Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Surah: Al-Hadīd   Ayah:

SURATU L-HADIID

سَبَّحَ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Ibiri mu majuru no mw’isi vyose biraninahaza Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;
Arabic explanations of the Qur’an:
لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Itanga ubuzima Ikanabwaka. Ni na Yo rero Mushoboravyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ ٱلۡأَوَّلُ وَٱلۡأٓخِرُ وَٱلظَّٰهِرُ وَٱلۡبَاطِنُۖ وَهُوَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٌ
Ni Yo rero Uwintango, Yabayeho hatarabaho n’ikintu na kimwe; Uwuhoraho-Wiherezo Izokwamaho, Rwigaragaza Iri hejuru ya vyose; Rwihisha Iri hafi y’ibiremwa ata na kimwe muri vyo kiyihisha, Itanabonwa n’amaso yavyo ng’aha kwisi. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يَعۡلَمُ مَا يَلِجُ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا يَخۡرُجُ مِنۡهَا وَمَا يَنزِلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا يَعۡرُجُ فِيهَاۖ وَهُوَ مَعَكُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ
Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo “Al’Arsh” mu buryo buberanye n'icubahiro cayo; Irazi neza ibinyikira mw’isi nk’amama y’imvura n’ibindi[1]; ibiva mw’isi nk’ibimera, ubutare n’amazi n’ibindi; ibimanuka biva mw’ijuru nk’imvura, abamalayika n’Ibitabu, n’ibindi; ibiduga bija mw’ijuru nk’abamalayika, ibikorwa vy’ibiremwa, n’ibindi; kandi Yamye Iri kumwe na mwe ku bumenyi bwayo aho muri hose. Ni na Yo rero Ibona neza ivyo mukora, Nyenukubona.
[1] Nk’abapfuye n’ibindi bitagira ubuzima.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَّهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ
Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo. Kandi ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Arabic explanations of the Qur’an:
يُولِجُ ٱلَّيۡلَ فِي ٱلنَّهَارِ وَيُولِجُ ٱلنَّهَارَ فِي ٱلَّيۡلِۚ وَهُوَ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ
Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjiza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire. Ni Yo rero Izi n’ibihishijwe mu mishaha.
Arabic explanations of the Qur’an:
ءَامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَأَنفِقُواْ مِمَّا جَعَلَكُم مُّسۡتَخۡلَفِينَ فِيهِۖ فَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنكُمۡ وَأَنفَقُواْ لَهُمۡ أَجۡرٞ كَبِيرٞ
Bantu! Nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), muheze mutange no mu vyo Imana Allah Ibakurakuranyako mu matungo. Bantu! Burya abemeye vy’ukuri muri mwebwe, bakanatanga mu matungo yabo, bazoronka impembo nta ngere.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا لَكُمۡ لَا تُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلرَّسُولُ يَدۡعُوكُمۡ لِتُؤۡمِنُواْ بِرَبِّكُمۡ وَقَدۡ أَخَذَ مِيثَٰقَكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Mbega mwafashwe n’igiki gituma mutemera Imana Imwe Rudende Allah ngo mwubahirize n’amabwirizwa yayo, kandi Intumwa yayo ibararikira kwemera Imana yanyu Rurema Allah! Kanatsinda Imana Allah, Yarafashe isezerano ryanyu ko muyemera nimwaba koko mwemera ko ari Yo Yabaremye.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ ٱلَّذِي يُنَزِّلُ عَلَىٰ عَبۡدِهِۦٓ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖ لِّيُخۡرِجَكُم مِّنَ ٱلظُّلُمَٰتِ إِلَى ٱلنُّورِۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ بِكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ
Ni Yo Imanurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) Aayah zitomoye za Qor’ani, kugira Ibakure mu muzimagiza w’ubugarariji, Ibashire mu muco w’ukwemera. Mu vy’ukuri Imana Allah kuri mwebwe, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا لَكُمۡ أَلَّا تُنفِقُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلِلَّهِ مِيرَٰثُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَا يَسۡتَوِي مِنكُم مَّنۡ أَنفَقَ مِن قَبۡلِ ٱلۡفَتۡحِ وَقَٰتَلَۚ أُوْلَٰٓئِكَ أَعۡظَمُ دَرَجَةٗ مِّنَ ٱلَّذِينَ أَنفَقُواْ مِنۢ بَعۡدُ وَقَٰتَلُواْۚ وَكُلّٗا وَعَدَ ٱللَّهُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ
Mbega mwafashwe n’igiki kibabuza gutanga mu nzira y’Imana Allah, kandi ari Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye! Abatanze muri mwebwe bakanarwanira Imana Allah imbere y’ihabuzwa rya Makka, ntibashobora kunganya indishi n’abakoze ivyo mu nyuma y’iryo habuzwa. Ababikoze imbere y’iryo habuzwa, ni bo bafise icubahiro gihambaye ku Mana Allah gisumba ic’ababikoze mu nyuma y’aho. Hamwe n’iryo tandukaniro mu cubahiro rero, umwe wese muri iyo migwi yompi, Imana Allah Yamusezeraniye Ubwami bw’ijuru. Burya Imana Allah, ivyo mukora vyose Irabizi, ni Yo Muhetuziwavyose, Izohembera umwumwe wese ku rugero rw’ivyo yakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَّن ذَا ٱلَّذِي يُقۡرِضُ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا فَيُضَٰعِفَهُۥ لَهُۥ وَلَهُۥٓ أَجۡرٞ كَرِيمٞ
Ni nde Yotanga mu nzira y’Imana Allah ata kwihaya ata n’agashinyaguro, maze Imana Allah Ikamugwiriza indishi incuro nyinshi, Ikazonamuha impembo yubashwe kandi yamaho y’Ubwami bw’ijuru!
Arabic explanations of the Qur’an:
يَوۡمَ تَرَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ يَسۡعَىٰ نُورُهُم بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَبِأَيۡمَٰنِهِمۖ بُشۡرَىٰكُمُ ٱلۡيَوۡمَ جَنَّٰتٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Umusi wabonye abemeramana n’abemeramanakazi barongowe n’umuco uri imbere n’iburyo bwabo, mu gihe co kurengana ku kiraro kigororotse gitambitswe hejuru y’umuriro “Swiraatw[2]”, bamara kurengana, bakabwirwa bati: “Nimuhimbarwe kuri uno musi ku kwinjira mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, muzoyibamwo ibihe bidahera”. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye;
[2] “Swiraatw”, ni ikiraro kizotambikwa hejuru y’umuriro, kugira abemeramana n’abemeramanakazi barengane bagana mu Bwami bw’ijuru. Uko giteye, ni nk’uko vyavuzwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iti: “Ni akayira kanyerera cane, kanyereza igiciyeko, kariko ubunyabuhoro, n’ivyuma bisongoye nk’icumu ry’ingobe, bikazibura nk’amahwa y’igiti citwa “sa’daani”, bicakira uwurenganye. Nya kayira gafise intimba nto cane nk’umushatsi canke ubugi bw’umupanga”. Yashikirijwe na Muslimu.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَوۡمَ يَقُولُ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ وَٱلۡمُنَٰفِقَٰتُ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱنظُرُونَا نَقۡتَبِسۡ مِن نُّورِكُمۡ قِيلَ ٱرۡجِعُواْ وَرَآءَكُمۡ فَٱلۡتَمِسُواْ نُورٗاۖ فَضُرِبَ بَيۡنَهُم بِسُورٖ لَّهُۥ بَابُۢ بَاطِنُهُۥ فِيهِ ٱلرَّحۡمَةُ وَظَٰهِرُهُۥ مِن قِبَلِهِ ٱلۡعَذَابُ
Umusi indyarya n’indyaryakazi zabwiye abemeye mu gihe co kurengana kuri nya kiraro ziti: “Nimuturindire yemwe turabe ko twokwabura ku muco wanyu”, maze abamalayika bace bazibwira mw’itebura n’akantu bati: “Nimusubire inyuma maze muronderereyo umuco wanyu”. Ubwo nyene hace hashingwa uruzitiro rutandukanya abemeramana n’indyarya, rufise umuryango; ku ruhande rwawo rw’imbere ahari abemeramana, habe hari impuhwe nsa; ku rundi ruhande rwawo ahari indyarya na ho, habe hari ibihano bisa;
Arabic explanations of the Qur’an:
يُنَادُونَهُمۡ أَلَمۡ نَكُن مَّعَكُمۡۖ قَالُواْ بَلَىٰ وَلَٰكِنَّكُمۡ فَتَنتُمۡ أَنفُسَكُمۡ وَتَرَبَّصۡتُمۡ وَٱرۡتَبۡتُمۡ وَغَرَّتۡكُمُ ٱلۡأَمَانِيُّ حَتَّىٰ جَآءَ أَمۡرُ ٱللَّهِ وَغَرَّكُم بِٱللَّهِ ٱلۡغَرُورُ
Nya ndyarya ziheze zihamagare abemeramana ziti: “Ntitwari kumwe kw’isi, dukora nk’ivyo mukora!”. Abemeramana bazishure bati: “Egome! Mwari kumwe na twe, ariko rero ni mwebwe nyene mwihoneje mu kwiyorobeka mu buryarya bwanyu, mutega Intumwa n’abemeramana imisi y’ivyago, mugira n’amakenga kw’izurwa ry’ibiremwa, muhendwa n’ivyipfuzo vyanyu, ko Imana Allah Itazi ibiri mu mishaha yanyu, maze mubandanya ukwo gushika gupfa, shetani na yo ibibagiza ukwemera Imana vy’ukuri;
Arabic explanations of the Qur’an:
فَٱلۡيَوۡمَ لَا يُؤۡخَذُ مِنكُمۡ فِدۡيَةٞ وَلَا مِنَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۚ مَأۡوَىٰكُمُ ٱلنَّارُۖ هِيَ مَوۡلَىٰكُمۡۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ
Mwa ndyarya mwe! Kuri uno musi rero, nta cigombozo cemerwa ngo mwibohore mu bihano vy’Imana Allah, eka mbere n’abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, ni ukwo nyene. Ubushikiro bwanyu mwese ni mu muriro, ni wo mukwiye, ni na yo maherezo mabi cane”.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ أَلَمۡ يَأۡنِ لِلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَن تَخۡشَعَ قُلُوبُهُمۡ لِذِكۡرِ ٱللَّهِ وَمَا نَزَلَ مِنَ ٱلۡحَقِّ وَلَا يَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ مِن قَبۡلُ فَطَالَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡأَمَدُ فَقَسَتۡ قُلُوبُهُمۡۖ وَكَثِيرٞ مِّنۡهُمۡ فَٰسِقُونَ
Mbega, ntiharagera ku bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ko imitima yabo yoroshwa n’iyibutswa ry’Imana Allah no kwumviriza Qor’ani, gutyo ntibagire agatimatare nk’ak’abahawe Igitabu hambere yabo mu bayahudi n’abanaswara, bo haciye ikiringo kirekire hagati yabo n’Intumwa barungikiwe, bagaca bahindagura amajambo y’Imana Allah, maze imitima yabo na yo ku butumva bwabo, icika nk’ibuye ry’urutare! Kandi abenshi muri bo, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah[3].
[3] Iyi Aayah, ihimiriza abemeramana ko bakwiye kwinengesera bakorosha umutima mu gihe co kwumviriza Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, maze muri ico gihe bakiyubara gutebura no kugira agatimatare nk’abahawe Igitabu, ari na vyo bitera ubugaba bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يُحۡيِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَاۚ قَدۡ بَيَّنَّا لَكُمُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ
Bantu! Nimumenye rero ko Imana Allah Itotahaza isi hakoreshejwe amazi y’imvura, inyuma yo kugaduka igacika ubukumbagare, Ishoboye kworosha n’imitima no kuzura abapfuye. Ni ukuri Twebwe Allah, Twabatomoreye Aayah n’ivyemezo vyerekana ubushobozi n’ububasha vyacu kugira mutegere, muheze mwikebuke.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلۡمُصَّدِّقِينَ وَٱلۡمُصَّدِّقَٰتِ وَأَقۡرَضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا يُضَٰعَفُ لَهُمۡ وَلَهُمۡ أَجۡرٞ كَرِيمٞ
Mu vy’ukuri, abatanga imperezwa mu bagore n’abagabo, bakanatanga no mu nzira y’Imana Allah ata kwihaya ata n’agashinyaguro, Imana Allah Ibagwiriza indishi incuro nyinshi, Ikazonabaha impembo yubashwe kandi yamaho y’Ubwami bw’ijuru.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦٓ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلصِّدِّيقُونَۖ وَٱلشُّهَدَآءُ عِندَ رَبِّهِمۡ لَهُمۡ أَجۡرُهُمۡ وَنُورُهُمۡۖ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَحِيمِ
Na barya bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo hanyuma ntibavangura hagati yazo, abo ni bo mvugakuri bemeye vy’ukuri mu mvugo n’ingiro; n’abapfiriye Imana Allah bazoronka ku Mana yabo Rurema Allah indishi nyinshi n’umuco uhambaye ku musi w’izuka. Nayo abagararije bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَا ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا لَعِبٞ وَلَهۡوٞ وَزِينَةٞ وَتَفَاخُرُۢ بَيۡنَكُمۡ وَتَكَاثُرٞ فِي ٱلۡأَمۡوَٰلِ وَٱلۡأَوۡلَٰدِۖ كَمَثَلِ غَيۡثٍ أَعۡجَبَ ٱلۡكُفَّارَ نَبَاتُهُۥ ثُمَّ يَهِيجُ فَتَرَىٰهُ مُصۡفَرّٗا ثُمَّ يَكُونُ حُطَٰمٗاۖ وَفِي ٱلۡأٓخِرَةِ عَذَابٞ شَدِيدٞ وَمَغۡفِرَةٞ مِّنَ ٱللَّهِ وَرِضۡوَٰنٞۚ وَمَا ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَآ إِلَّا مَتَٰعُ ٱلۡغُرُورِ
Bantu! Nimumenye ko ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi ari ubufyinyi, ugusamazwa n’ibihendamaso, ugushariza, ukwihayagiza hagati yanyu hamwe rero no kurusharushanya mu kwegeranya amatungo no kuvyara abana. Akarorero k’ivyo vyose, ni nka kurya kw’imvura iguye, maze itotahara ry’ibiterwa rigahimbara abarimyi; mu nyuma nya biterwa bigakaba, ukabona vyahindutse umuhondo, hanyuma bikuma bikavungagurika. Mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, abagarariji bazohabwa ibihano bikaze; abemeramana na bo, bagumirizwe akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe, bishimirwe n’Imana Allah. Burya ubuzima bwo kw’isi, si ikindi kiretse ko ari ibihendamaso vyo kuryoherwa gato, ntibukabahende rero.
Arabic explanations of the Qur’an:
سَابِقُوٓاْ إِلَىٰ مَغۡفِرَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ وَجَنَّةٍ عَرۡضُهَا كَعَرۡضِ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ أُعِدَّتۡ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦۚ ذَٰلِكَ فَضۡلُ ٱللَّهِ يُؤۡتِيهِ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Bantu! Nimuhurumbire ukwigaya ku Mana Allah, muheze mwigire kure y’ivyaha, bizotuma mugumirizwa n’Imana yanyu Rurema Allah akabanga ku vyaha vyanyu, maze ntimubihanirwe, Iheze Ibahembe Ubwami bw’ijuru, ubwaguke bwabwo, ni nka kurya kw’ubwaguke bw’ijuru n’isi. Ubwo Bwami bukaba bwateguriwe abemeye Imana Imwe Rudende Allah, bagakurikira n’Intumwa zayo. Iyo rero, ni impano y’Imana Allah Iha uwo Ishatse mu biremwa ku mpuhwe zayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubugwaneza, Nyeningabirano zihambaye.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَآ أَصَابَ مِن مُّصِيبَةٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا فِيٓ أَنفُسِكُمۡ إِلَّا فِي كِتَٰبٖ مِّن قَبۡلِ أَن نَّبۡرَأَهَآۚ إِنَّ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٞ
Bantu! Nta kiza kibashikira kw’isi mu vyo mwimbuye; canke kikabashikira mu ndwara, amapfa, ubukene no kubura abanyu, kiretse ko kiba canditswe mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”. Mu vy’ukuri, ivyo biroroshe cane ku Mana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
لِّكَيۡلَا تَأۡسَوۡاْ عَلَىٰ مَا فَاتَكُمۡ وَلَا تَفۡرَحُواْ بِمَآ ءَاتَىٰكُمۡۗ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ كُلَّ مُخۡتَالٖ فَخُورٍ
Ivyo rero mukwiye kubimenya, kugira ntimwicwe n’intuntu ku vyabacitse kw’isi, no kugira ivyo muronkejwe n’Imana Allah ntibibatere ubwishime n’amanyama. Burya Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama ku vyo bahawe, bakishima ku bandi;
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يَبۡخَلُونَ وَيَأۡمُرُونَ ٱلنَّاسَ بِٱلۡبُخۡلِۗ وَمَن يَتَوَلَّ فَإِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡغَنِيُّ ٱلۡحَمِيدُ
Abagira amanyama bakishima ku bandi, ni barya baba ingumyi maze ntibatange mu nzira y’Imana Allah, bagaheza bakabwiriza n’abandi mu kubahimiriza kuba ingumyi. Uwugenjeje umugongo mu kutumvira Imana Allah, nta co azokwicira Imana Allah, kiretse ko inkurikizi mbi zizomugarukako we nyene. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا رُسُلَنَا بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَأَنزَلۡنَا مَعَهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡمِيزَانَ لِيَقُومَ ٱلنَّاسُ بِٱلۡقِسۡطِۖ وَأَنزَلۡنَا ٱلۡحَدِيدَ فِيهِ بَأۡسٞ شَدِيدٞ وَمَنَٰفِعُ لِلنَّاسِ وَلِيَعۡلَمَ ٱللَّهُ مَن يَنصُرُهُۥ وَرُسُلَهُۥ بِٱلۡغَيۡبِۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيٌّ عَزِيزٞ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa zacu zibangikanije ivyemezo bitomoye; Tuzimanurira n’Ibitabu birimwo amabwirizwa; Tumanura n’umunzani werekana ubutungane nya butungane, kugira abantu babeho bubahiriza ubutungane hagati yabo; Tumanura n’icuma rero gifise ubukomezi nta ngere, kikagira n’ibintu vyinshi ngirakamaro ku bantu. Ivyo vyose, kwari ukugira Imana Allah Yerekane ku vyo Isanzwe Izi, uwuharanira idini ryayo agatabara n’Intumwa zayo atarigera ayibona n’amaso. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا نُوحٗا وَإِبۡرَٰهِيمَ وَجَعَلۡنَا فِي ذُرِّيَّتِهِمَا ٱلنُّبُوَّةَ وَٱلۡكِتَٰبَۖ فَمِنۡهُم مُّهۡتَدٖۖ وَكَثِيرٞ مِّنۡهُمۡ فَٰسِقُونَ
Ni ukuri, Twaranarungitse Nuhu na Ibrahimu ku bantu babo, maze Tugira no mu ruvyaro rwabo Abavugishwamana Tubaha n’Ibitabu. Muri nya ruvyaro rwabo rero, harimwo umugororotsi, abenshi muri bo bakaba ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ قَفَّيۡنَا عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِم بِرُسُلِنَا وَقَفَّيۡنَا بِعِيسَى ٱبۡنِ مَرۡيَمَ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡإِنجِيلَۖ وَجَعَلۡنَا فِي قُلُوبِ ٱلَّذِينَ ٱتَّبَعُوهُ رَأۡفَةٗ وَرَحۡمَةٗۚ وَرَهۡبَانِيَّةً ٱبۡتَدَعُوهَا مَا كَتَبۡنَٰهَا عَلَيۡهِمۡ إِلَّا ٱبۡتِغَآءَ رِضۡوَٰنِ ٱللَّهِ فَمَا رَعَوۡهَا حَقَّ رِعَايَتِهَاۖ فَـَٔاتَيۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنۡهُمۡ أَجۡرَهُمۡۖ وَكَثِيرٞ مِّنۡهُمۡ فَٰسِقُونَ
Mu nyuma y’irungikwa rya Nuhu na Ibrahimu, Twakurikije izindi Ntumwa zacu, maze Dukurikiza irungikwa rya Isa mwene Mariyamu, maze Tumuha n’Injili, Turaheza Dushira mu mitima y’abamukurikiye ikigongwe n’impuhwe, bakaba barakundana koko. Mu nyuma, badukanye ukwihebera Imana Allah mu buryo bw’indenzarugero, eka mbere ntitwigeze Tubibategeka, bavyadukanye mu ntumbero ngo yo gushimisha Imana Allah, ariko ntibavyubahirije ukuri kwo kuvyubahiriza, Turaheza rero Duha abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo muri bo, indishi yabo hisunzwe ukwemera kwabo, abenshi muri bo ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَءَامِنُواْ بِرَسُولِهِۦ يُؤۡتِكُمۡ كِفۡلَيۡنِ مِن رَّحۡمَتِهِۦ وَيَجۡعَل لَّكُمۡ نُورٗا تَمۡشُونَ بِهِۦ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimushishikare kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah no kwemera Intumwa yayo, Imana Allah Izoheza Ibahe impuhwe zayo zigwijwe kabiri, Yongere Ibahe n'umuco mugenderako mu bugurorotsi bwanyu, Ibagumirize n’akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
لِّئَلَّا يَعۡلَمَ أَهۡلُ ٱلۡكِتَٰبِ أَلَّا يَقۡدِرُونَ عَلَىٰ شَيۡءٖ مِّن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَأَنَّ ٱلۡفَضۡلَ بِيَدِ ٱللَّهِ يُؤۡتِيهِ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Bemeramana! Imana Allah Yabahaye ivyo vyose, kugira abahawe Igitabu batemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bamenye, ko ata co bashoboye kwiha canke kubuza ko gishikira uwundi mu mpano z’Imana Allah, n’uko mu vy’ukuri impano zose ziri mu minwe y’Imana Allah, Izihereza uwo Ishatse mu baja bayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubugwaneza, Nyeningabirano zihambaye.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Surah: Al-Hadīd
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close