Ni Yo rero Uwintango, Yabayeho hatarabaho n’ikintu na kimwe; Uwuhoraho-Wiherezo Izokwamaho, Rwigaragaza Iri hejuru ya vyose; Rwihisha Iri hafi y’ibiremwa ata na kimwe muri vyo kiyihisha, Itanabonwa n’amaso yavyo ng’aha kwisi. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa.
Ni Yo Imanurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) Aayah zitomoye za Qor’ani, kugira Ibakure mu muzimagiza w’ubugarariji, Ibashire mu muco w’ukwemera. Mu vy’ukuri Imana Allah kuri mwebwe, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Ni nde Yotanga mu nzira y’Imana Allah ata kwihaya ata n’agashinyaguro, maze Imana Allah Ikamugwiriza indishi incuro nyinshi, Ikazonamuha impembo yubashwe kandi yamaho y’Ubwami bw’ijuru!
Umusi wabonye abemeramana n’abemeramanakazi barongowe n’umuco uri imbere n’iburyo bwabo, mu gihe co kurengana ku kiraro kigororotse gitambitswe hejuru y’umuriro “Swiraatw[2]”, bamara kurengana, bakabwirwa bati: “Nimuhimbarwe kuri uno musi ku kwinjira mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, muzoyibamwo ibihe bidahera”. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye;
[2] “Swiraatw”, ni ikiraro kizotambikwa hejuru y’umuriro, kugira abemeramana n’abemeramanakazi barengane bagana mu Bwami bw’ijuru. Uko giteye, ni nk’uko vyavuzwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iti: “Ni akayira kanyerera cane, kanyereza igiciyeko, kariko ubunyabuhoro, n’ivyuma bisongoye nk’icumu ry’ingobe, bikazibura nk’amahwa y’igiti citwa “sa’daani”, bicakira uwurenganye. Nya kayira gafise intimba nto cane nk’umushatsi canke ubugi bw’umupanga”. Yashikirijwe na Muslimu.
Mwa ndyarya mwe! Kuri uno musi rero, nta cigombozo cemerwa ngo mwibohore mu bihano vy’Imana Allah, eka mbere n’abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, ni ukwo nyene. Ubushikiro bwanyu mwese ni mu muriro, ni wo mukwiye, ni na yo maherezo mabi cane”.
Mbega, ntiharagera ku bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ko imitima yabo yoroshwa n’iyibutswa ry’Imana Allah no kwumviriza Qor’ani, gutyo ntibagire agatimatare nk’ak’abahawe Igitabu hambere yabo mu bayahudi n’abanaswara, bo haciye ikiringo kirekire hagati yabo n’Intumwa barungikiwe, bagaca bahindagura amajambo y’Imana Allah, maze imitima yabo na yo ku butumva bwabo, icika nk’ibuye ry’urutare! Kandi abenshi muri bo, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah[3].
[3] Iyi Aayah, ihimiriza abemeramana ko bakwiye kwinengesera bakorosha umutima mu gihe co kwumviriza Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, maze muri ico gihe bakiyubara gutebura no kugira agatimatare nk’abahawe Igitabu, ari na vyo bitera ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Mu vy’ukuri, abatanga imperezwa mu bagore n’abagabo, bakanatanga no mu nzira y’Imana Allah ata kwihaya ata n’agashinyaguro, Imana Allah Ibagwiriza indishi incuro nyinshi, Ikazonabaha impembo yubashwe kandi yamaho y’Ubwami bw’ijuru.
Na barya bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo hanyuma ntibavangura hagati yazo, abo ni bo mvugakuri bemeye vy’ukuri mu mvugo n’ingiro; n’abapfiriye Imana Allah bazoronka ku Mana yabo Rurema Allah indishi nyinshi n’umuco uhambaye ku musi w’izuka. Nayo abagararije bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba.
Bantu! Nta kiza kibashikira kw’isi mu vyo mwimbuye; canke kikabashikira mu ndwara, amapfa, ubukene no kubura abanyu, kiretse ko kiba canditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”. Mu vy’ukuri, ivyo biroroshe cane ku Mana Allah.
Abagira amanyama bakishima ku bandi, ni barya baba ingumyi maze ntibatange mu nzira y’Imana Allah, bagaheza bakabwiriza n’abandi mu kubahimiriza kuba ingumyi. Uwugenjeje umugongo mu kutumvira Imana Allah, nta co azokwicira Imana Allah, kiretse ko inkurikizi mbi zizomugarukako we nyene. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Ni ukuri, Twaranarungitse Nuhu na Ibrahimu ku bantu babo, maze Tugira no mu ruvyaro rwabo Abavugishwamana Tubaha n’Ibitabu. Muri nya ruvyaro rwabo rero, harimwo umugororotsi, abenshi muri bo bakaba ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Sakamakon Bincike:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".