আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (41) ছুৰা: ছুৰা আল-আনফাল
۞ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَا غَنِمۡتُم مِّن شَيۡءٖ فَأَنَّ لِلَّهِ خُمُسَهُۥ وَلِلرَّسُولِ وَلِذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِ إِن كُنتُمۡ ءَامَنتُم بِٱللَّهِ وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَىٰ عَبۡدِنَا يَوۡمَ ٱلۡفُرۡقَانِ يَوۡمَ ٱلۡتَقَى ٱلۡجَمۡعَانِۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Bemeramana! Nimumenye kandi ko ikintu ico ari co cose munyaze ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah, ivya bitanu bine vyaco ari ivy’abarurwanye, ica gatanu gisigaye kikagaburwamwo imice itanu: umuce ugenerwa Imana Allah n’Intumwa yayo, uheza ugakoreshwa mw’iterambere rusangi ry’abislamu; uwugenerwa abavandimwe b’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[1] muri Bene Hashimu na Bene Al-Muttwalib; uw’impfuvyi zitaragera mu bigero; uw’abakene hamwe rero n’uw’abari ku rugendo bakehaniwe n’uburyo. Ivyo rero muravyubahiriza nimwaba mwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, mukemera n’ivyo Twebwe Allah Twamanuriye Umuja wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu bitangaro, iterantege n’intsinzi Yabashikanyeko ku musi Itandukanya ukuri n’ikinyoma ku rugamba rwa Badri, umusi imigwi ibiri ihangana: uw’abemeramana n’uw’ababangikanyamana; burya rero Imana Allah ni Mushoboravyose.
[1] Bagenewe kuronka ku ca gatanu c’iminyago kuko batarekuriwe guhabwa imperezwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (41) ছুৰা: ছুৰা আল-আনফাল
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ