ترجمهٔ معانی قرآن کریم - الترجمة الكيروندية * - لیست ترجمه ها

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ترجمهٔ معانی آیه: (95) سوره: سوره مائده
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَقۡتُلُواْ ٱلصَّيۡدَ وَأَنتُمۡ حُرُمٞۚ وَمَن قَتَلَهُۥ مِنكُم مُّتَعَمِّدٗا فَجَزَآءٞ مِّثۡلُ مَا قَتَلَ مِنَ ٱلنَّعَمِ يَحۡكُمُ بِهِۦ ذَوَا عَدۡلٖ مِّنكُمۡ هَدۡيَۢا بَٰلِغَ ٱلۡكَعۡبَةِ أَوۡ كَفَّٰرَةٞ طَعَامُ مَسَٰكِينَ أَوۡ عَدۡلُ ذَٰلِكَ صِيَامٗا لِّيَذُوقَ وَبَالَ أَمۡرِهِۦۗ عَفَا ٱللَّهُ عَمَّا سَلَفَۚ وَمَنۡ عَادَ فَيَنتَقِمُ ٱللَّهُ مِنۡهُۚ وَٱللَّهُ عَزِيزٞ ذُو ٱنتِقَامٍ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukice ibihigwa vy’imusozi mu gihe mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara urubega, canke mu gihe muri mu karere gatagatifu k’i Makka. Uwo wese rero muri mwebwe azokwica n’ibigirankana igihigwa c’imusozi co mu bwoko ubwo ari bwo bwose, azohanishwa ugutanga imbagwa ingana n’ico gihigwa mu bitungwa [137], igenwe n’ingingo ifatwa n’abantu babiri b’intungane muri mwebwe, iyo mbagwa izoheza ihabwe abakene basanzwe baba i Makka; canke ahanishwe ugutanga amafaranga angana n’agaciro k’ico gitungwa, maze asumishwe imfungurwa zihabwa abakene basanzwe bacumbitse i Makka, umwe wese muri bo aheze aronswe imfungurwa zingana n’ivyo mwoyoza amashi incuro zibiri; canke ahanishwe ugupfunga umusi umwumwe mu gishingo co gutanga imfungurwa zingana n’ivyo mwoyoza amashi incuro zibiri. Imana Allah rero Yategetse ko yohanishwa kimwe muri ivyo, kugira ahonje ingaruka y’igihano c’ivyo yakoze. Imana Allah Izoharira ibicumuro vy’abagize urwo ruhigi imbere yuko ruziririzwa. Uwuzosubira kurenga kuri iryo bwirizwa inyuma y’aho, Imana Allah Izobimuhanira. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenukwihora mu guhana ibigaba.
[137] Ingamiya, inka canke intungwa.
تفسیرهای عربی:
 
ترجمهٔ معانی آیه: (95) سوره: سوره مائده
فهرست سوره ها شماره صفحه
 
ترجمهٔ معانی قرآن کریم - الترجمة الكيروندية - لیست ترجمه ها

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

بستن