Check out the new design

ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى * - لیست ترجمه ها

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ترجمهٔ معانی سوره: نمل   آیه:
وَجَحَدُواْ بِهَا وَٱسۡتَيۡقَنَتۡهَآ أَنفُسُهُمۡ ظُلۡمٗا وَعُلُوّٗاۚ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Firawuni n’abantu biwe rero, barahakanye ku manyama, ko nya bitangaro icenda bivuye koko ku Mana Allah, kandi ku mutima baremera ko ari ivy’ukuri, maze Imana Allah Ibahanisha gusoma nturi. Ntumwa y’Imana! Raba rero uko iherezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi, ryagenze.
تفسیرهای عربی:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا دَاوُۥدَ وَسُلَيۡمَٰنَ عِلۡمٗاۖ وَقَالَا ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي فَضَّلَنَا عَلَىٰ كَثِيرٖ مِّنۡ عِبَادِهِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Dawudi n’umuhungu wiwe Sulayimani ubumenyi, baraheza barabugendera koko, baca baravuga bompi bashima bati: “Ishimagizwa, ni iry’Imana Allah Yaduteye iteka, Ikaduhesha n’icubahiro gisumba ica benshi mu baja bayo b’abemeramana”.
تفسیرهای عربی:
وَوَرِثَ سُلَيۡمَٰنُ دَاوُۥدَۖ وَقَالَ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ عُلِّمۡنَا مَنطِقَ ٱلطَّيۡرِ وَأُوتِينَا مِن كُلِّ شَيۡءٍۖ إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡفَضۡلُ ٱلۡمُبِينُ
Sulayimani yatoranye kwa se Dawudi ubutumwa, ubumenyi n’ubwami, araheza avuga abwira abantu biwe ati: “Emwe bantu! Twigishijwe gutahura ibivugwa n’inyoni, maze duhabwa n’ububasha bwo gukora ico twipfuza. Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpano itomoye iduhesha icubahiro gusumba abandi”.
تفسیرهای عربی:
وَحُشِرَ لِسُلَيۡمَٰنَ جُنُودُهُۥ مِنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ وَٱلطَّيۡرِ فَهُمۡ يُوزَعُونَ
Sulayimani yaregeranirijwe ingabo ziwe mu majini, mu bantu no mu nyoni, zamugendanira aho agiye. Hamwe n’ubwinshi bwazo rero, umugwi wose wari ufise intwazangabo iwurongoye ikanawutondeka neza;
تفسیرهای عربی:
حَتَّىٰٓ إِذَآ أَتَوۡاْ عَلَىٰ وَادِ ٱلنَّمۡلِ قَالَتۡ نَمۡلَةٞ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّمۡلُ ٱدۡخُلُواْ مَسَٰكِنَكُمۡ لَا يَحۡطِمَنَّكُمۡ سُلَيۡمَٰنُ وَجُنُودُهُۥ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Izo ngabo rero, zaragiye gushika n’aho zica mu kabande k’ubunyegeri, maze akanyegeri kamwe muri two kavuga kaburira ubundi gati: “Mwa bunyegeri mwe! Nimwinjire mu macumbi yanyu, kugira Sulayimani n’ingabo ziwe ntibahave babahonyanga batazi ko muri ng’aha”.
تفسیرهای عربی:
فَتَبَسَّمَ ضَاحِكٗا مِّن قَوۡلِهَا وَقَالَ رَبِّ أَوۡزِعۡنِيٓ أَنۡ أَشۡكُرَ نِعۡمَتَكَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتَ عَلَيَّ وَعَلَىٰ وَٰلِدَيَّ وَأَنۡ أَعۡمَلَ صَٰلِحٗا تَرۡضَىٰهُ وَأَدۡخِلۡنِي بِرَحۡمَتِكَ فِي عِبَادِكَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Sulayimani yumvise ukuntu ako kanyegeri kaburiye ubundi bunyegeri, yaramwenyuye yibutse inema yahawe, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nshoboza gushima inema zawe Wampaye n’izo Wahaye abavyeyi banje, Unshoboze no gukora ibikorwa vyiza bigushimisha, Wongere Unshire ku mpuhwe zawe mu Bwami bwawe bw’ijuru bwuzuye inema, ndi kumwe n’abaja bawe b’aberanda”.
تفسیرهای عربی:
وَتَفَقَّدَ ٱلطَّيۡرَ فَقَالَ مَالِيَ لَآ أَرَى ٱلۡهُدۡهُدَ أَمۡ كَانَ مِنَ ٱلۡغَآئِبِينَ
Ni ho rero Sulayimani, yagendura ingabo ziwe z’inyoni kugira arabe ko ata yasivye muri zo, aca abona inyoni itahari, avuga ati: “Mbega vyagenze gute ko ntabona inyoni “Hudihudi[3]” nari menyereye kubona, canke yoba iri mu ngabo zasivye!”.
[3] Hudihudi, ni inyoni ikerebutse cane, inyaruka cane kandi ifise ubushobozi budasanzwe bw’ikoreshwa mw’itumatumanako, irarinda inzara n’inyota umwanya munini, ifise umunwa muremure usongoye hamwe n’umubiko muremure w’amubi atonze ku murongo ku mutwe wayo, ishobora guhagarika nya mubiko canke kuwuryamika, ifise ibara ryirabura rirobetse ibara ryera ku mababa no ku murizo, n’ibara risa n’inzahabu ku gatuntu no mw’izosi.
تفسیرهای عربی:
لَأُعَذِّبَنَّهُۥ عَذَابٗا شَدِيدًا أَوۡ لَأَاْذۡبَحَنَّهُۥٓ أَوۡ لَيَأۡتِيَنِّي بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٖ
Amaze kubona ko inyoni Hudihudi yasivye, yaciye avuga ati: “Nta kibuza ntegerezwa guha Hudihudi igihano gikaze canke ndayibage, canke itegerezwa kunzanira icireguzo kigaragara ku catumye isiba”.
تفسیرهای عربی:
فَمَكَثَ غَيۡرَ بَعِيدٖ فَقَالَ أَحَطتُ بِمَا لَمۡ تُحِطۡ بِهِۦ وَجِئۡتُكَ مِن سَبَإِۭ بِنَبَإٖ يَقِينٍ
Hudihudi yamaze akanya isase ica iraza. Sulayimani agize ngo arayibaza ku catumye isiba, yaciye yiregura ivuga iti: “Burya naronse inkuru utigeze umenya, ni ho nkiva i Saba-i mu gihugu ca Yemeni, nkaba ndakuzaniye inkuru ihambaye namaze gutohoza neza;
تفسیرهای عربی:
 
ترجمهٔ معانی سوره: نمل
فهرست سوره ها شماره صفحه
 
ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى - لیست ترجمه ها

ترجمه‌ى یوسف غهيتی. مؤسسه‌ى توسعه‌ى آفریقا آن را منتشر كرده است.

بستن