Check out the new design

وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی * - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

وه‌رگێڕانی ماناكان سوره‌تی: آل عمران   ئایه‌تی:
وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ
Imana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
كُنتُمۡ خَيۡرَ أُمَّةٍ أُخۡرِجَتۡ لِلنَّاسِ تَأۡمُرُونَ بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَتَنۡهَوۡنَ عَنِ ٱلۡمُنكَرِ وَتُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِۗ وَلَوۡ ءَامَنَ أَهۡلُ ٱلۡكِتَٰبِ لَكَانَ خَيۡرٗا لَّهُمۚ مِّنۡهُمُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَأَكۡثَرُهُمُ ٱلۡفَٰسِقُونَ
Bantu mwakurikiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)! Ni mwebwe abeza b’abantu, mukaba na ba kirumara ku bantu; mubwiriza gukora ivyiza vy’ubwoko bwose mukabuza no gukora ibibi vy’ubwoko bwose, mukanemera Imana Allah ukwemera kubonekera mu bikorwa. Iyo rero abahawe Igitabu bemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakemera na Qor’ani; nk’uko mwemeye, ni ukuri vyari kuba vyiza cane kuri bo mu buzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa. Muri bo, harimwo bake bemera ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarungikanwe bakabwubahiriza; hakabamwo rero n’abandi benshi b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
لَن يَضُرُّوكُمۡ إِلَّآ أَذٗىۖ وَإِن يُقَٰتِلُوكُمۡ يُوَلُّوكُمُ ٱلۡأَدۡبَارَ ثُمَّ لَا يُنصَرُونَ
Noneho rero nta co bazobicira kiretse kubageramira mu kuvuga amajambo y’ibangikanyamana n’igarariza. Nibaramuka babarwanije naho, bazoneshwa bate bomoke, hanyuma ntibazotabarwa ngo babatsinde.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
ضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلذِّلَّةُ أَيۡنَ مَا ثُقِفُوٓاْ إِلَّا بِحَبۡلٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَحَبۡلٖ مِّنَ ٱلنَّاسِ وَبَآءُو بِغَضَبٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلۡمَسۡكَنَةُۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَانُواْ يَكۡفُرُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَيَقۡتُلُونَ ٱلۡأَنۢبِيَآءَ بِغَيۡرِ حَقّٖۚ ذَٰلِكَ بِمَا عَصَواْ وَّكَانُواْ يَعۡتَدُونَ
Abayahudi, Imana Allah Yaramaze kubahomera n’agasuzuguro aho hose bazoba bari, kiretse kw’isezerano bahawe n’Imana Allah n’iryo bahawe n’abantu, kugira ngo umutekano wabo hamwe n’ivyabo bikingirwe[17]. Barakwiye rero ishavu ry’Imana Allah, baranahomewe n’agasuzuguro ko gutinya abemeramana. Ivyo bikaba biterwa n’ukuntu bahora bagarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku karenganyo, ivyo bakaba babitewe n’ibicumuro bakora, bari n’abantu barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
[17] Mu gihe boreka kugeramira no kuburagiza ubwislamu n’abislamu. Iryo sezerano ryitwa “AQDU DHIMMAH”.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
۞ لَيۡسُواْ سَوَآءٗۗ مِّنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ أُمَّةٞ قَآئِمَةٞ يَتۡلُونَ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ ءَانَآءَ ٱلَّيۡلِ وَهُمۡ يَسۡجُدُونَ
Burya abahawe Igitabu ntibanganya ukwemera; muri bo harimwo umugwi w’abagororotsi bemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakarara barasoma Aayah za Qor’ani mu gicugu banubamira Imana Allah mu gusenga;
تەفسیرە عەرەبیەکان:
يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَيَأۡمُرُونَ بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَيَنۡهَوۡنَ عَنِ ٱلۡمُنكَرِ وَيُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡخَيۡرَٰتِۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Bemera Imana Allah n’umusi w’imperuka, bakabwiriza no gukora ivyiza vy’ubwoko bwose bakanabuza gukora ibibi vy’ubwoko bwose, bakanahurumbira gukora ivyiza. Abo ni na bo rero bari mu beranda;
تەفسیرە عەرەبیەکان:
وَمَا يَفۡعَلُواْ مِنۡ خَيۡرٖ فَلَن يُكۡفَرُوهُۗ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِٱلۡمُتَّقِينَ
Ico ari co cose rero bagize mu vyiza uko kingana kwose, ntibazokirenganywako, kizoshimwa maze bagihemberwe. Burya Imana Allah Irazi neza ibikorwa n’abagamburukiramana.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
 
وه‌رگێڕانی ماناكان سوره‌تی: آل عمران
پێڕستی سوره‌ته‌كان ژمارەی پەڕە
 
وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

وەرگێڕاوی یوسف غه‌یتی. بڵاوکراوە لە لایەن دامەزراوەی ئەفریقی بۆ گەشەپێدان.

داخستن