Check out the new design

Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti * - Indice Traduzioni

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traduzione dei significati Sura: Al-Baqarah   Versetto:
وَٱتَّبَعُواْ مَا تَتۡلُواْ ٱلشَّيَٰطِينُ عَلَىٰ مُلۡكِ سُلَيۡمَٰنَۖ وَمَا كَفَرَ سُلَيۡمَٰنُ وَلَٰكِنَّ ٱلشَّيَٰطِينَ كَفَرُواْ يُعَلِّمُونَ ٱلنَّاسَ ٱلسِّحۡرَ وَمَآ أُنزِلَ عَلَى ٱلۡمَلَكَيۡنِ بِبَابِلَ هَٰرُوتَ وَمَٰرُوتَۚ وَمَا يُعَلِّمَانِ مِنۡ أَحَدٍ حَتَّىٰ يَقُولَآ إِنَّمَا نَحۡنُ فِتۡنَةٞ فَلَا تَكۡفُرۡۖ فَيَتَعَلَّمُونَ مِنۡهُمَا مَا يُفَرِّقُونَ بِهِۦ بَيۡنَ ٱلۡمَرۡءِ وَزَوۡجِهِۦۚ وَمَا هُم بِضَآرِّينَ بِهِۦ مِنۡ أَحَدٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَيَتَعَلَّمُونَ مَا يَضُرُّهُمۡ وَلَا يَنفَعُهُمۡۚ وَلَقَدۡ عَلِمُواْ لَمَنِ ٱشۡتَرَىٰهُ مَا لَهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ مِنۡ خَلَٰقٖۚ وَلَبِئۡسَ مَا شَرَوۡاْ بِهِۦٓ أَنفُسَهُمۡۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Abayahudi bakurikije ivyo amashetani yabwira abarozi n'abapfumu mu bantu, igihe c’ubwami bw’Intumwa Sulayimani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), bibaza ko ikoreshwa ry’umuyaga n’amajini ico gihe vyari vyavuye ku mvo z’uburozi. Ntibikabe! Intumwa y’Imana Sulayimani ntiyagararije, nta n’uburozi yigeze yiga, mugabo amashetani ni yo yagararije Imana Allah mu kwigisha abantu uburozi. Babigisha n’ivyamanuriwe abamalayika “Haaruti” na “Maaruti” ahitwa “Baabili” muri Iraki kugira ngo Imana Allah Igerageze ibiremwa, kandi nya bamalayika nta n’umwe bigisha batabanje kumwihaniza bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi ikigeragezo ntugararize mu kwiga uburozi ngo uhave wumvira shetani”. Abantu rero baraheza bariga ivyokoreshwa mu gutandukanya umuntu n’umukenyezi wiwe. Burya abarozi, bobo nta bushobozi bafise bwo kugirira nabi umuntu n’umwe, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Ni uko rero, bahavuye biga ibibagirira ingaruka mbi mu kwemera, eka mbere nta n’ico bibungura kw’isi. Ni ukuri, Abayahudi baramenye ko uwuhisemwo kuroga yirengagije ukuri, ata mugabane w’ivyiza azoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kandi rero, ni bibi cane ivyo biguze mu guhitamwo kuroga no kugarariza ha guhitamwo ukwemera ukuri no gukurikira Intumwa. Iyo rero baba bazi neza ibihano bibarindiriye, ntibari kugarariza.
Esegesi in lingua araba:
وَلَوۡ أَنَّهُمۡ ءَامَنُواْ وَٱتَّقَوۡاْ لَمَثُوبَةٞ مِّنۡ عِندِ ٱللَّهِ خَيۡرٞۚ لَّوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Iyo Abayahudi bemera bakanatinya ibihano vy’Imana Allah, bari kumenya ko indishi ivuye ku Mana Allah ari yo nziza cane gusumba uburozi n’ico babukuramwo. Iyo rero baba bazi ivyo, bari kwemera vy’ukuri.
Esegesi in lingua araba:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَقُولُواْ رَٰعِنَا وَقُولُواْ ٱنظُرۡنَا وَٱسۡمَعُواْۗ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukavuge mu gusaba Intumwa y’Imana ko ibitwararika mu nyigisho, mukoresheje ijambo “Raa’inaa” kuko ari igitutsi mu mvugo y’abayahudi, ahubwo muravuga muti: “Undhu-rnaa” (dutumbere kugira ngo tugutahure neza gusumba), muheze kandi rero mutege amatwi mwumvirize inyigisho muhabwa. Abagarariji na bo barategekanirijwe ibihano bibabaza.
Esegesi in lingua araba:
مَّا يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ وَلَا ٱلۡمُشۡرِكِينَ أَن يُنَزَّلَ عَلَيۡكُم مِّنۡ خَيۡرٖ مِّن رَّبِّكُمۡۚ وَٱللَّهُ يَخۡتَصُّ بِرَحۡمَتِهِۦ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Kubera urwanko abagararije mu bahawe Igitabu n’ababangikanyamana babafitiye, ntibipfuza ko Imana yanyu Rurema Allah Ibamanurira ineza iyo ari yo yose; yaba Qor’ani canke izindi mpano. Burya Imana Allah Iha ubutumwa uwo Ishatse ku mpuhwe zayo. Burya kandi rero Imana Allah ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye.
Esegesi in lingua araba:
 
Traduzione dei significati Sura: Al-Baqarah
Indice delle Sure Numero di pagina
 
Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti - Indice Traduzioni

Tradotta da Yusuf Ghayiti. Pubblicata dalla African Foundation for Development.

Chiudi