Check out the new design

Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti * - Indice Traduzioni

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traduzione dei significati Sura: Al-Kahf   Versetto:
ٱلۡمَالُ وَٱلۡبَنُونَ زِينَةُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَٱلۡبَٰقِيَٰتُ ٱلصَّٰلِحَٰتُ خَيۡرٌ عِندَ رَبِّكَ ثَوَابٗا وَخَيۡرٌ أَمَلٗا
Amatungo n’ibibondo rero, ni ibisharizo vy’ubuzima bwo kw’isi. Nayo ibikorwa vyiza vyamaho[5], ni vyo bifise indishi nziza cane gusumba ku Mana yawe Rurema Allah, ni na vyo umuntu wese yizigira, azeyemwo agakiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[5] Na canecane itaziramana ryo kuninahaza Imana Allah, gushimagiza Imana Allah no kuyikuza.
Esegesi in lingua araba:
وَيَوۡمَ نُسَيِّرُ ٱلۡجِبَالَ وَتَرَى ٱلۡأَرۡضَ بَارِزَةٗ وَحَشَرۡنَٰهُمۡ فَلَمۡ نُغَادِرۡ مِنۡهُمۡ أَحَدٗا
Ntumwa y’Imana! Ibutsa kandi abantu, umusi Twebwe Allah Twakuye imisozi aho yahora Tukayihotsa, ukabona isi igaragara, ata kiremwa na kimwe kiyisigayeko, maze Tukegeraniriza hamwe ibiremwa vyose, ata na kimwe Turetse muri vyo;
Esegesi in lingua araba:
وَعُرِضُواْ عَلَىٰ رَبِّكَ صَفّٗا لَّقَدۡ جِئۡتُمُونَا كَمَا خَلَقۡنَٰكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةِۭۚ بَلۡ زَعَمۡتُمۡ أَلَّن نَّجۡعَلَ لَكُم مَّوۡعِدٗا
Maze nya biremwa bigashirwa ku murongo ahabona imbere y’Imana yawe Rurema Allah, Tugaheza Tukabibwira Duti: “Ni ukuri, Twabazuye muca murarenguka ata matungo canke abana mwibangikanije nk’uko Twabaremye ubwa mbere. Bantu mwahakana izuka ry’ibiremwa! Ahubwo mwibajije ko Tutazobagenera isango ryo kubazura, kugira Tubahembere ivyo mwakoze!”;
Esegesi in lingua araba:
وَوُضِعَ ٱلۡكِتَٰبُ فَتَرَى ٱلۡمُجۡرِمِينَ مُشۡفِقِينَ مِمَّا فِيهِ وَيَقُولُونَ يَٰوَيۡلَتَنَا مَالِ هَٰذَا ٱلۡكِتَٰبِ لَا يُغَادِرُ صَغِيرَةٗ وَلَا كَبِيرَةً إِلَّآ أَحۡصَىٰهَاۚ وَوَجَدُواْ مَا عَمِلُواْ حَاضِرٗاۗ وَلَا يَظۡلِمُ رَبُّكَ أَحَدٗا
Igitabu c’ibikorwa vy’umwumwe wese rero, azogihabwa mu kuboko kwiwe kw’iburyo canke kw’ibubamfu, aho uzobona abanyavyaha batekewe n’ubwoba ku biri muri nya gitabu, bamaze kubona ivyaha birimwo, bazoca bihebura bati: “Amagorwa arama yemwe! Iki ni igitabu nyabaki kitigeze kireka ikintu na kimwe mu vyo nakoze caba gito canke kinini, kiretse ko canditswe!”. Ivyo bakoze vyose kw’isi rero, bazobisanga ng’aho vyaranditswe. Kandi Imana yawe Rurema Allah, ntirenganya umuntu n’umwe mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke kugabanywa ku ndishi, n’aho yoba yakoze akantu kangana n’inzatsa, Izokamuhembera.
Esegesi in lingua araba:
وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ كَانَ مِنَ ٱلۡجِنِّ فَفَسَقَ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِۦٓۗ أَفَتَتَّخِذُونَهُۥ وَذُرِّيَّتَهُۥٓ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِي وَهُمۡ لَكُمۡ عَدُوُّۢۚ بِئۡسَ لِلظَّٰلِمِينَ بَدَلٗا
Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi[6] Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, abamalayika baraheza baragamburuka barubama, kiretse Ibilisi yakomoka mu Majini yanse kumwubamira, gutyo acika ikigaba ku kutubahiriza ibwirizwa ry’Imana yiwe Rurema Allah. Bantu! None ni gute mwogira Ibilisi n’uruvyaro rwiwe abahagarikizi banyu mwumvira, ha kunyumvira Jewe Allah, kandi ari bo bansi banyu! Ni bibi cane rero kugamburuka kw’abirenganya mu kwumvira shetani ha kwumvira Imana Allah.
[6] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).
Esegesi in lingua araba:
۞ مَّآ أَشۡهَدتُّهُمۡ خَلۡقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَا خَلۡقَ أَنفُسِهِمۡ وَمَا كُنتُ مُتَّخِذَ ٱلۡمُضِلِّينَ عَضُدٗا
Ibilisi n’uruvyaro rwiwe mwumvira, sinigeze ndavyifashisha mu kurema amajuru n’isi, eka n’igihe na vyo nyene Ndabirema, sinigeze Nifashisha bimwe muri vyo mu kurema ibindi, ahubwo mbere Naremye ibiremwa vyose ata nkunga canke intege Ntewe n’ikiremwa na kimwe, kira noneho ntivyari binakenewe ko Ngira impuvyi mu mashetani n’ibindi biremwa abafasha banje[7].
[7] Bishoboka gute rero ko mwobagira abahagarikizi banyu mukabasenga ha kunsenga Jewe Nabaremye!.
Esegesi in lingua araba:
وَيَوۡمَ يَقُولُ نَادُواْ شُرَكَآءِيَ ٱلَّذِينَ زَعَمۡتُمۡ فَدَعَوۡهُمۡ فَلَمۡ يَسۡتَجِيبُواْ لَهُمۡ وَجَعَلۡنَا بَيۡنَهُم مَّوۡبِقٗا
Ntumwa y’Imana! Bibutse kandi, igihe Imana Allah Yabwiye ababangikanyamana ku musi w’izuka, Iti: “Nimuhamagare rero abafasha banje mwubahutse mukambangikanya na bo mu kunsenga, kugira babakingire ibihano vyanje kuri uno musi”, maze babasabe ko bobatabara bakabakura mu bihano, habure n’uwoseruka ngo abatabare. Tuzoheza rero Twebwe Allah, Tugenere iyo migwi yompi ubuhonero mu muriro wa Jahannamu.
Esegesi in lingua araba:
وَرَءَا ٱلۡمُجۡرِمُونَ ٱلنَّارَ فَظَنُّوٓاْ أَنَّهُم مُّوَاقِعُوهَا وَلَمۡ يَجِدُواْ عَنۡهَا مَصۡرِفٗا
Abanyavyaha bazobona umuriro ukuri kwamye, baheze bamenye neza ko ata gisivya batabwa muri wo, nta n’ahandi bazoronka bahungira.
Esegesi in lingua araba:
 
Traduzione dei significati Sura: Al-Kahf
Indice delle Sure Numero di pagina
 
Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti - Indice Traduzioni

Tradotta da Yusuf Ghayiti. Pubblicata dalla African Foundation for Development.

Chiudi