وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية * - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (69) سوره‌تی: سورەتی المائدة
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱلَّذِينَ هَادُواْ وَٱلصَّٰبِـُٔونَ وَٱلنَّصَٰرَىٰ مَنۡ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Mu vy’ukuri, abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakayikurikira, abayahudi[20], abatsimbataye kuri kameremere kabo batagira idini nyezina, hamwe rero n’abanaswara[21], abazokwemera vy’ukuri muri bo Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa yayo Muhamadi n’umusi w’imperuka, bakanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, abo rero bazosanga indishi yabo ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi[22].
[20] Abayahudi, ni abemeye Musa bakanamukurikira. Ijambo “abayahudi” risigura abigaye ku Mana Allah.
[21] Abanaswara, ni abemeye Isa mwene Mariyamu bakamukurikira bakanamutabara. Ijambo “abanaswara”, risigura abatabazi.
[22] Inyuma y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku bantu bose, nta dini ryemewe ku Mana Allah atari idini ry’ubwislamu yaje ishimangira, kuko ari ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose, rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
 
وه‌رگێڕانی ماناكان ئایه‌تی: (69) سوره‌تی: سورەتی المائدة
پێڕستی سوره‌ته‌كان ژمارەی پەڕە
 
وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - الترجمة الكيروندية - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

داخستن