Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আত-তাওবাহ   আয়াত:
قَٰتِلُوهُمۡ يُعَذِّبۡهُمُ ٱللَّهُ بِأَيۡدِيكُمۡ وَيُخۡزِهِمۡ وَيَنصُرۡكُمۡ عَلَيۡهِمۡ وَيَشۡفِ صُدُورَ قَوۡمٖ مُّؤۡمِنِينَ
Bemeramana! Nimurwanye abansi b’Imana Allah kugira Ibahane Inabatetereze biciye kuri mwebwe, Ibashoboze no kubanesha, gutyo ijambo ryayo ryubahwe, Itururuze n’imashaha y’abemeramana;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَيُذۡهِبۡ غَيۡظَ قُلُوبِهِمۡۗ وَيَتُوبُ ٱللَّهُ عَلَىٰ مَن يَشَآءُۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٌ
Ibamare n’ishavu. Uwuzokwigaya muri bo, Imana Allah Izokwumvira uwo Ishatse. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi uwigaya vy’ukuri, Intungane mu vyo Ikora.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡ حَسِبۡتُمۡ أَن تُتۡرَكُواْ وَلَمَّا يَعۡلَمِ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ جَٰهَدُواْ مِنكُمۡ وَلَمۡ يَتَّخِذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلَا رَسُولِهِۦ وَلَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَلِيجَةٗۚ وَٱللَّهُ خَبِيرُۢ بِمَا تَعۡمَلُونَ
Bemeramana! Mbega mwibaza ko Imana Allah Yobareka ukwo mutageragejwe, ngo Yerekane mu vyo Isanzwe Izi abayiharanira vy’ukuri, batigera bagira abagenzi somambike, abateye kubiri n’Imana Allah, Intumwa yayo n’abemeramana! Burya Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi ivyo mukora vyose kandi Izobibahembera.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا كَانَ لِلۡمُشۡرِكِينَ أَن يَعۡمُرُواْ مَسَٰجِدَ ٱللَّهِ شَٰهِدِينَ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِم بِٱلۡكُفۡرِۚ أُوْلَٰٓئِكَ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡ وَفِي ٱلنَّارِ هُمۡ خَٰلِدُونَ
Nta ho vyakabaye ko ababangikanyamana bubaka bakitwararika imisigiti y’Imana Allah, kandi basanzwe bemanga ko bagarariza Imana Allah bakanayibangikanya. Abo ni bo rero, ibikorwa vyabo bizoba impfagusa ku musi w’izuka, bashoke bashirwa mu muriro ibihe bidahera.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّمَا يَعۡمُرُ مَسَٰجِدَ ٱللَّهِ مَنۡ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَأَقَامَ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَى ٱلزَّكَوٰةَ وَلَمۡ يَخۡشَ إِلَّا ٱللَّهَۖ فَعَسَىٰٓ أُوْلَٰٓئِكَ أَن يَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُهۡتَدِينَ
Mu vy’ukuri, abubaka bakitwararika imisigiti y’Imana Allah, ni abemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, ntibanatinye n’igitsure c'uwo ari we wese mu vyo bakora kiretse Imana Allah. Abo ni bo bagororotsi rero vy’ukuri.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ أَجَعَلۡتُمۡ سِقَايَةَ ٱلۡحَآجِّ وَعِمَارَةَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ كَمَنۡ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَجَٰهَدَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِۚ لَا يَسۡتَوُۥنَ عِندَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Bantu! Mbega none ukunywesha abashengerera ingoro ntagatifu hamwe n’ukwitwararika umusigiti mutagatifu w’i Makka, mwabigize nk’ukwemera kw'uwemeye Imana Allah n’umusi w’iherezo, akanaharanira idini ry’Imana Allah! Eka nta ho bisa bisana na gato ku Mana Allah kuko Itakira ibikorwa bidashingiye ku kwemera. Burya Imana Allah, ntishoboza gukora ivyiza bitegetswe abantu birenganya mu kuyibangikanya.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ بِأَمۡوَٰلِهِمۡ وَأَنفُسِهِمۡ أَعۡظَمُ دَرَجَةً عِندَ ٱللَّهِۚ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡفَآئِزُونَ
Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakanimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, bagaharanira n'idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, barafise urwego ruhambaye ku Mana Allah, ni na bo rero benintsinzi y’Ubwami bw’ijuru.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আত-তাওবাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ