ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: النحل   آية:

سورة النحل - SURATU NNAHL

أَتَىٰٓ أَمۡرُ ٱللَّهِ فَلَا تَسۡتَعۡجِلُوهُۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Bagarariji! Umuhero w’isi vuba bwango urashika nta gisivya, kugira muhanirwe ivyo mwakoze, ntimurinde kwihuta mu gutebura musaba ko mwohanwa. Nihaninahazwe Imana Allah Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
التفاسير العربية:
يُنَزِّلُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ بِٱلرُّوحِ مِنۡ أَمۡرِهِۦ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ أَنۡ أَنذِرُوٓاْ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱتَّقُونِ
Imana Allah, Imanura abamalayika kw’itegeko ryayo, baje guhishurira uwo Ishatse mu baja bayo mu Ntumwa, maze bagahishurira nya Ntumwa bati: “Nimugabishe abantu ku bihano vyanje Jewe Allah mu gihe bombangikanya, kuko nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimungamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yanje”.
التفاسير العربية:
خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۚ تَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende, Imana Allah nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
التفاسير العربية:
خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٖ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٞ مُّبِينٞ
Yaremye umuntu mw’ima ry’intanga zigayitse; amaze gukura acika umwansi ruhebwa, maze aragarariza yivuye inyuma mu guhakana ko ata zuka ry’ibiremwa ribaho;
التفاسير العربية:
وَٱلۡأَنۡعَٰمَ خَلَقَهَاۖ لَكُمۡ فِيهَا دِفۡءٞ وَمَنَٰفِعُ وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ
N’ibitungwa [331] Yabiremeye mwebwe abantu, Iraheza Ibaha gususurutswa n’ubwoya bwavyo, Ibaha no kwikora ku mata n’insato zavyo, Ibashoboza no kwiyunguruza kuri nya bitungwa; muri vyo harimwo n’ivyo mufungura;
[331] Ingamiya, inka n’intungwa.
التفاسير العربية:
وَلَكُمۡ فِيهَا جَمَالٌ حِينَ تُرِيحُونَ وَحِينَ تَسۡرَحُونَ
Harimwo no kuberwa kuri mwebwe gutuma mugira akamwemwe, igihe mubicuye ku mugoroba n’igihe mubiturukije mu gitondo;
التفاسير العربية:
وَتَحۡمِلُ أَثۡقَالَكُمۡ إِلَىٰ بَلَدٖ لَّمۡ تَكُونُواْ بَٰلِغِيهِ إِلَّا بِشِقِّ ٱلۡأَنفُسِۚ إِنَّ رَبَّكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ
Biranabungururiza imizigo yanyu bikayishikana mu gihugu ca kure, mutoshoboye kubishikanayo mutabanje kuruha, mugacumukura. Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Nyenikigongwe mu kubatunganiriza ivyankenerwa mu buzima, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
التفاسير العربية:
وَٱلۡخَيۡلَ وَٱلۡبِغَالَ وَٱلۡحَمِيرَ لِتَرۡكَبُوهَا وَزِينَةٗۚ وَيَخۡلُقُ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Yabaremeye n’ifarasi n'ibivyarwa n’ifarasi hamwe n’indogobwe, Ibaremera n’indogobwe nyene kugira muvyikoreko mu kwiyunguruza no mu gushaza mukaberwa mu gihe muri kuri vyo; Iranabaremera n’ibindi mutazi mwokwikorako mu kwiyunguruza, kugira muyemere muyishimire;
التفاسير العربية:
وَعَلَى ٱللَّهِ قَصۡدُ ٱلسَّبِيلِ وَمِنۡهَا جَآئِرٞۚ وَلَوۡ شَآءَ لَهَدَىٰكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Imana Allah Ijejwe kubatomorera inzira yayo y’ubwislamu igororotse. Hambavu y’ivyo, hari n’izindi nzira ziciye kubiri n’ubwislamu, zihubisha [332]. Iyo rero Imana Allah Ibishaka, Yari kubarongora mwese mu nzira yayo;
[332] Inzira zihubisha, ni inzira y'idini canke iciyumviro giciye kubiri n'ubwislamu.
التفاسير العربية:
هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗۖ لَّكُم مِّنۡهُ شَرَابٞ وَمِنۡهُ شَجَرٞ فِيهِ تُسِيمُونَ
Ni Yo Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Ibaronsa n’amazi mwikorako mu kunywa no mu kuvomera ibiti n’ubwatsi mwahirira ibitungwa vyanyu, mugaheza mukavyikorako mu buzima bwa misi yose;
التفاسير العربية:
يُنۢبِتُ لَكُم بِهِ ٱلزَّرۡعَ وَٱلزَّيۡتُونَ وَٱلنَّخِيلَ وَٱلۡأَعۡنَٰبَ وَمِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Hakoreshejwe nya mazi y’imvura nyene, Imana Allah Iraheza Ikabamereshereza n’ibiterwa bitandukanye, imizayituni, itende n’imizabibu; hamwe rero n’ivyamwa n’imboga vy’ubwoko bwose. Muri iryo meresha ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara cotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَسَخَّرَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ وَٱلنُّجُومُ مُسَخَّرَٰتُۢ بِأَمۡرِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Yaranabagiriye ijoro riba umwanya mwiza wo kuruhuka; umurango na wo uba umwanya mwiza wo kurondera icorirenza; Ibaremera n’izuba kugira ribamurikire ku murango, mwongere murimenyereko umwanya n’imisi; Ibaremera n’ukwezi kugira kubahe umuco mw’ijoro, mwongere mukumenyereko ibihe vy’agatasi n’ici, hamwe n’imyaka, n’ibindi. Inyenyeri zimanye mu kirere, na zo zaremwe kw’itegeko ryayo, kugira muzimenyereko ubutumbero bw’ahantu mw’ijoro ry’umuzimagiza, n’ibindi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu b’ababanyabwenge banyurwa bakagamburukira Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَمَا ذَرَأَ لَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُخۡتَلِفًا أَلۡوَٰنُهُۥٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَذَّكَّرُونَ
Yaranabaremeye mw’isi ibinyabuzima bigendagenda hamwe n’ubutare, n’ibindi bintu ngirakamaro bifise amabara atandukanye, biri mu nda y’isi. Mw’irema ry’ivyo vyose rero, mu butandukane bw’amabara yavyo n’akamaro kavyo, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara, cotuma abantu bibuka bagasenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya.
التفاسير العربية:
وَهُوَ ٱلَّذِي سَخَّرَ ٱلۡبَحۡرَ لِتَأۡكُلُواْ مِنۡهُ لَحۡمٗا طَرِيّٗا وَتَسۡتَخۡرِجُواْ مِنۡهُ حِلۡيَةٗ تَلۡبَسُونَهَاۖ وَتَرَى ٱلۡفُلۡكَ مَوَاخِرَ فِيهِ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Ni na Yo Yabaremeye ibahari kugira murye ifi murovyemwo zifise inyama yoroshe, mwongere mucukure muri nya bahari ibikoresho muhinguramwo ibisharizo mwambara[333]. Muzobona n’ubwato amahanga bubunguruza bugendera ku mazi muri nya bahari, kugira murondere icobabeshaho mu ruja n’uruza rw’urudandazwa ruca muri yo; ivyo vyose rero, Imana Allah Ikaba Yabibaremeye kugira muyishimire ku nema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.
[333] Nka lulu na marjani
التفاسير العربية:
وَأَلۡقَىٰ فِي ٱلۡأَرۡضِ رَوَٰسِيَ أَن تَمِيدَ بِكُمۡ وَأَنۡهَٰرٗا وَسُبُلٗا لَّعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Yarashinze n’imisozi mw’isi kugira iyigumye, ntibazungagize; Ibashiriraho n’inzuzi mwikorako, Ibacira n’inzira mucamwo kugira ntimuzimire inzira ibashikana aho mwipfuza kuja;
التفاسير العربية:
وَعَلَٰمَٰتٖۚ وَبِٱلنَّجۡمِ هُمۡ يَهۡتَدُونَ
Yabashiriyeho n’ibimenyetso bibazimurura ku murango; mw’ijoro naho, inyenyeri zikabazimurura.
التفاسير العربية:
أَفَمَن يَخۡلُقُ كَمَن لَّا يَخۡلُقُۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Mbega none, Imana Allah Ishoboye kurema ivyo vyose, ni Yo mubangikanya n’ibigirwamana bidashoboye kurema na kimwe! Ubwo ntimwokwibuka icubahiro c’Imana Allah, mugaheza mukayisenga ari Imwe Rudende!
التفاسير العربية:
وَإِن تَعُدُّواْ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ لَا تُحۡصُوهَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Mu gihe rero mwodondagura ido n’ido inema z’Imana Allah, ntimwogenda mushoboye kuziharura ngo muheze muronke ingene mwoyishimira kuri nya nema. Ni ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعۡلِنُونَ
Burya, Imana Allah Irazi neza ivyo mukora vyose, kandi Izobibahembera, vyaba ivyo muhisha mu mishaha canke ivyo mukorera mu mpisho, hamwe n’ivyo mukorera ku mugaragaro.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ لَا يَخۡلُقُونَ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ
Ibigirwamana ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kurema n’aho koba n’akantu inzatsa, kanatsinda na vyo nyene vyabajwe n’ababangikanyamana;
التفاسير العربية:
أَمۡوَٰتٌ غَيۡرُ أَحۡيَآءٖۖ وَمَا يَشۡعُرُونَ أَيَّانَ يُبۡعَثُونَ
Ntivyinyagaza na gato ngo bigire ico vyimariye, eka nta n’ubuzima bifise, ntibizi n’igihe Imana Allah Izozurirako ababisenga.
التفاسير العربية:
إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۚ فَٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ قُلُوبُهُم مُّنكِرَةٞ وَهُم مُّسۡتَكۡبِرُونَ
Imana yanyu Ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, ni Imana Imwe Rudende Allah, burya abatemera ko hariho izuka ry’ibiremwa, imitima yabo irahakana ko hariho Imana Imwe Rudende, bakagira n’amanyama mu kutemera kuyisenga vy’ukuri ari Imwe Rudende.
التفاسير العربية:
لَا جَرَمَ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡتَكۡبِرِينَ
Ni ivy’ukuri ko Imana Allah Izi neza cane ivyo bemera bakanabigirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, kandi Izobibahembera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama mu kutayemera.
التفاسير العربية:
وَإِذَا قِيلَ لَهُم مَّاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمۡ قَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ababangikanyamana iyo babajijwe bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”. Bishura bati: “Yayimanuriye imigani n'ibitito vy’ab’aho hambere”.
التفاسير العربية:
لِيَحۡمِلُوٓاْ أَوۡزَارَهُمۡ كَامِلَةٗ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَمِنۡ أَوۡزَارِ ٱلَّذِينَ يُضِلُّونَهُم بِغَيۡرِ عِلۡمٍۗ أَلَا سَآءَ مَا يَزِرُونَ
Imperuka yabo ku musi w’izuka, kuzoba ukwiremeka ivyaha vyabo vyose hiyongeyeko n’umutwaro wa bimwe mu vyaha vy’abo babeshe, bakabahubisha ku bujuju inzira y’ubwislamu. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni bibi cane ivyaha bazokwiremeka.
التفاسير العربية:
قَدۡ مَكَرَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَأَتَى ٱللَّهُ بُنۡيَٰنَهُم مِّنَ ٱلۡقَوَاعِدِ فَخَرَّ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّقۡفُ مِن فَوۡقِهِمۡ وَأَتَىٰهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ
Abantu bo hambere y’abo, barateze imitego Intumwa barungikiwe, maze Imana Allah Iraheza Inyiganza inyubako y’ubuhuvyi bwabo guhera ku mushinge wayo, urusenge rwayo rubasenyukirako, maze bashikirwa n’ibihano barahona mu buryo bataziga;
التفاسير العربية:
ثُمَّ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يُخۡزِيهِمۡ وَيَقُولُ أَيۡنَ شُرَكَآءِيَ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تُشَٰٓقُّونَ فِيهِمۡۚ قَالَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ إِنَّ ٱلۡخِزۡيَ ٱلۡيَوۡمَ وَٱلسُّوٓءَ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Hanyuma ku musi w’izuka naho, Imana Allah Izobatetereza mu kubahanisha umuriro, Ice Ibabwira Iti: “Bari hehe rero abo mwahora mumbangikanya mukabasenga, ari na bo batumye murwanya Intumwa hamwe n’abemeramana kw’isi! Nibaseruke rero, kugira babakure mu bihano”. Abahawe ubumenyi bakabugendera bazovuga bati: “Ni ukuri, uguteterezwa n’ibihano vy’uno musi, ni ku bagarariji”;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ تَتَوَفَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ ظَالِمِيٓ أَنفُسِهِمۡۖ فَأَلۡقَوُاْ ٱلسَّلَمَ مَا كُنَّا نَعۡمَلُ مِن سُوٓءِۭۚ بَلَىٰٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barirenganije mu guhakana, maze bagaca bugufi kuko babonye urwabo rushitse, bakihakana ibigirwamana bahora basenga, bakanavuga bati: “Nta co twigeze dukora mu bicumuro!”, bagaheza bakishurwa bati: “Mwanguha! Ahubwo mwari mwarimonogoje; mu gucumura, ni ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mwakoze vyose, kandi Izobibahembera”;
التفاسير العربية:
فَٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَلَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ
Kubera ivyo rero, bazobwirwa ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera”. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah.
التفاسير العربية:
۞ وَقِيلَ لِلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ مَاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمۡۚ قَالُواْ خَيۡرٗاۗ لِّلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٞۚ وَلَدَارُ ٱلۡأٓخِرَةِ خَيۡرٞۚ وَلَنِعۡمَ دَارُ ٱلۡمُتَّقِينَ
Nayo abagamburukiramana bagize ngo barabazwa bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”, bazokwishura bati: “Yayimanuriye ivyiza n’uburongozi”. Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo kuri ino si, bakararikira n’abandi ukwemera n’ugukora ivyiza bitegetswe, baragenewe intsinzi no kuroranirwa kw’isi; mu buzima bw’inyuma yo gupfa naho, barategekanirijwe ivyiza bisumba ivyo bagenewe kw’isi. Iryo rero ni ryo cumbi ryiza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku bagamburukiramana;
التفاسير العربية:
جَنَّٰتُ عَدۡنٖ يَدۡخُلُونَهَا تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ لَهُمۡ فِيهَا مَا يَشَآءُونَۚ كَذَٰلِكَ يَجۡزِي ٱللَّهُ ٱلۡمُتَّقِينَ
Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, bazokwinjira muri nya Bwami babubemwo ibihe bidahera, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; bazoronswa muri nya Bwami ivyo bipfuza vyose. Ni nk’iyo mpera rero Imana Allah, Ihemba abagamburukiramana;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ تَتَوَفَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ طَيِّبِينَ يَقُولُونَ سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمُ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Abakurwamwo imitima n’abamalayika bagapfa barejejwe imitima, maze bagaca bababwira bati: “Nimugire amahoro, muragasimba imanga, nimwinjire rero mu Bwami bw’ijuru ku vyiza mwakoze mukiri kw’isi, mukemera Imana Allah mukanayumvira”.
التفاسير العربية:
هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّآ أَن تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ أَوۡ يَأۡتِيَ أَمۡرُ رَبِّكَۚ كَذَٰلِكَ فَعَلَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ وَمَا ظَلَمَهُمُ ٱللَّهُ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Burya, ababangikanyamana nta co barindiriye imbere yuko bemera, atari uko urwabo rushika bagakurwamwo imitima n’abamalayika, bagapfa bakigarariza; canke bagashikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya. Ni nk’ukwo nyene rero, abo hambere y’abo bagararije bagahanwa, kandi Imana Allah ntiyabarenganije namba muri ukwo guhanwa, ariko ni bo birenganije mu kugarariza;
التفاسير العربية:
فَأَصَابَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا عَمِلُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Maze bahuganirwa n’ivyo bakoze, baca bashikirwa n’ibihano bahora bateburako ngo ntibazobihabwa;
التفاسير العربية:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ لَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا عَبَدۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖ نَّحۡنُ وَلَآ ءَابَآؤُنَا وَلَا حَرَّمۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖۚ كَذَٰلِكَ فَعَلَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ فَهَلۡ عَلَى ٱلرُّسُلِ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ
Ababangikanyamana bavuze biregura bati: “Iyo Imana Allah Ishaka ko tuyisenga ari Imwe Rudende, twebwe eka n’abavyeyi bacu, ntitwari gusenga mu gishingo cayo iyindi mana, ntitwari no kuziririza na kimwe Itigeze Iziririza”. Ni nk’ico cireguzo nyene abagarariji bo hambere y’abo bireguje babesha[334], nta n’ikindi Intumwa zarungikiwe kiretse ugushikiriza ubutumwa butomoye.
[334] Muri ukwo kwiregura rero, barabeshe kuko Imana Allah Yarabahaye ubushobozi bwo guhitamwo gukora iciza canke ikibi, Iranabarungikira Intumwa zibatomorera amabwirizwa yayo; ibirekuwe n’ibizira, kugira ntibazokwitwaze ukutamenya canke ivyagezwe.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ بَعَثۡنَا فِي كُلِّ أُمَّةٖ رَّسُولًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَٱجۡتَنِبُواْ ٱلطَّٰغُوتَۖ فَمِنۡهُم مَّنۡ هَدَى ٱللَّهُ وَمِنۡهُم مَّنۡ حَقَّتۡ عَلَيۡهِ ٱلضَّلَٰلَةُۚ فَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ
Ni ukuri mu mugwi wose w’abantu, Twararungitse Intumwa ibabwiriza iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, muheze muvavanure n’ibangikanyamana mu gusenga ibigirwamana vy’ubwoko bwose[335]”. Muri buri mugwi w’abantu rero, harimwo abagamburutse maze Imana Allah Irabarongora, harimwo n’ababaye ibigaba maze Imana Allah Irabareka barahuba. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi, muheze mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze.
[335] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.
التفاسير العربية:
إِن تَحۡرِصۡ عَلَىٰ هُدَىٰهُمۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَن يُضِلُّۖ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Niwitwararika na ntaryo kurongora ababangikanyamana, uramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Itarongora uwo Yaretse kubera ubugaba bwiwe agahuba, eka n’ababangikanyamana ntibazoronka mw’isi yose uwubakingira ibihano vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَأَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ لَا يَبۡعَثُ ٱللَّهُ مَن يَمُوتُۚ بَلَىٰ وَعۡدًا عَلَيۡهِ حَقّٗا وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ababangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Imana Allah Idashoboye kuzura uwapfuye, yamaze no kubora. Imana Allah Yobuzwa n’iki kumuzura! Imana Allah isango Yagenye ryo kuzura ibiremwa, ni iry’ukuri, ariko abenshi mu bantu ntibabizi ngo bategere ubushobozi n'ububasha vyayo mu kuzura abapfuye.
التفاسير العربية:
لِيُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي يَخۡتَلِفُونَ فِيهِ وَلِيَعۡلَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰذِبِينَ
Imana Allah, Izozura ibiremwa vyose kugira Ivyereke ukuri kw’izuka vyahazanyeko, no kugira ngo abagararije mu guhakana izuka ry’ibiremwa, bamenye ko babeshe.
التفاسير العربية:
إِنَّمَا قَوۡلُنَا لِشَيۡءٍ إِذَآ أَرَدۡنَٰهُ أَن نَّقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ
Izura ry’ibiremwa rero kuri Twebwe Allah, riroroshe. Ni ukuri, iyo Dushatse ko ikintu ico ari co cose kiba, Tukibwira gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ هَاجَرُواْ فِي ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْ لَنُبَوِّئَنَّهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗۖ وَلَأَجۡرُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Abakuwe mu zabo bakimuka ku bw’Imana Allah inyuma y’aho barenganirijwe, ni ukuri Tuzobaha icumbi ryiza kw’isi, Tubategekanirije n’indishi y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo mpembo nini gusumba. Iyo rero abaretse kwimuka bamenya impembo yagenewe abimutse ku bw’Imana Allah, nta n’umwe yari gusigara inyuma;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ صَبَرُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ
Abimutse mu guharanira vy’ukuri idini ry’Imana Allah, ni abihanganiye kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakihanganira n’ivyagezwe kuri bo, bakishimikiza Imana yabo Rurema bakayizera.
التفاسير العربية:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ إِلَّا رِجَالٗا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِمۡۖ فَسۡـَٔلُوٓاْ أَهۡلَ ٱلذِّكۡرِ إِن كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo, batari mu bamalayika, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo nimwaba mutazi ko vyari ukwo[336].
[336] Iyi Aayah isaba umuntu wese afise akamubakiye mw’idini, ko ategerezwa kubaza abamenyi babushitse.
التفاسير العربية:
بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلزُّبُرِۗ وَأَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلذِّكۡرَ لِتُبَيِّنَ لِلنَّاسِ مَا نُزِّلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ
Intumwa z’aho hambere rero, Twazirungikana ivyemezo bitomoye hamwe n’Ibitabu. Ntumwa y’Imana! Na we nyene, Twakumanuriye Qor’ani kugira utomorere abantu amabwirizwa y’ivyo bahishuriwe, kugira ngo biyumvire baheze batahure nya mabwirizwa banayubahirize.
التفاسير العربية:
أَفَأَمِنَ ٱلَّذِينَ مَكَرُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ أَن يَخۡسِفَ ٱللَّهُ بِهِمُ ٱلۡأَرۡضَ أَوۡ يَأۡتِيَهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ
Mbega burya abagarariji batega imitego abemeramana, boba batekaniwe ku Mana Allah, ko Itobafuririra mu kuzimu nk’uko Yafuriye Qaaruuni! Canke ko batoshikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze!;
التفاسير العربية:
أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ فِي تَقَلُّبِهِمۡ فَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ
Canke bagashikirwa n’ibihano giturumbuka, bari mu kwishira no kwizana[337]! Nta ho rero bohungira ibihano vy’Imana Allah, canke ngo bayinanire Ishatse kubahana;
[337] Canke ko Imana Allah Itobahanisha gukehanirwa mu matungo n’umwimbu, no kubura ababo.
التفاسير العربية:
أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ عَلَىٰ تَخَوُّفٖ فَإِنَّ رَبَّكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٌ
Canke boba batekaniwe ku Mana Allah ko Itobahana mu gihe bafise impungenge zo guhanwa! Burya rero Imana Allah, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَىٰ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٖ يَتَفَيَّؤُاْ ظِلَٰلُهُۥ عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَٱلشَّمَآئِلِ سُجَّدٗا لِّلَّهِ وَهُمۡ دَٰخِرُونَ
Mbega abagarariji ntibaraba ivyaremwe n’Imana Allah bifise igitutu; nk’imisozi n’ibiti, ngo babone ko igitutu cavyo hari igihe gihengamira iburyo canke ibubamfu, gikurikije uruhande izuba ririko ku murango, n’uruhande ukwezi kuriko mw’ijoro, vyose bikaba vyicisha bugufi ku Mana yavyo Allah, kandi vyubahiriza n’itegeko ryayo!
التفاسير العربية:
وَلِلَّهِۤ يَسۡجُدُۤ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ مِن دَآبَّةٖ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَهُمۡ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ
Ibigendagenda biri mu majuru n’ibiri mw’isi, vyose vyubamira Imana Allah; n’abamalayika nyene[338] bubamira Imana Allah, kandi ntibagira amanyama ngo bareke kwicisha bugufi kuri Yo;
[338] Imana Allah muri iyi Aayah, Yadomyeko urutoke abamalayika kandi na bo baharurwa mu bigendagenda, ku kubera ubwinshi bwabo n’icubahiro bafise kuri Yo.
التفاسير العربية:
يَخَافُونَ رَبَّهُم مِّن فَوۡقِهِمۡ وَيَفۡعَلُونَ مَا يُؤۡمَرُونَ۩
Batinya Imana yabo Rurema Allah Iri hejuru yabo[339] mu cubahiro n’amatazirano yayo, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe na Yo.
[339] Iyi Aayah, irerekana ko Imana Allah Iri hejuru y’ibiremwa mu bumana bwayo nk’uko biyikwiye.
التفاسير العربية:
۞ وَقَالَ ٱللَّهُ لَا تَتَّخِذُوٓاْ إِلَٰهَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِۖ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ فَإِيَّٰيَ فَٱرۡهَبُونِ
Imana Allah Yavuze Ibwira abaja bayo Iti: “Ntimukagire imana zibiri musenga, ahubwo Imana mukwiye gusenga, ni Imwe Rudende Allah, ni Jewe gusa rero mukwiye gutinya”.
التفاسير العربية:
وَلَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَهُ ٱلدِّينُ وَاصِبًاۚ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَتَّقُونَ
Imana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi vyose; ni na Yo rero Ikwiye gusengwa no kugamburukirwa muri vyose. Aho nyene murabona ko mukwiye gusenga no kugamburukira ikitari Imana Allah!
التفاسير العربية:
وَمَا بِكُم مِّن نِّعۡمَةٖ فَمِنَ ٱللَّهِۖ ثُمَّ إِذَا مَسَّكُمُ ٱلضُّرُّ فَإِلَيۡهِ تَجۡـَٔرُونَ
Bantu! Inema iyo ari yo yose rero mufise[340], ikomoka ku Mana Allah; hanyuma iyo mukozweko n’icago c’indwara, c'igeragezwa n’ic’amapfa, ni kuri Yo nyene mugarukako mugatakamba muyiganyira ngo Ikibakureko;
[340] Inema iyo ari yo yose ishingiye ku kuba umugororotsi, ku kuroranirwa mu magara, ku kuronswa ibikubeshaho n’ibibondo, n’ibindi.
التفاسير العربية:
ثُمَّ إِذَا كَشَفَ ٱلضُّرَّ عَنكُمۡ إِذَا فَرِيقٞ مِّنكُم بِرَبِّهِمۡ يُشۡرِكُونَ
Mu nyuma Yamara kubakurako nya cago, muri mwebwe hakavamwo umugwi uca usubira kandi kubangikanya Imana yawo Rurema Allah;
التفاسير العربية:
لِيَكۡفُرُواْ بِمَآ ءَاتَيۡنَٰهُمۡۚ فَتَمَتَّعُواْ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Gutyo inyuma y'ikurwako rya nya cago bakagarariza mu guhakana inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, hatibagiwe no kubakurako ivyago. Bahakanyi! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye iherezo ry’ubuhakanyi bwanyu.
التفاسير العربية:
وَيَجۡعَلُونَ لِمَا لَا يَعۡلَمُونَ نَصِيبٗا مِّمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡۗ تَٱللَّهِ لَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَفۡتَرُونَ
Ababangikanyamana baraheza bakanagenera ibigirwamana ata co bibamariye, ata n’ico bibiciye, umugabane mu nema zacu Twabaronkeje. Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri muzobazwa ku musi w’izuka ku vyo mwari mwararementanirije Imana Allah kw'isi;
التفاسير العربية:
وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ ٱلۡبَنَٰتِ سُبۡحَٰنَهُۥ وَلَهُم مَّا يَشۡتَهُونَ
Bakanomekera abamalayika ku Mana Allah ngo ni abana bayo b’abakobwa ku kwanka gusa abakobwa. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayomekera! Bagaheza bakiyitirira abana b’abahungu ku gukunda gusa abahungu.
التفاسير العربية:
وَإِذَا بُشِّرَ أَحَدُهُم بِٱلۡأُنثَىٰ ظَلَّ وَجۡهُهُۥ مُسۡوَدّٗا وَهُوَ كَظِيمٞ
Iyo hagize umwe muri bo ahabwa inkuru yuko yibarutse umwana w’umukobwa, yirirwa yijiriwe mu maso n’ishavu n’akantu;
التفاسير العربية:
يَتَوَٰرَىٰ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ مِن سُوٓءِ مَا بُشِّرَ بِهِۦٓۚ أَيُمۡسِكُهُۥ عَلَىٰ هُونٍ أَمۡ يَدُسُّهُۥ فِي ٱلتُّرَابِۗ أَلَا سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ
Yinyegeza abantu kubera intuntu n’iceyi yibwira ko yatewe no kwibaruka umwana w’umukobwa, yijijanya imitima ko yokwemera ico ceyi akareka nya mwana agakura, canke ko yomuhamba akiri muzima! Bantu, nimwumve mwumvireho! Ukwomekera kw'ababangikanyamana abana b’abakobwa ku Mana Allah, bakiyitirira abana b’abahungu, ni ingingo mbi cane.
التفاسير العربية:
لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ مَثَلُ ٱلسَّوۡءِۖ وَلِلَّهِ ٱلۡمَثَلُ ٱلۡأَعۡلَىٰۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, barangwa n’ingeso mbi y’ubugarariji, ubujuju no kuba batikenuye; Imana Allah na Yo, Irangwa n’ukuba Ifise amazina n'amatazirano meza n’ukuba Yikenuye muri vyose. Ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
التفاسير العربية:
وَلَوۡ يُؤَاخِذُ ٱللَّهُ ٱلنَّاسَ بِظُلۡمِهِم مَّا تَرَكَ عَلَيۡهَا مِن دَآبَّةٖ وَلَٰكِن يُؤَخِّرُهُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗىۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ
Iyo Imana Allah Yihutira guhana abantu ku kwirenganya kwabo mu kugarariza, ntiyari gusigaza kw’isi ikiremwa na kimwe kigendagenda, ariko rero Itenyenya kubahana gushika kw'isango ntarengwa ry'umwe wese muri bo ryo gupfa. Isango ry'umwe wese muri bo rero niryagera, ntihazorengako akanya na gato, eka ntihazonashika nya sango ritaragera.
التفاسير العربية:
وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ مَا يَكۡرَهُونَۚ وَتَصِفُ أَلۡسِنَتُهُمُ ٱلۡكَذِبَ أَنَّ لَهُمُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ لَا جَرَمَ أَنَّ لَهُمُ ٱلنَّارَ وَأَنَّهُم مُّفۡرَطُونَ
Bomekera ku Mana Allah abana b’abakobwa badakunda, bakanavuga babesha mu kwihenda ko bafise iherezo ryiza! Ni ivy’ukuri ko bategekanirijwe umuriro, n’uko bazoherayo amazimayongo.
التفاسير العربية:
تَٱللَّهِ لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰٓ أُمَمٖ مِّن قَبۡلِكَ فَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَهُوَ وَلِيُّهُمُ ٱلۡيَوۡمَ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri Twarungitse Intumwa ku migwi y’abantu b’aho hambere yawe, maze shetani irabaryohereza ibikorwa vyabo vy’ubugarariji n’ibangikanyamana; shetani rero, burya ni yo muhagarikizi wabo abahubisha kw’isi, baranategekanirijwe ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا لِتُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Igitabu ca Qor’ani atari ukugira ngo utomorere abantu ivyo bahazanako mw’idini n'amabwirizwa yayo, gutyo Qor’ani iheze ibere uburongozi n’impuhwe abemeramana vy’ukuri.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَآۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَسۡمَعُونَ
Imana Allah Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Iraheza Inagisha ibiterwa n'ivyimeza kw'isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y'igaduka no gucika ubukumbagare kw'isi. Mu vy’ukuri, muri iryo gwa ry’imvura n’itotahazwa ry’isi, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara cotuma abantu bumva, bategera bakamenya ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah mu kuzura ibiremwa.
التفاسير العربية:
وَإِنَّ لَكُمۡ فِي ٱلۡأَنۡعَٰمِ لَعِبۡرَةٗۖ نُّسۡقِيكُم مِّمَّا فِي بُطُونِهِۦ مِنۢ بَيۡنِ فَرۡثٖ وَدَمٖ لَّبَنًا خَالِصٗا سَآئِغٗا لِّلشَّٰرِبِينَ
Bantu! Mu vy’ukuri mw’irema ry’ibitungwa, harimwo inkebuzo kuri mwebwe; Tubanywesha mu biciye mu nda yavyo, amata nya mata, ahinguwe mu ruvange rw’ibica mu mayezi n’amaraso, aryohera abanywi ntibashishwe;
التفاسير العربية:
وَمِن ثَمَرَٰتِ ٱلنَّخِيلِ وَٱلۡأَعۡنَٰبِ تَتَّخِذُونَ مِنۡهُ سَكَرٗا وَرِزۡقًا حَسَنًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Biri no mu nema zacu kuri mwebwe, ivyamwa mwamura kw’itende n’imizabibu, mugaheza mukenga muri nya vyamwa ibiboreza[341], mukanabifungurako. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo, cotuma abantu bafise ubwenge batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakikebuka bakayigamburukira.
[341] Ukwenga ibiboreza mu vyamwa bivugwa ng'aha, hari imbere yuko habuzwa kwenga ibiboreza, hakaziririzwa no kubinywa.
التفاسير العربية:
وَأَوۡحَىٰ رَبُّكَ إِلَى ٱلنَّحۡلِ أَنِ ٱتَّخِذِي مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتٗا وَمِنَ ٱلشَّجَرِ وَمِمَّا يَعۡرِشُونَ
Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah, Yareretse inzuki intumbero y'ukuntu zikwiye kubaho, Iti: “Muratondagira ku misozi no ku biti muhagire inzu (ibitiba), no ku nyubakwa z’aho abantu baba no ku nsenge zaho, na ho nyene murahagira inzu (ibitiba);
التفاسير العربية:
ثُمَّ كُلِي مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ فَٱسۡلُكِي سُبُلَ رَبِّكِ ذُلُلٗاۚ يَخۡرُجُ مِنۢ بُطُونِهَا شَرَابٞ مُّخۡتَلِفٌ أَلۡوَٰنُهُۥ فِيهِ شِفَآءٞ لِّلنَّاسِۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Hanyuma mufungure (mudahe) ku mashurwe yose mwipfuza, muheze mukurikire inzira mworoherejwe gucamwo n’Imana yanyu Rurema Allah, mu kuja kurondera icobabeshaho mu misozi no ku biti”. Mu nda h’inzuki rero, ni ho hahingurirwa ubuki, bukavamwo butandukanye kw’ibara. Burakiza abantu indwara zitandukanye. Muri iryo hingurwa ry’ubuki rero, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara, cotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ ثُمَّ يَتَوَفَّىٰكُمۡۚ وَمِنكُم مَّن يُرَدُّ إِلَىٰٓ أَرۡذَلِ ٱلۡعُمُرِ لِكَيۡ لَا يَعۡلَمَ بَعۡدَ عِلۡمٖ شَيۡـًٔاۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمٞ قَدِيرٞ
Bantu! Imana Allah Yarabaremye hanyuma Izobaka ubuzima mupfe urwanyu nirwashika. Muri mwebwe rero, harimwo uwuzoshikanwa mu busaza gushika n’aho atakimenya na kimwe; nk’aho yoba yasubiye mu bwana agatangura guhoha, ntabe akimenya n’ivyo yahora azi imbere yuko asaza. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Mushoboravyose.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ فَضَّلَ بَعۡضَكُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ فِي ٱلرِّزۡقِۚ فَمَا ٱلَّذِينَ فُضِّلُواْ بِرَآدِّي رِزۡقِهِمۡ عَلَىٰ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ فَهُمۡ فِيهِ سَوَآءٌۚ أَفَبِنِعۡمَةِ ٱللَّهِ يَجۡحَدُونَ
Imana Allah Yarateye iteka bamwe muri mwebwe kw’isi gusumba abandi, gutyo muri mwebwe haba umutunzi n'umukene, umukoresha n'umukozi. Abahawe ubutunzi gusumba abandi rero, ntiboshobora guhereza kuri nya butunzi abatabuhawe, ngo baheze banganye, canke ngo babusabikanye. Abahawe ubutunzi rero, baramutse badashimishijwe n’uko bonganya canke bagasabikanya nya butunzi n’abatabuhawe, bigenda gute none ngo bashime ko Imana Allah Ibangikanywa n’ibiremwa vyayo, mu gihe na bo batemera gusabikanya n’abatahawe ubutunzi ubwabo bagaba bakaganza! Ukwo rero, ni kwo kwihakana koko inema z’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَنفُسِكُمۡ أَزۡوَٰجٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُم بَنِينَ وَحَفَدَةٗ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِۚ أَفَبِٱلۡبَٰطِلِ يُؤۡمِنُونَ وَبِنِعۡمَتِ ٱللَّهِ هُمۡ يَكۡفُرُونَ
Imana Allah Yabaremeye abakenyezi musangiye inkomoko ya kiremwa-muntu kugira muturure; Ibagenera kuvyarana na bo, abana n’abuzukuru bazobakomokako, Iranabaronsa ivyiza birekuwe mu vyamwa, ibinyantete n’inyama, n’ibindi. Aho rero karashize ingani, abantu bemere ikinyoma gishingiye kw’isengwa ry’ibigirwamana, baheze bakanagare bihakane inema z’Imana Allah, zotuma ari Yo bakwiye gusenga ari Imwe Rudende, batayibangikanya!.
التفاسير العربية:
وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَمۡلِكُ لَهُمۡ رِزۡقٗا مِّنَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ شَيۡـٔٗا وَلَا يَسۡتَطِيعُونَ
Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata na kimwe bishoboye, ntibishoboye kubaronsa ivyobabeshaho biturutse kw’igwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, canke bivuye mu mwimbu w’ivyarimwe kw’isi. Eka nta na kimwe bishoboye, vyongeye ntibinakwiye kuba hari n’ico vyoshobora.
التفاسير العربية:
فَلَا تَضۡرِبُواْ لِلَّهِ ٱلۡأَمۡثَالَۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ وَأَنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Bantu! Mumaze gutahura ivyo vyose rero, ntimugafate ibibazano ngo mubihe ubushobozi bw'Imana Allah mu kubibangikanya na Yo mu gusenga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora, mu gihe mwebwe mwirabira hirya mukirengagiza kumenya iherezo ryanyu ribi.
التفاسير العربية:
۞ ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلًا عَبۡدٗا مَّمۡلُوكٗا لَّا يَقۡدِرُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَمَن رَّزَقۡنَٰهُ مِنَّا رِزۡقًا حَسَنٗا فَهُوَ يُنفِقُ مِنۡهُ سِرّٗا وَجَهۡرًاۖ هَلۡ يَسۡتَوُۥنَۚ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Imana Allah Yarabaciriye agace k’umuntu agabwa n’uwundi, akaba ata na kimwe yigabira[342]; n’ak’uwundi muntu yigenga, akishira akizana, Twebwe Allah Tukaba Twamuronkeje ibimubeshaho vyiza birekuwe, maze akabitangako imperezwa mu mpisho no ku mugaragaro. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore! Ni ukwo rero, Imana Allah Yaremye, Yikenuye, ntishobora kunganishwa n’ibiremwa vyayo. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangakikanyamana ntibazi ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gushimagizwa no gusengwa.
[342] Akarorero Imana Allah Itanga muri iyi Aayah no muri Aayah ikurikira, ni uburorero bwerekana amahinyu ari ku gusenga ibigirwamana mu biremwa vyaremwe, ata n’ico vyishoboje, ha gusenga Imana Allah, Yo Yabiremye, Ikaba ari na Yo Rugaba wavyo.
التفاسير العربية:
وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا رَّجُلَيۡنِ أَحَدُهُمَآ أَبۡكَمُ لَا يَقۡدِرُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَهُوَ كَلٌّ عَلَىٰ مَوۡلَىٰهُ أَيۡنَمَا يُوَجِّههُّ لَا يَأۡتِ بِخَيۡرٍ هَلۡ يَسۡتَوِي هُوَ وَمَن يَأۡمُرُ بِٱلۡعَدۡلِ وَهُوَ عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Imana Allah Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo akaba ari nyamuragi ata co yimariye, ata n’ico yomarira abandi, kiretse ko we ari umutwaro uremereye uwumutunze, ico ari co cose amutumye gukora, ntiyigera ashobora kugitunganya neza. Uwugira kabiri muri bo, akaba ari umuntu akomeye uduhimba twose, hari ico yimariye n’ico amariye abandi, akabwiriza kugendera ubutungane, kandi ari mu nzira igororotse. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore!
التفاسير العربية:
وَلِلَّهِ غَيۡبُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَآ أَمۡرُ ٱلسَّاعَةِ إِلَّا كَلَمۡحِ ٱلۡبَصَرِ أَوۡ هُوَ أَقۡرَبُۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Imana Allah, ni Yo Rumenyi w’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi. Kuri Yo, ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’isango ry’umuhero w’isi, ni mu kanya isase nk’ikubita ry’urugohe canke mbere mu kanya ubusa kari musi yakwo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ أَخۡرَجَكُم مِّنۢ بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ شَيۡـٔٗا وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Imana Allah, Yabakuye mu nda za ba nyoko hageze kuvuka, ata na kimwe muzi; Yabahaye n’ibihimba bituma mumenya mugatahura, Ibaha amatwi, amaso n’umushaha, kugira muyishimire mu kuyisenga ari Imwe Rudende.
التفاسير العربية:
أَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلطَّيۡرِ مُسَخَّرَٰتٖ فِي جَوِّ ٱلسَّمَآءِ مَا يُمۡسِكُهُنَّ إِلَّا ٱللَّهُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Mbega ababangikanyamana ntibararaba ngo babone inyoni ingene zoroherejwe kugendera mu kirere! Nta gituma zidakorokera hasi, kiretse ko Imana Allah Yaziremeye amababa n’imirizo, Iranazishoboza kuguruka mu kirere. Mw’ishobozwa ry’inyoni ryo kuguruka mu kirere, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana, vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّنۢ بُيُوتِكُمۡ سَكَنٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّن جُلُودِ ٱلۡأَنۡعَٰمِ بُيُوتٗا تَسۡتَخِفُّونَهَا يَوۡمَ ظَعۡنِكُمۡ وَيَوۡمَ إِقَامَتِكُمۡ وَمِنۡ أَصۡوَافِهَا وَأَوۡبَارِهَا وَأَشۡعَارِهَآ أَثَٰثٗا وَمَتَٰعًا إِلَىٰ حِينٖ
Imana Allah Yabagiriye amazu yanyu mubamwo kuba ari ahantu muruhukira mugaheza mukagira ituze hamwe n’abanyu; Ibashoboza no mu gihe muri ku rugendo gushinga amahema ahinguwe mu nsato z’ibitungwa, ayo mahema araborohera kuyatwara mu gihe mwimutse, akaborohera no kuyashinga aho mucumbitse; Ibashoboza no guhingura mu bwoya bwavyo utwa nkenerwa dutandukanye, kugira muryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, gushika igihe isango ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa, ryageze.
التفاسير العربية:
وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُم مِّمَّا خَلَقَ ظِلَٰلٗا وَجَعَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡجِبَالِ أَكۡنَٰنٗا وَجَعَلَ لَكُمۡ سَرَٰبِيلَ تَقِيكُمُ ٱلۡحَرَّ وَسَرَٰبِيلَ تَقِيكُم بَأۡسَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ يُتِمُّ نِعۡمَتَهُۥ عَلَيۡكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُسۡلِمُونَ
Imana Allah Yabagiriye mu vyo Yaremye, ibintu mushobora kwikorako bikabaha agatutu; Ibagirira n’aho mushobora guhungira bikenewe, mu misozi, amasenga y’ibuye n’imyobo; Ibagirira n’impuzu zihinguwe mw’ipampa no mu bwoya, n’ibindi, zigaheza zikabakingira ubushuhe n’igikonyozi; Ibagirira n’ivyambarwa bihinguwe mu cuma, bibakingira ivyogeramira ubuzima bwanyu mu ndwano. Ni uko rero, Imana Allah Yabahaye ivyo vyose kugira Ibatunganirize inema yayo yo kubatomorera idini ry’ukuri, kugira mwicishe bugufi kuri Yo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.
التفاسير العربية:
فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ
Ntumwa y’Imana! Nibagenza umugongo rero, bakakwirengagiza inyuma y’aho bumviye ivyo vyemezo, ntuzokwicwe n’intuntu namba, kuko wewe mu vy’ukuri, nta kindi ujejwe kiretse gushikiriza ubutumwa butomoye.
التفاسير العربية:
يَعۡرِفُونَ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ ثُمَّ يُنكِرُونَهَا وَأَكۡثَرُهُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Ababangikanyamana barazi inema y’Imana Allah yo kurungikirwa Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bagahakana bivuye inyuma irungikwa ryayo, burya abenshi muri bo, barayigarariza.
التفاسير العربية:
وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ مِن كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدٗا ثُمَّ لَا يُؤۡذَنُ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibutsa ababangikanyamana intureka z’umuhero w’isi, umusi Twarengukije Intumwa Twarungikiye umugwi umwumwe w’abantu, kugira ibere icabona abayemeye muri bo, yongere yagirize n'abayigararije, hanyuma abagararije muri bo ntibazohabwa uburenganzira bwo kwiregura ku bugarariji bwabo, eka ntibazonasabwa ko bashimisha Imana Allah mu kwigaya;
التفاسير العربية:
وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ ٱلۡعَذَابَ فَلَا يُخَفَّفُ عَنۡهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ
Abirenganije mu kugarariza, igihe babonye ibihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa na gato mu bihano, eka ntibazonahabwa agahengwe.
التفاسير العربية:
وَإِذَا رَءَا ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ شُرَكَآءَهُمۡ قَالُواْ رَبَّنَا هَٰٓؤُلَآءِ شُرَكَآؤُنَا ٱلَّذِينَ كُنَّا نَدۡعُواْ مِن دُونِكَۖ فَأَلۡقَوۡاْ إِلَيۡهِمُ ٱلۡقَوۡلَ إِنَّكُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Ababangikanyamana na bo ku musi w’izuka, nibabona ibigirwamana vyabo, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ibi ni vya bigirwamana vyacu twahora dutakambira mu gishingo cawe, maze tukakubangikanya”. Nya bigirwamana na vyo bizokwishura bibeshuza ababitakambiye biti: “Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, murabesha kuko twebwe ntitwigeze tubategeka kudusenga, eka ntitwanigeze tubabwira ko dukwiye gusengwa, nimwipfane”.
التفاسير العربية:
وَأَلۡقَوۡاْ إِلَى ٱللَّهِ يَوۡمَئِذٍ ٱلسَّلَمَۖ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Ababangikanyamana rero kuri uyo musi, bazoheza bace bugufi ku Mana Allah; ivyo bahora basenga mw’irementanya na vyo, bizozimangana bigende amazimayongo.
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ زِدۡنَٰهُمۡ عَذَابٗا فَوۡقَ ٱلۡعَذَابِ بِمَا كَانُواْ يُفۡسِدُونَ
Ntumwa y’Imana! Abagararije bagahakana Imana Allah n’Intumwa yayo, bakanaburagiza abantu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, Tuzobaha ibihano vy'iburagiza ryabo vyiyongereye ku bihano vy'igarariza ryabo, bitewe no kugenzwa n’ubwononyi kwabo.
التفاسير العربية:
وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ فِي كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدًا عَلَيۡهِم مِّنۡ أَنفُسِهِمۡۖ وَجِئۡنَا بِكَ شَهِيدًا عَلَىٰ هَٰٓؤُلَآءِۚ وَنَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ تِبۡيَٰنٗا لِّكُلِّ شَيۡءٖ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi Twarengukije mu mugwi umwumwe w’abantu icabona kibagiriza, ico cabona kikazoba ari Intumwa Twawurungikiye ivuye muri wo nyene, maze Tukakurengutsa na we kugira ubere icabona aba bantu warungitsweko, ko wabashikirije ubutumwa. Twakumanuriye n’Igitabu ca Qor’ani kugira gitomore ikintu ico ari co cose gikeneye insiguro, congere kibere uburongozi n’impuhwe abacemera, kibere n’inkuru nziza iremesha abislamu.
التفاسير العربية:
۞ إِنَّ ٱللَّهَ يَأۡمُرُ بِٱلۡعَدۡلِ وَٱلۡإِحۡسَٰنِ وَإِيتَآيِٕ ذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَيَنۡهَىٰ عَنِ ٱلۡفَحۡشَآءِ وَٱلۡمُنكَرِ وَٱلۡبَغۡيِۚ يَعِظُكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ
Mu vy’ukuri Imana Allah, Ibwiriza abaja bayo muri Qor’ani gutunganiriza abandi ata nkunzi; kurangwa n’ubugwaneza mu kuyisenga batayibangikanya, mu kwubahiriza amabwirizwa yayo no mu kwitwararika abandi; kwunga ubucuti bw’abavandimwe mu kubaha imperezwa; Ikababuza no gukora ivyaha vy'agahomerabunwa, ibicumuro no kurenganya abandi. Imana Allah rero, Irabakebura mu kubaha izi mpanuro, kugira mwibuke amabwirizwa yayo muheze muyubahirize.
التفاسير العربية:
وَأَوۡفُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ إِذَا عَٰهَدتُّمۡ وَلَا تَنقُضُواْ ٱلۡأَيۡمَٰنَ بَعۡدَ تَوۡكِيدِهَا وَقَدۡ جَعَلۡتُمُ ٱللَّهَ عَلَيۡكُمۡ كَفِيلًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا تَفۡعَلُونَ
Enda nyabuna rero, ba mwubahiriza isezerano ry’Imana Allah iyo hagize ico mwiyemeza kuri Yo, canke ku bantu mu gihe kidaciye kubiri n’amabwirizwa yayo; kandi ntimukisubireko mu ndahiro inyuma yo kuzishimangira, maze mukagira n'Imana Allah Umuhagarikizi wanyu igihe musezerana. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ivyo mukora, Izonabibahembera.
التفاسير العربية:
وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّتِي نَقَضَتۡ غَزۡلَهَا مِنۢ بَعۡدِ قُوَّةٍ أَنكَٰثٗا تَتَّخِذُونَ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ أَن تَكُونَ أُمَّةٌ هِيَ أَرۡبَىٰ مِنۡ أُمَّةٍۚ إِنَّمَا يَبۡلُوكُمُ ٱللَّهُ بِهِۦۚ وَلَيُبَيِّنَنَّ لَكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ
Ntimukisubireko rero kw’isezerano mwahanye, ngo mube nk’umugore ari aho yajisha hanyuma yamara guheza, agaca ajishura ivyo yajishe; aho mugira indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, maze mukisubirako ku vyo mwasezeranye, mu gihe mubonye ko inyungu n’akamaro kanini kari mw’isezerano rindi mwogiranira n’abandi bantu. Ni ukuri Imana Allah, Irabagerageza kw’ibwirizwa ryo kwubahiriza amasezerano no kutisubirako mu ndahiro. Ni ukuri, Izobamenyesha ku musi w’izuka ukuri ku vyo mwahora muhazanako mw’idini no mu mabwirizwa yayo.
التفاسير العربية:
وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَعَلَكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَلَٰكِن يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَلَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubagira mwese umugwi umwe, Ikabahatira kuba abislamu, ariko rero Ituma uwo Ishatse ahuba ku butumva bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe; kandi ni ukuri, muzobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ku vyo mwakoze kw’isi, Iheze Ibibahembere.
التفاسير العربية:
وَلَا تَتَّخِذُوٓاْ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ فَتَزِلَّ قَدَمُۢ بَعۡدَ ثُبُوتِهَا وَتَذُوقُواْ ٱلسُّوٓءَ بِمَا صَدَدتُّمۡ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَكُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Ntimukagire rero indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, kuko mwohava muhungabana maze mugahona inyuma y’aho mwari mutekanye; mukaba nk’umuntu yanyereye agatemba nk’amazi inyuma y’aho yari ahagaze bwuma, mukanahonja n’ibihano vyo kw’isi kuko mwabaye imvo yo kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu[343], muranategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[343] Ni iburagizwa riterwa no guhemuka kwanyu ku masezerano no kwisubirako mu ndahiro.
التفاسير العربية:
وَلَا تَشۡتَرُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ ثَمَنٗا قَلِيلًاۚ إِنَّمَا عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Ntimukisubireko rero mu gufata isezerano ry’Imana Allah mukarihindura kugira ngo muriguze ibintu vy’agaciro gato cane mu vy'isi. Mu vy’ukuri, mu gihe mwokwubahiriza iryo sezerano, indishi mutegekanirijwe n’Imana Allah ni nziza gusumba nimwaba muzi gutandukanya ivyiza vyo kw’isi n’ivyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
مَا عِندَكُمۡ يَنفَدُ وَمَا عِندَ ٱللَّهِ بَاقٖۗ وَلَنَجۡزِيَنَّ ٱلَّذِينَ صَبَرُوٓاْ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Ivyo mufise mu bihendamaso vy’isi birahera, nayo ibiri ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa vyamaho. Ni ukuri, abihanganiye iyubahiriza ry’amabwirizwa yacu kw’isi, Tuzobahemba indishi yabo nziza ibereye[344] ku vyo bari barakoze kw'isi.
[344] Bagahemberwa igikorwa gito indishi y’igikorwa kinini.
التفاسير العربية:
مَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا مِّن ذَكَرٍ أَوۡ أُنثَىٰ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَنُحۡيِيَنَّهُۥ حَيَوٰةٗ طَيِّبَةٗۖ وَلَنَجۡزِيَنَّهُمۡ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Uwukoze iciza rero, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, ni ukuri Tuzomuha ubuzima bwiza bw’iteka n’itekane kw’isi n’aho yobaho akenye; kandi ni ukuri mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azoba ari mu bo Tuzohemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze.
التفاسير العربية:
فَإِذَا قَرَأۡتَ ٱلۡقُرۡءَانَ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ ٱلرَّجِيمِ
Mwemeramana! Niwashaka gusoma Qor’ani, urabanza wikinge ku Mana Allah, Igukingire inyoshambi za shetani yavumwe, maze uvuge uti: “A’UUDHU BILLAAHI MINA SSHAYTWAANI RRAJIIM”,
التفاسير العربية:
إِنَّهُۥ لَيۡسَ لَهُۥ سُلۡطَٰنٌ عَلَى ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ
Mu vy’ukuri, shetani nta bubasha ifise ku bantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, bakishimikiza Imana yabo Rurema Allah, bayizeye;
التفاسير العربية:
إِنَّمَا سُلۡطَٰنُهُۥ عَلَى ٱلَّذِينَ يَتَوَلَّوۡنَهُۥ وَٱلَّذِينَ هُم بِهِۦ مُشۡرِكُونَ
Mu vy’ukuri, shetani ifise ububasha ku bantu bayigize umuhagarikizi wabo, bagaheza bakayumvira, maze muri kwa kuyumvira bakabangikanya Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَإِذَا بَدَّلۡنَآ ءَايَةٗ مَّكَانَ ءَايَةٖ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُنَزِّلُ قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مُفۡتَرِۭۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Iyo Twebwe Allah Dusubirije Aayah iyindi Aayah, Imana Allah na Yo Ikaba ari Yo Izi neza ibirimwo ineza ku biremwa vyayo mu mabwirizwa Imanura mu bihe bitandukanye, abagarariji baca bavuga bati: “Ni ukuri, wewe Muhamadi urabeshera Imana Allah, ukavuga ivyo Itigeze Ivuga”. Ihibambewe, Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ntiyigera ibesha mu vyo ishikiriza, ahubwo rero abenshi muri bo ntibazi Imana Allah n’amabwirizwa yayo.
التفاسير العربية:
قُلۡ نَزَّلَهُۥ رُوحُ ٱلۡقُدُسِ مِن رَّبِّكَ بِٱلۡحَقِّ لِيُثَبِّتَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهُدٗى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Babwire ko Qor’ani, yamanuwe vy’ukuri na Mutimamutagatifu Jibrili, ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ku kugira iyo Qor’ani itsimbataze abemeramana, ibabere n'uburongozi n’inkuru nziza, iremeshe n'abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ نَعۡلَمُ أَنَّهُمۡ يَقُولُونَ إِنَّمَا يُعَلِّمُهُۥ بَشَرٞۗ لِّسَانُ ٱلَّذِي يُلۡحِدُونَ إِلَيۡهِ أَعۡجَمِيّٞ وَهَٰذَا لِسَانٌ عَرَبِيّٞ مُّبِينٌ
Ni ukuri, Twebwe Allah Turazi ko ababangikanyamana bavuga bagutyoza bati: “Mu vy’ukuri, Muhamadi yigishwa Qor’ani na kiremwa-muntu”. Nibateshwe bate mu kwihenda bavuga ko ururimi rwigishijwemwo Qor’ani atari urw’icarabu, mu gihe Qor’ani yamanuwe mu rurimi rutomoye rw’icarabu.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ لَا يَهۡدِيهِمُ ٱللَّهُ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ
Mu vy’ukuri abagararije mu kutemera Qor’ani, Imana Allah ntizobashoboza gutumbera ukuri, barategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
إِنَّمَا يَفۡتَرِي ٱلۡكَذِبَ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰذِبُونَ
Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah, ni abatemera Imana Allah n’ivyemezo vyayo, abo ni na bo babeshi ruhebwa rero[345];
[345] Nayo Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yemera ikanicisha bugufi ku Mana Allah, ni ikizira kikaziririzwa ko yobeshera Imana Allah mu gushikiriza ivyo itahishuriwe na Yo.
التفاسير العربية:
مَن كَفَرَ بِٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ إِيمَٰنِهِۦٓ إِلَّا مَنۡ أُكۡرِهَ وَقَلۡبُهُۥ مُطۡمَئِنُّۢ بِٱلۡإِيمَٰنِ وَلَٰكِن مَّن شَرَحَ بِٱلۡكُفۡرِ صَدۡرٗا فَعَلَيۡهِمۡ غَضَبٞ مِّنَ ٱللَّهِ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Abadohotse mu kwemera, bakatura ubugarariji inyuma y’aho bahora bemera Imana Allah, abo barakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Uwuhatiwe ku bugarariji akabwatura ku rurimi gusa, mu gihe umutima wiwe ugitsimbataye ku kwemera, uyo nta kabi kuri we; ahubwo akabi n’akabibi ni ku watuye ubugarariji ku rurimi abikuye ku mutima. Uyo rero ari mu bashavuriwe cane n’Imana Allah, baranategekanirijwe n'ibihano rutura;
التفاسير العربية:
ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمُ ٱسۡتَحَبُّواْ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا عَلَى ٱلۡأٓخِرَةِ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ivyo biri ukwo, kuko bahisemwo ubuzima bw’ibihendamaso vy’isi bakabuhurumbira, ha guhurumbira indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Imana Allah na Yo Ikaba Itarongora mu nzira yayo abantu b’abagarariji.
التفاسير العربية:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ طَبَعَ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ وَسَمۡعِهِمۡ وَأَبۡصَٰرِهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡغَٰفِلُونَ
Abo ni bo rero, Imana Allah Yateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo ngo ntishikirwe n’umuco w’ukwemera, Irabaziba n’amatwi ngo ntibategere amabwirizwa yayo, Irabahumya n’amaso ngo ntibabone ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Abo, ni na bo rero bagoswe mu kutamenya ibihano bibarindiriye.
التفاسير العربية:
لَا جَرَمَ أَنَّهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Ni ivy’ukuri ko abagarariji, ari bo bazogira agahombo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
ثُمَّ إِنَّ رَبَّكَ لِلَّذِينَ هَاجَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا فُتِنُواْ ثُمَّ جَٰهَدُواْ وَصَبَرُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Hanyuma rero mu vy’ukuri, abahohotewe bakiri i Makka, bakageragezwa mu guhatirwa ukwatura amajambo ataroranye n’ukwemera, mu gihe imitima yabo igitsimbataye ku kwemera, mu nyuma bagahunga bakimukira i Madina, hanyuma bagaharanira idini ry’Imana Allah bakanihanganira ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo Yarabababariye, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
۞ يَوۡمَ تَأۡتِي كُلُّ نَفۡسٖ تُجَٰدِلُ عَن نَّفۡسِهَا وَتُوَفَّىٰ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibutsa abagarariji intureka z’umusi w’umuhero w’isi, igihe umuntu uwo ari we wese azokwivugira ku gatwe kiwe yiregura, maze Imana Allah Igatunganiriza umuntu uwo ari we wese ku vyo yakoze, nta n’umwe muri bo rero azorenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanirizwa indishi.
التفاسير العربية:
وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا قَرۡيَةٗ كَانَتۡ ءَامِنَةٗ مُّطۡمَئِنَّةٗ يَأۡتِيهَا رِزۡقُهَا رَغَدٗا مِّن كُلِّ مَكَانٖ فَكَفَرَتۡ بِأَنۡعُمِ ٱللَّهِ فَأَذَٰقَهَا ٱللَّهُ لِبَاسَ ٱلۡجُوعِ وَٱلۡخَوۡفِ بِمَا كَانُواْ يَصۡنَعُونَ
Imana Allah Yarabaciriye agace k’igisagara ca Makka cari kibayeho mw’iteka n’itekane, kikaronka n’ibikibeshaho bivuye mu mihingo yose, hanyuma bene co barihakana inema z’Imana Allah mu kuyibangikanya, Imana Allah Iraheza Ibahanisha inzara no gutekerwa n’ubwoba bitewe n'ibintu bahora bakora.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ جَآءَهُمۡ رَسُولٞ مِّنۡهُمۡ فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمُ ٱلۡعَذَابُ وَهُمۡ ظَٰلِمُونَ
Ni ukuri barashikiriwe n’Intumwa ivuye muri bo, ari yo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze barayihakana ntibemera ukuri yabazaniye, Imana Allah Ica Irabahana, bakaba bari birenganije mu kubangikanya Imana Allah no kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ryayo;
التفاسير العربية:
فَكُلُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ حَلَٰلٗا طَيِّبٗا وَٱشۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ إِن كُنتُمۡ إِيَّاهُ تَعۡبُدُونَ
Bemeramana! Nimufungure mu vyiza birekuwe, Imana Allah Yabahaye, muheze mushime inema z’Imana Allah mu kuyigamburukira nimwaba koko ari Yo mwiyegereza mu vyo mukora vyose.
التفاسير العربية:
إِنَّمَا حَرَّمَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَيۡتَةَ وَٱلدَّمَ وَلَحۡمَ ٱلۡخِنزِيرِ وَمَآ أُهِلَّ لِغَيۡرِ ٱللَّهِ بِهِۦۖ فَمَنِ ٱضۡطُرَّ غَيۡرَ بَاغٖ وَلَا عَادٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe kurya intumvyi mu bitungwa, ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’igitungwa cabagiwe ikitari Imana Allah. Ariko uwuzohakwa kwicwa n’inzara, agafungura kuri ivyo biziririjwe, mu gihe atokwirenganya mu kurengera ku bitarekuwe, canke mu kurenza urugero rwo kwivuna inzara, uyo rero nta kabi kuri we, kuko mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
وَلَا تَقُولُواْ لِمَا تَصِفُ أَلۡسِنَتُكُمُ ٱلۡكَذِبَ هَٰذَا حَلَٰلٞ وَهَٰذَا حَرَامٞ لِّتَفۡتَرُواْ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَفۡتَرُونَ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ لَا يُفۡلِحُونَ
Babangikanyamana! Ntimukabeshere Imana Allah mu kuvuga ko iki kirekuwe kandi Yarakiziririje; no mu kuvuga ko kiriya kizira kandi Yarakirekuye, ivyo mukabivuga kugira murementanirize Imana Allah. Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko Yarekuye ikizira canke Yaziririje ikirekuwe, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
التفاسير العربية:
مَتَٰعٞ قَلِيلٞ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Baryoherwa akanya gato gusa n’ubuzima bwo kw’isi, baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَعَلَى ٱلَّذِينَ هَادُواْ حَرَّمۡنَا مَا قَصَصۡنَا عَلَيۡكَ مِن قَبۡلُۖ وَمَا ظَلَمۡنَٰهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Twaranaziririje ku bayahudi gusa ivyo Twamaze kukudondagurira[346], ntitwigeze rero Tubarenganya namba muri iryo ziririza, ariko ni bo birenganije mu bugarariji, maze Tubahanisha iryo ziririza.
[346] Ivyaziririjwe ku bayahudi, ni ico ari co cose mu bikoko gifise ibinono bidasatuye, ibinure vy’inka canke intungwa, kiretse ibinure bisanzwe biri mu nyama canke umusokoro uri mu magufa.
التفاسير العربية:
ثُمَّ إِنَّ رَبَّكَ لِلَّذِينَ عَمِلُواْ ٱلسُّوٓءَ بِجَهَٰلَةٖ ثُمَّ تَابُواْ مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ وَأَصۡلَحُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٌ
Hanyuma rero, mu vy’ukuri abacumuye ku kutamenya inkurikizi y’ukwo gucumura, mu nyuma bakigaya ibicumuro vyabo, maze bakikebuka bakanatunganya ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, inyuma y’ukwigaya kwabo, Irabababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
إِنَّ إِبۡرَٰهِيمَ كَانَ أُمَّةٗ قَانِتٗا لِّلَّهِ حَنِيفٗا وَلَمۡ يَكُ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Mu vy’ukuri, Ibrahimu yari indongozi mu bugwaneza vy’ukuri[347], agamburukira Imana Allah, asenga Imana Imwe Rudende Allah yicishije bugufi, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana;
[347] Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yari indongozi ingana umugwi w’abantu mu kudatirigana ku kuri.
التفاسير العربية:
شَاكِرٗا لِّأَنۡعُمِهِۚ ٱجۡتَبَىٰهُ وَهَدَىٰهُ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Yarashima inema Imana Allah Yamuhaye. Imana Allah Yamutoye kuba Intumwa, Iraheza Iramurongora mu nzira igororotse y’ubwislamu;
التفاسير العربية:
وَءَاتَيۡنَٰهُ فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗۖ وَإِنَّهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ لَمِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Twaranamuhaye Twebwe Allah kw’isi, inema yo kuyagwa neza n’abantu, akabera akarorero keza n’abarutse mu nyuma, no kuronswa ikibondo ageze mu za bukuru. Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu bantu b’aberanda bubashwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
ثُمَّ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ أَنِ ٱتَّبِعۡ مِلَّةَ إِبۡرَٰهِيمَ حَنِيفٗاۖ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Mu nyuma, ni ho rero Twebwe Allah Twaguhishurira ko ukurikira akaranga-mutima k’idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho Ibrahimu ntiyari no mu babangikanyamana.
التفاسير العربية:
إِنَّمَا جُعِلَ ٱلسَّبۡتُ عَلَى ٱلَّذِينَ ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِۚ وَإِنَّ رَبَّكَ لَيَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Mu vy’ukuri Imana Allah, Yashingiye abayahudi umusi w'isabato kugira ube umusi wo gusenga, ni na wo musi bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, maze barawihitiramwo ubwabo, ha guhitamwo umusi w’ijuma (wa gatanu) bari bategetswe kwubaha no kwubahiriza. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Izobacira urugororotse ku musi w’izuka ku vyo bahazanyeko n’Abavugishwamana barungikiwe, Iheze Ibahembere ivyo bakoze.
التفاسير العربية:
ٱدۡعُ إِلَىٰ سَبِيلِ رَبِّكَ بِٱلۡحِكۡمَةِ وَٱلۡمَوۡعِظَةِ ٱلۡحَسَنَةِۖ وَجَٰدِلۡهُم بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ
Ntumwa y’Imana! Hamagarira abantu mu nzira yo kwemera Imana yawe Rurema Allah, mu bwitonzi n’ubukerebutsi nta ngere, n’impanuro mu majambo meza abereye, yotuma bahurumbira ukuri, maze uganire na bo muhanahana mu rupfasoni. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo, ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.
التفاسير العربية:
وَإِنۡ عَاقَبۡتُمۡ فَعَاقِبُواْ بِمِثۡلِ مَا عُوقِبۡتُم بِهِۦۖ وَلَئِن صَبَرۡتُمۡ لَهُوَ خَيۡرٞ لِّلصَّٰبِرِينَ
Bemeramana! Nimwashaka kwihora uwabahohoteye, murihora mutarengeje urugezo rw’ihohoterwa mwagiriwe; nimwaramuka mwihanganiye ukutihora, ni ukuri bizoba ari vyo vyiza cane ku bihanganye mu kwerekana ubutore kw’isi, no mu kuronka impembo nta ngere mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَٱصۡبِرۡ وَمَا صَبۡرُكَ إِلَّا بِٱللَّهِۚ وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَلَا تَكُ فِي ضَيۡقٖ مِّمَّا يَمۡكُرُونَ
Ntumwa y’Imana! Urihanganira rero abakugeramira kugera ushike ku ntsinzi wasezeraniwe n’Imana Allah, burya ukwihangana kwawe ni ku bw’Imana Allah, kandi ntukicwe n’intuntu y’ukudashoka wumvirwa, eka ntukicwe n’agahinda gatewe n’imitego bagutega.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْ وَّٱلَّذِينَ هُم مُّحۡسِنُونَ
Mu vy’ukuri Imana Allah, Iri kumwe[348] n’abayitinya mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, hamwe n’abagwaneza mw’ishira mu ngiro ry’ivyo Ibategetse.
[348] Imana Allah Iri kumwe na bo, mu kubatera intege n’inkunga no mu kubatabara.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: النحل
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق