Check out the new design

Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti * - Daftar isi terjemahan

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Surah: Al-Baqarah   Ayah:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱتَّبِعُواْ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ قَالُواْ بَلۡ نَتَّبِعُ مَآ أَلۡفَيۡنَا عَلَيۡهِ ءَابَآءَنَآۚ أَوَلَوۡ كَانَ ءَابَآؤُهُمۡ لَا يَعۡقِلُونَ شَيۡـٔٗا وَلَا يَهۡتَدُونَ
Iyo abemeramana bahanuye abahuvye bakababwira bati: “Nimukurikire uburongozi n’ivyahishuwe n’Imana Allah muri Qor’ani”. Baragagaza bakishura bati: “Ahubwo nyabuna dukurikira ivyo twasanze abavyeyi bacu bakora!”. Mbega none, karashize ingani bakurikire abavyeyi babo n’aho boba ata na kimwe batahura ku vyerekeye Imana Allah n’uburongozi bwayo!
Tafsir berbahasa Arab:
وَمَثَلُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ كَمَثَلِ ٱلَّذِي يَنۡعِقُ بِمَا لَا يَسۡمَعُ إِلَّا دُعَآءٗ وَنِدَآءٗۚ صُمُّۢ بُكۡمٌ عُمۡيٞ فَهُمۡ لَا يَعۡقِلُونَ
Akarorero k’abahakanye n’uwubararikira ukwemera Imana Allah, ni nk’ak’umwungere acamura ibitungwa abikankamira kandi bitumva kiretse ijwi gusa, ntibiheze rero ngo bitahure insiguro y’amajambo. Ni ibipfamatwi, barabwirwa ntibumva ukuri, ni ibiragi ntibavuga ukuri, ni ibipfamaso barerekwa ntibabona inzira y’ukuri, eka mbere bobo ntibagira ubwenge ngo batahure icobagirira akamaro.
Tafsir berbahasa Arab:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ وَٱشۡكُرُواْ لِلَّهِ إِن كُنتُمۡ إِيَّاهُ تَعۡبُدُونَ
Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye, muheze mushimire vy’ukuri Imana Allah ku nema zayo nimwaba koko ari Yo gusa mwiyegereza mu vyo mukora vyose mukanayisenga.
Tafsir berbahasa Arab:
إِنَّمَا حَرَّمَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَيۡتَةَ وَٱلدَّمَ وَلَحۡمَ ٱلۡخِنزِيرِ وَمَآ أُهِلَّ بِهِۦ لِغَيۡرِ ٱللَّهِۖ فَمَنِ ٱضۡطُرَّ غَيۡرَ بَاغٖ وَلَا عَادٖ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ
Ivyo Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe, ni ivyobagirira ingaruka mbi nk’intumvyi[23], ikiremve (ubuseri), inyama y’ingurube n’ivyabagiwe rero ikitari Imana Allah. Kubera rero impuhwe z’Imana Allah kuri mwebwe, uwo wese ubuzima bwiwe buzoba bubangamiwe n’inzara, ararekuriwe gufungura ibikwiriye kurokora ubuzima atarengeje urugero canke ngo arenge imbibe z’ibirekuwe n’Imana Allah, uyo rero nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[23] Igitungwa capfuye kidakerewe kw’izina ry’Imana Allah.
Tafsir berbahasa Arab:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡتُمُونَ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَيَشۡتَرُونَ بِهِۦ ثَمَنٗا قَلِيلًا أُوْلَٰٓئِكَ مَا يَأۡكُلُونَ فِي بُطُونِهِمۡ إِلَّا ٱلنَّارَ وَلَا يُكَلِّمُهُمُ ٱللَّهُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَلَا يُزَكِّيهِمۡ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ
Mu vy’ukuri, abanyegeza ivyo Imana Allah Yamanuye mu Bitabu vyayo, biranga bikemeza ko ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari ukuri, bakanemera kwakira impongano nto nk’ikiguzi c’ukwo kunyegeza ukuri, abo ntibashira mu nda zabo kiretse umuriro udahera. Imana Allah ntizobavugisha ku musi w’izuka, eka mbere ntizonabeza ivyaha vyabo. Baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Tafsir berbahasa Arab:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ ٱشۡتَرَوُاْ ٱلضَّلَٰلَةَ بِٱلۡهُدَىٰ وَٱلۡعَذَابَ بِٱلۡمَغۡفِرَةِۚ فَمَآ أَصۡبَرَهُمۡ عَلَى ٱلنَّارِ
Abo ni bo rero biguze ubuhuvyi ha kurongoka, bongera bigura ibihano ha kurondera kugirirwa imbabazi n’Imana Allah. Barubahuka bakarenza ntuze, none ni igiki kizotuma bihanganira umuriro udahera!
Tafsir berbahasa Arab:
ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱللَّهَ نَزَّلَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّۗ وَإِنَّ ٱلَّذِينَ ٱخۡتَلَفُواْ فِي ٱلۡكِتَٰبِ لَفِي شِقَاقِۭ بَعِيدٖ
Ivyo bihano rero barabikwiye, kuko Imana Allah Yamanuye Ibitabu birimwo ukuri kugaragara, baraheza barabihakana bivuye inyuma. Mu vy’ukuri, abacanyemwo bakemera bimwe mu biri mu Gitabu bagahakana ibindi, bari mu mpari ziri kure y’ukuri.
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Surah: Al-Baqarah
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti - Daftar isi terjemahan

Terjemahan oleh Yusuf Ghayiti. Terbitan Yayasan Afrika untuk Pengembangan.

Tutup