Mu vy’ukuri, Qor’ani isanzwe iri mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” kibungabunzwe iwacu. Ni ukuri, iratewe iteka nta ngere, irakingiwe; ntivuguruzanya, ntigiramwo igihushane.
Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi!”. Ni ukuri, bazokwishura ata guhigimanga bati: “Vyaremwe na Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose”;
Ni Yo Yabagiriye isi kuba isaso kugira mworoherwe kuyibako; Iyibaciramwo n’inzira kugira mwishire mwizane, mu kurondera ivyobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Ni Yo Yatumye hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, ku rugero ruzwi kandi rukenewe. Turaheza rero Twebwe Allah, Dutotahaza akarere k’isi hakoreshejwe amazi ya nya mvura, inyuma yo kugaduka karaheza karamera. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dutotahaza akarere k’isi kamaze kugaduka kagasubira kumera - Tuzobazura mukava mu kuzimu muri bazima.
Mwongere muvuge muti: “Mu vy’ukuri twese, impera n’imperuka tuzosubira ku Mana yacu Rurema Allah[3]”.
[3] Iki gisabisho, ni kimwe mu vyerekana ko Imana Allah Ironsa ibiremwa inema zitandukanye, n’uko ari Yo rero Ikwiye kwiyegerezwa mu gusengwa mu bihe vyose Itabangikanywa.
Ababangikanyamana, bageneye Imana Allah umugabane mu biremwa vyayo, mu kwubahuka kuvuga ko abamalayika ari abana bayo b’abakobwa. Mu vy’ukuri umuntu, ni ukuri arahakana inema z’Imana Allah akimonogoza, akagaragaza ubuhakanyi bwiwe mu kwidodombera ibiza, akiyibagiza inema.
Iyo umwe muri bo ahawe inkuru yuko yibarutse umwana w’umukobwa, ari na we bomekera kuri Nyenimpuhwe, uwo musi yirigwa yijiriwe, yishwe n’intuntu n’akantu ku kwanka kwibaruka umukobwa.
Karashize ingani, mwubahuke kwomekera ku Mana Allah, uwurerewe mu kwamikara ashaza, akaba no mu gihe c’impari adashoboye gutomora ivyemezo kuko yakuriye mu gushaza yorohewe!
Ababangikanyamana, barakanagara bakita abamalayika basanzwe ari abaja ba Nyenimpuhwe, abakobwa! Mbega igihe c’iremwa ry’abamalayika, ni ho bari bari ngo babe ivyabona ko baremwe ari abakobwa! Ukwemeza kwabo ivyo, kuzokwandikwa maze bakubazwe ku musi w’izuka;
None, igihe c’iremwa ry’abamalayika, ni ho bari bari! Canke Twoba Twarabahaye Igitabu imbere y’ihishurwa rya Qor’ani Twamanuye, kikaba ari co bisunga mu kwemeza ko abamalayika baremwe ari abakobwa!
Ntumwa y’Imana! Ni uko rero, si wewe ubaye uwa mbere, ntitwigeze Turungika hambere yawe, Umugabisha n’umwe ku bantu bo mu gacimbiri kanaka, kugira abagabishe ku bihano vyacu, kiretse ko abatewe iteka muri bo ryo kworoherwa mu buzima, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri twebwe, twasanze abavyeyi bacu bubahiriza iri dini; mu vy’ukuri rero, na twe twubahiriza iragi badusigiye”.
Ibrahimu rero yatumye ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH” rishimangira ugusenga Imana Imwe Rudende Allah, risagarara, ryubahirizwa n’abakurikiye mu nyuma ziwe, kugira bagaruke ku Mana Allah mu kwigaya, hanyuma bayisenge ari Imwe Rudende batayibangikanya.
Ntumwa y’Imana! Mbega none ababangikanyamana, ni bo bagabura impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, bagaha ubuvugishwamana uwo bashatse! Twebwe Allah, Twarabagaburiye ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi, Turaheza Tuduza bamwe mu cubahiro gusumba abandi; gutyo haba umutunzi n’umukene, uwufise imirya n’uwufise intege nke; kugira ngo babe magiriranire, bakenerane muri nya buzima[5]. Burya, impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah zo kwinjiza abantu mu Bwami bw’ijuru, ni zo nziza gusumba ivyo bahurumbira kwegeranya mu bihendamaso vy’isi.
[5] Umutunzi mu vyo adashoboye arakenera kubifashwamwo n’umukene; umukene na we mu vyo adafise agakenera kubironswa n’umutunzi, ugasanga rero, umwe wese muri bo, akorera uwundi mu buryo atazi ko ari umukozi wiwe.
Tukabaha n’ibisharizo vy’inzahabu! Ivyo vyose rero, nta co bimaze kiretse ko ari ibihendamaso vy’ubuzima bugufi bwo kw’isi. Burya rero, ivyiza vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa biri ku Mana yawe Rurema Allah, vyategekanirijwe gusa abagamburukiramana.
Uwirengagije Qor’ani ari na rwo rwibutso rwa Nyenimpuhwe ku biremwa, maze akijajara mu kutayemera ngo ayigendere, Tumushinga shetani[6] imwosha nabi kw’isi, maze igacudika na we, ikama imwosha kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Mu vy’ukuri amashetani, ni ukuri yosha abirengagiza urwibutso rwa Nyenimpuhwe mu kubaburabuza gukurikira inzira y’ukuri, maze akabaryohereza ubuhuvyi, akabankisha ubugororotsi, bagaheza rero bakibwira ku kwihenda ko, ari bo bagororotsi;
Bantu mwirengagije Qor’ani! Kuri uno musi w’izuka, ukwiyama abagenzi banyu babahubishije nta co kubamarira. Mwafadikanije mu kubangikanya Imana Allah ngo musangire ibihano; kira noneho, mubihurirako, ariko umwumwe wese ahanwa ku gatwe kiwe.
Ntumwa y’Imana! Mu gihe Twotuma upfa imbere yuko utsinda abahakanyi mu bo warungitsweko, ni ukuri nta cobuza ko Tubihora mu kubahana mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Ntumwa y’Imana! Urabaza n’abakurikiye Intumwa zacu Twarungitse hambere yawe, ko Twoba Twarigeze na rimwe kubabwiriza gusenga izindi mana mu gishingo ca Nyenimpuhwe! Bazoheza bakwishure ko bitigeze biba na rimwe, kuko Intumwa zose zararikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa.
Ni ho rero Firawuni yakanagara asemerera izuba riva, akikijwe n’abubahwa, n’ubwishime n’akantu ati: “Bantu banje! Ubwami bwa Misiri, si ubw’iwanje! Ntimurabona ko imigende y’uruzi rwa Nili itemba ica musi y’igorofa y’ikirimba igaca n’imbere yaco mu mirima yanje! Aho ga ntuze, ntimurabona ko inguvu z’ubwami bwanje ata ho zoza zigereranywa n’iza Musa, ari magoyagi ata nguvu agira, n’ubukene buri mu kumwica!
Mbega iyo aba ari Intumwa vy’ukuri, ntiyari gupfuma amanurirwa imiringa y’inzahabu, canke akaza aherekeranye n’abamalayika b’urutavanako, bemeza ko ari Intumwa koko twarungikiwe n’Imana Allah!”.
Ku kubera iryo jambo rero, Firawuni yarakinishije ubwenge bw’abantu biwe abaca iyondoyondo mu kubararikira ubuhuvyi, maze baramwumvira mu guhakana Musa. Mu vy’ukuri, bari abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Ntumwa y’Imana! Igihe uciriwe agace ka Isa mwene Mariyamu, ababangikanyamana mu bantu warungitsweko bariko barahazana na we, baciye bicwa n’akamwemwe ko baronse icitwazo c’uko imana zabo babangikanya n’Imana Allah, ari nka Isa mwene Mariyamu ku banaswara[8];
[8] Ivyo vyabaye igihe hahishurwa Aayah ya 98 mu gisomwa c’Abavugishwamana: “Bagarariji! Mu vy’ukuri mwebwe hamwe n’ibigirwamana vy’ubwoko bwose, mwasenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibicanirizo vy’umuriro wa Jahannamu; mwebwe mwese rero mutegerezwa kuwinjira”. Ababangikanyamana baciye bavuga bati: “Turemeye ko imana zacu ziba nka Isa mwene Mariyamu ku banaswara”, haca hahishurwa Aayah ya 101 muri ico gisomwa nyene: “Mu vy’ukuri, abo Twamaze kumenya ko bafise amahirwe yo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, abo ni bo rero bazokwigizwa kure y’umuriro wa Jahannamu”; yerekana ko ikizotabwa mu muriro kuko cabangikanijwe n’Imana Allah, ari icasenzwe kigashima gusengwa mu gishingo cayo.
Burya Isa mwene Mariyamu, si ikindi kiretse ko ari Umuja Twebwe Allah Twahaye inema yo kuba Umuvugishwamana, Twongera Tumugira icemezo n’inkebuzo kuri Bene Israyeli, vyerekana ubushobozi n’ububasha vyacu.
Mu vy’ukuri, umuzo wa Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) imbere yuko umuhero w’isi ushika, ni ikimenyetso cuko nya muhero uzoba ugiye gushika. Ntimukagire amakenga rero ko umuhero w’isi ubaho, maze munkurikire mu vyo ndabararikira bivuye ku Mana Allah, iyi ni yo nzira igororotse izobashikana mu Bwami bw’ijuru.
Mu vy’ukuri Allah, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema, nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose, munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya na kimwe mu biremwa, iyi ni yo nzira igororotse ibashikana kuri Yo”.
Ni ho rero abanaswara bicamwo imigwimigwi ku vyerekeye ubuvugishwamana bwa Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)[9]. Uguhanwa nya guhanwa rero ku musi w’izuka, ni ukw’abirenganije mu kwita Isa mwene Mariyamu ico atiswe n’Imana Allah.
[9] Mu banaswara rero, harimwo abemera vy’ukuri ko Isa mwene Mariyamu, ari Intumwa y’Imana nk’uko yiswe n’Imana Allah; hakabamwo n’abemera ko ari umwana w’Imana; harimwo rero n’abemera ko ari imana.
Abakunzi pfampfe kw’isi, kuri uyo musi w’izuka bazohinduka abansi bigaramane, kiretse gusa abakunzi pfampfe bakundanye ku mvo z’ubugamburukiramana, urukundo rwabo bakundanye kw’isi, ruzobandanya no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Bazohumurizwa n’Imana Allah bati: “Emwe baja banje! Kuri uno musi, nta bwoba kuri mwebwe bwo guhanwa, eka mbere mwebwe ntimunicwa n’intuntu ku vyo mwasize kw’isi”;
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana bibwira ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah, uti: “Nyenimpuhwe iyo Aba Afise umwana nk’uko mwibwira, ni jewe nobaye uwa mbere mu kwiyegereza nya mwana nkamusenga nk’uko mwibaza, ariko rero kizire ko Nyenimpuhwe Yogira umugore canke umwana;
Ntumwa y’Imana! Reka abomekera umugore canke umwana ku Mana Allah bagume mw’irementanya ryabo bafyinata kw’isi, gushika igihe bahuye n’umusi wabo basezeraniwe guhanirwako[10].
[10] Ivyo bihano basezeraniwe, bakaba bashobora kubihabwa bakiri kw’isi, canke bakabihabwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, canke bakabihabwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
Nyenimpuhwe rero, ni Yo Mana Isengwa ari Imwe Rudende mw’ijuru no mw’isi, ni na Yo rero Intungane mu vyo Ikora; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n'ibiremwa hamwe n’ivyo bizirikana.
Abasengwa n'ababangikanyamana mu gishingo cayo[11], ntibazoshobora kuvugira umuntu n’umwe ku Mana Allah, kiretse ko bazoshobora kuvugira gusa abemanze ukuri mu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaba bazi ukuri kw’ivyo bemeye bakemanga.
[11] Abavugwa ng'aho, ni abasengwa mu biremwa mu gishingo c'Imana Allah badashimishwa n'iryo sengwa; nk'abamalayika, Intumwa Isa mwene Mariyamu, Uzayiru n'abandi mu beranda.
Ntumwa y’Imana! Niwaramuka ubajije ababangikanyamana uwabaremye uwo ari we, ni ukuri bazokwishura ata guhigimanga ko baremwe n’Imana Allah. None, ni gute bayibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Risultati della ricerca:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".