Terjemahan makna Alquran Alkarim - الترجمة الكيروندية * - Daftar isi terjemahan

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Ayah: (258) Surah: Surah Al-Baqarah
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِي حَآجَّ إِبۡرَٰهِـۧمَ فِي رَبِّهِۦٓ أَنۡ ءَاتَىٰهُ ٱللَّهُ ٱلۡمُلۡكَ إِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّيَ ٱلَّذِي يُحۡيِۦ وَيُمِيتُ قَالَ أَنَا۠ أُحۡيِۦ وَأُمِيتُۖ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ فَإِنَّ ٱللَّهَ يَأۡتِي بِٱلشَّمۡسِ مِنَ ٱلۡمَشۡرِقِ فَأۡتِ بِهَا مِنَ ٱلۡمَغۡرِبِ فَبُهِتَ ٱلَّذِي كَفَرَۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Mbega urabona igitangaje kiruta ukuntu uwuraho yahaririye n’Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), ku bijanye n’ukwemera Imana yiwe Rurema Allah, ku kubera ko Imana Allah Yamuhaye ubwami maze akihambaza! Igihe yabaza Intumwa Ibrahimu ati: “Imana yawe Rurema ni nde?”. Intumwa Ibrahimu iraheza iramwishura iti: “Imana yanje Rurema, ni Irya Iha ibiremwa ubuzima bikabaho, Ikongera Ikavyaka ubuzima bigapfa”. Na we ati: “Jewe ndatanga ubuzima nkongera nkica uwo nshatse”. Intumwa Ibrahimu ivuga iti: “Mu vy’ukuri Imana nsenga, Iserura izuba mu buseruko, enda rero na we riserure mu burengero!”. Ni ho wa mugarariji yajumararirwa ubwanwa bupfuka umunwa. Burya Imana Allah ntirongora mu nzira y’ukuri abirenganya ku bugaba bwabo.
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Ayah: (258) Surah: Surah Al-Baqarah
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - الترجمة الكيروندية - Daftar isi terjemahan

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Tutup