ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: الإسراء   آية:

سورة الإسراء - SURATU L-ISRAA-I

سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِيٓ أَسۡرَىٰ بِعَبۡدِهِۦ لَيۡلٗا مِّنَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ إِلَى ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡأَقۡصَا ٱلَّذِي بَٰرَكۡنَا حَوۡلَهُۥ لِنُرِيَهُۥ مِنۡ ءَايَٰتِنَآۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ
Nihaninahazwe Imana Allah Yateye iteka Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Ikamujana ku rugendo rw’ijoro, Imukuye ku musigiti mutagatifu uri i Makka Ikamushikana ku musigiti Al-Aqswa uri mu gisagara ca Bayti l-Maqdis, ahantu Twebwe Allah Twahezagije imirima y’ibiterwa n’ivyamwa bihakikuje, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana, n’ibindi. Twamujanyeyo rero kugira yibonere ukuri kwamye ivyemezo n’ibitangaro vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora.
التفاسير العربية:
وَءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَٰهُ هُدٗى لِّبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ أَلَّا تَتَّخِذُواْ مِن دُونِي وَكِيلٗا
Musa na we nyene Twamuteye iteka ryo kumuha Igitabu ca Tawurati, maze nya Gitabu Tukigira uburongozi kuri Bene Israyeli, aho Twababwirije Duti: “Ntimukagire umuntu n’umwe umuhagarikizi wanyu mu gishingo canje Jewe Allah”.
التفاسير العربية:
ذُرِّيَّةَ مَنۡ حَمَلۡنَا مَعَ نُوحٍۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَبۡدٗا شَكُورٗا
Bantu mukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)! Nimwisunge rero akarorero ka Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) mu gushimira Imana Allah no mu kutayibangikanya n’ikintu na kimwe. Mu vy’ukuri Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yari Umuja w’Imana Allah ashima koko inema zayo.
التفاسير العربية:
وَقَضَيۡنَآ إِلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ لَتُفۡسِدُنَّ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَّتَيۡنِ وَلَتَعۡلُنَّ عُلُوّٗا كَبِيرٗا
Muri nya Gitabu ca Tawurati, Twarabwiye Bene Israyeli Duti: “Bitebe bitebuke muzogenzwa n’ubwononyi mu gisagara ca Bayti l-Maqdis incuro zibiri, kandi muzokwiganza mube iciro ry’umugani mu kurenganya no kwica Abavugishwamana;
التفاسير العربية:
فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ أُولَىٰهُمَا بَعَثۡنَا عَلَيۡكُمۡ عِبَادٗا لَّنَآ أُوْلِي بَأۡسٖ شَدِيدٖ فَجَاسُواْ خِلَٰلَ ٱلدِّيَارِۚ وَكَانَ وَعۡدٗا مَّفۡعُولٗا
Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya mbere, Tuzobateza abaja bacu b’intwari ku rugamba, badatinya rukamvye, baheze babice, babangaze. Iryo sango rero ritegerezwa gushika nta kibuza;
التفاسير العربية:
ثُمَّ رَدَدۡنَا لَكُمُ ٱلۡكَرَّةَ عَلَيۡهِمۡ وَأَمۡدَدۡنَٰكُم بِأَمۡوَٰلٖ وَبَنِينَ وَجَعَلۡنَٰكُمۡ أَكۡثَرَ نَفِيرًا
Hanyuma nimwicisha bugufi, Tuzosubira Tubahe intsinzi mwiganzure, Duheze Tubahe ibibondo n’amatungo, Tubahe no kurondoka cane mugwirirane gusumba abandi bantu;
التفاسير العربية:
إِنۡ أَحۡسَنتُمۡ أَحۡسَنتُمۡ لِأَنفُسِكُمۡۖ وَإِنۡ أَسَأۡتُمۡ فَلَهَاۚ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ ٱلۡأٓخِرَةِ لِيَسُـُٔواْ وُجُوهَكُمۡ وَلِيَدۡخُلُواْ ٱلۡمَسۡجِدَ كَمَا دَخَلُوهُ أَوَّلَ مَرَّةٖ وَلِيُتَبِّرُواْ مَا عَلَوۡاْ تَتۡبِيرًا
Nimwarangwa n’ubugwaneza mu vyo mukora no mu vyo muvuga, ubwo bugwaneza buzoba ari ku neza yanyu, muzobuhemberwa. Nimwagenzwa n’ubwononyi naho, inkurikizi za nya bwononyi zizobagarukako, mubihanirwe. Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya kabiri, Tuzobateza kandi abansi banyu kugira babaneshe bongere banabasuzuguze, baheze binjire no mu gisagara ca Bayti l-Maqdis bagisambure nk’uko bagisambuye ubwa mbere, banasenyure n’ico bahuye cose;
التفاسير العربية:
عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يَرۡحَمَكُمۡۚ وَإِنۡ عُدتُّمۡ عُدۡنَاۚ وَجَعَلۡنَا جَهَنَّمَ لِلۡكَٰفِرِينَ حَصِيرًا
Hari n’aho rero Imana yanyu Rurema Allah Yobagirira impuhwe mu gihe mwokwigaya mukisubirako. Nimwaramuka musubiriye kandi kugenzwa n’ubwononyi n’akarenganyo, na Twebwe Allah Tuzosubira Tubahane, Tubasuzuguze. Burya umuriro wa Jahannamu, Twawugeneye kuba ibohero ry’abagarariji[349]”.
[349] Muri Aayah ya 5 gushika ku ya 8, Imana Allah Irihaniza abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi, kuko mu gihe bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi bohanwa nk’uko Bene Israyeli bahanwe.
التفاسير العربية:
إِنَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ يَهۡدِي لِلَّتِي هِيَ أَقۡوَمُ وَيُبَشِّرُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٱلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ أَجۡرٗا كَبِيرٗا
Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, irongora abantu mu nzira igororotse koko y’ubwislamu, igaha inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko bategekanirijwe impera nta ngere;
التفاسير العربية:
وَأَنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ أَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا
Ikanagabisha abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa, ko bategekanirijwe ibihano bibabaza.
التفاسير العربية:
وَيَدۡعُ ٱلۡإِنسَٰنُ بِٱلشَّرِّ دُعَآءَهُۥ بِٱلۡخَيۡرِۖ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ عَجُولٗا
Umuntu iyo atwawe n’agashavu, hari igihe yihutira kwisabira inabi, agasabira inabi n’abana hamwe n’amatungo vyiwe, nka kurya yisabira iciza, maze Imana Allah ku mpuhwe zayo, Igaheza Ikamwakirira gusa igisabisho yisabiramwo iciza, kuko burya umuntu yama yisabira inabi ku kwihuta no ku kutamenya.
التفاسير العربية:
وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ ءَايَتَيۡنِۖ فَمَحَوۡنَآ ءَايَةَ ٱلَّيۡلِ وَجَعَلۡنَآ ءَايَةَ ٱلنَّهَارِ مُبۡصِرَةٗ لِّتَبۡتَغُواْ فَضۡلٗا مِّن رَّبِّكُمۡ وَلِتَعۡلَمُواْ عَدَدَ ٱلسِّنِينَ وَٱلۡحِسَابَۚ وَكُلَّ شَيۡءٖ فَصَّلۡنَٰهُ تَفۡصِيلٗا
Ijoro n’umurango Twabigize ibimenyetso bibiri vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Turaheza Tuzimya ku murango ikimenyetso c’ijoro c’ukwezi kwaka mw’ijoro, maze Dutuma ikimenyetso c’umurango c’izuba, kimurika ku murango kugira murondere icorirenza mu mpano z’Imana yanyu Rurema Allah, mw’ijoro naho muheze muruhuke, no kugira kandi mushobore kumenya igena ry’imyaka n’igitigiri c’amezi n’imisi[350]. Burya ikintu ico ari co cose Twaragitomoye bikwiye.
[350] Mwisunze ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango.
التفاسير العربية:
وَكُلَّ إِنسَٰنٍ أَلۡزَمۡنَٰهُ طَٰٓئِرَهُۥ فِي عُنُقِهِۦۖ وَنُخۡرِجُ لَهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ كِتَٰبٗا يَلۡقَىٰهُ مَنشُورًا
Umuntu uwo ari we wese rero, ivyo akora biri ku gatwe kiwe[351]. Ku musi w’izuka Twebwe Allah, Tuzomuhereza igitabu canditswemwo ivyo yakoze vyose, avyirabire;
[351] Umuntu ntazohanirwa ibikorwa vya mugenziwe, eka nta n’uwuzohemberwa ibikorwa vya mugenziwe.
التفاسير العربية:
ٱقۡرَأۡ كِتَٰبَكَ كَفَىٰ بِنَفۡسِكَ ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكَ حَسِيبٗا
Azobwirwa ati: “Isomere igitabu canditswemwo ibikorwa vyawe[352], uno musi ni wewe nyene ukwiye kwimenyera ido n’ido ivyo wakoze, uheze umenye n’impembo yawe ubwawe nyene”.
[352] Umuntu rero azoshobora kwisomera ivyanditswe mu gitabu ciwe, n’aho yoba atigeze amenya gusoma no kwandika akiri kw’isi.
التفاسير العربية:
مَّنِ ٱهۡتَدَىٰ فَإِنَّمَا يَهۡتَدِي لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۚ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۗ وَمَا كُنَّا مُعَذِّبِينَ حَتَّىٰ نَبۡعَثَ رَسُولٗا
Uwuzoba rero umugororotsi yaragamburukiye Imana Allah, azoheza ahembwe ivyiza ku bugororotsi bwiwe. Nayo uwuzohuba, akagabitaniriza Imana Allah, azoheza ahembwe ibibi ku buhuvyi bwiwe. Nta muntu n’umwe rero azohanirwa icaha ca mugenziwe. Kandi Twebwe Allah, ntitwigeze Duhanira abantu ivyaha bakoze, Tutabanje kubarungikira Intumwa ibashikiriza ubutumwa bwacu.
التفاسير العربية:
وَإِذَآ أَرَدۡنَآ أَن نُّهۡلِكَ قَرۡيَةً أَمَرۡنَا مُتۡرَفِيهَا فَفَسَقُواْ فِيهَا فَحَقَّ عَلَيۡهَا ٱلۡقَوۡلُ فَدَمَّرۡنَٰهَا تَدۡمِيرٗا
Iyo rero Twebwe Allah Dushatse guhonya abantu bo mu gacimbiri ako ari ko kose ku kwirenganya kwabo, Tubanza kubwiriza na canecane abatewe iteka muri bo, ko bogamburuka bakanemera Imana Allah n’Intumwa yayo, maze bakarenga ku mabwirizwa yacu bayazi, gutyo bikaba ngombwa ko bahanwa ata gisivya, Tugaca Tubahonya nya guhonya.
التفاسير العربية:
وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِنَ ٱلۡقُرُونِ مِنۢ بَعۡدِ نُوحٖۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Hariho imigwi myinshi y’abantu Twahoneje rero, kuko yagararije Intumwa yarungikiwe inyuma y’irungikwa rya Nuhu. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kuba Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ivyaha bikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.
التفاسير العربية:
مَّن كَانَ يُرِيدُ ٱلۡعَاجِلَةَ عَجَّلۡنَا لَهُۥ فِيهَا مَا نَشَآءُ لِمَن نُّرِيدُ ثُمَّ جَعَلۡنَا لَهُۥ جَهَنَّمَ يَصۡلَىٰهَا مَذۡمُومٗا مَّدۡحُورٗا
Uwo wese rero yipfuza kuronka ibihendamaso vy’isi akabihurumbira, ha guhurumbira ibizomufasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzoheza Turonse Twebwe Allah uwo Dushatse mu biremwa akiri kw’isi, ivyo Dushaka mu vyo Twamugeneye mu vyagezwe, hanyuma Tumutegekanirize umuriro wa Jahannamu azokwinjiramwo afitiwe umwikomo, akwiye ivumwe ry’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَمَنۡ أَرَادَ ٱلۡأٓخِرَةَ وَسَعَىٰ لَهَا سَعۡيَهَا وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَأُوْلَٰٓئِكَ كَانَ سَعۡيُهُم مَّشۡكُورٗا
Nayo uwushaka guhemberwa ivyo yakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze agahurumbira igamburukiramana, yemera Imana Allah, yizeye n’indishi kuri Yo, uyo ari mu bakirirwa ibikorwa vyabo, bakazonashimirwa n’Imana Allah.
التفاسير العربية:
كُلّٗا نُّمِدُّ هَٰٓؤُلَآءِ وَهَٰٓؤُلَآءِ مِنۡ عَطَآءِ رَبِّكَۚ وَمَا كَانَ عَطَآءُ رَبِّكَ مَحۡظُورًا
Umugwi umwe wose rero muri iyo migwi ibiri; waba uw’abipfuza bagahurumbira ibihendamaso vy’isi, canke uw’abahurumbira indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Twebwe Allah Tuwuronsa ibiwubeshaho kw’isi mu mpano zacu, burya impano z’Imana yawe Rurema Allah, kw’isi nta n’umwe yimiriwe kuzironkako.
التفاسير العربية:
ٱنظُرۡ كَيۡفَ فَضَّلۡنَا بَعۡضَهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ وَلَلۡأٓخِرَةُ أَكۡبَرُ دَرَجَٰتٖ وَأَكۡبَرُ تَفۡضِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Twebwe Allah, Twahaye bamwe mu bantu Tubasumbanisha mu bibabeshaho hamwe no mu bikorwa bashoboye. Ni ukuri, ubuzima bw’inyuma yo gupfa ku bemeramana, ni bwo bw’icubahiro muri vyose gusumba ubwo kw’isi.
التفاسير العربية:
لَّا تَجۡعَلۡ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَقۡعُدَ مَذۡمُومٗا مَّخۡذُولٗا
Muntu! Ntukabangikanye Imana Allah n’iyindi mana, ngo wisange utewe ivyatsi n’Imana Allah, wongere unagirirwe n’umwikomo na Yo maze uteterwe.
التفاسير العربية:
۞ وَقَضَىٰ رَبُّكَ أَلَّا تَعۡبُدُوٓاْ إِلَّآ إِيَّاهُ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَٰنًاۚ إِمَّا يَبۡلُغَنَّ عِندَكَ ٱلۡكِبَرَ أَحَدُهُمَآ أَوۡ كِلَاهُمَا فَلَا تَقُل لَّهُمَآ أُفّٖ وَلَا تَنۡهَرۡهُمَا وَقُل لَّهُمَا قَوۡلٗا كَرِيمٗا
Muntu! Imana yawe Rurema Allah, Yabwirije ko hatokwiyegerezwa mu bikorwa no mu gusenga ikintu na kimwe kiretse Yo gusa, n'uko hubahwa hakubahirizwa n’abavyeyi mu bugwaneza, na canecane bageze mu za bukuru. Nihagira rero umwe muri bo ashika mu za bukuru canke bompi, ntukabashireko isoni mu ngiro canke mu mvugo, n’aho kwoba ari ukubimyoza gusa; ntukanabakankamire na rimwe, ahubwo uraheza ubabwire amajambo meza mu rupfasoni;
التفاسير العربية:
وَٱخۡفِضۡ لَهُمَا جَنَاحَ ٱلذُّلِّ مِنَ ٱلرَّحۡمَةِ وَقُل رَّبِّ ٱرۡحَمۡهُمَا كَمَا رَبَّيَانِي صَغِيرٗا
Uheze wicishe bugufi kuri bo mu kubumvira impuhwe, wongere ubasabire uvuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Girira impuhwe nta ngere abavyeyi banje, nk’uko banyihanganiye bakandera nkiri muto”.
التفاسير العربية:
رَّبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَا فِي نُفُوسِكُمۡۚ إِن تَكُونُواْ صَٰلِحِينَ فَإِنَّهُۥ كَانَ لِلۡأَوَّٰبِينَ غَفُورٗا
Bantu! Burya Imana yanyu Rurema Allah, Irazi neza ivyo muhishije mu mishaha yanyu; vyaba ivyiza canke ibibi. Nimwaba aberanda rero mu vyo mukora mushaka gushimisha Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya[353], Izobagirira ikigongwe.
[353] Iyo Imana Allah Iravye mu mushaha w’umuntu Ikabona ukwigaya vy’ukuri, Iraheza Ikamubabarira ibicumuro n'ivyaha vyiwe yakoze ku bubegito ndemanwa bwiwe.
التفاسير العربية:
وَءَاتِ ذَا ٱلۡقُرۡبَىٰ حَقَّهُۥ وَٱلۡمِسۡكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِ وَلَا تُبَذِّرۡ تَبۡذِيرًا
Muntu! Urubaha wubahirize agateka k’umuvandimwe wawe mu kumuhereza imperezwa ku bugwaneza, wongere uhe n’umukene atagira shinge na rugero, n’uwuri ku rugendo yakehaniwe n’ikimushikana iyo aroye, kandi ntugatange mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi;
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلۡمُبَذِّرِينَ كَانُوٓاْ إِخۡوَٰنَ ٱلشَّيَٰطِينِۖ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِرَبِّهِۦ كَفُورٗا
Mu vy’ukuri, abatanga mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi, ni incuti za shetani mu gukwiragiza ubwononyi n’ivyaha; burya shetani yamye ari umugarariji karuhariwe w’inema z’Imana yayo Rurema Allah;
التفاسير العربية:
وَإِمَّا تُعۡرِضَنَّ عَنۡهُمُ ٱبۡتِغَآءَ رَحۡمَةٖ مِّن رَّبِّكَ تَرۡجُوهَا فَقُل لَّهُمۡ قَوۡلٗا مَّيۡسُورٗا
Niwirengagiza guha imperezwa abayigenewe, ku mvo zo kutagira ico wobaha, uzeye kuzoronka ico wobahako ku mpuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, uraheza ubabwire akajambo keza k’ituze kabaremesha ko niwaronka uzobaha;
التفاسير العربية:
وَلَا تَجۡعَلۡ يَدَكَ مَغۡلُولَةً إِلَىٰ عُنُقِكَ وَلَا تَبۡسُطۡهَا كُلَّ ٱلۡبَسۡطِ فَتَقۡعُدَ مَلُومٗا مَّحۡسُورًا
Ntukabe rero ingumyi mu kudatanga mu bikorwa vy’igamburukiramana[354]; kandi ntugasesagure mu gutanga gushika n’aho utanga ibirengeye ubushobozi bwawe, maze ugatangura gutanako imiragwe n’abantu bakakunebagura, ugatangura kwicuza kw’isesagurwa ry’ubutunzi bwawe.
[354] Nko gusumira umuryango no gufasha aboro n’abakene batagira shinge na rugero, n’ibindi.
التفاسير العربية:
إِنَّ رَبَّكَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iha uwo Ishatse umusesekara gusumba abandi mu bibeshaho ibiremwa, Ikagerera muri vyo uwo Ishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa vy’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.
التفاسير العربية:
وَلَا تَقۡتُلُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُمۡ خَشۡيَةَ إِمۡلَٰقٖۖ نَّحۡنُ نَرۡزُقُهُمۡ وَإِيَّاكُمۡۚ إِنَّ قَتۡلَهُمۡ كَانَ خِطۡـٔٗا كَبِيرٗا
Bantu! Ntimukice abana banyu ku mvo zo gutinya ko mwokena. Ni Twebwe Allah Tuzobabeshaho nk’uko na mwe Tubabeshejeho. Mu vy’ukuri, ukwica abana ku mvo zo gutinya gukena, ni icaha rutura;
التفاسير العربية:
وَلَا تَقۡرَبُواْ ٱلزِّنَىٰٓۖ إِنَّهُۥ كَانَ فَٰحِشَةٗ وَسَآءَ سَبِيلٗا
Ntimukegere na gato ivyotuma mugwa mu busambanyi. Mu vy’ukuri ugusambana, ni icaha c'agahomerabunwa, ni n’inzira mbi itabereye namba;
التفاسير العربية:
وَلَا تَقۡتُلُواْ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَمَن قُتِلَ مَظۡلُومٗا فَقَدۡ جَعَلۡنَا لِوَلِيِّهِۦ سُلۡطَٰنٗا فَلَا يُسۡرِف فِّي ٱلۡقَتۡلِۖ إِنَّهُۥ كَانَ مَنصُورٗا
Kandi ntimukice umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa, kiretse mu gihe hubahirijwe vy’ukuri ingingo yo kwica[355]. Uwishwe rero ku karenganyo, umuhagarikizi wiwe[356] Twebwe Allah Twaramuhaye ububasha bwo gusaba ubutungane ko uwamwiciye yokwicwa canke agatanga inshumbusho, kandi rero ntarekuriwe na gato kurenga ku ngingo yo kwihora ngo hicwe babiri canke barenga ku kwihorera iyicwa ry’umuntu umwe, canke ngo uwishe yicwe urw’agashinyaguro; mu vy’ukuri umuhagarikizi w’uwishwe, Imana Allah Izomutera intege gushika yihorere uwishwe;
[355] Nk’ingingo yo kwica uwishe, canke uwudohotse ku kwemera akava mu bwislamu “murtaddi”, canke uwusambanye yari yubatse urwiwe agaterwa amabuye gushika apfe.
[356] Umuhagarikizi arekuriwe gusaba ubutungane ko bwubahiriza ingingo yo kwihorera uwishwe. Umuhagarikizi arashobora kuba ari umwe mu basigwa biwe batorana, canke akaba mu ndongozi.
التفاسير العربية:
وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ بِٱلۡعَهۡدِۖ إِنَّ ٱلۡعَهۡدَ كَانَ مَسۡـُٔولٗا
Vyongeye, ntimugatandukire amatungo y’impfuvyi mureze ngo muyakoreshe mu kuyigurana, kiretse mu bintu nkenerwa ku neza[357] ya nya mpfuvyi gushika igere mu bigero, ishobore no kumenya gukoresha nya matungo. Muraheza mwubahirize kandi n’isezerano mwemeye ryo kurera nya mpfuvyi no kuyicungerera amatungo yayo. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ko yubahirije isezerano, Iheze Imuhere niyaryubahiriza, canke Imuhane niyahemuka akaridohokako.
[357] Nko kuyakoresha mu bikorwa vyo kugwiza ubutunzi.
التفاسير العربية:
وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ إِذَا كِلۡتُمۡ وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ وَأَحۡسَنُ تَأۡوِيلٗا
Nimukwize ingero nimwagerera abantu, mukwize neza n’ivyo mubagerera ku munzani. Ugutunganiriza abantu ku ngero canke ku munzani, ni vyo vyiza kuri mwebwe kw’isi, ni na vyo muzohemberwa indishi ishemeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَلَا تَقۡفُ مَا لَيۡسَ لَكَ بِهِۦ عِلۡمٌۚ إِنَّ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡبَصَرَ وَٱلۡفُؤَادَ كُلُّ أُوْلَٰٓئِكَ كَانَ عَنۡهُ مَسۡـُٔولٗا
Muntu! Ntukihe gushira mu ngiro canke guhagarikira ivyo udafitiye ubumenyi. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa kw’ikoreshwa ry’amatwi, amaso n’umushaha. Niyakoresha rero ivyo bihimba ku neza, azoheza abihemberwe iciza; niyabikoresha naho ku nabi, azoheza abihemberwe ikibi;
التفاسير العربية:
وَلَا تَمۡشِ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَحًاۖ إِنَّكَ لَن تَخۡرِقَ ٱلۡأَرۡضَ وَلَن تَبۡلُغَ ٱلۡجِبَالَ طُولٗا
Ntukagendagende n’amanyama n’ubwishime kw’isi, wewe mu vy’ukuri ntuzopfa utoboye isi ku manyama yawe; n’ubwishime bwawe kandi ntibuzotuma ungana n’umusozi mu burebure.
التفاسير العربية:
كُلُّ ذَٰلِكَ كَانَ سَيِّئُهُۥ عِندَ رَبِّكَ مَكۡرُوهٗا
Izo ngingo n’amabwirizwa y’ibiziririjwe vyadondaguwe ng’aho hejuru, ibibi bibikomokako, Imana yawe Rurema Allah ntibikunda namba.
التفاسير العربية:
ذَٰلِكَ مِمَّآ أَوۡحَىٰٓ إِلَيۡكَ رَبُّكَ مِنَ ٱلۡحِكۡمَةِۗ وَلَا تَجۡعَلۡ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتُلۡقَىٰ فِي جَهَنَّمَ مَلُومٗا مَّدۡحُورًا
Muvugishwamana! Izo ngingo n’amabwirizwa rero, ni bimwe mu vyo Imana yawe Rurema Allah Yaguhishuriye. Muntu! Ntukanabangikanye Imana Allah n’iyindi mana mu gusenga, wohava utabwa mu muriro wa Jahannamu, abantu bagatangura kugutako imiragwe, na we ubwawe ukicuza ukayitako, ukisanga ata ciza na kimwe ufise kiretse ivumwe.
التفاسير العربية:
أَفَأَصۡفَىٰكُمۡ رَبُّكُم بِٱلۡبَنِينَ وَٱتَّخَذَ مِنَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنَٰثًاۚ إِنَّكُمۡ لَتَقُولُونَ قَوۡلًا عَظِيمٗا
Babangikanyamana! Mbega Imana yanyu Rurema Allah Yabahitiyemwo kubaha abana b’abahungu, Iraheza Yigenera mu bamalayika abana b’abakobwa! Mu vy’ukuri, mwebwe muvuga ijambo ribi cane ryo kwomekera abana b’abakobwa ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَا فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ لِيَذَّكَّرُواْ وَمَا يَزِيدُهُمۡ إِلَّا نُفُورٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoye bikwiye muri Qor’ani, ingingo, amabwirizwa n’inyigisho zitandukanye, kugira abantu banyurwe baheze bikebuke. Iryo tomora ry’ingingo n’amabwirizwa, nta co ryigeze ryongereza abirenganya mu bantu, kiretse ubugaba bwo guhunga ukuri no kutikebuka.
التفاسير العربية:
قُل لَّوۡ كَانَ مَعَهُۥٓ ءَالِهَةٞ كَمَا يَقُولُونَ إِذٗا لَّٱبۡتَغَوۡاْ إِلَىٰ ذِي ٱلۡعَرۡشِ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga ushimangira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, uti: “Imana Allah, iyo Iba Ifise izindi mana biri kumwe nk’uko ababangikanyamana bavuga, nya mana zari kurondera inzira izishikana kw’iganza ry’Imana Allah Nyenubuhangamo”.
التفاسير العربية:
سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يَقُولُونَ عُلُوّٗا كَبِيرٗا
Nihaninahazwe Imana Allah, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga.
التفاسير العربية:
تُسَبِّحُ لَهُ ٱلسَّمَٰوَٰتُ ٱلسَّبۡعُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَن فِيهِنَّۚ وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا يُسَبِّحُ بِحَمۡدِهِۦ وَلَٰكِن لَّا تَفۡقَهُونَ تَسۡبِيحَهُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ حَلِيمًا غَفُورٗا
Amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri muri vyo, vyose biraninahaza Imana Allah, nta n’ikintu na kimwe rero caremwe, kiretse ko kininahaza Imana Allah mu kuyishimagiza, ariko mwebwe abantu ntimutahura ininahazamana ryavyo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.
التفاسير العربية:
وَإِذَا قَرَأۡتَ ٱلۡقُرۡءَانَ جَعَلۡنَا بَيۡنَكَ وَبَيۡنَ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ حِجَابٗا مَّسۡتُورٗا
Ntumwa y'Imana! Iyo usomye Qor’ani, maze ababangikanyamana bakayumva, mu kubahanira ubutumva bwabo, Duca Dushira ipaziya hagati yawe n’abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa, maze nya paziya igatuma badatahura Qor’ani;
التفاسير العربية:
وَجَعَلۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ أَكِنَّةً أَن يَفۡقَهُوهُ وَفِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرٗاۚ وَإِذَا ذَكَرۡتَ رَبَّكَ فِي ٱلۡقُرۡءَانِ وَحۡدَهُۥ وَلَّوۡاْ عَلَىٰٓ أَدۡبَٰرِهِمۡ نُفُورٗا
Tugaheza Tugasibanganya n'imitima yabo igacika agatimatare biturutse ku bugaba bwabo, ntibaheze ngo banyurwe na Qor’ani, Tukaziba n’amatwi yabo maze ntibumvirize Qor’ani ngo igire ico ibunguye; n’iyo uyaze Imana yawe Rurema muri Qor’ani, urarikira ko Yosengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, baca birabira hirya bakagenza umugongo bahunga iryo rarikwa ryo gusenga batabangikanya Imana Imwe Rudende Allah.
التفاسير العربية:
نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَسۡتَمِعُونَ بِهِۦٓ إِذۡ يَسۡتَمِعُونَ إِلَيۡكَ وَإِذۡ هُمۡ نَجۡوَىٰٓ إِذۡ يَقُولُ ٱلظَّٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلٗا مَّسۡحُورًا
Burya rero Twebwe Allah, Turazi neza ihangiro ry’ivyo ababangikanyamana bumviriza iyo bariko bagutega amatwi. Ntibanakwumviriza ku mvo zo gutahura ngo banyurwe. Turazi n’ivyo bavuga mu bwongoshwe, maze abirenganije muri bo, bakavuga bati: “Emwe! Nta co mukurikira kiretse umugabo yarozwe agakeherwa n’ubwenge!”.
التفاسير العربية:
ٱنظُرۡ كَيۡفَ ضَرَبُواْ لَكَ ٱلۡأَمۡثَالَ فَضَلُّواْ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu ababangikanyamana bakugize iciro ry’umugani ko uri umurozi wakehewe n’ubwenge, maze barahuba, eka ntibashobora no gutumbera inzira igororotse y’ukuri.
التفاسير العربية:
وَقَالُوٓاْ أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا وَرُفَٰتًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ خَلۡقٗا جَدِيدٗا
Ababangikanyamana bavuze bamirira kure izuka ry’ibiremwa, bati: “Aho rero nitwahwera tugacika amagufa yabunzwe akabora, burya tuzosubizwa ubuzima kandi, duheze tuzuke ku musi w’izuka!”.
التفاسير العربية:
۞ قُلۡ كُونُواْ حِجَارَةً أَوۡ حَدِيدًا
Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Murashaka muhinduke ibuye canke icuma nimwaba mubishoboye;
التفاسير العربية:
أَوۡ خَلۡقٗا مِّمَّا يَكۡبُرُ فِي صُدُورِكُمۡۚ فَسَيَقُولُونَ مَن يُعِيدُنَاۖ قُلِ ٱلَّذِي فَطَرَكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةٖۚ فَسَيُنۡغِضُونَ إِلَيۡكَ رُءُوسَهُمۡ وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هُوَۖ قُلۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ قَرِيبٗا
Canke muhinduke ikindi kiremwa mubona ko gihambaye cane, nta kibuza ko muzozuka”. Umaze kubabwira ivyo, muri ico gihe bazokwinamura bahakana, bati: “Ni nde yodusubiza ubuzima twaramaze gupfa!”. Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Imana Allah Yabaremye na mbere, ni Yo Izobazura Ikabasubiza ubuzima”. Nibumva iyo nyishu, bazozungagiza umutwe bitangaza, baheze bavuge bati: “None iryo zuka ry’ibiremwa, rizoba ryari!?”. Uraheza ubishure uti: “Mwobibwirwa n’iki ko kumbure iryo zuka ry’ibiremwa riri hafi kugera!”.
التفاسير العربية:
يَوۡمَ يَدۡعُوكُمۡ فَتَسۡتَجِيبُونَ بِحَمۡدِهِۦ وَتَظُنُّونَ إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا قَلِيلٗا
Umusi Imana Allah, Iyabaremye Yabahamagaye ngo muzuke, maze mukitaba muyishimagiza, mugasokoroka mu kuzimu mwubahiriza itegeko ryayo, muzokwibaza ko mutigeze muba kw’isi kiretse akanya gato, bitewe n’intureka z’uwo musi.
التفاسير العربية:
وَقُل لِّعِبَادِي يَقُولُواْ ٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُۚ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ يَنزَغُ بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ كَانَ لِلۡإِنسَٰنِ عَدُوّٗا مُّبِينٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje b’abemeramana bavuge amajambo meza aroranye, abereye mu bihe vyose. Nibatabikora ukwo, bazokwibonerako. Mu vy’ukuri, shetani irateranya ikabiba urwanko hagati yabo; ni ukuri shetani, yamye ari umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu.
التفاسير العربية:
رَّبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِكُمۡۖ إِن يَشَأۡ يَرۡحَمۡكُمۡ أَوۡ إِن يَشَأۡ يُعَذِّبۡكُمۡۚ وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ عَلَيۡهِمۡ وَكِيلٗا
Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Irabazi neza. Ishatse Yobagirira impuhwe Ikabashoboza kwemera; canke Ishatse Igatuma muhwerera mu bugarariji, Igaheza Ikabahana. Ntumwa y’Imana! Eka ntitwakurungitse ku bantu kugira ubabere umuhagarikizi ajejwe kubahembera ivyo bakoze;
التفاسير العربية:
وَرَبُّكَ أَعۡلَمُ بِمَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَلَقَدۡ فَضَّلۡنَا بَعۡضَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ عَلَىٰ بَعۡضٖۖ وَءَاتَيۡنَا دَاوُۥدَ زَبُورٗا
Imana yawe Rurema Allah, Irazi neza ibiremwa biri mu majuru no mw’isi. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaradugije icubahiro bamwe mu Bavugishwamana gusumba abandi, mu guhabwa Ibitabu n’ubwinshi bw’ababakurikiye, Twaranahaye n’Intumwa Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Zaburi.
التفاسير العربية:
قُلِ ٱدۡعُواْ ٱلَّذِينَ زَعَمۡتُم مِّن دُونِهِۦ فَلَا يَمۡلِكُونَ كَشۡفَ ٱلضُّرِّ عَنكُمۡ وَلَا تَحۡوِيلًا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe mutakambira ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, maze bibakureko ivyago! Ico mwomenya co, ni uko bidashoboye namba kubakurako nya vyago; kira noneho rero, ntibinashoboye no gutera ivyago n’uwundi atari mwebwe[358]”.
[358] Iyi Aayah irabuza gusenga no kwiyambaza ikintu na kimwe mu gishingo c’Imana Allah, caba ari umuzimu canke ikiri kizima, yaba Intumwa canke umweranda, n’ibindi.
التفاسير العربية:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ يَبۡتَغُونَ إِلَىٰ رَبِّهِمُ ٱلۡوَسِيلَةَ أَيُّهُمۡ أَقۡرَبُ وَيَرۡجُونَ رَحۡمَتَهُۥ وَيَخَافُونَ عَذَابَهُۥٓۚ إِنَّ عَذَابَ رَبِّكَ كَانَ مَحۡذُورٗا
Ivyo bigirwamana musenga mutakambira mu biremwa, vyaba mu Bavugishwamana, mu beranda canke mu bamalayika, birahiganwa mu gukora ivyobishikana ku Mana yavyo Rurema Allah, bikizigira kuronka impuhwe zayo, bigatinya n’ibihano vyayo. Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, abantu barakwiye kubitinya bakavyigira kure.
التفاسير العربية:
وَإِن مِّن قَرۡيَةٍ إِلَّا نَحۡنُ مُهۡلِكُوهَا قَبۡلَ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ أَوۡ مُعَذِّبُوهَا عَذَابٗا شَدِيدٗاۚ كَانَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَسۡطُورٗا
Nta gacimbiri na kamwe k’abagarariji gahakana Intumwa, kiretse ko Twebwe Allah Tuzogahonya imbere yuko umuhero w’isi ugera; canke Tukagahanisha ibihano bibabaza kw’isi. Iryo honywa n’ihanwa ryako, vyaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَمَا مَنَعَنَآ أَن نُّرۡسِلَ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّآ أَن كَذَّبَ بِهَا ٱلۡأَوَّلُونَۚ وَءَاتَيۡنَا ثَمُودَ ٱلنَّاقَةَ مُبۡصِرَةٗ فَظَلَمُواْ بِهَاۚ وَمَا نُرۡسِلُ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّا تَخۡوِيفٗا
Nta catumye Tutamanura ibitangaro vyasabwe n’ababangikanyamana, atari uko abo hambere y’abo Twabamanuriye nya bitangaro bakabihakana. Twarahaye Bene Thamuudi (barungikiwe Intumwa Swalehe) igitangaro gitomoye c’ingamiya, baraheza barirenganya bivuye inyuma mu guhakana nya gitangaro. Burya Twebwe Allah, ntitwigeze Turungikana Intumwa ibitangaro, atari ukugira ngo abantu batinye ibihano vyacu, baheze bikebuke.
التفاسير العربية:
وَإِذۡ قُلۡنَا لَكَ إِنَّ رَبَّكَ أَحَاطَ بِٱلنَّاسِۚ وَمَا جَعَلۡنَا ٱلرُّءۡيَا ٱلَّتِيٓ أَرَيۡنَٰكَ إِلَّا فِتۡنَةٗ لِّلنَّاسِ وَٱلشَّجَرَةَ ٱلۡمَلۡعُونَةَ فِي ٱلۡقُرۡءَانِۚ وَنُخَوِّفُهُمۡ فَمَا يَزِيدُهُمۡ إِلَّا طُغۡيَٰنٗا كَبِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Twakubwira Duti: “Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Yarahetuye abantu mu bumenyi n’ubushobozi vyayo. N’ivyo Twakweretse mu bitangaje vy’ibiremwa mu rugendo rw’ijoro no mu kuduzwa mw’ijuru, ukabibona ukuri kwamye, ntitwabigize atari ukugira ngo bibe igeragezwa ku bantu; gutyo hagaragare umwemeramana n’umugarariji. N’igiti citwa “Al-Zaqquum” cavumwe, kivugwa muri Qor’ani, na co nyene Twakigize igeragezwa ku bantu. Turanatera rero n’ubwoba ababangikanyamana mu kubarungukira ibihano n’ibitangaro bitandukanye, ariko hamwe n’ivyo vyose, nta na kimwe bibongerereza kiretse ukwimonogoza mu bugarariji”.
التفاسير العربية:
وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ قَالَ ءَأَسۡجُدُ لِمَنۡ خَلَقۡتَ طِينٗا
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[359]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini, yaciye avuga ku bwishime n’akantu ati: “Vyoshoboka gute ko nubamira ikiremwa Waremye mw’ivu!”.
[359] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).
التفاسير العربية:
قَالَ أَرَءَيۡتَكَ هَٰذَا ٱلَّذِي كَرَّمۡتَ عَلَيَّ لَئِنۡ أَخَّرۡتَنِ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَأَحۡتَنِكَنَّ ذُرِّيَّتَهُۥٓ إِلَّا قَلِيلٗا
Ibilisi n’ubugarariji n’akantu yarubahutse abwira Imana Allah n’agahigihigi ati: “Urabona iki kiremwa Uteye iteka Ukacubahiriza kunsumba, niwampa kuramba gushika ku musi w’izuka, nta co ntazokora mu kurazwa ishinga no gukwiragiza ubwononyi no guhubisha uruvyaro rwaco uko nshoboye kwose, kiretse gusa bake muri rwo bazogutumbera mu vyo bakora”.
التفاسير العربية:
قَالَ ٱذۡهَبۡ فَمَن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ فَإِنَّ جَهَنَّمَ جَزَآؤُكُمۡ جَزَآءٗ مَّوۡفُورٗا
Imana Allah Yaciye Ibwira Ibilisi Iti: “Genda umaramarire hiyo! Uwuzogukurikira mu ruvyaro rwa Adamu akakwumvira, mu vy’ukuri igihano cawe hamwe n’abagukurikiye, kirabarindiriye mu muriro wa Jahannamu;
التفاسير العربية:
وَٱسۡتَفۡزِزۡ مَنِ ٱسۡتَطَعۡتَ مِنۡهُم بِصَوۡتِكَ وَأَجۡلِبۡ عَلَيۡهِم بِخَيۡلِكَ وَرَجِلِكَ وَشَارِكۡهُمۡ فِي ٱلۡأَمۡوَٰلِ وَٱلۡأَوۡلَٰدِ وَعِدۡهُمۡۚ وَمَا يَعِدُهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ إِلَّا غُرُورًا
Wewe genda wigarurire abo ushoboye bose muri nya ruvyaro, mu kubararikira ubuhuvyi n’ubwononyi, maze ugireko wegeranya ingabo zawe zose zishoboka, izigendera ku bitwazi n’izigenda n’amaguru, uheze wifadikanye na zo mu kunyengetera mu matungo yabo barondera, baheze bayakoreshe mu kuyatanga mu bizira, unyengetere no muri bo mu kubaryohereza ivyaha no kuvyara abana baciye mu busambanyi; ntugarukirize ng’aho, ahubwo niwongere ubahe isezerano ry’ikinyoma”. Burya shetani, ntiyigera itanga isezerano ry’ukuri, kiretse ko ari uruhendo gusa.
التفاسير العربية:
إِنَّ عِبَادِي لَيۡسَ لَكَ عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٞۚ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ وَكِيلٗا
Mu vy’ukuri, abaja banje bantumbera mu vyo bakora, nta bubasha ubafiseko namba. Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi Akingira abantu inyoshambi n’uruhendo vya shetani.
التفاسير العربية:
رَّبُّكُمُ ٱلَّذِي يُزۡجِي لَكُمُ ٱلۡفُلۡكَ فِي ٱلۡبَحۡرِ لِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِكُمۡ رَحِيمٗا
Bantu! Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Ituma ubwato bubatwara bugendera mw’ibahari, kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenimbabazi n’impuhwe ku biremwa vyayo;
التفاسير العربية:
وَإِذَا مَسَّكُمُ ٱلضُّرُّ فِي ٱلۡبَحۡرِ ضَلَّ مَن تَدۡعُونَ إِلَّآ إِيَّاهُۖ فَلَمَّا نَجَّىٰكُمۡ إِلَى ٱلۡبَرِّ أَعۡرَضۡتُمۡۚ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ كَفُورًا
Iyo mukozweko n’ivyago mw’ibahari mugahakwa gutwarwa, mushoka mwibagira ivyo mwahora mubangikanya n'Imana Allah, maze mugasaba Imana Imwe Rudende Allah muyitakambira ngo Ibibakureko, Imana Allah Yamara kubibakurako, Ikabashikana imusozi amahoro, mugaca mwigira ba sindabibazwa mu kwirengagiza itakambiramana ku bugaba bwanyu. Burya zina kiremwa-muntu, kuva na kera na rindi, yamye yihakana inema z’Imana Allah.
التفاسير العربية:
أَفَأَمِنتُمۡ أَن يَخۡسِفَ بِكُمۡ جَانِبَ ٱلۡبَرِّ أَوۡ يُرۡسِلَ عَلَيۡكُمۡ حَاصِبٗا ثُمَّ لَا تَجِدُواْ لَكُمۡ وَكِيلًا
Mbega bantu! Karashize ingani mugotwe ku bihano vy’Imana Allah, mutekaniwe ku Mana Allah ko Itobafuririra imusozi, canke ko Itobarungikira imvura y’urubuye izananye mu kirere, hanyuma mukisanga ata muhagarikizi n’umwe yoshobora kubakingira ivyo bihano!
التفاسير العربية:
أَمۡ أَمِنتُمۡ أَن يُعِيدَكُمۡ فِيهِ تَارَةً أُخۡرَىٰ فَيُرۡسِلَ عَلَيۡكُمۡ قَاصِفٗا مِّنَ ٱلرِّيحِ فَيُغۡرِقَكُم بِمَا كَفَرۡتُمۡ ثُمَّ لَا تَجِدُواْ لَكُمۡ عَلَيۡنَا بِهِۦ تَبِيعٗا
Canke mbega hoho, mwoba mutekaniwe ku Mana Allah mu gihe mwamaze kugarariza, ko Itobasubiza kandi mw’ibahari, Igaheza Ikabarungikira igihuhusi kikabasomesha nturi bivuye kw’igarariza ryanyu, hanyuma ntimuronke n’ico mwitwaza ngo mwisigure imbere yacu!
التفاسير العربية:
۞ وَلَقَدۡ كَرَّمۡنَا بَنِيٓ ءَادَمَ وَحَمَلۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ وَرَزَقۡنَٰهُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ وَفَضَّلۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ كَثِيرٖ مِّمَّنۡ خَلَقۡنَا تَفۡضِيلٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarateye iteka ry’icubahiro Bene Adamu mu kubacisha ubwenge, mu kubarungikira Intumwa no mu kuborohereza kwikora ku biri mw’isi. Twaranabashoboje kwiyunguruza imusozi ku bitwazi, no kwiyunguruza mu bwato mw’ibahari, Tubaronsa n’ibibabeshaho mu mfungurwa n’ibinyobwa vyiza birekuwe, Turaheza rero Tubaha n’icubahiro gisumba ic’ibindi biremwa vyinshi Twaremye.
التفاسير العربية:
يَوۡمَ نَدۡعُواْ كُلَّ أُنَاسِۭ بِإِمَٰمِهِمۡۖ فَمَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ فَأُوْلَٰٓئِكَ يَقۡرَءُونَ كِتَٰبَهُمۡ وَلَا يُظۡلَمُونَ فَتِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi w’izuka, igihe Twarengukije umugwi umwumwe w’abantu hamwe n’indongozi yawo bumvira kw’isi bakayikurikira; uwuzogira amahirwe rero akaba muri nya mugwi ari umweranda, maze agahabwa n’igitabu c’ivyo yakoze mu kuboko kw’ukuryo, uyo azoba ari mu bantu bazosoma igitabu cabo bahimbawe n’akamwemwe kenshi. Abo rero, ntibazorenganywa na gato ku ndishi y’ivyo bakoze, n’aho koba akantu kanzunya kangana n’akanyuzi kari ku nda y’urutete rw’itende.
التفاسير العربية:
وَمَن كَانَ فِي هَٰذِهِۦٓ أَعۡمَىٰ فَهُوَ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ أَعۡمَىٰ وَأَضَلُّ سَبِيلٗا
Nayo uwuzoba kuri iyi si, ari impumyi y’igipfamutima mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nyene, azoba ari impumyi y’igipfamutima idashobora guca mu nzira igana mu Bwami bw’ijuru, kanatsinda azoba yaranahuvye uguhuba nya guhuba inzira y’uburongozi kw’isi.
التفاسير العربية:
وَإِن كَادُواْ لَيَفۡتِنُونَكَ عَنِ ٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ لِتَفۡتَرِيَ عَلَيۡنَا غَيۡرَهُۥۖ وَإِذٗا لَّٱتَّخَذُوكَ خَلِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana bahatswe kugukura ku ntumbero y’ivyo Twakumanuriye muri Qor’ani, kugira ngo uturementanirize ibihushanye na vyo, iyo rero uramuka urementanije nk’uko bavyipfuza, ni ukuri bari kukugira umugenzi pfampfe;
التفاسير العربية:
وَلَوۡلَآ أَن ثَبَّتۡنَٰكَ لَقَدۡ كِدتَّ تَرۡكَنُ إِلَيۡهِمۡ شَيۡـٔٗا قَلِيلًا
Iyo rero Tutagutsimbataza ku kuri, ni ukuri warahatswe guhengamira gato ku ruhande rwabo mu kubemerera bimwe mu vyo bipfuza, kuko baguma bagutega imitego, na we ukamana icizigiro ko bazoteba bakemera.
التفاسير العربية:
إِذٗا لَّأَذَقۡنَٰكَ ضِعۡفَ ٱلۡحَيَوٰةِ وَضِعۡفَ ٱلۡمَمَاتِ ثُمَّ لَا تَجِدُ لَكَ عَلَيۡنَا نَصِيرٗا
Iyo uhirahira rero ugahengamira na gato ku ruhande rwabo, ni ukuri Twari guca Tuguha ibihano bigwijwe na kabiri mu buzima bwo kw’isi, n’ibihano bigwijwe na kabiri nyene igihe uri ku mpfiro[360], hanyuma ntiworonse umuntu n’umwe agutabara ngo agukureko ibihano vyacu.
[360] Ivyo bihano, vyari kugwizwa na kabiri ku Ntumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iyo iborohera mu guhengamira ku ruhande rwabo, kuko Imana Allah Yayihaye inema nyinshi, Iyigisha n’ubumenyi bwinshi bituma ikwiye gutsimbatara ku kuri.
التفاسير العربية:
وَإِن كَادُواْ لَيَسۡتَفِزُّونَكَ مِنَ ٱلۡأَرۡضِ لِيُخۡرِجُوكَ مِنۡهَاۖ وَإِذٗا لَّا يَلۡبَثُونَ خِلَٰفَكَ إِلَّا قَلِيلٗا
Abagarariji baranahatswe kukwomora mu gisagara ca Makka ku kuntu bakubangamira. Iyo bahirahira rero ngo bakwomore muri ico gisagara, na bo nyene ntibari kukigumamwo kiretse akanya gato gusa, Tugaca Tubahana;
التفاسير العربية:
سُنَّةَ مَن قَدۡ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ مِن رُّسُلِنَاۖ وَلَا تَجِدُ لِسُنَّتِنَا تَحۡوِيلًا
Ni uko vyamye rero ku bo Twarungikiye Intumwa zacu aho hambere yawe, ko abomoye Intumwa Twashoka Tubahana. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana abomoye Intumwa.
التفاسير العربية:
أَقِمِ ٱلصَّلَوٰةَ لِدُلُوكِ ٱلشَّمۡسِ إِلَىٰ غَسَقِ ٱلَّيۡلِ وَقُرۡءَانَ ٱلۡفَجۡرِۖ إِنَّ قُرۡءَانَ ٱلۡفَجۡرِ كَانَ مَشۡهُودٗا
Tsimbataza rero amasengesho akwije ibisabwa guhera ku muhingamo gushika ku mugoroba buhwibiye; wongere utsimbataze isengesho ryo mu mutwenzi, uheze urisomemwo Qor’ani umwanya muremure, mu vy’ukuri isengesho ryo mu mutwenzi, ryitabirwa n’abamalayika b’ijoro hamwe n’abandi babakorera mu ngata ku murango;
التفاسير العربية:
وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَتَهَجَّدۡ بِهِۦ نَافِلَةٗ لَّكَ عَسَىٰٓ أَن يَبۡعَثَكَ رَبُّكَ مَقَامٗا مَّحۡمُودٗا
Muvugishwamana! No mu gicugu, ba uvyuka usome Qor’ani umwanya muremure mw’isengesho; kugira iryo sengesho rikubere iry’inyongera rikudugiriza icubahiro, kumbure hari n’aho Imana yawe Rurema Allah Yokuzura ku musi w’izuka ufise igihagararo gishimwa n’ibiremwa, kuko uzobisabira gutezurirwa;
التفاسير العربية:
وَقُل رَّبِّ أَدۡخِلۡنِي مُدۡخَلَ صِدۡقٖ وَأَخۡرِجۡنِي مُخۡرَجَ صِدۡقٖ وَٱجۡعَل لِّي مِن لَّدُنكَ سُلۡطَٰنٗا نَّصِيرٗا
Uraheza uvuge uti: “Mana yanje Rurema Allah! Ngenera ubwinjiriro bw’ukuri bunshikana ku vyiza; Ungenere n’ubusohokero bw’ukuri bunkura mu bibi, Wongere Umpe n’icemezo kivuye iwawe, gituma Untabara Ukankurako umwansi wese”.
التفاسير العربية:
وَقُلۡ جَآءَ ٱلۡحَقُّ وَزَهَقَ ٱلۡبَٰطِلُۚ إِنَّ ٱلۡبَٰطِلَ كَانَ زَهُوقٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ukuri kw’ubwislamu kwaraje, ikinyoma c’ibangikanyamana kiraheza gikubitirwa ahabona, mu vy’ukuri ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka, bitebe bitebuke gitegerezwa kuganzwa kigende amazimayongo”.
التفاسير العربية:
وَنُنَزِّلُ مِنَ ٱلۡقُرۡءَانِ مَا هُوَ شِفَآءٞ وَرَحۡمَةٞ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ وَلَا يَزِيدُ ٱلظَّٰلِمِينَ إِلَّا خَسَارٗا
Twebwe Allah Tumanura muri Qor’ani Aayah zivura indwara z’umutima ziterwa n'ivyaha, izivura n'indwara zisinzikaza umubiri, n’izindi zituma abemeramana bagirirwa impuhwe n’Imana Allah. Burya iyi Qor’ani, ntiyongerereza abirenganya mu bugarariji, kiretse ubuhuvyi n’agahombo.
التفاسير العربية:
وَإِذَآ أَنۡعَمۡنَا عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ أَعۡرَضَ وَنَـَٔا بِجَانِبِهِۦ وَإِذَا مَسَّهُ ٱلشَّرُّ كَانَ يَـُٔوسٗا
Iyo Twebwe Allah Duhaye umuntu inema y’amatungo, ibibondo no kuroranirwa mu magara n’ibindi, araheza akagenza umugongo akirengagiza igamburukiramana. Iyo naho akozweko n’ikiza c’ubukene canke indwara n'ibindi, aca yihebura kuko atizeye Imana Allah.
التفاسير العربية:
قُلۡ كُلّٞ يَعۡمَلُ عَلَىٰ شَاكِلَتِهِۦ فَرَبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَنۡ هُوَ أَهۡدَىٰ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu uti: “Umwe wese muri mwebwe akora yisunze uko ari, burya Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Izi neza umugororotsi atumbereye ukuri”.
التفاسير العربية:
وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلرُّوحِۖ قُلِ ٱلرُّوحُ مِنۡ أَمۡرِ رَبِّي وَمَآ أُوتِيتُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِ إِلَّا قَلِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Abagarariji barakubaza ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima “Roho”! Bishure uti: “Ukuri ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima “Roho”, kuzwi gusa n’Imana yanje Rurema Allah, kanatsinda mwebwe n’abantu bose, ntimwahawe mu bumenyi kiretse ubumenyi buke.
التفاسير العربية:
وَلَئِن شِئۡنَا لَنَذۡهَبَنَّ بِٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ ثُمَّ لَا تَجِدُ لَكَ بِهِۦ عَلَيۡنَا وَكِيلًا
Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Twoshaka guhanagura mu mushaha wawe Qor’ani Twakumanuriye, ni ukuri Twobishobora, hanyuma ntiworonse umuhagarikizi n’umwe atubuza kuyihanagura canke ngo ayikwigishe bushasha;
التفاسير العربية:
إِلَّا رَحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَۚ إِنَّ فَضۡلَهُۥ كَانَ عَلَيۡكَ كَبِيرٗا
Ariko rero Imana yawe Rurema Allah Yarakugiriye impuhwe, maze Itsimbataza Qor’ani mu mushaha wawe. Mu vy’ukuri, impano zayo kuri wewe zamye ari nta ngere[361].
[361] Zimwe mu ngabirano Imana Allah Yahaye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni uko Yayihaye Qor’ani ntagatifu, Iyigenera igihagararo kizoshimwa n’ibiremwa ku musi w’izuka, n’ibindi rero Itigeze Iha n’umwe mu biremwa.
التفاسير العربية:
قُل لَّئِنِ ٱجۡتَمَعَتِ ٱلۡإِنسُ وَٱلۡجِنُّ عَلَىٰٓ أَن يَأۡتُواْ بِمِثۡلِ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ لَا يَأۡتُونَ بِمِثۡلِهِۦ وَلَوۡ كَانَ بَعۡضُهُمۡ لِبَعۡضٖ ظَهِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “N’aho abantu n’amajini bari kwiyunga, bakaja hamwe kugira bazane nk’iyi Qor’ani y’igitangaza, ntibari gupfa bazanye nkayo mu ndimburo no mw’itomora ry’ingingo n’amabwirizwa yayo. N’iyo bari kurarikana hagati yabo kugira bagerageze, nta vyo bari gushobora namba”.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖ فَأَبَىٰٓ أَكۡثَرُ ٱلنَّاسِ إِلَّا كُفُورٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoreye abantu bikwiye muri Qor’ani, mu gutanga uburorero butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakubahiriza nya burorero mu kubugendera, ariko abenshi mu bantu bahisemwo kugarariza ukuri, baraheza barahakana bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَقَالُواْ لَن نُّؤۡمِنَ لَكَ حَتَّىٰ تَفۡجُرَ لَنَا مِنَ ٱلۡأَرۡضِ يَنۢبُوعًا
Ababangikanyamana bamaze kuganzwa na Qor’ani, baciye basaba ko bohabwa ibitangaro nk’uko bavyipfuza, maze bavuga bati: “Muhama! Ntiturota tukwemera namba ngo dukore ivyo ushaka, utabanje kuducira iriba ry’amazi atemba ku gataka k’igisagara ca Makka;
التفاسير العربية:
أَوۡ تَكُونَ لَكَ جَنَّةٞ مِّن نَّخِيلٖ وَعِنَبٖ فَتُفَجِّرَ ٱلۡأَنۡهَٰرَ خِلَٰلَهَا تَفۡجِيرًا
Canke ugire umurima wiharije ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, uheze uwucirire n'inzuzi zitemba mu migende yawo;
التفاسير العربية:
أَوۡ تُسۡقِطَ ٱلسَّمَآءَ كَمَا زَعَمۡتَ عَلَيۡنَا كِسَفًا أَوۡ تَأۡتِيَ بِٱللَّهِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ قَبِيلًا
Canke ijuru ritugweko nk’uko watuburiye, canke utuzanire Imana Allah n’abamalayika bayo tubibonere ukuri kwamye;
التفاسير العربية:
أَوۡ يَكُونَ لَكَ بَيۡتٞ مِّن زُخۡرُفٍ أَوۡ تَرۡقَىٰ فِي ٱلسَّمَآءِ وَلَن نُّؤۡمِنَ لِرُقِيِّكَ حَتَّىٰ تُنَزِّلَ عَلَيۡنَا كِتَٰبٗا نَّقۡرَؤُهُۥۗ قُلۡ سُبۡحَانَ رَبِّي هَلۡ كُنتُ إِلَّا بَشَرٗا رَّسُولٗا
Canke wigirire inzu itatswe n’inzahabu, canke uduge mw’ijuru uciye ku ngazi, kandi ntituzokwemera ko waduzeyo utabanje kugaruka ufise igitabu kivuye ku Mana Allah, maze twisomere muri nya gitabu ko wewe uri Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri”. Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Nihaninahazwe Imana yanje Rurema Allah! Mbega jewe ndi igiki ku Mana Allah, cotuma ndayitegeka kubazanira ibitangaro mwipfuza! Nta co ndi, kiretse kuba ndi umuntu nkaba n’Intumwa, nshikiriza ubutumwa bwayo nk’uko Yabundungikanye”.
التفاسير العربية:
وَمَا مَنَعَ ٱلنَّاسَ أَن يُؤۡمِنُوٓاْ إِذۡ جَآءَهُمُ ٱلۡهُدَىٰٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَبَعَثَ ٱللَّهُ بَشَرٗا رَّسُولٗا
Nta cabujije rero abagarariji kwemera Imana n’Intumwa yayo igihe bashikirwa n’uburongozi buvuye ku Mana Allah, kiretse ijambo bavuze bahakana bati: “Ni gute Imana Allah Yorungika Intumwa ivuye mu bantu!”.
التفاسير العربية:
قُل لَّوۡ كَانَ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَلَٰٓئِكَةٞ يَمۡشُونَ مُطۡمَئِنِّينَ لَنَزَّلۡنَا عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَلَكٗا رَّسُولٗا
Ntumwa y’Imana! Gondoza ababangikanyamana, ubabwire uti: “Iyo kw’isi haza kuba abamalayika bagendagenda batekaniwe, ni ukuri Twebwe Allah, Twari kubarungikira Intumwa ivuye mu bamalayika nkabo[362]”.
[362] Intumwa irungikwa ku bantu ivuye muri bo kugira ishikirize ubutumwa mu rurimi bumva, batahura.
التفاسير العربية:
قُلۡ كَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدَۢا بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Babwire kandi uti: “Imana Allah ubwayo Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe, ko ndi Intumwa vy’ukuri. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe”.
التفاسير العربية:
وَمَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَهُوَ ٱلۡمُهۡتَدِۖ وَمَن يُضۡلِلۡ فَلَن تَجِدَ لَهُمۡ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِهِۦۖ وَنَحۡشُرُهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ عُمۡيٗا وَبُكۡمٗا وَصُمّٗاۖ مَّأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُۖ كُلَّمَا خَبَتۡ زِدۡنَٰهُمۡ سَعِيرٗا
Uwushobojwe n'Imana Allah akarongoka mu kuri rero, uyo ni we mugororotsi vy’ukuri; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba inzira y’ukuri, uyo ari mu bantu utazokwigera uronkera n’umwe mu bahagarikizi hatarimwo Imana Allah, yobarongora ku kuri. Tuzoheza rero Twebwe Allah, Twegeranye abahuvye ku musi w’izuka bagenza amaso, batabona, batavuga, batumva. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu; uko nya muriro ucureshe, ni ko Tuzowegenyeza ukarushirizaho kururumba.
التفاسير العربية:
ذَٰلِكَ جَزَآؤُهُم بِأَنَّهُمۡ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَقَالُوٓاْ أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا وَرُفَٰتًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ خَلۡقٗا جَدِيدًا
Ivyo bihano rero, ni yo ndishi y’ababangikanyamana, ku kuntu bagararije Aayah n'ivyemezo vyacu Twebwe Allah, bakanavuga bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, bati: “Mbega nitwapfa tugacika amagufa yabunzwe akabora, ni ivy'ukuri ko tuzozuka duheze dusubizwe kandi ubuzima ku musi w’izuka!”.
التفاسير العربية:
۞ أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّ ٱللَّهَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ قَادِرٌ عَلَىٰٓ أَن يَخۡلُقَ مِثۡلَهُمۡ وَجَعَلَ لَهُمۡ أَجَلٗا لَّا رَيۡبَ فِيهِ فَأَبَى ٱلظَّٰلِمُونَ إِلَّا كُفُورٗا
Mbega ababangikanyamana ntibamenye ko Imana Allah Yaremye ata co Irinze gufatirako amajuru n’isi n’ibiremwa biri hagati yavyo, Ishoboye kurema nkavyo mu gihe vyohona! Yaranategekanirije ababangikanyamana isango ryo gupfa n’iryo guhanwa, nta nkeka ko iryo sango ritegerezwa gushika. Hamwe n’ivyo rero, abirenganije mu guhakana izuka ry’ibiremwa, bahisemwo kugarariza idini ry’Imana Allah.
التفاسير العربية:
قُل لَّوۡ أَنتُمۡ تَمۡلِكُونَ خَزَآئِنَ رَحۡمَةِ رَبِّيٓ إِذٗا لَّأَمۡسَكۡتُمۡ خَشۡيَةَ ٱلۡإِنفَاقِۚ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ قَتُورٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Iyo muba mugaba ibigega vy’impano z’Imana yanje Rurema Allah, zitigera zihera, mwari kuba ingumyi ku gutinya ko muramutse mutanze mwohava mukena, burya zina kiremwa-muntu camye ari impfumbasi, kiretse uwagiriwe impuhwe n’Imana Allah”.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَىٰ تِسۡعَ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖۖ فَسۡـَٔلۡ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ إِذۡ جَآءَهُمۡ فَقَالَ لَهُۥ فِرۡعَوۡنُ إِنِّي لَأَظُنُّكَ يَٰمُوسَىٰ مَسۡحُورٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa ibitangaro icenda bigaragara, vyemeza ukuri kw’ubutumwa bwiwe[363]. Ntumwa y’Imana! Urabaza Bene Israyeli ingene vyagenze igihe Musa yabazanira nya bitangaro bigaragara, maze Firawuni akamubwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nibaza ko wewe Musa warozwe, ugakeherwa n’ubwenge!”.
[363] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso.
التفاسير العربية:
قَالَ لَقَدۡ عَلِمۡتَ مَآ أَنزَلَ هَٰٓؤُلَآءِ إِلَّا رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ بَصَآئِرَ وَإِنِّي لَأَظُنُّكَ يَٰفِرۡعَوۡنُ مَثۡبُورٗا
Musa yishuye Firawuni ati: “Ni ukuri, urazi neza ko ata wundi yamanuye ibi bitangaro icenda bigaragara atari Imana Allah, Rurema w’amajuru n’isi; Yamanuye nya bitangaro, kugira bibe ivyemezo vyotuma abanyabwenge bemera ko Imana Allah ari Yo Yaremye; n'uko ari Yo Ikwiye no gusengwa ari Imwe Rudende. Kandi rero nanje mu vy’ukuri, ndizeye ata gukekeranya ko wewe Firawuni wavumwe, utegerezwa guhona”.
التفاسير العربية:
فَأَرَادَ أَن يَسۡتَفِزَّهُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ فَأَغۡرَقۡنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ جَمِيعٗا
Ni ho rero Firawuni yatwarwa n’agashavu, aca ashaka kurondera gutera ubwoba Musa hamwe na Bene Israyeli, ko yobomora mu gihugu ca Misiri, maze Twebwe Allah Duca Turamusomesha nturi mw’ibahari, we hamwe n’ingabo ziwe zose.
التفاسير العربية:
وَقُلۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِۦ لِبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱسۡكُنُواْ ٱلۡأَرۡضَ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ ٱلۡأٓخِرَةِ جِئۡنَا بِكُمۡ لَفِيفٗا
Maze Duca Tubwira Bene Israyeli mu nyuma y’ihonywa rya Firawuni n’ingabo ziwe, Duti: “Nimucumbike rero ku gataka ka Shaamu, nihagera ko umuhero w’isi ushika, Tuzoheza Tubazure mwese, muheze muharurirwe”.
التفاسير العربية:
وَبِٱلۡحَقِّ أَنزَلۡنَٰهُ وَبِٱلۡحَقِّ نَزَلَۗ وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا مُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا
Twebwe Allah, Twamanuriye Qor’ani vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira irarikire abantu kugamburukira Imana Allah, kandi Qor’ani yamanutse mu kuri ikingiwe, nta kizokwongerwamwo canke ngo gikurwemwo n’abantu. Ntumwa y’Imana! Ntitwanagutumye rero, kiretse ngo ube Intumwa ishikiriza inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha ibigaba ku bihano vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَقُرۡءَانٗا فَرَقۡنَٰهُ لِتَقۡرَأَهُۥ عَلَى ٱلنَّاسِ عَلَىٰ مُكۡثٖ وَنَزَّلۡنَٰهُ تَنزِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani itomoye, itandukanya uburongozi n’ubuhuvyi, ukuri n’ikinyoma, kugira uyisomere abantu mu bwitonzi nta ngere; Twanayihishuye bukebuke Dufatiye ku vyagiye birashikira abantu no ku kuntu babayeho.
التفاسير العربية:
قُلۡ ءَامِنُواْ بِهِۦٓ أَوۡ لَا تُؤۡمِنُوٓاْۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ مِن قَبۡلِهِۦٓ إِذَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ يَخِرُّونَۤ لِلۡأَذۡقَانِۤ سُجَّدٗاۤ
Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mwemera Qor’ani mutayemera, ukuyemera kwanyu nta co kuyongerereza, eka no kuyihakana kwanyu nta co kuyitwara”. Mu vy’ukuri, abamenyi batahuye ukuri kw’ihishurwa rya Qor’ani mu bahawe Ibitabu vyo hambere yayo, iyo basomewe Qor’ani, bashoka bubamika uruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah;
التفاسير العربية:
وَيَقُولُونَ سُبۡحَٰنَ رَبِّنَآ إِن كَانَ وَعۡدُ رَبِّنَا لَمَفۡعُولٗا
Maze bagaca bavuga bati: “Nihaninahazwe Imana yacu Rurema Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bakayibangikanya, nta nkeka ko Isezerano ry’Imana yacu Rurema Allah ryo guhemba abemeramana n’iryo guhana abagarariji, ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika”;
التفاسير العربية:
وَيَخِرُّونَ لِلۡأَذۡقَانِ يَبۡكُونَ وَيَزِيدُهُمۡ خُشُوعٗا۩
Bubamika uruhanga hasi rero bakorora amosozi ku kunyurwa n’inyigisho za Qor’ani, gutyo bakarushirizaho kwicisha bugufi ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
قُلِ ٱدۡعُواْ ٱللَّهَ أَوِ ٱدۡعُواْ ٱلرَّحۡمَٰنَۖ أَيّٗا مَّا تَدۡعُواْ فَلَهُ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَلَا تَجۡهَرۡ بِصَلَاتِكَ وَلَا تُخَافِتۡ بِهَا وَٱبۡتَغِ بَيۡنَ ذَٰلِكَ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana[364] uti: “Nimusabe muvuga muti: “Ewe Mana Allah!” canke muvuga muti: “Ewe Nyenimpuhwe!”, izina iryo ari ryo ryose mu mazina yayo mwosabisha, muzoba muriko musaba Imana Imwe Rudende, kuko Imana Allah amazina yayo yose Ifise, ni meza cane”. Ntumwa y’Imana! Mu gihe uriko urasenga, ntugasome Qor’ani mw’ijwi rinini cane ngo ababangikanyamana bakwumve, eka ntukanayisome wongorera gushika n’aho abo usengesha batakwumva, uraheza rero usome nya Qor’ani mw’ijwi rigereranye.
[364] Ababangikanyamana banebagura Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ko mu gusaba Imana Allah, isaba ivuga iti: “YA ALLAAH! YA RAHMAAN!” (Ewe Mana Allah! Ewe Mana Nyenimpuhwe!), bakaba babona ko ari ugusaba imana nyinshi.
التفاسير العربية:
وَقُلِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي لَمۡ يَتَّخِذۡ وَلَدٗا وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ شَرِيكٞ فِي ٱلۡمُلۡكِ وَلَمۡ يَكُن لَّهُۥ وَلِيّٞ مِّنَ ٱلذُّلِّۖ وَكَبِّرۡهُ تَكۡبِيرَۢا
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah Itigeze Yigenera umwana, Itigeze Inagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu bumana bwayo, eka ntiyigeze Inagira umuhagarikizi mu biremwa kuko Yikwije kandi Yikenuye”; uraheza rero kandi uyikuze mu kuyisenga utayibangikanya, no mu kuyitumbera muri vyose, kuko ari Yo Nkuru Irengeye vyose”.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: الإسراء
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق