Ibabarira ivyaha vy’abanyavyaha, Ikakira n’ukwigaya kw’abigaya; Igahana Igahasha abubahutse gukora ivyaha hanyuma ntibigaye, Nyenimpano ku baja bayo bayumvira, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Nta wuharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, kiretse abagararije ko Allah ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri. Ntumwa y’Imana! Ntugahendwe rero ngo ukangwe n’ukwishira n’ukwizana kwabo mu rudandazwa, hamwe rero no kworoherwa mu bihendamaso vy’isi;
Ni nk’uko nyene rero - Twahanye imigwi y’abagararije Intumwa aho hambere - ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryo guhana abagararije, rija mu ngiro mu kuba ari abantu bo mu muriro.
Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye ko Ubinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni” Wabasezeraniye, bo hamwe n’aberanda muri ba se babo, abakenyezi babo n’uruvyaro rwabo. Mu vy’ukuri, ni Wewe Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora;
Bakingire n’inkurikizi mbi y’ibicumuro vyabo, Ntubibahanire. Uwo wese rero Ukingiye inkurikizi mbi y’ibicumuro ku musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, ni ukuri Uba Wamugiriye impuhwe zo kumukiza ibihano vyawe; iyo, ni na yo ntsinzi ihambaye”.
Bantu! Imana Allah, ni Yo Ibereka ivyemezo vyayo vyerekana ubushobozi bwayo, Ikabaronsa n’ibibabeshaho mu kubamanurira imvura izananye mu kirere; nta n’uwibuka ibi vyemezo, kiretse uwugaruka kuri Yo, akayitumbera mu vyo akora vyose.
Imana Allah, ni Yo Nyenicubahiro kirengeye vyose mu biremwa, Nyenubuhangamo buhambaye buri hejuru ya vyose. Ku mpuhwe zayo ku baja bayo, Ibarungikira Intumwa ziza kubashikiriza ihishurwa ryayo ry’amabwirizwa, riha ubuzima bw’umushaha uwo Imana Allah Ishatse muri bo, maze nya Ntumwa zikabagabisha ku bihano vyo ku musi ibiremwa vyose vyahuriye hamwe;
Ku musi w’izuka, aho ibiremwa vyose bizoseruka imbere y’Imana Allah. Kuri uwo musi, nta na kimwe kizoba kinyegejwe kuri Yo mu vyerekeye ibiremwa, Imana Allah Izoheza Ivuge Iti: “Ubwami nya bwami kuri uno musi, ni ubwa nde!”. Izokwiyishura Iti: “Ni ubw’Imana Allah Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;
Kuri uyu musi rero, umuntu uwo ari we wese ahemberwa ivyo yarondeye kw’isi; impembo nziza ku ciza canke impembo mbi ku kibi. Kuri uyu musi rero, nta n’umwe arenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi”. Mu vy’ukuri Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa.
Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vyo ku musi w’izuka uri hafi kugera, igihe imishaha y’ibiremwa izohababuka igahakwa kubivamwo ikabigera mu muhogo, vyishwe n’agahinda hamwe n’intuntu n’akantu. Abirenganije mw’igarariza, ntibazoronka umugenzi canke incuti, eka nta n’uwubavugira bazoronka yobavugira ku Mana Allah ngo yumvirwe.
Kandi Imana Allah, Icira urutunganye vy’ukuri ibiremwa. Nayo ibigirwamana bisengwa mu gishingo cayo, nta na kimwe bishoboye gutunganya mu bijanye no gucira imanza ibiremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bikora, Izobibihembera.
Musa yabwiye Firawuni n’abunganizi biwe ati: “Jewe mu vy’ukuri, nikinze ku Mana yanje Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema Allah, ndayisaba ko Inkingira igeramirwa ry’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, atanemera n’umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa”.
Ni ho rero umwemeramana umwe mu bantu ba Firawuni, yahisha ukwemera kwiwe, yavuga ati: “Ubwo nyene murakanagaye mwice umuntu w’inzirakarengane, mumuhora gusa kuba avuze ati: “Imana yanje Rurema ni Allah”, kandi yanabazaniye ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, vyerekana ukuri kwiwe! Musa rero niyaba abesha biramusha, kuko bizomugarukako. Niyaba naho ari imvugakuri, nta kibuza ko muzoshikirwa na bimwe mu vyo abagabishako. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo, uwimonogoje mu bugarariji, akagenzwa n’ubwononyi kw’isi, akaba n’umubeshi ruhebwa;
Maze wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yishura ahanura yongera agabisha ati: “Jewe mu vy’ukuri, mfise ubwoba n’impungenge, ko mu gihe mwohirahira mukica Musa, mwoshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye imigwi y’abiyunze mu kurwanya Intumwa;
Bantu banje! Jewe mu vy’ukuri, ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vyo ku musi w’izuka, igihe abantu bazohamagarana hagati yabo bivuye ku ntureka z’uwo musi;
Abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi; abo rero, iharira ryabo rirashavuza cane Imana Allah, rigashavuza n’abemeramana. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Idashoboza kurongoka abaharira ku bijanye na Aayah zayo ata n’ubumenyi bafise - Itera ikimangu ku mutima w’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, akimonogoza no mu kurenganya abandi.
Firawuni yavuze yiyamiriza Musa ati: “Ewe Haamaana! Enda nyabuna rero, nyubakira inyubakwa ndende (umunara), hari n’aho noronka inzira zinshikana ku co nshaka;
Inzira zinshikana mu majuru, kugira nirabire ko Imana ya Musa Ibaho. Mu vy’ukuri, ndibwira neza ko Musa abesha, ata mana yindi iri hejuru”. Ni nk’ukwo rero Firawuni yaryoherejwe ibikorwa vyiwe bibi akabibona ko ari vyiza, gutyo bimubuza gukurikira inzira y’ukuri; burya urwenge rwa Firawuni mu kurwanya ukuri, nta kindi rwari kumushikanako, kiretse agahombo no guhona.
Wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yarongeye guhanura abantu biwe ati: “Emwe bantu banje! Enda rero nyabuna nimunkundire munkurikire, mpeze ndabarongore mu nzira ibereye y’ubugororotsi;
Abazokora ikibi uko kingana kwose rero, mu buzima bw’inyuma yo gupfa ntibazohabwa kiretse igihano kingana na nya kibi; nayo abazokora iciza gitegetswe uko kingana kwose, baba abahungu canke abakobwa, maze bakagikora ari abemeramana; abo, ni bo rero bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, aho bazoronswa ibibabeshaho ata kugererwa ngo baharurirwe;
Mundarikira kugarariza Imana Allah no kuyibangikanya n’ivyo ntafitiye ubumenyi, ko bikwiye gusengwa mu gishingo cayo, mu gihe jewe ndabararikira gukurikira inzira ibashikana ku Mana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;
Ni ivy’ukuri rero, ko ivyo mundarikira kwemera, bidakwiye kurarikirwa ngo bisengwe, eka ntibinakwiye kwizerwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, kuko ata co bishoboye. Nimumenye rero, ko ibiremwa twese tuzosubira ku Mana Allah, kugira Ihembere umwumwe wese ku vyo yakoze; mumenye n’uko, abimonogoje mu bugarariji, bakagenzwa n’ubwononyi bwo gusesa amaraso kw’isi, ari bo bantu bo mu muriro udahera”.
Wa mwemeramana amaze kubahanura bakamwirengagiza, yababwiye ati: “Burya, bitebe bitebuke, muzokwibuka ko nabahanuye ata co mugikiza. Nayo jewe, ndikinze ku Mana Allah mu kuyishimikiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera”.
Ni ho rero uyo mwemeramana mu bantu ba Firawuni, Imana Allah Yamukingira ubugizi bwa nabi bwa Firawuni n’abunganizi biwe, maze bahitanwa n’igihano kibi c’akataraboneka, co gusomeshwa nturi;
Bashoka bahona. Hanyuma, aho bari mu kuzimu bacishwa mu bihano vy’umuriro igitondo n’umugoroba[4], no ku musi w’izuka ry’ibiremwa, abamalayika bacungereye umuriro bazobwirwa bati: “Nimushire abantu ba Firawuni mu bihano bikaze vyo mu muriro”.
[4] Iyi Aayah, ni icemezo gikwiye mu kwemeza ko ibihano vyo mu mva ari ivy’ukuri.
Igihe rero abantu bo mu muriro batanyeko imiragwe baharira hagati yabo, maze abapfuye gukurikira abandi, bakabwira indongozi zabo bakurikiye, zagira amanyama mu kutemera Imana Allah, bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ni mwebwe twumviye kw’isi turabakurikira; aho none ga ntu, kuri uno musi ntimwoza tukabagerurira ku mutwaro wacu w’ibihano vyo mu muriro!”.
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ni ukuri Turatabara Intumwa zacu hamwe n’abemeramana bazikurikiye, Tukabatera n’intege mu kwiganzura ababageramiye mu buzima bwo kw’isi. Ku musi w’izuka naho, abamalayika, Abavugishwamana n’abemeramana bazoba ivyabona, ko abahakanye bashikirijwe koko ubutumwa, baraheza barabuhakana;
Umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa rero, ivyireguzo vy’abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, nta co bizobamarira, baranagenewe ivumwe hamwe n’iherezo ribi mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa uburongozi muri Tawurati hamwe n’ibitangaro bishikana ku kuri; Turanaraga Bene Israyeli Igitabu ca Tawurati bagenda bahererekana uruvyaro ku rundi;
Mu vy’ukuri, abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ni ukuri baharira mu ntumbero yo kuburagiza ukuri ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi, nta kiri mu gikiriza cabo, kiretse amanyama yo guhonyanga ukuri bakubona, ku gusharika Umuvugishwamana Muhamadi kw’iteka ry’ubutumwa yahawe, ivyo bikaba ata co bizobashikanako. Ntumwa y’Imana! Niwikinge ku Mana Allah Igukingire ishari ryabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, Izobibahembera.
Nta ho vyakabaye ko impumyi n’uwubona bonganya ubutore. Ni nk’uko nyene rero abemeye ko Allah ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa, bakumvira n’Intumwa zayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ata ho banganiye mu butore n’abatemera ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’Intumwa zayo, bakarenga no ku mabwirizwa yayo. Bantu! Burya ni gake mwibuka ivyemezo vy’Imana Allah, mukanyurwa.
Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse”.
Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba umuzimagiza kugira muturure muri ryo muheze muruhuke; Ibagirira n’umurango, kuba habona kugira murondere icorirenza mu mpano zayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeningabirano zihambaye ku bantu, ariko rero abenshi muri bo ntibayishimira ngo bayiyegereze mu vyo bakora banayisenge ari Imwe Rudende.
Uwabagiriye ivyo vyiza rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Yaremye ibintu vyose, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo. None, ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
Ni Yo Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, nimuyiyegereze rero mu kuyisaba ari Imwe Rudende, mweza n’ivyo mugira vyose ku bwayo. Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Ntumwa y’Imana! Ubwo ntutangazwa n’abahakanyi baharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ukuntu bahusha ukuri bakayibangikanya!
Zazimanganiye hehe ko mwazibangikanya n’Imana Allah! Ubwo ntimwozisaba zikabakura mu kaga murimwo!”. Bazoheza bishure bati: “Zazimanganye nta n’ico zatumariye, ahubwo mbere tukiri kw’isi, twasenga ibintazi ata co bimaze”. Ni nk’uko rero Imana Allah - Yazimanganije ibigirwamana mu muriro udahera - Ihubisha abagarariji ku bugaba bwabo;
Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri, kandi Izorishitsa. Mu gihe rero Twokwereka mu buzima bwawe bimwe mu bihano Twasezeraniye ababangikanyamana, canke Tukakwica imbere yuko bashikirwa na nya bihano, ni kuri Twebwe Allah bazosubizwa ku musi w’izuka kugira Tubahanire ivyo bakoze.
Ibitungwa biranabafitiye akamaro kanini cane. Yabibagiriye no kugira muvyunguruzeko ivyo mushaka kwunguruza mubijana mu bihugu vya kure; muranavyiyunguruzako imusozi, mw’ibahari na ho mukiyunguruza mu bwato.
Ico gihe rero, ukwemera kwabo nta co kwari kubamarira kandi bamaze kwugarizwa bakagirwa n’ibihano. Ni ukwo vyamye rero ku bahakanyi b’aho hambere, ko ukwemera kwabo bamaze kwagirwa n’ibihano ata co kwaba kubamariye. Aho rero, ni ho abagarariji batemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, baheza bagahanwa, bakagoka bagahona.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Sakamakon Bincike:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".