Traducción de los significados del Sagrado Corán - الترجمة الكيروندية * - Índice de traducciones

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traducción de significados Versículo: (5) Capítulo: Sura Al-Maaida
ٱلۡيَوۡمَ أُحِلَّ لَكُمُ ٱلطَّيِّبَٰتُۖ وَطَعَامُ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ حِلّٞ لَّكُمۡ وَطَعَامُكُمۡ حِلّٞ لَّهُمۡۖ وَٱلۡمُحۡصَنَٰتُ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ وَٱلۡمُحۡصَنَٰتُ مِنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ مِن قَبۡلِكُمۡ إِذَآ ءَاتَيۡتُمُوهُنَّ أُجُورَهُنَّ مُحۡصِنِينَ غَيۡرَ مُسَٰفِحِينَ وَلَا مُتَّخِذِيٓ أَخۡدَانٖۗ وَمَن يَكۡفُرۡ بِٱلۡإِيمَٰنِ فَقَدۡ حَبِطَ عَمَلُهُۥ وَهُوَ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Bemeramana! Kuri uno musi rero, biri mu gukwirizwa inema, kuba murekuriwe gufungura ivyiza bibaryoheye bitazira, muranarekuriwe kandi gufungura ibibagwa vy’abahawe Igitabu mu bayahudi no mu banaswara, mu gihe vyokererwa hisunzwe amabwirizwa yabo; na bo nyene bararekuriwe gufungura ibibagwa vyanyu. Muranarekuriwe kwabira abakenyezi bigenga mu bemeramanakazi badashurashura muri mwebwe. Vyongeye, murarekuriwe no kwabira abakenyezi bigenga, badashurashura mu bahawe Igitabu aho hambere yanyu, mu gihe mwobakwa mu ntumbero yo kwubakana na bo bidaciye mu gushurashura, kibure mu kubagira abahabara. Ivyo rero, mubirekuriwe mu gihe mwobona ko bitobatsitaza mu kwemera kwanyu. Uwo wese rero azogarariza mu guhakana yivuye inyuma amabwirizwa y’ukwemera, ni ukuri ibikorwa vyiwe bizohunguruka bicike impfagusa, kandi na we nyene azoba ari mu bahomvye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Las Exégesis Árabes:
 
Traducción de significados Versículo: (5) Capítulo: Sura Al-Maaida
Índice de Capítulos Número de página
 
Traducción de los significados del Sagrado Corán - الترجمة الكيروندية - Índice de traducciones

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Cerrar