Check out the new design

وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی * - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

وه‌رگێڕانی ماناكان سوره‌تی: الأنعام   ئایه‌تی:
قُلۡ أَيُّ شَيۡءٍ أَكۡبَرُ شَهَٰدَةٗۖ قُلِ ٱللَّهُۖ شَهِيدُۢ بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۚ وَأُوحِيَ إِلَيَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانُ لِأُنذِرَكُم بِهِۦ وَمَنۢ بَلَغَۚ أَئِنَّكُمۡ لَتَشۡهَدُونَ أَنَّ مَعَ ٱللَّهِ ءَالِهَةً أُخۡرَىٰۚ قُل لَّآ أَشۡهَدُۚ قُلۡ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ وَإِنَّنِي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تُشۡرِكُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni igiki coba icabona gihambaye cemeza ko ndi Intumwa y’Imana vy’ukuri!”. Nibatakwishura, uraca ubabwira uti: “Imana Allah ni co Cabona hagati yanje na mwe Cemeza ko ndi Intumwa, Kikanamenya neza n’ivyo muvuga. Yaranampishuriye Qor’ani kugira ndabagabishe ntimuzohanwe, nongere ngabishe n’imigwi y’abantu izoshikirwa na Qor’ani uko izogenda ikurakuranwa kw’isi. Mbega mwokwemanga mu vy’ukuri ko hariho izindi mana zibangikanije n’Imana Allah!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe singiye kuba icabona ku vyo mwemanze”. Babwire uti: “Ni ukuri Allah ni Imana Imwe Rudende. Kandi jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo muyibangikanya vyose”.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡرِفُونَهُۥ كَمَا يَعۡرِفُونَ أَبۡنَآءَهُمُۘ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Abo Twahaye Igitabu (mu bayahudi n’abanaswara), barazi neza na neza ibiranga Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), vyotuma batamwihendako mu vyanditswe mu Bitabu vyabo; nka kurya bazi neza na neza ata kwitiranya abana babo; abatwawe n’ivyipfuzo vyabo muri bo, ni bo bazotahira agahombo gatewe no kutemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’ivyo yigishije.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّٰلِمُونَ
Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu gusengwa, canke ko Ifise umwana canke umugore, canke agahakana yivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo vyerekana ukuri kw’Intumwa zayo! Mu vy’ukuri, abirenganya mu kubeshera Imana Allah, ntibazokwigera baronka intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa,
تەفسیرە عەرەبیەکان:
وَيَوۡمَ نَحۡشُرُهُمۡ جَمِيعٗا ثُمَّ نَقُولُ لِلَّذِينَ أَشۡرَكُوٓاْ أَيۡنَ شُرَكَآؤُكُمُ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تَزۡعُمُونَ
Nibiyubare rero umusi Twabegeranirije hamwe, hanyuma Tukabaza ababangikanyamana Duti: “Biri hehe ibigirwamana vyanyu mwahora mwibwira ko bibangikanije n’Imana Allah, ngo biheze bibavugire!”;
تەفسیرە عەرەبیەکان:
ثُمَّ لَمۡ تَكُن فِتۡنَتُهُمۡ إِلَّآ أَن قَالُواْ وَٱللَّهِ رَبِّنَا مَا كُنَّا مُشۡرِكِينَ
Inyuma y’aho rero, nta n’inyishu bazoronka kuri iryo geragezwa ryo kubazwa, kiretse ko bazorahira bakarengwa bavuga bati: “Turarahiye kw’Izina ry’Imana yacu Rurema Allah! Ntitwigeze tubangikanya Imana Allah!”.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
ٱنظُرۡ كَيۡفَ كَذَبُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡۚ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu bihenda, bakazokwihakana ibangikanyamana ku musi w’izuka, eka n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
وَمِنۡهُم مَّن يَسۡتَمِعُ إِلَيۡكَۖ وَجَعَلۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ أَكِنَّةً أَن يَفۡقَهُوهُ وَفِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرٗاۚ وَإِن يَرَوۡاْ كُلَّ ءَايَةٖ لَّا يُؤۡمِنُواْ بِهَاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوكَ يُجَٰدِلُونَكَ يَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mu babangikanyamana, harimwo abakwumviriza usoma Qor’ani ariko ntibanyurwe. Biturutse ku gutwarwa n’ivyipfuzo vyabo rero, Twarasibanganije imitima yabo, icika agatimatare, ntibaheza ngo banyurwe na Qor’ani; Twaranabazivye n'amatwi yabo ntibumva ukuri kuri muri yo ngo bagukurikire. N’iyo babonye ivyemezo vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, ntibavyemera; bamara kuza kuguhaririza ku vyo batumva, abagararije nya vyemezo bakabwirana hagati yabo bati: “Ivyo twumva, si ibindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere ata kuri kurimwo”,
تەفسیرە عەرەبیەکان:
وَهُمۡ يَنۡهَوۡنَ عَنۡهُ وَيَنۡـَٔوۡنَ عَنۡهُۖ وَإِن يُهۡلِكُونَ إِلَّآ أَنفُسَهُمۡ وَمَا يَشۡعُرُونَ
Baranaburagiza abantu kwumviriza no gukurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi na bo nyene bakigira kure yayo. Nta n’uwo rero bazohonya kiretse ukwihonya bo bonyene ata vyo bazi.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ وُقِفُواْ عَلَى ٱلنَّارِ فَقَالُواْ يَٰلَيۡتَنَا نُرَدُّ وَلَا نُكَذِّبَ بِـَٔايَٰتِ رَبِّنَا وَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu ababangikanyamana bazoba bamerewe ku musi w’izuka, wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe bakwegewe hambavu y’umuriro bakawubona imbona nkubone, hanyuma bakavuga bicuza n’akantu bati: “Amagorwa arama! Ese Twopfuma dusubizwa mu buzima bwo kw’isi, tukisubirako ntiduhakane Aayah n’ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah, tugaheza tukaba mu bemeramana!”.
تەفسیرە عەرەبیەکان:
 
وه‌رگێڕانی ماناكان سوره‌تی: الأنعام
پێڕستی سوره‌ته‌كان ژمارەی پەڕە
 
وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی - پێڕستی وه‌رگێڕاوه‌كان

وەرگێڕاوی یوسف غه‌یتی. بڵاوکراوە لە لایەن دامەزراوەی ئەفریقی بۆ گەشەپێدان.

داخستن