وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية * - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (35) سوره‌تی: سورەتی النور
۞ ٱللَّهُ نُورُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ مَثَلُ نُورِهِۦ كَمِشۡكَوٰةٖ فِيهَا مِصۡبَاحٌۖ ٱلۡمِصۡبَاحُ فِي زُجَاجَةٍۖ ٱلزُّجَاجَةُ كَأَنَّهَا كَوۡكَبٞ دُرِّيّٞ يُوقَدُ مِن شَجَرَةٖ مُّبَٰرَكَةٖ زَيۡتُونَةٖ لَّا شَرۡقِيَّةٖ وَلَا غَرۡبِيَّةٖ يَكَادُ زَيۡتُهَا يُضِيٓءُ وَلَوۡ لَمۡ تَمۡسَسۡهُ نَارٞۚ نُّورٌ عَلَىٰ نُورٖۚ يَهۡدِي ٱللَّهُ لِنُورِهِۦ مَن يَشَآءُۚ وَيَضۡرِبُ ٱللَّهُ ٱلۡأَمۡثَٰلَ لِلنَّاسِۗ وَٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ
Imana Allah, ni Yo Muco w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, vyose birongorwa n’umuco w’ubumenyi n’uburongozi vyayo. Akarorero k’umuco w’uburongozi bw’Imana Allah mu kurongora abemeramana, ni nk’umwenge uri mu ruhome wegeranya umuco ngo ntushwiragire; muri nya mwenge hakaba harimwo itara, nya tara rikaba riri mu kiyo, nya kiyo kikaba kimeze nk’inyenyeri yakaka, nya tara na ryo rikatswa n’amavuta y’igiti gihezagiwe c’Umuzayituni, kiri ahantu gishikirwa ku mpande zose n’umuco w’izuba umwanya wose; si mu gihe gusa c’iseruka ry’izuba, eka si no mu gihe gusa c’irenga ryaryo. Nya mavuta rero ya nya giti gihezagiwe ahakwa kwaka akabonesha n’aho yoba ataracanwa n’umuriro; agize ngo aracanwe hoho yaka vy’akaroruhore ukabona hose harakaka, ari umuco ku wundi[13]. Ni nk’ukwo nyene rero umuco w’uburongozi ubonesha mu mutima w’umwemeramana. Burya rero Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Ikamushoboza kuzigama no gukurikira Qor’ani, kandi Imana Allah Icira agace abantu b’abanyabwenge kugira batahure ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.
[13] Umuco w’amavuta ya zayituni ataracanwa hiyongeyeko umuco w’ukwatsa nya mavuta n’umuriro.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
 
وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (35) سوره‌تی: سورەتی النور
پێڕستی سوره‌ته‌كان ژمارەی پەڕە
 
وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

داخستن