Check out the new design

Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti * - Daftar isi terjemahan

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Surah: An-Nisā`   Ayah:
وَإِذَا كُنتَ فِيهِمۡ فَأَقَمۡتَ لَهُمُ ٱلصَّلَوٰةَ فَلۡتَقُمۡ طَآئِفَةٞ مِّنۡهُم مَّعَكَ وَلۡيَأۡخُذُوٓاْ أَسۡلِحَتَهُمۡۖ فَإِذَا سَجَدُواْ فَلۡيَكُونُواْ مِن وَرَآئِكُمۡ وَلۡتَأۡتِ طَآئِفَةٌ أُخۡرَىٰ لَمۡ يُصَلُّواْ فَلۡيُصَلُّواْ مَعَكَ وَلۡيَأۡخُذُواْ حِذۡرَهُمۡ وَأَسۡلِحَتَهُمۡۗ وَدَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡ تَغۡفُلُونَ عَنۡ أَسۡلِحَتِكُمۡ وَأَمۡتِعَتِكُمۡ فَيَمِيلُونَ عَلَيۡكُم مَّيۡلَةٗ وَٰحِدَةٗۚ وَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ إِن كَانَ بِكُمۡ أَذٗى مِّن مَّطَرٍ أَوۡ كُنتُم مَّرۡضَىٰٓ أَن تَضَعُوٓاْ أَسۡلِحَتَكُمۡۖ وَخُذُواْ حِذۡرَكُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ أَعَدَّ لِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٗا مُّهِينٗا
Muvugishwamana! Mu gihe uri kumwe n’ingendanyi ku rugamba, maze ugashaka kuzisengesha, umugwi umwe muri zo urahaguruka uheze uwusengeshe, maze ugumane ibirwanisho vyawo; uwo mugwi niwubama, uwundi mugwi utariko urasenga, uraca uguma urikanuye, maze uhagarare inyuma yanyu, ubacungerereye umutekano, gutyo wa mugwi wa mbere ubandanye gusenga icunamo kigira kabiri, uheze unasozere isengesho hanyuma uramutse. Hace haza wa mugwi wa kabiri utarasenga, ugusange ukiri mu cunamo ca kabiri, ushoke uwusengesha icunamo cawo ca mbere, uheze usozere uramutse ukwijije icunamo cawe kigira kabiri, hanyuma uwo mugwi ubandanye gusenga icunamo kigira kabiri, maze wiyubare umwansi wawo, uheze ugumane ibirwanisho vyawo. Abagararije baripfuje ko mwogotwa na gato mugashira ibirwanisho n’ibikoresho vyanyu hasi, bagaca babaca mu ryahumye bakabatera igitero sindamusiga. Nta caha rero kuri mwebwe co gushira ibirwanisho hasi, mu gihe hoba hari ibibabangamiye nk’imvura canke indwara, mu gihe mwokwama mugavye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yarategekanirije abagarariji ibihano bisuzuguza;
Tafsir berbahasa Arab:
فَإِذَا قَضَيۡتُمُ ٱلصَّلَوٰةَ فَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ قِيَٰمٗا وَقُعُودٗا وَعَلَىٰ جُنُوبِكُمۡۚ فَإِذَا ٱطۡمَأۡنَنتُمۡ فَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَۚ إِنَّ ٱلصَّلَوٰةَ كَانَتۡ عَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ كِتَٰبٗا مَّوۡقُوتٗا
Nimwaheza gusenga rero, murashishikara muninahaza Imana Allah muyitazira uko muzoba muri kwose, muhagaze, mwicaye no mu gihe mukitse urubavu. Nimwatekana urugamba ruheze, muraheza musenge isengesho rikwije ivyunamo, muryitwararike. Mu vy’ukuri, isengesho ku bemeramana ryamye ritegetswe gusengwa ku mwanya ryagenewe;
Tafsir berbahasa Arab:
وَلَا تَهِنُواْ فِي ٱبۡتِغَآءِ ٱلۡقَوۡمِۖ إِن تَكُونُواْ تَأۡلَمُونَ فَإِنَّهُمۡ يَأۡلَمُونَ كَمَا تَأۡلَمُونَۖ وَتَرۡجُونَ مِنَ ٱللَّهِ مَا لَا يَرۡجُونَۗ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَكِيمًا
Ntimugacike intege mu gukurikirana no mu kurwanya abansi banyu. Nimwaba mubabazwa n’indwano n’inkurikizi zayo, nimumenye ko mu vy’ukuri n’abansi banyu bababazwa n’indwano n’inkurikizi zayo; nk’uko bibababaza na mwe, mu gihe mwizeye ku Mana Allah indishi n’intsinzi bobo batizeye, burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuri ku vyakozwe n’ibiremwa, Intungane mu vyo Ikora.
Tafsir berbahasa Arab:
إِنَّآ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ لِتَحۡكُمَ بَيۡنَ ٱلنَّاسِ بِمَآ أَرَىٰكَ ٱللَّهُۚ وَلَا تَكُن لِّلۡخَآئِنِينَ خَصِيمٗا
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah Twakumanuriye Igitabu ca Qor’ani kirimwo ukuri kuzima, kugira utunganirize abantu bose ku vyo wahishuriwe ukerekwa n’Imana Allah, ntugakingire na gato rero abantu bihemukira mu kunyegeza ukuri;
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Surah: An-Nisā`
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - Terjemahan Berbahasa Kirundi - Yusuf Ghiti - Daftar isi terjemahan

Terjemahan oleh Yusuf Ghayiti. Terbitan Yayasan Afrika untuk Pengembangan.

Tutup