Check out the new design

Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti * - Daftar isi terjemahan

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Surah: Ar-Ra'd   Ayah:
۞ مَّثَلُ ٱلۡجَنَّةِ ٱلَّتِي وُعِدَ ٱلۡمُتَّقُونَۖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ أُكُلُهَا دَآئِمٞ وَظِلُّهَاۚ تِلۡكَ عُقۡبَى ٱلَّذِينَ ٱتَّقَواْۚ وَّعُقۡبَى ٱلۡكَٰفِرِينَ ٱلنَّارُ
Ibiranga Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana, ni uko musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi; ivyamwa vy’aho vyamaho; n’agatutu k’aho ntikigera karenga. Ihembwa ry’Ubwami bw’ijuru rero, ni ryo herezo ryiza ry’abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Nayo iherezo ry’abagarariji, ni mu muriro.
Tafsir berbahasa Arab:
وَٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَفۡرَحُونَ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَۖ وَمِنَ ٱلۡأَحۡزَابِ مَن يُنكِرُ بَعۡضَهُۥۚ قُلۡ إِنَّمَآ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱللَّهَ وَلَآ أُشۡرِكَ بِهِۦٓۚ إِلَيۡهِ أَدۡعُواْ وَإِلَيۡهِ مَـَٔابِ
No mu bahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara, harimwo abakwemeye baraheza baragukurikira[10], baranahimbarwa na Qor’ani wamanuriwe kuko ishimangira ukuri basanzwe bazi; no mu migwi yiyunze mu kukugarariza[11], harimwo abahakana bivuye inyuma bimwe mu vyo wamanuriwe. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni ukuri, nategetswe n’Imana Allah ko noyisenga Yo Yonyene, ntayibangikanya na kimwe; ndarikira abantu ko boyisenga ari Imwe Rudende batayibangikanya, n’ubuganuko bwanje rero ni kuri Yo”.
[10] Nk’umuyahudi yitwa Abdullahi mwene Salam n’umunaswara yitwa Al-Najashiy, akaba yari umwami wo muri Etiyopiya.
[11] Nka Al-Sayyid na Al’aqib, bari abapadiri b’ahitwa Najraani, na Ka’bu mwene Al-Ashraf.
Tafsir berbahasa Arab:
وَكَذَٰلِكَ أَنزَلۡنَٰهُ حُكۡمًا عَرَبِيّٗاۚ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم بَعۡدَ مَا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن وَلِيّٖ وَلَا وَاقٖ
Ntumwa y’Imana! Nk’uko Twamanuriye Ibitabu Abavugishwamana mu rurimi rwabo, Twakumanuriye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu, kugira ngo uyisunge mu gufata ingingo; niwahirahira rero ngo ukurikire ivyipfuzo vy’ababangikanyamana mu gusenga ikitari Imana Allah, inyuma y’aho umaze gushikirwa n’ukuri kuvuye ku Mana Allah, ntuzoronka umuhagarikizi agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka nta n’uwubigukingira uzoronka.
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا رُسُلٗا مِّن قَبۡلِكَ وَجَعَلۡنَا لَهُمۡ أَزۡوَٰجٗا وَذُرِّيَّةٗۚ وَمَا كَانَ لِرَسُولٍ أَن يَأۡتِيَ بِـَٔايَةٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ لِكُلِّ أَجَلٖ كِتَابٞ
Baratangazwa n’uko wabira abakenyezi kandi uri Intumwa! Ni ukuri, Twararungitse Intumwa aho hambere yawe, Tuziha ukwabira abakenyezi, Tunaziha n’uruvyaro. Baridoga ngo iyo aba ari Intumwa vy’ukuri, yari kutuzanira ibitangaro tumusaba. Nta Ntumwa n’imwe ifise ubushobozi bwo kuzana igitangaro atari ku bubasha n'ubushake vy’Imana Allah. Burya rero, isango ry’ishirwa mu ngiro ry’ikintu cose, riba ryaranditswe mu vyagezwe n’Imana Allah;
Tafsir berbahasa Arab:
يَمۡحُواْ ٱللَّهُ مَا يَشَآءُ وَيُثۡبِتُۖ وَعِندَهُۥٓ أُمُّ ٱلۡكِتَٰبِ
Imana Allah Iraheza Igahanagura ico Ishatse mu ngingo zayo, Ikanagumiza ivyo Ishatse gushira mu ngiro uko biri ku ntumbero nziza, ni na Yo Ifise Igitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo "Lawhu Mahfuudh".
Tafsir berbahasa Arab:
وَإِن مَّا نُرِيَنَّكَ بَعۡضَ ٱلَّذِي نَعِدُهُمۡ أَوۡ نَتَوَفَّيَنَّكَ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُ وَعَلَيۡنَا ٱلۡحِسَابُ
Ntumwa y’Imana! Hamwe Tworamuka Tukweretse bimwe mu bihano Twasezeraniye abagarariji, bizoba ari ibihano bahabwa bakiri kw’isi; nitwakwaka ubuzima ugapfa utarabibona naho, menya ko ico ujejwe gusa ari ugushikiriza ubutumwa, na Twe Tujejwe iharura ry’ivyo bakoze no kubibahembera.
Tafsir berbahasa Arab:
أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا نَأۡتِي ٱلۡأَرۡضَ نَنقُصُهَا مِنۡ أَطۡرَافِهَاۚ وَٱللَّهُ يَحۡكُمُ لَا مُعَقِّبَ لِحُكۡمِهِۦۚ وَهُوَ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ
Mbega abagarariji ntibabonye ko Twebwe Allah, Dufata isi Tukagabanya inkengera zayo [305]! Burya Imana Allah, ni Yo Ishinga amateka, nta n’umwe rero ashobora guhagarika ishirwa mu ngiro ryayo, ni na Yo Inyarutsa mu guharurira ibiremwa.
[305] Mu kwigarurira kw’abislamu ibihugu vy’ababangikanyamana.
Tafsir berbahasa Arab:
وَقَدۡ مَكَرَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَلِلَّهِ ٱلۡمَكۡرُ جَمِيعٗاۖ يَعۡلَمُ مَا تَكۡسِبُ كُلُّ نَفۡسٖۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلۡكُفَّٰرُ لِمَنۡ عُقۡبَى ٱلدَّارِ
Ab’aho hambere yabo, barateze imitego Intumwa Twabarungikiye; burya, itegura ry’imitego yose ni iry’Imana Allah, Irazi neza na neza ico umuntu uwo ari we wese akora, caba iciza canke ikibi, kandi Izokimuhembera. Abagarariji rero nibimbe bigera, bazomenya ku musi w’izuka, uwuzogira iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Surah: Ar-Ra'd
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti - Daftar isi terjemahan

Terjemahan oleh Yusuf Ghayiti. Terbitan Yayasan Afrika untuk Pengembangan.

Tutup