Check out the new design

Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti * - Vertimų turinys

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Reikšmių vertimas Sūra: Al-An’am   Aja (Korano eilutė):
ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَلَمۡ يَلۡبِسُوٓاْ إِيمَٰنَهُم بِظُلۡمٍ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمُ ٱلۡأَمۡنُ وَهُم مُّهۡتَدُونَ
Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hanyuma ntibavanga ukwemera kwabo n’ibangikanyamana, abo ni bo rero batekaniwe, ni na bo bagororotsi bashobojwe n’Imana Allah.
Tafsyrai arabų kalba:
وَتِلۡكَ حُجَّتُنَآ ءَاتَيۡنَٰهَآ إِبۡرَٰهِيمَ عَلَىٰ قَوۡمِهِۦۚ نَرۡفَعُ دَرَجَٰتٖ مَّن نَّشَآءُۗ إِنَّ رَبَّكَ حَكِيمٌ عَلِيمٞ
Icemezo Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yashikirije abantu yarungitsweko, ni co cemezo cacu Twebwe Allah Twamushoboje gushikako, kugira bananirwe kwisigura. Burya Tuduza ivyubahiro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa abo Dushaka mu baja bacu. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose.
Tafsyrai arabų kalba:
وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَۚ كُلًّا هَدَيۡنَاۚ وَنُوحًا هَدَيۡنَا مِن قَبۡلُۖ وَمِن ذُرِّيَّتِهِۦ دَاوُۥدَ وَسُلَيۡمَٰنَ وَأَيُّوبَ وَيُوسُفَ وَمُوسَىٰ وَهَٰرُونَۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Twaranahaye Ibrahimu umwana yitwa Is-haka n’umwuzukuru avyarwa na Is-haka yitwa Yakubu, umwe wese muri bo rero Twaramushoboje gukurikira inzira igororotse. Na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho hambere yabo Twaramushoboje gukurikira ukuri, Twongera Dushoboza gukurikira ukuri urwaruka rukomoka kuri Nuhu, ari rwo Dawudi, Sulayimani, Ayubu, Yusufu, Musa na Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah). Kurya rero Twahemvye abo Bavugishwamana ku bugwaneza bwabo, ni kwo nyene Duhemba abagwaneza.
Tafsyrai arabų kalba:
وَزَكَرِيَّا وَيَحۡيَىٰ وَعِيسَىٰ وَإِلۡيَاسَۖ كُلّٞ مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Twarongoye mu nzira igororotse Zakariya, Yahaya, Isa na Ilyaasi. Abo Bavugishwamana bose bari mu beranda.
Tafsyrai arabų kalba:
وَإِسۡمَٰعِيلَ وَٱلۡيَسَعَ وَيُونُسَ وَلُوطٗاۚ وَكُلّٗا فَضَّلۡنَا عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Twaranarongoye mu nzira igororotse Ismayili, Alyasa’a, Yunusu na Luutwi. Izo Ntumwa zose rero Twarazihaye icubahiro gisumba ic’ibindi biremwa vyose mu gihe cazo.
Tafsyrai arabų kalba:
وَمِنۡ ءَابَآئِهِمۡ وَذُرِّيَّٰتِهِمۡ وَإِخۡوَٰنِهِمۡۖ وَٱجۡتَبَيۡنَٰهُمۡ وَهَدَيۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Ni nk’ukwo Twashoboje gukurikira ukuri abo Dushaka mu bavyeyi bazo, mu ruvyaro rwazo no muri benewabo, Twarabatoye Tubarungika gushikiriza ubutumwa ku bantu babo, Turanabarongora mu nzira igororotse yo gusenga Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa.
Tafsyrai arabų kalba:
ذَٰلِكَ هُدَى ٱللَّهِ يَهۡدِي بِهِۦ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۚ وَلَوۡ أَشۡرَكُواْ لَحَبِطَ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Ubwo ni bwo bugororotsi rero buva ku Mana Allah, Ishoboza kubukurikira uwo Ishatse mu biremwa vyayo. Iyo bishika rero ko Abavugishwamana bahirahira bakabangikanya Imana Allah, ibikorwa vyabo ni ukuri vyari guhunguruka bikaba impfagusa.
Tafsyrai arabų kalba:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحُكۡمَ وَٱلنُّبُوَّةَۚ فَإِن يَكۡفُرۡ بِهَا هَٰٓؤُلَآءِ فَقَدۡ وَكَّلۡنَا بِهَا قَوۡمٗا لَّيۡسُواْ بِهَا بِكَٰفِرِينَ
Abo Bavugishwamana rero, ni bo Twahaye Igitabu[9] Tunabaha kugitahura no gushikiriza ubutumwa bwacu. Ntumwa y'Imana! Abagarariji mu bantu warungitsweko, nibaramuka bahakanye bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, ni ukuri baramenya ko Twamaze gushoboza kuzemera abandi bantu[10] batazokwigera bazigarariza.
[9] Nk’Imizingo Twahaye Ibrahimu, Tawurati Twahaye Musa, Zaburi Twahaye Dawudi n’Injili Twahaye Isa.
[10] Mu bimukira “Al-Muhaajiriina” n’abasangwa “Al-Answaar” n’abazobakurikira “Al-Taabi’iina” gushika ku musi w’iherezo.
Tafsyrai arabų kalba:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ هَدَى ٱللَّهُۖ فَبِهُدَىٰهُمُ ٱقۡتَدِهۡۗ قُل لَّآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ أَجۡرًاۖ إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرَىٰ لِلۡعَٰلَمِينَ
Abo Bavugishwamana, ni bo Imana Allah Yashoboje kuba abagororotsi. Ntumwa y’Imana! Urakurikira rero, ubugororotsi bwabo. Bwira ababangikanyamana uti: “Sindabasaba impembo mu vy’isi kw'ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah. Ubutumwa bw’ubwislamu si ikindi rero, kiretse ko ari ukurarikira n'ukwibutsa abantu bose kuba abagororotsi”.
Tafsyrai arabų kalba:
 
Reikšmių vertimas Sūra: Al-An’am
Sūrų turinys Puslapio numeris
 
Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti - Vertimų turinys

Išvertė Jusuf Ghahiti. Išleido Afrikos vystymosi fondas.

Uždaryti