰمٖ لِّلۡعَبِيدِ
Sinisubirako mw’ijambo, kanatsinda Jewe Allah, sindenganya n’umwe mu biremwa ngo Ndamuhanire icaha c’uwundi”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ نَقُولُ لِجَهَنَّمَ هَلِ ٱمۡتَلَأۡتِ وَتَقُولُ هَلۡ مِن مَّزِيدٖ
Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko umusi Twebwe Allah Twabwiye Jahannamu Duti: “Mbega wuzuye!”; Jahannamu na yo ikishura iti: “Hoba hariho inyongera mu bantu no mu Majini ngo mumpe!”, Imana Allah Ice Iyishiramwo ikirenge cayo, maze na yo ubwo nyene ice icureha ivuga iti: “Geza aho nakwiwe, nakwiwe, namaze kwuzura, nta n’inyongera nkeneye”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ غَيۡرَ بَعِيدٍ
Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa hafi y’abagamburukiramana, maze babwitegereze akamwemwe ku kandi kabasya;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِكُلِّ أَوَّابٍ حَفِيظٖ
Bace babwirwa bati: “Ubu, ni bwo Bwami mwasezeraniwe ko buzohabwa uwo wese yigaya ku vyaha vyiwe, akabungabunga n’ivyo yasezeraniye Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَّنۡ خَشِيَ ٱلرَّحۡمَٰنَ بِٱلۡغَيۡبِ وَجَآءَ بِقَلۡبٖ مُّنِيبٍ
Uwatinye Nyenimpuhwe kw’isi ataranamubona, maze akaza ku musi w’izuka, n’umutima wigaya”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱدۡخُلُوهَا بِسَلَٰمٖۖ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡخُلُودِ
Uyo rero ku musi w’izuka, azoba ari mu bemeramana bazobwirwa bati: “Nimwinjire ubwo Bwami mu mahoro mutekaniwe”. Uwu rero, ni wo musi w’ubuzima budahera;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَهُم مَّا يَشَآءُونَ فِيهَا وَلَدَيۡنَا مَزِيدٞ
Bazoronswa muri Bwo ivyo bipfuza vyose, baranafiseyo n’izindi nema z’inyongera; iyihambaye muri zo, ikaba ari ukwibonera ukuri kwamye Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا قَبۡلَهُم مِّن قَرۡنٍ هُمۡ أَشَدُّ مِنۡهُم بَطۡشٗا فَنَقَّبُواْ فِي ٱلۡبِلَٰدِ هَلۡ مِن مَّحِيصٍ
Hambere y’ababangikanyamana b’i Makka, hari n’imigwi y’abantu Twahoneje, bari bafise inguvu n’ukwiganza kubasumba; barashatse gutungwa n’ayo bameze bahungira mu bihugu hirya no hino ngo ntibahanwe. Mbega none, burya hari uworonka ubuhungiro ahungiramwo ibihano vy’Imana Allah!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَذِكۡرَىٰ لِمَن كَانَ لَهُۥ قَلۡبٌ أَوۡ أَلۡقَى ٱلسَّمۡعَ وَهُوَ شَهِيدٞ
Mu vy’ukuri muri iryo honywa ryabo rero, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wufise umutima utahura, canke agatega amatwi umutima uri mu nda.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ وَمَا مَسَّنَا مِن لُّغُوبٖ
Ni ukuri, Twaremye amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, kandi ntitwigeze Turuha namba[3].
[3] Uwufise ubushobozi n’ububasha bwo kurema ivyo vyose, arashoboye no gusubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ قَبۡلَ طُلُوعِ ٱلشَّمۡسِ وَقَبۡلَ ٱلۡغُرُوبِ
Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ivyo abagarariji bavuga, uheze uremururire umushaha, uninahaze Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza, mw’isengesho ryo mu mutwenzi imbere yuko izuba riseruka, no mw’isengesho ryo ku muhingamo imbere yuko izuba rirenga;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡهُ وَأَدۡبَٰرَ ٱلسُّجُودِ
Maze uyininahaze mu kuyishimagiza no mw’isengesho ryo ku mugoroba bumaze guhwibira, wongere uyininahaze uyishimagiza mu nyuma y’amasengesho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱسۡتَمِعۡ يَوۡمَ يُنَادِ ٱلۡمُنَادِ مِن مَّكَانٖ قَرِيبٖ
Ntumwa y’Imana! Urumviriza rero umusi umumalayika ajejwe kuvuza inzamba, umusi yayivugije ari hafi cane;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ يَسۡمَعُونَ ٱلصَّيۡحَةَ بِٱلۡحَقِّۚ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡخُرُوجِ
Umusi abantu bazokwumva vy’ukuri ijwi ry’inzamba igira kabiri; uwo rero ni wo musi, abantu bazozuka bava mu kuzimu.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّا نَحۡنُ نُحۡيِۦ وَنُمِيتُ وَإِلَيۡنَا ٱلۡمَصِيرُ
Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Dutanga ubuzima ku biremwa, maze bikabaho; ni na Twebwe nyene Tubwaka nya biremwa maze bigapfa, ni no kuri Twebwe rero ibiremwa vyose bizosubira kugira bihemberwe ivyo vyakoze;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ تَشَقَّقُ ٱلۡأَرۡضُ عَنۡهُمۡ سِرَاعٗاۚ ذَٰلِكَ حَشۡرٌ عَلَيۡنَا يَسِيرٞ
Umusi isi yasataguritse kugira abapfuye bazuke, maze bagasokoroka banyaragasa bitaba umuraritsi, iryo yegerenywa ry’ibiremwa rero, kuri Twebwe riroroshe cane.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَقُولُونَۖ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِجَبَّارٖۖ فَذَكِّرۡ بِٱلۡقُرۡءَانِ مَن يَخَافُ وَعِيدِ
Twebwe Turazi neza ibivugwa n’ababangikanyamana mu kurementanya no mu guhakana Aayah n’ivyemezo vyacu. Ntumwa y’Imana! Kandi wewe, ntujejwe namba kubahatira kuba abislamu, ahubwo ujejwe ishikirizabutumwa; ibutsa rero ukoresheje Qor’ani, uwutinya akaniyubara ukwihaniza kwanje ku bihano vyo ku musi w’izuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা ক্বাফ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ