আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (10) ছুৰা: ছুৰা আল-মুমতাহিনাহ
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا جَآءَكُمُ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتُ مُهَٰجِرَٰتٖ فَٱمۡتَحِنُوهُنَّۖ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِإِيمَٰنِهِنَّۖ فَإِنۡ عَلِمۡتُمُوهُنَّ مُؤۡمِنَٰتٖ فَلَا تَرۡجِعُوهُنَّ إِلَى ٱلۡكُفَّارِۖ لَا هُنَّ حِلّٞ لَّهُمۡ وَلَا هُمۡ يَحِلُّونَ لَهُنَّۖ وَءَاتُوهُم مَّآ أَنفَقُواْۚ وَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ أَن تَنكِحُوهُنَّ إِذَآ ءَاتَيۡتُمُوهُنَّ أُجُورَهُنَّۚ وَلَا تُمۡسِكُواْ بِعِصَمِ ٱلۡكَوَافِرِ وَسۡـَٔلُواْ مَآ أَنفَقۡتُمۡ وَلۡيَسۡـَٔلُواْ مَآ أَنفَقُواْۚ ذَٰلِكُمۡ حُكۡمُ ٱللَّهِ يَحۡكُمُ بَيۡنَكُمۡۖ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Abemeramanakazi nibaza babagana bahungiye i Madina, murabanza mubagerageze, kugira mumenye neza ko bemera vy’ukuri. Imana Allah, ni Yo Izi ukwemera kwabo kurusha. Nimwamenya neza na neza rero ko ari abemeramanakazi, ntimuze muhirahire ngo mubasubize ku bagarariji bubakanye, kuko bo ntibarekuriwe kwubakana n’abagarariji, kandi n’abo bagarariji nyene ntibarekuriwe kwabira abemeramanakazi. Muraheza rero musubize inkwano abahoze ari abagabo babo. Nta kibi kandi ko mwokwabira abo bakenyezi mu gihe mwobaha inkwano zabo. Ntimwihambirire ku masezerano yo kwabirana n’abakenyezi bagararije bagata idini, muraheza rero musabe inkwano zanyu, na bo nyene baraheza basabe inkwano z’abakenyezi babo binjiye mu bwislamu. Ukwo gusubizwa inkwano, ni ingingo y’Imana Allah Itegetse ko yubahirizwa hagati yanyu. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (10) ছুৰা: ছুৰা আল-মুমতাহিনাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ