وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية * - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (13) سوره‌تی: سورەتی المائدة
فَبِمَا نَقۡضِهِم مِّيثَٰقَهُمۡ لَعَنَّٰهُمۡ وَجَعَلۡنَا قُلُوبَهُمۡ قَٰسِيَةٗۖ يُحَرِّفُونَ ٱلۡكَلِمَ عَن مَّوَاضِعِهِۦ وَنَسُواْ حَظّٗا مِّمَّا ذُكِّرُواْ بِهِۦۚ وَلَا تَزَالُ تَطَّلِعُ عَلَىٰ خَآئِنَةٖ مِّنۡهُمۡ إِلَّا قَلِيلٗا مِّنۡهُمۡۖ فَٱعۡفُ عَنۡهُمۡ وَٱصۡفَحۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Abayahudi rero Twarabavumye bitewe no kutubahiriza isezerano bahawe, maze n’imitima yabo Tuyigira imitima y’agatimatare, ntibanyurwa n’ukwemera. Bahindagura amajambo y’Imana Allah ari muri Tawurati uko atari [9], baranaretse bimwe mu vyo bibukijwe, ntibavyubahiriza. Ntumwa y’Imana! Ntuzoreka kuguma ubona ubuhemu bwabo kuko ari yo ngeso barazwe na ba sekuru babo, kiretse bake muri bo, uraheza rero ubaharire kw’ibana ribi ryabo, ubababarire. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagwaneza mu guharira no kubabarira ababagiriye nabi;
[9] Abahuvye, bagerageza gushika ku vyo bipfuza babicishije mu guhindagura amajambo y’Imana Allah, bakanayasigura uko atari. Iyo bitabashobokeye ku kubera nya majambo adahuye n’ivyipfuzo vyabo, baraheza bagaheba burundu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, kiretse bake muri bo.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
 
وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (13) سوره‌تی: سورەتی المائدة
پێڕستی سوره‌ته‌كان ژمارەی پەڕە
 
وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

داخستن