Check out the new design

Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti * - Indice Traduzioni

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traduzione dei significati Sura: Ar-Ra‘d   Versetto:
وَيَسۡتَعۡجِلُونَكَ بِٱلسَّيِّئَةِ قَبۡلَ ٱلۡحَسَنَةِ وَقَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِهِمُ ٱلۡمَثُلَٰتُۗ وَإِنَّ رَبَّكَ لَذُو مَغۡفِرَةٖ لِّلنَّاسِ عَلَىٰ ظُلۡمِهِمۡۖ وَإِنَّ رَبَّكَ لَشَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Ntumwa y’Imana! Abahakanyi bagusaba ko wokwihutira kubasabira igihano c’ihakana ryabo, imbere yuko bemera bagakora ivyiza vyotuma badahanwa; kandi mu vy’ukuri, aho hambere yabo, hari abahakanyi bamaze guhanwa, ubwo ntibokwikebuka! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ni Nyenukubabarira ivyaha ku bantu bigaya ku vyaha bakoze; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe.
Esegesi in lingua araba:
وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦٓۗ إِنَّمَآ أَنتَ مُنذِرٞۖ وَلِكُلِّ قَوۡمٍ هَادٍ
Abagarariji b’i Makka bavuga ku kagagazo n'akantu bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, wewe uri Umugabisha ku bihano vy’Imana Allah. Burya rero, umugwi wose w’abantu wararungikiwe Intumwa iwurongora mu nzira y’Imana Allah.
Esegesi in lingua araba:
ٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تَحۡمِلُ كُلُّ أُنثَىٰ وَمَا تَغِيضُ ٱلۡأَرۡحَامُ وَمَا تَزۡدَادُۚ وَكُلُّ شَيۡءٍ عِندَهُۥ بِمِقۡدَارٍ
Imana Allah Irazi neza icibungenzwe kikiri mu nda; ko kizoba ari igitsina-gabo canke igitsina-gore; ko kizoba ari ikigaba canke umugororotsi. Irazi neza n’ibitereko bizokorora imbanyi, ibizoyivyara itageze canke irengeje amezi icenda. Ikintu ico ari co cose rero, ku Mana Allah caragezwe.
Esegesi in lingua araba:
عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡكَبِيرُ ٱلۡمُتَعَالِ
Ni Yo Rumenyi w’ibinyegeje n’ibiboneka, Nyenubukuru muri vyose, Nyenukwiganza kuri vyose.
Esegesi in lingua araba:
سَوَآءٞ مِّنكُم مَّنۡ أَسَرَّ ٱلۡقَوۡلَ وَمَن جَهَرَ بِهِۦ وَمَنۡ هُوَ مُسۡتَخۡفِۭ بِٱلَّيۡلِ وَسَارِبُۢ بِٱلنَّهَارِ
Ni co kimwe rero kuri Yo, uwugize ico avuga muri mwebwe mw’ibanga canke ku mugaragaro, n’uwugize ico akora yikinze agahumbezi k’ijoro canke ku murango izuba riva, Imana Allah Irabimenya.
Esegesi in lingua araba:
لَهُۥ مُعَقِّبَٰتٞ مِّنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَمِنۡ خَلۡفِهِۦ يَحۡفَظُونَهُۥ مِنۡ أَمۡرِ ٱللَّهِۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُغَيِّرُ مَا بِقَوۡمٍ حَتَّىٰ يُغَيِّرُواْ مَا بِأَنفُسِهِمۡۗ وَإِذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِقَوۡمٖ سُوٓءٗا فَلَا مَرَدَّ لَهُۥۚ وَمَا لَهُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَالٍ
Imana Allah Irafise abamalayika bakurakuranwa mu gucungera umuntu imbere n’inyuma yiwe, bamubungabunze kw’itegeko ry’Imana Allah, bandika ivyo akora vyose: vyaba ivyiza canke ibibi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntiyaka abantu inema Yabahaye atari uko babanje guhinduka bo nyene, bakarenga ku mabwirizwa yayo. Iyo rero Imana Allah Ishatse igerageza ry’umugwi w’abantu, nta kirihagarika, eka nta n’umwe boronka yobahagarikira, akanabatunganiriza ivyabo atari Yo;
Esegesi in lingua araba:
هُوَ ٱلَّذِي يُرِيكُمُ ٱلۡبَرۡقَ خَوۡفٗا وَطَمَعٗا وَيُنشِئُ ٱلسَّحَابَ ٱلثِّقَالَ
Ni Yo Ibereka mu vyemezo vyayo umuravyo, gutyo mugatinya ko mwokubitwa n’inkuba, mukanipfuza ko imvura yogwa; ni no ku bushobozi bwayo rero, Irema ibicu bibitse imvura ku neza yanyu.
Esegesi in lingua araba:
وَيُسَبِّحُ ٱلرَّعۡدُ بِحَمۡدِهِۦ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ مِنۡ خِيفَتِهِۦ وَيُرۡسِلُ ٱلصَّوَٰعِقَ فَيُصِيبُ بِهَا مَن يَشَآءُ وَهُمۡ يُجَٰدِلُونَ فِي ٱللَّهِ وَهُوَ شَدِيدُ ٱلۡمِحَالِ
Burya rero, imituragaro iraninahaza Imana Allah kw’ishimagizwa ryayo, abamalayika na bo bakayeza bayitagatifuza mu kuyitinya, maze Imana Allah Ikarungika inkuba, abo Ishatse mu biremwa bagakubitwa na nya nkuba bagahwera, abagarariji na bo bakabandanya guharira ko hari Imana Imwe Rudende Allah Ishoboye kuzura ibiremwa, kandi ari Yo Nyeninguvu Nyenubushobozi mu guhana ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.
Esegesi in lingua araba:
 
Traduzione dei significati Sura: Ar-Ra‘d
Indice delle Sure Numero di pagina
 
Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti - Indice Traduzioni

Tradotta da Yusuf Ghayiti. Pubblicata dalla African Foundation for Development.

Chiudi