Check out the new design

Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti * - Daftar isi terjemahan

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Surah: Ar-Rūm   Ayah:
وَلَئِنۡ أَرۡسَلۡنَا رِيحٗا فَرَأَوۡهُ مُصۡفَرّٗا لَّظَلُّواْ مِنۢ بَعۡدِهِۦ يَكۡفُرُونَ
N’iyo Tworamuka Turungikiye ibiterwa vyabo umuyaga w’igihuhusi ukavyonona, maze bakabona ko nya biterwa vyahishiye inyuma y’aho vyasa n’urwatsi rubisi, ni ukuri n’inyuma y’ivyo vyose, boguma bihakana inema z’Imana Allah.
Tafsir berbahasa Arab:
فَإِنَّكَ لَا تُسۡمِعُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَلَا تُسۡمِعُ ٱلصُّمَّ ٱلدُّعَآءَ إِذَا وَلَّوۡاْ مُدۡبِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, ntushobora gutuma ibipfamutima bitanyurwa vyumva ukuri bikagukurikira; eka ntushobora no gutuma ibipfamatwi vyumva ubutumwa bikabutegera mu gihe bigenjeje umugongo bikwirengagiza[17];
[17] Ntumwa y’Imama! Ntugatuntuzwe rero n’ukubona ababangikanyamana batakwemera ngo bagukurikire, kuko bo ni nk’ibiragi ntibumva; ni nk’abapfuye, ntibanyurwa namba n’aho boba bari hambavu yawe, nkeswe rero mu gihe baguhunga ngo ntibumve n’ubutumwa ubashikiriza.
Tafsir berbahasa Arab:
وَمَآ أَنتَ بِهَٰدِ ٱلۡعُمۡيِ عَن ضَلَٰلَتِهِمۡۖ إِن تُسۡمِعُ إِلَّا مَن يُؤۡمِنُ بِـَٔايَٰتِنَا فَهُم مُّسۡلِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Eka ntunashobora no kurongora mu nzira y’ukuri abo Imana Allah Yahubishije mu kutabashoboza kubona ukuri, maze bagahuba ku bugaba bwabo. Burya ushoboye kwumvisha gusa abemeye Aayah zacu za Qor’ani, bagaheza bakicisha bugufi mu kwubahiriza ivyo ubararikiye.
Tafsir berbahasa Arab:
۞ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن ضَعۡفٖ ثُمَّ جَعَلَ مِنۢ بَعۡدِ ضَعۡفٖ قُوَّةٗ ثُمَّ جَعَلَ مِنۢ بَعۡدِ قُوَّةٖ ضَعۡفٗا وَشَيۡبَةٗۚ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ وَهُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡقَدِيرُ
Imana Allah ni Yo Yabaremye mw’ima ry’intanga zigayitse, inyuma y’intege nke zo mu bwana, Ibaha n’inguvu zo mu bukuru; mu nyuma y’aho, Ibaha intege nke n’imvi mu busaza. Burya Imana Allah, Irema uko Ishatse mu gutanga intege nke canke mu gutanga inguvu; ni Yo Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiremwa vyayo, ni Mushoboravyose.
Tafsir berbahasa Arab:
وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يُقۡسِمُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ مَا لَبِثُواْ غَيۡرَ سَاعَةٖۚ كَذَٰلِكَ كَانُواْ يُؤۡفَكُونَ
Umusi rero umuhero w’isi wageze, hanyuma Imana Allah Ikazura abapfuye bose, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo, bazorahira barengwe ko batigeze baba kw’isi kiretse akanya isase. Bazoheza rero barahire babesha nk’uko bahora babesha kw’isi mu guhakana ukuri bashikirijwe n’Intumwa.
Tafsir berbahasa Arab:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ وَٱلۡإِيمَٰنَ لَقَدۡ لَبِثۡتُمۡ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡبَعۡثِۖ فَهَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡبَعۡثِ وَلَٰكِنَّكُمۡ كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Nayo abahawe ubumenyi n’ukwemera Imana Allah, mu bamalayika, mu Ntumwa no mu bemeramana, bazoheza bavuge bati: “Ni ukuri, mwabaye kw’isi ikiringo mwandikiwe mu Gitabu c’ivyagezwe ku Mana Allah kuva muremwa, gushika kuri uno musi w’izurwa ry’ibiremwa, ariko rero mukiri kw’isi ntimwari muzi ko uno musi uzobashikira, maze murawuhakana”.
Tafsir berbahasa Arab:
فَيَوۡمَئِذٖ لَّا يَنفَعُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مَعۡذِرَتُهُمۡ وَلَا هُمۡ يُسۡتَعۡتَبُونَ
Kuri uwo musi w’izuka rero, abirenganije, ivyireguzo vyabo nta co bizobamarira, eka ntibazonasabwa no gushimisha Imana Allah mu kwigaya.
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَقَدۡ ضَرَبۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖۚ وَلَئِن جِئۡتَهُم بِـَٔايَةٖ لَّيَقُولَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا مُبۡطِلُونَ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twarahaye abantu muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye kandi butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakabugendera mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Ntumwa y’Imana! N’aho wobazanira icemezo kingana gute coza cerekana ko uri mu kuri koko, ni ukuri abakugararije bovuga bati: “Mwebwe nta co muvuga atari irementanya gusa”.
Tafsir berbahasa Arab:
كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Itera ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’abatazi ukuri kw’ivyo wabazaniye bivuye ku Mana yawe Allah.
Tafsir berbahasa Arab:
فَٱصۡبِرۡ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞۖ وَلَا يَسۡتَخِفَّنَّكَ ٱلَّذِينَ لَا يُوقِنُونَ
Ihanganire rero ihakana n’ibangamira ry’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, isezerano wahawe n’Imana Allah ryo gushika ku ntsinzi no guhabwa indishi, ni iry’ukuri. Abatemera umuhero w’isi ngo bizere ko bazohemberwa ivyo bakoze, ntibazogutiriganishe namba kw’idini ryawe.
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Surah: Ar-Rūm
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti - Daftar isi terjemahan

Terjemahan oleh Yusuf Ghayiti. Terbitan Yayasan Afrika untuk Pengembangan.

Tutup