আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (37) ছুৰা: ছুৰা আত-তাওবাহ
إِنَّمَا ٱلنَّسِيٓءُ زِيَادَةٞ فِي ٱلۡكُفۡرِۖ يُضَلُّ بِهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُحِلُّونَهُۥ عَامٗا وَيُحَرِّمُونَهُۥ عَامٗا لِّيُوَاطِـُٔواْ عِدَّةَ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُ فَيُحِلُّواْ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُۚ زُيِّنَ لَهُمۡ سُوٓءُ أَعۡمَٰلِهِمۡۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ni ukuri, uguhindura amazina y’ayo mezi matagatifu kiziramwo kurwana, agahabwa amazina y’ayandi mezi arekuwemwo kurwana, ni ukwimonogoza mu bugarariji, ni n’uburyo shetani ikoresha mu guhubisha abagararije. Bazirura kurwana mu kwezi gutagatifu, bagahindura izina ryakwo muri uyu mwaka, bakazosubira kukuziririza mu mwaka ukurikira, kugira bubahirize gusa igitigiri c’amezi matagatifu uko ari ane ku mwaka, ivyo bigatuma bazirura muri yo, ayari asanzwe yaraziririjwe n’Imana Allah[7]. Shetani yarabaryohereje ububi bw’ibikorwa vyabo. Burya Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo abantu b’abagarariji.
[7] Abarabu b’aho hambere, ntibihanganira kumara amezi ane batihoranye ngo batere indwano; bashatse rero gutera indwano mu kwezi kuziramwo indwano, baca bahindura izina rya nya kwezi gutagatifu muri uwo mwaka, bakakwita izina ry’ukundi kwezi kurekuwemwo indwano, bakazosubiza ku rutonde nya kwezi gutagatifu mu wundi mwaka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (37) ছুৰা: ছুৰা আত-তাওবাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ