Check out the new design

Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti * - Daftar isi terjemahan

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Surah: Al-Isrā`   Ayah:
وَإِمَّا تُعۡرِضَنَّ عَنۡهُمُ ٱبۡتِغَآءَ رَحۡمَةٖ مِّن رَّبِّكَ تَرۡجُوهَا فَقُل لَّهُمۡ قَوۡلٗا مَّيۡسُورٗا
Niwirengagiza guha imperezwa abayigenewe, ku mvo zo kutagira ico wobaha, uzeye kuzoronka ico wobahako ku mpuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, uraheza ubabwire akajambo keza k’ituze kabaremesha ko niwaronka uzobaha;
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَجۡعَلۡ يَدَكَ مَغۡلُولَةً إِلَىٰ عُنُقِكَ وَلَا تَبۡسُطۡهَا كُلَّ ٱلۡبَسۡطِ فَتَقۡعُدَ مَلُومٗا مَّحۡسُورًا
Ntukabe rero ingumyi mu kudatanga mu bikorwa vy’igamburukiramana[354]; kandi ntugasesagure mu gutanga gushika n’aho utanga ibirengeye ubushobozi bwawe, maze ugatangura gutanako imiragwe n’abantu bakakunebagura, ugatangura kwicuza kw’isesagurwa ry’ubutunzi bwawe.
[354] Nko gusumira umuryango no gufasha aboro n’abakene batagira shinge na rugero, n’ibindi.
Tafsir berbahasa Arab:
إِنَّ رَبَّكَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iha uwo Ishatse umusesekara gusumba abandi mu bibeshaho ibiremwa, Ikagerera muri vyo uwo Ishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa vy’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَقۡتُلُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُمۡ خَشۡيَةَ إِمۡلَٰقٖۖ نَّحۡنُ نَرۡزُقُهُمۡ وَإِيَّاكُمۡۚ إِنَّ قَتۡلَهُمۡ كَانَ خِطۡـٔٗا كَبِيرٗا
Bantu! Ntimukice abana banyu ku mvo zo gutinya ko mwokena. Ni Twebwe Allah Tuzobabeshaho nk’uko na mwe Tubabeshejeho. Mu vy’ukuri, ukwica abana ku mvo zo gutinya gukena, ni icaha rutura;
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَقۡرَبُواْ ٱلزِّنَىٰٓۖ إِنَّهُۥ كَانَ فَٰحِشَةٗ وَسَآءَ سَبِيلٗا
Ntimukegere na gato ivyotuma mugwa mu busambanyi. Mu vy’ukuri ugusambana, ni icaha c'agahomerabunwa, ni n’inzira mbi itabereye namba;
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَقۡتُلُواْ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَمَن قُتِلَ مَظۡلُومٗا فَقَدۡ جَعَلۡنَا لِوَلِيِّهِۦ سُلۡطَٰنٗا فَلَا يُسۡرِف فِّي ٱلۡقَتۡلِۖ إِنَّهُۥ كَانَ مَنصُورٗا
Kandi ntimukice umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa, kiretse mu gihe hubahirijwe vy’ukuri ingingo yo kwica[355]. Uwishwe rero ku karenganyo, umuhagarikizi wiwe[356] Twebwe Allah Twaramuhaye ububasha bwo gusaba ubutungane ko uwamwiciye yokwicwa canke agatanga inshumbusho, kandi rero ntarekuriwe na gato kurenga ku ngingo yo kwihora ngo hicwe babiri canke barenga ku kwihorera iyicwa ry’umuntu umwe, canke ngo uwishe yicwe urw’agashinyaguro; mu vy’ukuri umuhagarikizi w’uwishwe, Imana Allah Izomutera intege gushika yihorere uwishwe;
[355] Nk’ingingo yo kwica uwishe, canke uwudohotse ku kwemera akava mu bwislamu “murtaddi”, canke uwusambanye yari yubatse urwiwe agaterwa amabuye gushika apfe.
[356] Umuhagarikizi arekuriwe gusaba ubutungane ko bwubahiriza ingingo yo kwihorera uwishwe. Umuhagarikizi arashobora kuba ari umwe mu basigwa biwe batorana, canke akaba mu ndongozi.
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ بِٱلۡعَهۡدِۖ إِنَّ ٱلۡعَهۡدَ كَانَ مَسۡـُٔولٗا
Vyongeye, ntimugatandukire amatungo y’impfuvyi mureze ngo muyakoreshe mu kuyigurana, kiretse mu bintu nkenerwa ku neza[357] ya nya mpfuvyi gushika igere mu bigero, ishobore no kumenya gukoresha nya matungo. Muraheza mwubahirize kandi n’isezerano mwemeye ryo kurera nya mpfuvyi no kuyicungerera amatungo yayo. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ko yubahirije isezerano, Iheze Imuhere niyaryubahiriza, canke Imuhane niyahemuka akaridohokako.
[357] Nko kuyakoresha mu bikorwa vyo kugwiza ubutunzi.
Tafsir berbahasa Arab:
وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ إِذَا كِلۡتُمۡ وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ وَأَحۡسَنُ تَأۡوِيلٗا
Nimukwize ingero nimwagerera abantu, mukwize neza n’ivyo mubagerera ku munzani. Ugutunganiriza abantu ku ngero canke ku munzani, ni vyo vyiza kuri mwebwe kw’isi, ni na vyo muzohemberwa indishi ishemeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَقۡفُ مَا لَيۡسَ لَكَ بِهِۦ عِلۡمٌۚ إِنَّ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡبَصَرَ وَٱلۡفُؤَادَ كُلُّ أُوْلَٰٓئِكَ كَانَ عَنۡهُ مَسۡـُٔولٗا
Muntu! Ntukihe gushira mu ngiro canke guhagarikira ivyo udafitiye ubumenyi. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa kw’ikoreshwa ry’amatwi, amaso n’umushaha. Niyakoresha rero ivyo bihimba ku neza, azoheza abihemberwe iciza; niyabikoresha naho ku nabi, azoheza abihemberwe ikibi;
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَمۡشِ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَحًاۖ إِنَّكَ لَن تَخۡرِقَ ٱلۡأَرۡضَ وَلَن تَبۡلُغَ ٱلۡجِبَالَ طُولٗا
Ntukagendagende n’amanyama n’ubwishime kw’isi, wewe mu vy’ukuri ntuzopfa utoboye isi ku manyama yawe; n’ubwishime bwawe kandi ntibuzotuma ungana n’umusozi mu burebure.
Tafsir berbahasa Arab:
كُلُّ ذَٰلِكَ كَانَ سَيِّئُهُۥ عِندَ رَبِّكَ مَكۡرُوهٗا
Izo ngingo n’amabwirizwa y’ibiziririjwe vyadondaguwe ng’aho hejuru, ibibi bibikomokako, Imana yawe Rurema Allah ntibikunda namba.
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Surah: Al-Isrā`
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti - Daftar isi terjemahan

Terjemahan oleh Yusuf Ghayiti. Terbitan Yayasan Afrika untuk Pengembangan.

Tutup