Check out the new design

Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti * - Vertimų turinys

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Reikšmių vertimas Sūra: Ghafir   Aja (Korano eilutė):

Ghaafir

حمٓ
Haa Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.
Tafsyrai arabų kalba:
تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡعَلِيمِ
Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani, ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;
Tafsyrai arabų kalba:
غَافِرِ ٱلذَّنۢبِ وَقَابِلِ ٱلتَّوۡبِ شَدِيدِ ٱلۡعِقَابِ ذِي ٱلطَّوۡلِۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ إِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ
Ibabarira ivyaha vy’abanyavyaha, Ikakira n’ukwigaya kw’abigaya; Igahana Igahasha abubahutse gukora ivyaha hanyuma ntibigaye, Nyenimpano ku baja bayo bayumvira, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Tafsyrai arabų kalba:
مَا يُجَٰدِلُ فِيٓ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَلَا يَغۡرُرۡكَ تَقَلُّبُهُمۡ فِي ٱلۡبِلَٰدِ
Nta wuharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, kiretse abagararije ko Allah ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri. Ntumwa y’Imana! Ntugahendwe rero ngo ukangwe n’ukwishira n’ukwizana kwabo mu rudandazwa, hamwe rero no kworoherwa mu bihendamaso vy’isi;
Tafsyrai arabų kalba:
كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَٱلۡأَحۡزَابُ مِنۢ بَعۡدِهِمۡۖ وَهَمَّتۡ كُلُّ أُمَّةِۭ بِرَسُولِهِمۡ لِيَأۡخُذُوهُۖ وَجَٰدَلُواْ بِٱلۡبَٰطِلِ لِيُدۡحِضُواْ بِهِ ٱلۡحَقَّ فَأَخَذۡتُهُمۡۖ فَكَيۡفَ كَانَ عِقَابِ
Hambere y’abo bagarariji, abantu barungikiwe Nuhu hamwe n’abaje mu nyuma zabo; nka Bene Aadi na Bene Thamuudi, barahakanye bivuye inyuma Intumwa barungikiwe, maze biha kuzigeramira, bacurika imitwe hamwe mu ntumbero yo kuzihana harimwo no kuzica, umugwi wose muri bo uraheza utegura umugambi wo gufata Intumwa yawo ngo uyice, baraheza baraharira bitwaje ikinyoma, kugira ngo nya kinyoma gitsinde ukuri, Nca Ndabashikura Ndabahana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Nabahaye ibihano bikaze vyobera inkebuzo ibiremwa bindi bizoza mu nyuma!
Tafsyrai arabų kalba:
وَكَذَٰلِكَ حَقَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ عَلَى ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّهُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ
Ni nk’uko nyene rero - Twahanye imigwi y’abagararije Intumwa aho hambere - ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryo guhana abagararije, rija mu ngiro mu kuba ari abantu bo mu muriro.
Tafsyrai arabų kalba:
ٱلَّذِينَ يَحۡمِلُونَ ٱلۡعَرۡشَ وَمَنۡ حَوۡلَهُۥ يُسَبِّحُونَ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡ وَيُؤۡمِنُونَ بِهِۦ وَيَسۡتَغۡفِرُونَ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْۖ رَبَّنَا وَسِعۡتَ كُلَّ شَيۡءٖ رَّحۡمَةٗ وَعِلۡمٗا فَٱغۡفِرۡ لِلَّذِينَ تَابُواْ وَٱتَّبَعُواْ سَبِيلَكَ وَقِهِمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ
Abamalayika bareruye ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe “Arshi” bari kumwe n’abandi bamalayika babukikuje, baninahaza Imana yabo Rurema Allah mu kuyishimagiza mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, bakayemera vy’ukuri, bagasabira imbabazi abemeramana, bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Impuhwe n’ubumenyi vyawe bikwiriye ikintu cose Waremye; kubera ivyo rero, Gumiriza akabanga maze Ubabarire abigaya ku vyaha vyabo bakanakurikira n’inzira yawe y’ubwislamu, Uheze Ubakingire n’ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu;
Tafsyrai arabų kalba:
 
Reikšmių vertimas Sūra: Ghafir
Sūrų turinys Puslapio numeris
 
Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti - Vertimų turinys

Išvertė Jusuf Ghahiti. Išleido Afrikos vystymosi fondas.

Uždaryti