Terjemahan makna Alquran Alkarim - الترجمة الكيروندية * - Daftar isi terjemahan

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Terjemahan makna Ayah: (54) Surah: Surah Al-A'rāf
إِنَّ رَبَّكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يُغۡشِي ٱلَّيۡلَ ٱلنَّهَارَ يَطۡلُبُهُۥ حَثِيثٗا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ وَٱلنُّجُومَ مُسَخَّرَٰتِۭ بِأَمۡرِهِۦٓۗ أَلَا لَهُ ٱلۡخَلۡقُ وَٱلۡأَمۡرُۗ تَبَارَكَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Ituma ijoro rihwikira umurango bugaheza bukira, Igatuma n'umurango uhwikira ijoro bugaheza bugaca; kimwe cose muri ivyo, kigakurikira ikindi bukebuke bikurakuranwa igihe cose. Ni na Yo Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, vyose bikaba vyicishije bugufi bigenzwa n’itegeko ryayo, ni n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah Iriho. Bantu nimwumve mwumvireho! Iremwa n’itegekwa ry’ivyo vyose ni iryayo, harakubahwa haninahazwe rero Imana Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Tafsir berbahasa Arab:
 
Terjemahan makna Ayah: (54) Surah: Surah Al-A'rāf
Daftar surah Nomor Halaman
 
Terjemahan makna Alquran Alkarim - الترجمة الكيروندية - Daftar isi terjemahan

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Tutup