ترجمهٔ معانی قرآن کریم - الترجمة الكيروندية * - لیست ترجمه ها

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ترجمهٔ معانی آیه: (6) سوره: سوره احزاب
ٱلنَّبِيُّ أَوۡلَىٰ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ مِنۡ أَنفُسِهِمۡۖ وَأَزۡوَٰجُهُۥٓ أُمَّهَٰتُهُمۡۗ وَأُوْلُواْ ٱلۡأَرۡحَامِ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلَىٰ بِبَعۡضٖ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُهَٰجِرِينَ إِلَّآ أَن تَفۡعَلُوٓاْ إِلَىٰٓ أَوۡلِيَآئِكُم مَّعۡرُوفٗاۚ كَانَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَسۡطُورٗا
Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), akwiye kwitwararikwa n’abemeramana mu bijanye n’idini n’ubuzima bwo kw’isi, kurusha uko bitwararika ubuzima bwabo. Abakenyezi biwe na bo, ni ba kizira ku bemeramana nka ba nyina babavyara; ntibarekuriwe kubabira mu nyuma yiwe[3]. Incuti zisangiye amaraso mu bislamu, ni zo zikwiye gutorana hagati yazo hisunzwe ingingo z’Imana Allah ziri mu Gitabu, ha gutorana hagati y’abislamu hisunzwe ubucuti bushingiye ku kwemera no ku kwimukira i Madina[4]; kiretse mu gihe mwoshima guha ku bisigi abo mudasangiye amaraso mu bislamu ku bugwaneza. Iyo ngingo rero, yaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
[3] Iyi Aayah, yigisha umwislamu ko abwirizwa gukunda Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kurusha uko yikunda, maze akamwumvira bikwiye; abwirizwa no kwubaha akubahiriza n’abakenyezi biwe; ntabatyoze canke ngo abatuke.
[4] Mu ntango y’ubwislamu, abislamu batorana hagati yabo bisunze ubucuti bwo kwemera no kwimukira i Madina. Iyi ngingo rero, yakuweho n’ingingo zitunganya itorana hagati yabo hisunzwe ubucuti bw’amaraso.
تفسیرهای عربی:
 
ترجمهٔ معانی آیه: (6) سوره: سوره احزاب
فهرست سوره ها شماره صفحه
 
ترجمهٔ معانی قرآن کریم - الترجمة الكيروندية - لیست ترجمه ها

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

بستن