Check out the new design

Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti * - Indice Traduzioni

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traduzione dei significati Sura: An-Nahl   Versetto:
ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَصَدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ زِدۡنَٰهُمۡ عَذَابٗا فَوۡقَ ٱلۡعَذَابِ بِمَا كَانُواْ يُفۡسِدُونَ
Ntumwa y’Imana! Abagararije bagahakana Imana Allah n’Intumwa yayo, bakanaburagiza abantu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, Tuzobaha ibihano vy'iburagiza ryabo vyiyongereye ku bihano vy'igarariza ryabo, bitewe no kugenzwa n’ubwononyi kwabo.
Esegesi in lingua araba:
وَيَوۡمَ نَبۡعَثُ فِي كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدًا عَلَيۡهِم مِّنۡ أَنفُسِهِمۡۖ وَجِئۡنَا بِكَ شَهِيدًا عَلَىٰ هَٰٓؤُلَآءِۚ وَنَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ تِبۡيَٰنٗا لِّكُلِّ شَيۡءٖ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi umusi Twarengukije mu mugwi umwumwe w’abantu icabona kibagiriza, ico cabona kikazoba ari Intumwa Twawurungikiye ivuye muri wo nyene, maze Tukakurengutsa na we kugira ubere icabona aba bantu warungitsweko, ko wabashikirije ubutumwa. Twakumanuriye n’Igitabu ca Qor’ani kugira gitomore ikintu ico ari co cose gikeneye insiguro, congere kibere uburongozi n’impuhwe abacemera, kibere n’inkuru nziza iremesha abislamu.
Esegesi in lingua araba:
۞ إِنَّ ٱللَّهَ يَأۡمُرُ بِٱلۡعَدۡلِ وَٱلۡإِحۡسَٰنِ وَإِيتَآيِٕ ذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَيَنۡهَىٰ عَنِ ٱلۡفَحۡشَآءِ وَٱلۡمُنكَرِ وَٱلۡبَغۡيِۚ يَعِظُكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ
Mu vy’ukuri Imana Allah, Ibwiriza abaja bayo muri Qor’ani gutunganiriza abandi ata nkunzi; kurangwa n’ubugwaneza mu kuyisenga batayibangikanya, mu kwubahiriza amabwirizwa yayo no mu kwitwararika abandi; kwunga ubucuti bw’abavandimwe mu kubaha imperezwa; Ikababuza no gukora ivyaha vy'agahomerabunwa, ibicumuro no kurenganya abandi. Imana Allah rero, Irabakebura mu kubaha izi mpanuro, kugira mwibuke amabwirizwa yayo muheze muyubahirize.
Esegesi in lingua araba:
وَأَوۡفُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ إِذَا عَٰهَدتُّمۡ وَلَا تَنقُضُواْ ٱلۡأَيۡمَٰنَ بَعۡدَ تَوۡكِيدِهَا وَقَدۡ جَعَلۡتُمُ ٱللَّهَ عَلَيۡكُمۡ كَفِيلًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا تَفۡعَلُونَ
Enda nyabuna rero, ba mwubahiriza isezerano ry’Imana Allah iyo hagize ico mwiyemeza kuri Yo, canke ku bantu mu gihe kidaciye kubiri n’amabwirizwa yayo; kandi ntimukisubireko mu ndahiro inyuma yo kuzishimangira, maze mukagira n'Imana Allah Umuhagarikizi wanyu igihe musezerana. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ivyo mukora, Izonabibahembera.
Esegesi in lingua araba:
وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّتِي نَقَضَتۡ غَزۡلَهَا مِنۢ بَعۡدِ قُوَّةٍ أَنكَٰثٗا تَتَّخِذُونَ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ أَن تَكُونَ أُمَّةٌ هِيَ أَرۡبَىٰ مِنۡ أُمَّةٍۚ إِنَّمَا يَبۡلُوكُمُ ٱللَّهُ بِهِۦۚ وَلَيُبَيِّنَنَّ لَكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ
Ntimukisubireko rero kw’isezerano mwahanye, ngo mube nk’umugore ari aho yajisha hanyuma yamara guheza, agaca ajishura ivyo yajishe; aho mugira indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, maze mukisubirako ku vyo mwasezeranye, mu gihe mubonye ko inyungu n’akamaro kanini kari mw’isezerano rindi mwogiranira n’abandi bantu. Ni ukuri Imana Allah, Irabagerageza kw’ibwirizwa ryo kwubahiriza amasezerano no kutisubirako mu ndahiro. Ni ukuri, Izobamenyesha ku musi w’izuka ukuri ku vyo mwahora muhazanako mw’idini no mu mabwirizwa yayo.
Esegesi in lingua araba:
وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَعَلَكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَلَٰكِن يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَلَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubagira mwese umugwi umwe, Ikabahatira kuba abislamu, ariko rero Ituma uwo Ishatse ahuba ku butumva bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe; kandi ni ukuri, muzobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ku vyo mwakoze kw’isi, Iheze Ibibahembere.
Esegesi in lingua araba:
 
Traduzione dei significati Sura: An-Nahl
Indice delle Sure Numero di pagina
 
Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti - Indice Traduzioni

Tradotta da Yusuf Ghayiti. Pubblicata dalla African Foundation for Development.

Chiudi