আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (33) ছুৰা: ছুৰা আল-আ'ৰাফ
قُلۡ إِنَّمَا حَرَّمَ رَبِّيَ ٱلۡفَوَٰحِشَ مَا ظَهَرَ مِنۡهَا وَمَا بَطَنَ وَٱلۡإِثۡمَ وَٱلۡبَغۡيَ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَأَن تُشۡرِكُواْ بِٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ سُلۡطَٰنٗا وَأَن تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje gukora ivyaha vy’agahomerabunwa[9], ibikorerwa ku mugaragaro n’ibikorerwa mu mpisho; Inaziririza gukora ibicumuro vy’ubwoko bwose, na canecane ukurenganya abantu, kuko guciye kubiri n’ukuri. Yarongeye Iziririza kandi kubangikanya Imana Allah kuko Itigeze Imanura icemezo kibirekura, hamwe rero no kwomekera ku Mana Allah iziririza n’izirura ry'ibintu mutabifitiye ivyemezo vy’ukuri”.
[9] Nko gusambana kw’umugore n’umugabo canke kw’abasangiye ibitsina, ukwagiriza umuntu ubusambanyi ata cemeza gihari, n’ibindi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (33) ছুৰা: ছুৰা আল-আ'ৰাফ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ