Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-মুজাদালাহ   আয়াত:

Al-Mujaadala

قَدۡ سَمِعَ ٱللَّهُ قَوۡلَ ٱلَّتِي تُجَٰدِلُكَ فِي زَوۡجِهَا وَتَشۡتَكِيٓ إِلَى ٱللَّهِ وَٱللَّهُ يَسۡمَعُ تَحَاوُرَكُمَآۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعُۢ بَصِيرٌ
Ni ukuri Imana Allah, Yaramaze kwumva ijambo ry’umupfasoni Khaula umukobwa wa Tha’laba, akubazagiza ku ngingo yo kuziririzwa n’umugabo wiwe Awsi mwene Swaamit, amurega ku Mana Allah. Imana Allah na Yo, Irumva ivyo muganira. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Nyenukubona.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِينَ يُظَٰهِرُونَ مِنكُم مِّن نِّسَآئِهِم مَّا هُنَّ أُمَّهَٰتِهِمۡۖ إِنۡ أُمَّهَٰتُهُمۡ إِلَّا ٱلَّٰٓـِٔي وَلَدۡنَهُمۡۚ وَإِنَّهُمۡ لَيَقُولُونَ مُنكَرٗا مِّنَ ٱلۡقَوۡلِ وَزُورٗاۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَعَفُوٌّ غَفُورٞ
Abaziririza muri mwebwe abakenyezi babo mu kuvuga bati: “Wewe kuri jewe, uri ikizira nka mawe yamvyaye”, abakenyezi babo si ba nyina na gato, ba nyina babo ni ababibarutse. Mu vy’ukuri, bavuga ijambo ribi, ni ikinyoma ceruye. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenuguhariribicumuro, Nyenimbabazi-ntangere.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ يُظَٰهِرُونَ مِن نِّسَآئِهِمۡ ثُمَّ يَعُودُونَ لِمَا قَالُواْ فَتَحۡرِيرُ رَقَبَةٖ مِّن قَبۡلِ أَن يَتَمَآسَّاۚ ذَٰلِكُمۡ تُوعَظُونَ بِهِۦۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ
Abaziririza abakenyezi babo nka ba nyina, hanyuma bakisubirako bakagumana na bo, icuhagizo (igihano) c’ukubazirura, ni uguha ubwigenge umugurano imbere yuko basubira kurangurana amabanga y’abubatse. Iryo, ni ryo tegeko muhawe. Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَن لَّمۡ يَجِدۡ فَصِيَامُ شَهۡرَيۡنِ مُتَتَابِعَيۡنِ مِن قَبۡلِ أَن يَتَمَآسَّاۖ فَمَن لَّمۡ يَسۡتَطِعۡ فَإِطۡعَامُ سِتِّينَ مِسۡكِينٗاۚ ذَٰلِكَ لِتُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦۚ وَتِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِۗ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٌ أَلِيمٌ
Uwutazoronka uyo mugurano, aripfunga amezi abiri akurikirana imbere yuko barangurana amabanga y’abubatse. Uwutabishoboye na we, arafungurira abakene mirongo itandatu. Iryo tegeko ryorohejwe, kugira ngo mwemere Imana Allah n’Intumwa yayo. Izo rero, ni imbibe ntarengwa z’amabwirizwa y'ibitegetswe n’Imana Allah, ntimukayarengeko. Abagarariza mu kuyahakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يُحَآدُّونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ كُبِتُواْ كَمَا كُبِتَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ وَقَدۡ أَنزَلۡنَآ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖۚ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٞ مُّهِينٞ
Mu vy’ukuri, abarwanya Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa, bazoteterezwa nk’uko ab’aho hambere yabo bateterejwe. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaramanuye Aayah zitomoye zerekana ko amabwirizwa y’Imana Allah ari kwo kuri. Nayo abagarariza mu kuzihakana bivuye inyuma, barategekanirijwe ibihano bisuzuguza.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ جَمِيعٗا فَيُنَبِّئُهُم بِمَا عَمِلُوٓاْۚ أَحۡصَىٰهُ ٱللَّهُ وَنَسُوهُۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٌ
Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi Imana Allah Yazuye abantu bose Ikabakoraniriza hamwe, hanyuma Ikabamenyesha ivyo bakoze kw’isi. Imana Allah, Yarabibungabunze mu kuvyandika mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” hamwe rero no mu bitabu vyabo, mu gihe bo bamaze kuvyibagira. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ku kintu ico ari co cose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-মুজাদালাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ