Check out the new design

ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى * - لیست ترجمه ها

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ترجمهٔ معانی سوره: نساء   آیه:
وَٱسۡتَغۡفِرِ ٱللَّهَۖ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Uraheza unasabe Imana Allah imbabazi mu bihe vyose. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
تفسیرهای عربی:
وَلَا تُجَٰدِلۡ عَنِ ٱلَّذِينَ يَخۡتَانُونَ أَنفُسَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ مَن كَانَ خَوَّانًا أَثِيمٗا
Ntuzonakingire mu kuvugira abihemukiye mu gucumura ku Mana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba umuhemu karuhariwe akaba n’umucumuzi ruhebwa;
تفسیرهای عربی:
يَسۡتَخۡفُونَ مِنَ ٱلنَّاسِ وَلَا يَسۡتَخۡفُونَ مِنَ ٱللَّهِ وَهُوَ مَعَهُمۡ إِذۡ يُبَيِّتُونَ مَا لَا يَرۡضَىٰ مِنَ ٱلۡقَوۡلِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ بِمَا يَعۡمَلُونَ مُحِيطًا
Bariherera bakinyegeza bagahisha abantu ibibi bakora, kandi badashoboye kwinyegeza Imana Allah ngo ivyo bakora bibatere isoni, mu gihe Iba Iri kumwe na bo ku bumenyi bwayo iyo barara barategurira ibitayishimisha mu majambo. Burya Imana Allah mu bumenyi bwayo, Yamye Ikikuje ivyo bavuga n’ivyo bakora vyose, kandi Izobibahembera.
تفسیرهای عربی:
هَٰٓأَنتُمۡ هَٰٓؤُلَآءِ جَٰدَلۡتُمۡ عَنۡهُمۡ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا فَمَن يُجَٰدِلُ ٱللَّهَ عَنۡهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ أَم مَّن يَكُونُ عَلَيۡهِمۡ وَكِيلٗا
Ehe mwebwe abemeramana mwarubahutse gukingira mu kuvugira abihemukiye mu buzima bwo kw’isi, none ni nde azobakingira mu kubavugira ku Mana Allah ku musi w’izuka nibaharurirwa, canke ni nde azobabera umuhagarikizi kuri uwo musi!
تفسیرهای عربی:
وَمَن يَعۡمَلۡ سُوٓءًا أَوۡ يَظۡلِمۡ نَفۡسَهُۥ ثُمَّ يَسۡتَغۡفِرِ ٱللَّهَ يَجِدِ ٱللَّهَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Uwo wese rero, azorondera gukora ikibi canke akirenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah, hanyuma akicuza ku vyo yakoze akagaruka ku Mana Allah, akayisaba ko Imugumiriza akabanga ku vyaha vyiwe, ntibimuhanire, azosanga Imana Allah ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
تفسیرهای عربی:
وَمَن يَكۡسِبۡ إِثۡمٗا فَإِنَّمَا يَكۡسِبُهُۥ عَلَىٰ نَفۡسِهِۦۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Uwo wese azocumura n’ibigirankana, ni ukuri azohanirwa nya gicumuro ku gatwe kiwe. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuri ku vyakozwe n’ibiremwa, Intungane mu vyo Ikora.
تفسیرهای عربی:
وَمَن يَكۡسِبۡ خَطِيٓـَٔةً أَوۡ إِثۡمٗا ثُمَّ يَرۡمِ بِهِۦ بَرِيٓـٔٗا فَقَدِ ٱحۡتَمَلَ بُهۡتَٰنٗا وَإِثۡمٗا مُّبِينٗا
Uwo wese azocumura ku kwihenda, canke agakora icaha n’ibigirankana, hanyuma akavyegeka ku wundi ku kadenderezo, ni ukuri azoba yiremetse irementanya rutura risiga ubwenge kandi rihanwa.
تفسیرهای عربی:
وَلَوۡلَا فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكَ وَرَحۡمَتُهُۥ لَهَمَّت طَّآئِفَةٞ مِّنۡهُمۡ أَن يُضِلُّوكَ وَمَا يُضِلُّونَ إِلَّآ أَنفُسَهُمۡۖ وَمَا يَضُرُّونَكَ مِن شَيۡءٖۚ وَأَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَعَلَّمَكَ مَا لَمۡ تَكُن تَعۡلَمُۚ وَكَانَ فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكَ عَظِيمٗا
Ntumwa y’Imana! Iyo hataba impano n’impuhwe z’Imana Allah mu kukugira Umuvugishwamana, Igaheza Ikanagukingira, mu bihemukiye hari kuvamwo umugwi wita ku rutare kugira ngo uguhubishe inzira y’ukuri, kira noneho uwo mugwi nta n’uwo wari guhubisha kiretse ukwihubisha wo wonyene, eka nta n’ico wokwiciye kuko wewe ukingiwe, kira noneho Imana Allah Yaranakumanuriye Igitabu ca Qor’ani, Iguha inyigisho n’imigenzo biyitomora, maze Ikwigisha n’ivyo utari uzi. Burya impano z’Imana Allah Yakugeneye zamye zihambaye.
تفسیرهای عربی:
 
ترجمهٔ معانی سوره: نساء
فهرست سوره ها شماره صفحه
 
ترجمهٔ معانی قرآن کریم - ترجمه‌ى روندی - يوسف غهيتى - لیست ترجمه ها

ترجمه‌ى یوسف غهيتی. مؤسسه‌ى توسعه‌ى آفریقا آن را منتشر كرده است.

بستن