আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-জ্বিন   আয়াত:

SURATU L-JINNI

قُلۡ أُوحِيَ إِلَيَّ أَنَّهُ ٱسۡتَمَعَ نَفَرٞ مِّنَ ٱلۡجِنِّ فَقَالُوٓاْ إِنَّا سَمِعۡنَا قُرۡءَانًا عَجَبٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bawe uti: “Jewe, narahishuriwe ko umugwi w’Amajini wumvirije Qor’ani ndiko ndayisoma, uca ubwira benewabo uti: “Mu vy’ukuri twebwe Amajini, twumvise Qor’ani y’igitangaza;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَهۡدِيٓ إِلَى ٱلرُّشۡدِ فَـَٔامَنَّا بِهِۦۖ وَلَن نُّشۡرِكَ بِرَبِّنَآ أَحَدٗا
Irongora mu nzira igororotse, duca turayemera ko ari amajambo y’Imana Allah. Ntituzokwigera tubangikanya Imana yacu Rurema Allah n’ikintu na kimwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّهُۥ تَعَٰلَىٰ جَدُّ رَبِّنَا مَا ٱتَّخَذَ صَٰحِبَةٗ وَلَا وَلَدٗا
Twemera n’uko Imana yacu Rurema Allah Nyaguhabwa icubahiro n’iteka biyikwiye, Itigeze Igira umugore canke umwana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّهُۥ كَانَ يَقُولُ سَفِيهُنَا عَلَى ٱللَّهِ شَطَطٗا
N’uko uwakehewe n’ubwenge muri twebwe ari we Ibilisi, yahora arementaniriza Imana Allah mu kuyomekera umugore n’umwana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا ظَنَنَّآ أَن لَّن تَقُولَ ٱلۡإِنسُ وَٱلۡجِنُّ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبٗا
Mu vy’ukuri, twahora twiyumvira ko abantu hamwe n’Amajini, batazorementaniriza Imana Allah mu kuyomekera umugore n’umwana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّهُۥ كَانَ رِجَالٞ مِّنَ ٱلۡإِنسِ يَعُوذُونَ بِرِجَالٖ مِّنَ ٱلۡجِنِّ فَزَادُوهُمۡ رَهَقٗا
Twiyumvira n’uko, hariho abagabo mu biremwa-muntu, bahora bikingira ku bagabo mu Majini ngo babakingire ibibi mu rugendo[1], gutyo Amajini yongerereza abantu ubwoba bwo kuyatinya;
[1] Ukwo kwikingira ibibi ku biremwa, ari na kwo Imana Allah Yihanije ababangikanyamana, ni ibangikanyamana rikuru. Ntiribabarirwa n’Imana Allah, kiretse mu gihe uwarigize yigaye nya kwigaya ku Mana Allah. Iyi Aayah rero hamwe n’ivyo, irihaniza cane kuja ku bapfumu, ba rumenyi na ba senyagara, n’abandi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّهُمۡ ظَنُّواْ كَمَا ظَنَنتُمۡ أَن لَّن يَبۡعَثَ ٱللَّهُ أَحَدٗا
N’uko abagarariji mu bantu, biyumvira nk’uko mwebwe Amajini mwiyumvira, ko Imana Allah Itazozura n’umwe mu biremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا لَمَسۡنَا ٱلسَّمَآءَ فَوَجَدۡنَٰهَا مُلِئَتۡ حَرَسٗا شَدِيدٗا وَشُهُبٗا
Mu vy’ukuri, twaratumbereye amaja kw’ijuru gusuma urusaku, dusanga ryuzuye abamalayika bakomeye cane baricungereye n’ibishirira vy’inyenyeri nyakotsi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا كُنَّا نَقۡعُدُ مِنۡهَا مَقَٰعِدَ لِلسَّمۡعِۖ فَمَن يَسۡتَمِعِ ٱلۡأٓنَ يَجِدۡ لَهُۥ شِهَابٗا رَّصَدٗا
Mu vy’ukuri, twahora twicara ku mfuruka zaryo, mu vyicaro vyo gusuma urusaku. Kuva ubu, uwo wese rero ahirahiye ngo asume urusaku amaja kw’ijuru, asanga arindiriwe n’igishirira nyakotsi giturira[2].
[2] Muri iyi Aayah ya 9 n’iya 10, harimwo icemezo c’uko abapfumu, abarozi, ba rumenyi na ba senyagara, batazi namba ibinyegejwe ibiremwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا لَا نَدۡرِيٓ أَشَرٌّ أُرِيدَ بِمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ أَرَادَ بِهِمۡ رَبُّهُمۡ رَشَدٗا
Mu vy’ukuri, ntituzi rero ko gucungera ijuru bidasanzwe, ari ku nabi y’abari kw’isi, canke ko Imana yabo Rurema Allah Ibashakira ineza n’ubugororotsi!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا مِنَّا ٱلصَّٰلِحُونَ وَمِنَّا دُونَ ذَٰلِكَۖ كُنَّا طَرَآئِقَ قِدَدٗا
Mu vy’ukuri, burya muri twebwe Amajini, harimwo abagororotsi bikwiye, harimwo kandi abagarariji n’ibigaba. Turi imigwi itandukanye mu kwemera.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا ظَنَنَّآ أَن لَّن نُّعۡجِزَ ٱللَّهَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَن نُّعۡجِزَهُۥ هَرَبٗا
Mu vy’ukuri, twari tuzi ko tutazonanira Imana Allah, aho tuzoba turi hose, haba kw’isi canke mu kirere, kandi ko ata buhungiro.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا لَمَّا سَمِعۡنَا ٱلۡهُدَىٰٓ ءَامَنَّا بِهِۦۖ فَمَن يُؤۡمِنۢ بِرَبِّهِۦ فَلَا يَخَافُ بَخۡسٗا وَلَا رَهَقٗا
Mu vy’ukuri, igihe twumva Qor’ani, twaciye tuyemera ata guhigimanga ko ari ukuri kuvuye ku Mana Allah. Kubera ivyo rero, uwo wese yemera Imana yiwe Rurema Allah, ntatinya kurenganywa mu kugabanywa ku ndishi canke kurengerezwa ku vyaha.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّا مِنَّا ٱلۡمُسۡلِمُونَ وَمِنَّا ٱلۡقَٰسِطُونَۖ فَمَنۡ أَسۡلَمَ فَأُوْلَٰٓئِكَ تَحَرَّوۡاْ رَشَدٗا
Muri twebwe rero, harimwo abislamu b’ukuri, hakabamwo n’abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Abazokwicisha bugufi rero bakaba abislamu; abo, ni bo bazoba batumbereye inzira y’ukuri.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَمَّا ٱلۡقَٰسِطُونَ فَكَانُواْ لِجَهَنَّمَ حَطَبٗا
Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah; abo, ni bo bazoba inkwi z’umuriro udahera Jahannamu”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَلَّوِ ٱسۡتَقَٰمُواْ عَلَى ٱلطَّرِيقَةِ لَأَسۡقَيۡنَٰهُم مَّآءً غَدَقٗا
Iyo abagarariji mu bantu no mu Majini barongoka mu nzira y’ukwemera Imana Allah, bakaba abislamu, Twebwe Allah, Twari kubaronsa amazi menshi cane bakoroherwa mu kuronka ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِّنَفۡتِنَهُمۡ فِيهِۚ وَمَن يُعۡرِضۡ عَن ذِكۡرِ رَبِّهِۦ يَسۡلُكۡهُ عَذَابٗا صَعَدٗا
Kugira ngo Tubagerageze ko bashima inema bahawe n’Imana Allah. Uwo wese rero azokwirengagiza kwumviriza no kugendera urwibutso rw’Imana yiwe Rurema Allah rwa Qor’ani, Imana Allah Izomushira mu bihano bikomeye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّ ٱلۡمَسَٰجِدَ لِلَّهِ فَلَا تَدۡعُواْ مَعَ ٱللَّهِ أَحَدٗا
Mu vy’ukuri imisigiti yose, ni iy’Imana Allah, yagenewe ko Isengerwamwo. Kubera ivyo rero, ntimuze muyisengeremwo ikindi kintu hamwe n’Imana Allah, gutyo muheze musabe, musenge ku bw’Imana Allah[3].
[3] Iyi Aayah, ibwiriza kwubahiriza imisigiti mu kutayikoreramwo ikintu ico ari co cose cotosekaza izirikanamana, ikanahimiriza no gukurikira Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَنَّهُۥ لَمَّا قَامَ عَبۡدُ ٱللَّهِ يَدۡعُوهُ كَادُواْ يَكُونُونَ عَلَيۡهِ لِبَدٗا
Narahishuriwe n’uko igihe Umuja w’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yariko arasengera ahitwa Batwnu Nakhla, Amajini yahatswe kwuriranako bitewe n’umugundano wo guhurumbira kwumviriza Qor’ani.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ إِنَّمَآ أَدۡعُواْ رَبِّي وَلَآ أُشۡرِكُ بِهِۦٓ أَحَدٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Jewe, nsenga gusa Imana yanje Rurema Allah Yonyene, kandi sindayibangikanya n’ikindi kintu mu kuyisenga”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ إِنِّي لَآ أَمۡلِكُ لَكُمۡ ضَرّٗا وَلَا رَشَدٗا
Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nta bushobozi mfise bwo kubakingira ikibi canke bwo kubaronsa iciza”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ إِنِّي لَن يُجِيرَنِي مِنَ ٱللَّهِ أَحَدٞ وَلَنۡ أَجِدَ مِن دُونِهِۦ مُلۡتَحَدًا
Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nta n’umwe ashoboye kunkingira ibihano vy’Imana Allah mu gihe noyigarariza; kandi muri ico gihe, nta buhungiro noronka atari ku Mana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّا بَلَٰغٗا مِّنَ ٱللَّهِ وَرِسَٰلَٰتِهِۦۚ وَمَن يَعۡصِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ فَإِنَّ لَهُۥ نَارَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدًا
Nta na kimwe njejwe, kiretse gushikiriza ubutumwa, Imana Allah Yandungikanye. Uwo wese rero azogarariza Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, nta nkeka ko indishi yiwe ari umuriro udahera Jahannamu, azowubamwo ibihe bidahera, mu bihano vyamaho”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
حَتَّىٰٓ إِذَا رَأَوۡاْ مَا يُوعَدُونَ فَسَيَعۡلَمُونَ مَنۡ أَضۡعَفُ نَاصِرٗا وَأَقَلُّ عَدَدٗا
Kugeza aho ababangikanyamana bazobonera ibihano basezeraniwe, aho ni ho rero bazoheza bagatahura uwufise abatabazi bagoyagoya, kandi bari ku rushi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ إِنۡ أَدۡرِيٓ أَقَرِيبٞ مَّا تُوعَدُونَ أَمۡ يَجۡعَلُ لَهُۥ رَبِّيٓ أَمَدًا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Sinzi ko ivyo bihano mwasezeraniwe biri hafi gushika, canke ko Imana yanje Rurema Allah Izobiha ikiringo kirekire, bitarashika”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ فَلَا يُظۡهِرُ عَلَىٰ غَيۡبِهِۦٓ أَحَدًا
Imana Allah, ni Yo Izi ibinyegejwe ibiremwa, kandi ntiyereka uwo ari we wese ivyo binyegezwa vyayo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّا مَنِ ٱرۡتَضَىٰ مِن رَّسُولٖ فَإِنَّهُۥ يَسۡلُكُ مِنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَمِنۡ خَلۡفِهِۦ رَصَدٗا
Kiretse uwo Yishimiye Ikamugira Intumwa. Uyo muri ico gihe rero, Imana Allah Iraheza Ikamwereka mu binyegezwa vyayo, Ikanamurungikira abamalayika bamucungereye imbere n’inyuma yiwe, ku kuzitira abasumyi b’urusaku mu Majini[4];
[4] Kugira ntihagire n’umwe mu Majini ashobora gusuma urusaku mu kumenya ibinyegezwa vyayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِّيَعۡلَمَ أَن قَدۡ أَبۡلَغُواْ رِسَٰلَٰتِ رَبِّهِمۡ وَأَحَاطَ بِمَا لَدَيۡهِمۡ وَأَحۡصَىٰ كُلَّ شَيۡءٍ عَدَدَۢا
Kugira ngo Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), imenye ko n'Intumwa z’aho hambere yayo, zakingiwe nkayo mu gihe co gushikiriza ubutumwa, n’uko ikingiwe Amajini nk’uko zakingiwe; yongere imenye n’uko ubumenyi bw’Imana Allah, bukikuje ukuntu izo Ntumwa zimerewe hamwe n’amabwirizwa zikeneye kwisunga; imenye kandi n’uko Imana Allah Izi bikwiye igitigiri c’ibintu vyose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-জ্বিন
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ