Nihaninahazwe Imana Allah Yateye iteka Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Ikamujana ku rugendo rw’ijoro, Imukuye ku musigiti mutagatifu uri i Makka Ikamushikana ku musigiti Al-Aqswa uri mu gisagara ca Bayti l-Maqdis, ahantu Twebwe Allah Twahezagije imirima y’ibiterwa n’ivyamwa bihakikuje, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana, n’ibindi. Twamujanyeyo rero kugira yibonere ukuri kwamye ivyemezo n’ibitangaro vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora.
Musa na we nyene Twamuteye iteka ryo kumuha Igitabu ca Tawurati, maze nya Gitabu Tukigira uburongozi kuri Bene Israyeli, aho Twababwirije Duti: “Ntimukagire umuntu n’umwe umuhagarikizi wanyu mu gishingo canje Jewe Allah”.
Bantu mukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)! Nimwisunge rero akarorero ka Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) mu gushimira Imana Allah no mu kutayibangikanya n’ikintu na kimwe. Mu vy’ukuri Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yari Umuja w’Imana Allah ashima koko inema zayo.
Muri nya Gitabu ca Tawurati, Twarabwiye Bene Israyeli Duti: “Bitebe bitebuke muzogenzwa n’ubwononyi mu gisagara ca Bayti l-Maqdis incuro zibiri, kandi muzokwiganza mube iciro ry’umugani mu kurenganya no kwica Abavugishwamana;
Nimwarangwa n’ubugwaneza mu vyo mukora no mu vyo muvuga, ubwo bugwaneza buzoba ari ku neza yanyu, muzobuhemberwa. Nimwagenzwa n’ubwononyi naho, inkurikizi za nya bwononyi zizobagarukako, mubihanirwe. Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya kabiri, Tuzobateza kandi abansi banyu kugira babaneshe bongere banabasuzuguze, baheze binjire no mu gisagara ca Bayti l-Maqdis bagisambure nk’uko bagisambuye ubwa mbere, banasenyure n’ico bahuye cose;
Hari n’aho rero Imana yanyu Rurema Allah Yobagirira impuhwe mu gihe mwokwigaya mukisubirako. Nimwaramuka musubiriye kandi kugenzwa n’ubwononyi n’akarenganyo, na Twebwe Allah Tuzosubira Tubahane, Tubasuzuguze. Burya umuriro wa Jahannamu, Twawugeneye kuba ibohero ry’abagarariji[349]”.
[349] Muri Aayah ya 5 gushika ku ya 8, Imana Allah Irihaniza abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi, kuko mu gihe bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi bohanwa nk’uko Bene Israyeli bahanwe.
Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, irongora abantu mu nzira igororotse koko y’ubwislamu, igaha inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko bategekanirijwe impera nta ngere;
Umuntu uwo ari we wese rero, ivyo akora biri ku gatwe kiwe[351]. Ku musi w’izuka Twebwe Allah, Tuzomuhereza igitabu canditswemwo ivyo yakoze vyose, avyirabire;
[351] Umuntu ntazohanirwa ibikorwa vya mugenziwe, eka nta n’uwuzohemberwa ibikorwa vya mugenziwe.
Iyo rero Twebwe Allah Dushatse guhonya abantu bo mu gacimbiri ako ari ko kose ku kwirenganya kwabo, Tubanza kubwiriza na canecane abatewe iteka muri bo, ko bogamburuka bakanemera Imana Allah n’Intumwa yayo, maze bakarenga ku mabwirizwa yacu bayazi, gutyo bikaba ngombwa ko bahanwa ata gisivya, Tugaca Tubahonya nya guhonya.
Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Twebwe Allah, Twahaye bamwe mu bantu Tubasumbanisha mu bibabeshaho hamwe no mu bikorwa bashoboye. Ni ukuri, ubuzima bw’inyuma yo gupfa ku bemeramana, ni bwo bw’icubahiro muri vyose gusumba ubwo kw’isi.
Muntu! Imana yawe Rurema Allah, Yabwirije ko hatokwiyegerezwa mu bikorwa no mu gusenga ikintu na kimwe kiretse Yo gusa, n'uko hubahwa hakubahirizwa n’abavyeyi mu bugwaneza, na canecane bageze mu za bukuru. Nihagira rero umwe muri bo ashika mu za bukuru canke bompi, ntukabashireko isoni mu ngiro canke mu mvugo, n’aho kwoba ari ukubimyoza gusa; ntukanabakankamire na rimwe, ahubwo uraheza ubabwire amajambo meza mu rupfasoni;
Mu vy’ukuri, abatanga mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi, ni incuti za shetani mu gukwiragiza ubwononyi n’ivyaha; burya shetani yamye ari umugarariji karuhariwe w’inema z’Imana yayo Rurema Allah;
Bantu! Ntimukice abana banyu ku mvo zo gutinya ko mwokena. Ni Twebwe Allah Tuzobabeshaho nk’uko na mwe Tubabeshejeho. Mu vy’ukuri, ukwica abana ku mvo zo gutinya gukena, ni icaha rutura;
Kandi ntimukice umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa, kiretse mu gihe hubahirijwe vy’ukuri ingingo yo kwica[355]. Uwishwe rero ku karenganyo, umuhagarikizi wiwe[356] Twebwe Allah Twaramuhaye ububasha bwo gusaba ubutungane ko uwamwiciye yokwicwa canke agatanga inshumbusho, kandi rero ntarekuriwe na gato kurenga ku ngingo yo kwihora ngo hicwe babiri canke barenga ku kwihorera iyicwa ry’umuntu umwe, canke ngo uwishe yicwe urw’agashinyaguro; mu vy’ukuri umuhagarikizi w’uwishwe, Imana Allah Izomutera intege gushika yihorere uwishwe;
[355] Nk’ingingo yo kwica uwishe, canke uwudohotse ku kwemera akava mu bwislamu “murtaddi”, canke uwusambanye yari yubatse urwiwe agaterwa amabuye gushika apfe. [356] Umuhagarikizi arekuriwe gusaba ubutungane ko bwubahiriza ingingo yo kwihorera uwishwe. Umuhagarikizi arashobora kuba ari umwe mu basigwa biwe batorana, canke akaba mu ndongozi.
Vyongeye, ntimugatandukire amatungo y’impfuvyi mureze ngo muyakoreshe mu kuyigurana, kiretse mu bintu nkenerwa ku neza[357] ya nya mpfuvyi gushika igere mu bigero, ishobore no kumenya gukoresha nya matungo. Muraheza mwubahirize kandi n’isezerano mwemeye ryo kurera nya mpfuvyi no kuyicungerera amatungo yayo. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ko yubahirije isezerano, Iheze Imuhere niyaryubahiriza, canke Imuhane niyahemuka akaridohokako.
[357] Nko kuyakoresha mu bikorwa vyo kugwiza ubutunzi.
Nimukwize ingero nimwagerera abantu, mukwize neza n’ivyo mubagerera ku munzani. Ugutunganiriza abantu ku ngero canke ku munzani, ni vyo vyiza kuri mwebwe kw’isi, ni na vyo muzohemberwa indishi ishemeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Muvugishwamana! Izo ngingo n’amabwirizwa rero, ni bimwe mu vyo Imana yawe Rurema Allah Yaguhishuriye. Muntu! Ntukanabangikanye Imana Allah n’iyindi mana mu gusenga, wohava utabwa mu muriro wa Jahannamu, abantu bagatangura kugutako imiragwe, na we ubwawe ukicuza ukayitako, ukisanga ata ciza na kimwe ufise kiretse ivumwe.
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe mutakambira ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, maze bibakureko ivyago! Ico mwomenya co, ni uko bidashoboye namba kubakurako nya vyago; kira noneho rero, ntibinashoboye no gutera ivyago n’uwundi atari mwebwe[358]”.
[358] Iyi Aayah irabuza gusenga no kwiyambaza ikintu na kimwe mu gishingo c’Imana Allah, caba ari umuzimu canke ikiri kizima, yaba Intumwa canke umweranda, n’ibindi.
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[359]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini, yaciye avuga ku bwishime n’akantu ati: “Vyoshoboka gute ko nubamira ikiremwa Waremye mw’ivu!”.
[359] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).
Ibilisi n’ubugarariji n’akantu yarubahutse abwira Imana Allah n’agahigihigi ati: “Urabona iki kiremwa Uteye iteka Ukacubahiriza kunsumba, niwampa kuramba gushika ku musi w’izuka, nta co ntazokora mu kurazwa ishinga no gukwiragiza ubwononyi no guhubisha uruvyaro rwaco uko nshoboye kwose, kiretse gusa bake muri rwo bazogutumbera mu vyo bakora”.
Wewe genda wigarurire abo ushoboye bose muri nya ruvyaro, mu kubararikira ubuhuvyi n’ubwononyi, maze ugireko wegeranya ingabo zawe zose zishoboka, izigendera ku bitwazi n’izigenda n’amaguru, uheze wifadikanye na zo mu kunyengetera mu matungo yabo barondera, baheze bayakoreshe mu kuyatanga mu bizira, unyengetere no muri bo mu kubaryohereza ivyaha no kuvyara abana baciye mu busambanyi; ntugarukirize ng’aho, ahubwo niwongere ubahe isezerano ry’ikinyoma”. Burya shetani, ntiyigera itanga isezerano ry’ukuri, kiretse ko ari uruhendo gusa.
Mu vy’ukuri, abaja banje bantumbera mu vyo bakora, nta bubasha ubafiseko namba. Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi Akingira abantu inyoshambi n’uruhendo vya shetani.
Bantu! Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Ituma ubwato bubatwara bugendera mw’ibahari, kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenimbabazi n’impuhwe ku biremwa vyayo;
Mbega bantu! Karashize ingani mugotwe ku bihano vy’Imana Allah, mutekaniwe ku Mana Allah ko Itobafuririra imusozi, canke ko Itobarungikira imvura y’urubuye izananye mu kirere, hanyuma mukisanga ata muhagarikizi n’umwe yoshobora kubakingira ivyo bihano!
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarateye iteka ry’icubahiro Bene Adamu mu kubacisha ubwenge, mu kubarungikira Intumwa no mu kuborohereza kwikora ku biri mw’isi. Twaranabashoboje kwiyunguruza imusozi ku bitwazi, no kwiyunguruza mu bwato mw’ibahari, Tubaronsa n’ibibabeshaho mu mfungurwa n’ibinyobwa vyiza birekuwe, Turaheza rero Tubaha n’icubahiro gisumba ic’ibindi biremwa vyinshi Twaremye.
Nayo uwuzoba kuri iyi si, ari impumyi y’igipfamutima mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nyene, azoba ari impumyi y’igipfamutima idashobora guca mu nzira igana mu Bwami bw’ijuru, kanatsinda azoba yaranahuvye uguhuba nya guhuba inzira y’uburongozi kw’isi.
Iyo rero Tutagutsimbataza ku kuri, ni ukuri warahatswe guhengamira gato ku ruhande rwabo mu kubemerera bimwe mu vyo bipfuza, kuko baguma bagutega imitego, na we ukamana icizigiro ko bazoteba bakemera.
Iyo uhirahira rero ugahengamira na gato ku ruhande rwabo, ni ukuri Twari guca Tuguha ibihano bigwijwe na kabiri mu buzima bwo kw’isi, n’ibihano bigwijwe na kabiri nyene igihe uri ku mpfiro[360], hanyuma ntiworonse umuntu n’umwe agutabara ngo agukureko ibihano vyacu.
[360] Ivyo bihano, vyari kugwizwa na kabiri ku Ntumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iyo iborohera mu guhengamira ku ruhande rwabo, kuko Imana Allah Yayihaye inema nyinshi, Iyigisha n’ubumenyi bwinshi bituma ikwiye gutsimbatara ku kuri.
Ni uko vyamye rero ku bo Twarungikiye Intumwa zacu aho hambere yawe, ko abomoye Intumwa Twashoka Tubahana. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abomoye Intumwa.
Ariko rero Imana yawe Rurema Allah Yarakugiriye impuhwe, maze Itsimbataza Qor’ani mu mushaha wawe. Mu vy’ukuri, impano zayo kuri wewe zamye ari nta ngere[361].
[361] Zimwe mu ngabirano Imana Allah Yahaye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni uko Yayihaye Qor’ani ntagatifu, Iyigenera igihagararo kizoshimwa n’ibiremwa ku musi w’izuka, n’ibindi rero Itigeze Iha n’umwe mu biremwa.
Canke wigirire inzu itatswe n’inzahabu, canke uduge mw’ijuru uciye ku ngazi, kandi ntituzokwemera ko waduzeyo utabanje kugaruka ufise igitabu kivuye ku Mana Allah, maze twisomere muri nya gitabu ko wewe uri Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri”. Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Nihaninahazwe Imana yanje Rurema Allah! Mbega jewe ndi igiki ku Mana Allah, cotuma ndayitegeka kubazanira ibitangaro mwipfuza! Nta co ndi, kiretse kuba ndi umuntu nkaba n’Intumwa, nshikiriza ubutumwa bwayo nk’uko Yabundungikanye”.
Babwire kandi uti: “Imana Allah ubwayo Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe, ko ndi Intumwa vy’ukuri. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe”.
Uwushobojwe n'Imana Allah akarongoka mu kuri rero, uyo ni we mugororotsi vy’ukuri; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba inzira y’ukuri, uyo ari mu bantu utazokwigera uronkera n’umwe mu bahagarikizi hatarimwo Imana Allah, yobarongora ku kuri. Tuzoheza rero Twebwe Allah, Twegeranye abahuvye ku musi w’izuka bagenza amaso, batabona, batavuga, batumva. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu; uko nya muriro ucureshe, ni ko Tuzowegenyeza ukarushirizaho kururumba.
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa ibitangaro icenda bigaragara, vyemeza ukuri kw’ubutumwa bwiwe[363]. Ntumwa y’Imana! Urabaza Bene Israyeli ingene vyagenze igihe Musa yabazanira nya bitangaro bigaragara, maze Firawuni akamubwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nibaza ko wewe Musa warozwe, ugakeherwa n’ubwenge!”.
[363] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso.
Musa yishuye Firawuni ati: “Ni ukuri, urazi neza ko ata wundi yamanuye ibi bitangaro icenda bigaragara atari Imana Allah, Rurema w’amajuru n’isi; Yamanuye nya bitangaro, kugira bibe ivyemezo vyotuma abanyabwenge bemera ko Imana Allah ari Yo Yaremye; n'uko ari Yo Ikwiye no gusengwa ari Imwe Rudende. Kandi rero nanje mu vy’ukuri, ndizeye ata gukekeranya ko wewe Firawuni wavumwe, utegerezwa guhona”.
Ni ho rero Firawuni yatwarwa n’agashavu, aca ashaka kurondera gutera ubwoba Musa hamwe na Bene Israyeli, ko yobomora mu gihugu ca Misiri, maze Twebwe Allah Duca Turamusomesha nturi mw’ibahari, we hamwe n’ingabo ziwe zose.
Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mwemera Qor’ani mutayemera, ukuyemera kwanyu nta co kuyongerereza, eka no kuyihakana kwanyu nta co kuyitwara”. Mu vy’ukuri, abamenyi batahuye ukuri kw’ihishurwa rya Qor’ani mu bahawe Ibitabu vyo hambere yayo, iyo basomewe Qor’ani, bashoka bubamika uruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah;
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana[364] uti: “Nimusabe muvuga muti: “Ewe Mana Allah!” canke muvuga muti: “Ewe Nyenimpuhwe!”, izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo mwosabisha, muzoba muriko musaba Imana Imwe Rudende, kuko Imana Allah amazina yayo yose Ifise, ni meza cane”. Ntumwa y’Imana! Mu gihe uriko urasenga, ntugasome Qor’ani mw’ijwi rinini cane ngo ababangikanyamana bakwumve, eka ntukanayisome wongorera gushika n’aho abo usengesha batakwumva, uraheza rero usome nya Qor’ani mw’ijwi rigereranye.
[364] Ababangikanyamana banebagura Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ko mu gusaba Imana Allah, isaba ivuga iti: “YA ALLAAH! YA RAHMAAN!” (Ewe Mana Allah! Ewe Mana Nyenimpuhwe!), bakaba babona ko ari ugusaba imana nyinshi.
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Itigeze Yigenera umwana, Itigeze Inagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu bumana bwayo, eka ntiyigeze Inagira umuhagarikizi mu biremwa kuko Yikwije kandi Yikenuye”; uraheza rero kandi uyikuze mu kuyisenga utayibangikanya, no mu kuyitumbera muri vyose, kuko ari Yo Nkuru Irengeye vyose”.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Axatrışın nəticələri:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".