Check out the new design

Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti * - Daftar isi terjemahan

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Surah: An-Naml   Ayah:
إِنِّي وَجَدتُّ ٱمۡرَأَةٗ تَمۡلِكُهُمۡ وَأُوتِيَتۡ مِن كُلِّ شَيۡءٖ وَلَهَا عَرۡشٌ عَظِيمٞ
Mu vy’ukuri jewe, nasanze hari umugore ategeka abantu bo muri Saba-i, uyo mugore yahawe ivyiza vyose vy'isi bishoboka, akaba afise n’intebe y’inganji ihambaye, yicarako mu gihe co gutunganya ivy’ubutegetsi bwiwe;
Tafsir berbahasa Arab:
وَجَدتُّهَا وَقَوۡمَهَا يَسۡجُدُونَ لِلشَّمۡسِ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَصَدَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّبِيلِ فَهُمۡ لَا يَهۡتَدُونَ
Nya mugore n’abantu biwe rero, nabasanze basenga bakubamira izuba mu gishingo c’Imana Allah; shetani na yo yarabaryohereje gukora ibikorwa bibi, iraheza ibabera inzitizi mu kwemera Imana Imwe Rudende Allah, ntibashobora rero gutumbera inzira yo kwemera;
Tafsir berbahasa Arab:
أَلَّاۤ يَسۡجُدُواْۤ لِلَّهِ ٱلَّذِي يُخۡرِجُ ٱلۡخَبۡءَ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَيَعۡلَمُ مَا تُخۡفُونَ وَمَا تُعۡلِنُونَ
Shetani yabaryohereje gukora ivyo bibi, kugira ntibubamire Imana Allah Iserura ibinyegejwe mu majuru n’isi; nk’imvura n’ibimera, n’ibindi, Ikaba Izi neza ivyo mugirira mu mpisho n’ivyo mugirira ku mugaragaro;
Tafsir berbahasa Arab:
ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ رَبُّ ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡعَظِيمِ۩
Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo Rurema w’Ubuhangamo buhambaye[4]”.
[4] Ubuhangamo “ARSH”, ni co kiremwa kinini cane gusumba ibindi biremwa vyose. Usomye iyi Aayah ukagera ku mpera, uca wubama.
Tafsir berbahasa Arab:
۞ قَالَ سَنَنظُرُ أَصَدَقۡتَ أَمۡ كُنتَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ
Sulayimani yishuye Hudihudi ati: “Reka turahava twihweza neza iyo nkuru utuzaniye ko wavuze ukuri canke ko hoba harimwo ikinyoma!
Tafsir berbahasa Arab:
ٱذۡهَب بِّكِتَٰبِي هَٰذَا فَأَلۡقِهۡ إِلَيۡهِمۡ ثُمَّ تَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَٱنظُرۡ مَاذَا يَرۡجِعُونَ
Subira ku bantu bo muri Saba-i, maze ugende ujanye n’iri kete ryanje uribahereze, hanyuma wigire ku ruhande hafi yabo ku buryo ushobora kwumva ivyo barivugako”.
Tafsir berbahasa Arab:
قَالَتۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ إِنِّيٓ أُلۡقِيَ إِلَيَّ كِتَٰبٞ كَرِيمٌ
Hudihudi yarashikanye nya kete ku mwamikazi waho; uyo mwamikazi amaze kurisoma, yaciye akoranya abunganizi biwe mu nama, maze Hudihudi yumva wa mwamikazi avuga ati: “Emwe bunganizi banje! Mu vy’ukuri jewe, mpejeje kuronka ikete rihambaye, rirungitswe n’umuntu yubashwe;
Tafsir berbahasa Arab:
إِنَّهُۥ مِن سُلَيۡمَٰنَ وَإِنَّهُۥ بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
Iryo kete rivuye kwa Sulayimani, rikaba ritangura riti: “Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
Tafsir berbahasa Arab:
أَلَّا تَعۡلُواْ عَلَيَّ وَأۡتُونِي مُسۡلِمِينَ
Ntimugire amanyama ku vyo ndabararikiye, kandi muze aho ndi mwicishije bugufi muri abislamu””.
Tafsir berbahasa Arab:
قَالَتۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَؤُاْ أَفۡتُونِي فِيٓ أَمۡرِي مَا كُنتُ قَاطِعَةً أَمۡرًا حَتَّىٰ تَشۡهَدُونِ
Umwamikazi yavuze ati: “Bunganizi banje! Nimumpanure munyereke ingingo nofata kuri iri kete, sinari gushobora gufata ingingo mutabanje kugira ico mumpanuye, mugaheza mukemeza ico dupfunditse”.
Tafsir berbahasa Arab:
قَالُواْ نَحۡنُ أُوْلُواْ قُوَّةٖ وَأُوْلُواْ بَأۡسٖ شَدِيدٖ وَٱلۡأَمۡرُ إِلَيۡكِ فَٱنظُرِي مَاذَا تَأۡمُرِينَ
Ba bunganizi bishuye umwamikazi bati: “Twebwe turafise ingabo zikwiye n’ibirwanisho bikwiye; kandi turi inshirwarimenetse ku rugamba, ingingo ya nyuma rero ikwiye gufatwa na we, raba ico wodutegeka gukora, duheze twubahirize itegeko ryawe”.
Tafsir berbahasa Arab:
قَالَتۡ إِنَّ ٱلۡمُلُوكَ إِذَا دَخَلُواْ قَرۡيَةً أَفۡسَدُوهَا وَجَعَلُوٓاْ أَعِزَّةَ أَهۡلِهَآ أَذِلَّةٗۚ وَكَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ
Umwamikazi, yavuze abagabisha ku ngaruka mbi zo guhangana na Sulayimani, ati: “Mu vy’ukuri, iyo abami binjiye n’ingabo zabo bakigarurira agacimbiri ku nguvu, baraheza bakagasambura, abubahwa muri ko, bagacika ba nyarucari basuzuguritse; muri bo hakaba abicwa hakaba n’abagirwa imbohe. Iyo rero, ni yo nyifato y’abami kugira batinyike;
Tafsir berbahasa Arab:
وَإِنِّي مُرۡسِلَةٌ إِلَيۡهِم بِهَدِيَّةٖ فَنَاظِرَةُۢ بِمَ يَرۡجِعُ ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Mu vy’ukuri jewe, ngira ndungikire Sulayimani n’abantu biwe utuganuke tw’agaciro, mpeze ndamwikundwakazeko, mu kurindira inyishu ihava izanwa n’intumwa ndungitse”.
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Surah: An-Naml
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti - Daftar isi terjemahan

Terjemahan oleh Yusuf Ghayiti. Terbitan Yayasan Afrika untuk Pengembangan.

Tutup