আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ আয়াত: (60) ছুৰা: ছুৰা আত-তাওবাহ
۞ إِنَّمَا ٱلصَّدَقَٰتُ لِلۡفُقَرَآءِ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱلۡعَٰمِلِينَ عَلَيۡهَا وَٱلۡمُؤَلَّفَةِ قُلُوبُهُمۡ وَفِي ٱلرِّقَابِ وَٱلۡغَٰرِمِينَ وَفِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِۖ فَرِيضَةٗ مِّنَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ
Mu vy’ukuri, ishikanwa-bwirizwa ryagenewe guhabwa aboro[16], abakene[17], abaryegeranya, abakundishwa ubwislamu[18], kubohoza abagurano, kurihira abananiwe kwishura ingurane[19], guharanira idini ry’Imana Allah, hamwe no gufasha uwuri ku rugendo yakehaniwe n’uburyo. Igaburwa ry’iryo shikanwa-bwirizwa ryagenwe n’Imana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.
[16] Ni abatagira shinge na rugero.
[17] Ni abatagira ibibabeshaho bikwiye.
[18] Mu bagarariji biboneka ko bashobora kwinjira ubwislamu, canke bakagira ico bamariye abislamu, canke bakaba ari abislamu bafise ukwemera kugoyagoya, bahabwe kugira batsimbatazwe ku kwemera.
[19] Mu gihe nya ngurane itakoreshejwe mu biciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah, canke ngo ikoreshwe mu gusesagura.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ আয়াত: (60) ছুৰা: ছুৰা আত-তাওবাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ