وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية * - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (50) سوره‌تی: سورەتی الأحزاب
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ إِنَّآ أَحۡلَلۡنَا لَكَ أَزۡوَٰجَكَ ٱلَّٰتِيٓ ءَاتَيۡتَ أُجُورَهُنَّ وَمَا مَلَكَتۡ يَمِينُكَ مِمَّآ أَفَآءَ ٱللَّهُ عَلَيۡكَ وَبَنَاتِ عَمِّكَ وَبَنَاتِ عَمَّٰتِكَ وَبَنَاتِ خَالِكَ وَبَنَاتِ خَٰلَٰتِكَ ٱلَّٰتِي هَاجَرۡنَ مَعَكَ وَٱمۡرَأَةٗ مُّؤۡمِنَةً إِن وَهَبَتۡ نَفۡسَهَا لِلنَّبِيِّ إِنۡ أَرَادَ ٱلنَّبِيُّ أَن يَسۡتَنكِحَهَا خَالِصَةٗ لَّكَ مِن دُونِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَۗ قَدۡ عَلِمۡنَا مَا فَرَضۡنَا عَلَيۡهِمۡ فِيٓ أَزۡوَٰجِهِمۡ وَمَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ لِكَيۡلَا يَكُونَ عَلَيۡكَ حَرَجٞۗ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Ewe Muvugishwamana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarakurekuriye kwabira abakenyezi wakoye, abo ugaba ukaganza mu ncoreke waronkejwe n’Imana Allah mu minyago, abakobwa ba sowanyu n’abakobwa ba nyogosenge, hamwe rero n’abakobwa ba nyokorome n’abakobwa ba nyokwanyu bimukanye na we bakaja i Madina. Twakurekuriye no kwabira umukenyezi w’umwemeramanakazi mu gihe yokwiha ubwiwe ata nkwano arinze gusaba, mu gihe wokenera wewe nyene kumwabira. Muvugishwamana! Iyi ngingo, ni wewe gusa yagenewe, nta n’uwundi n’umwe mu bemeramana yega. Ni ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ingingo Twashingiye abemeramana zijanye n’abakenyezi babo n’incoreke bagaba bakaganza; ko barekuriwe kwabira gushika kuri bane mu bakenyezi, hamwe rero n’igitigiri bipfuza mu ncoreke, mu gihe bobaha inkwano zabo hakaba hari umushingizi n’ivyabona. Izo ngingo rero zikworohereza kwabira ku buryo butarekuriwe abandi, zashinzwe kugira ntugire akangonongono mu kwabira bamwe mu migwi y’abakenyezi wipfuza. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
 
وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (50) سوره‌تی: سورەتی الأحزاب
پێڕستی سوره‌ته‌كان ژمارەی پەڕە
 
وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

داخستن