Check out the new design

വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി * - വിവർത്തനങ്ങളുടെ സൂചിക

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

പരിഭാഷ അദ്ധ്യായം: ബഖറഃ   ആയത്ത്:
ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡرِفُونَهُۥ كَمَا يَعۡرِفُونَ أَبۡنَآءَهُمۡۖ وَإِنَّ فَرِيقٗا مِّنۡهُمۡ لَيَكۡتُمُونَ ٱلۡحَقَّ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ
Abayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu Tawurati n’Injili, abamenyi muri bo barazi neza na neza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana bafatiye ku bimuranga biri mu Bitabu vyabo, nka kurya bazi neza na neza abana babo. Mu vy’ukuri, muri bo harimwo umugwi unyegeza ukuri kandi ukuzi.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُمۡتَرِينَ
Muvugishwamana! Ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ntukabe rero mu bagira amakenga kuri ukwo kuri.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
وَلِكُلّٖ وِجۡهَةٌ هُوَ مُوَلِّيهَاۖ فَٱسۡتَبِقُواْ ٱلۡخَيۡرَٰتِۚ أَيۡنَ مَا تَكُونُواْ يَأۡتِ بِكُمُ ٱللَّهُ جَمِيعًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Burya umugwi wose urafise ubutumbero bwawo wahawe n’Imana Allah mu gusenga. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimurushanwe mu kwihutira gukora ivyiza mwategetswe. Aho muzoba muri hose rero Imana Allah Izobegeranya mwese ku musi w’izuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
وَمِنۡ حَيۡثُ خَرَجۡتَ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۖ وَإِنَّهُۥ لَلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja mu rugendo, maze ugashaka gusenga, uratumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu. Ubwo butumbero ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
وَمِنۡ حَيۡثُ خَرَجۡتَ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۚ وَحَيۡثُ مَا كُنتُمۡ فَوَلُّواْ وُجُوهَكُمۡ شَطۡرَهُۥ لِئَلَّا يَكُونَ لِلنَّاسِ عَلَيۡكُمۡ حُجَّةٌ إِلَّا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡهُمۡ فَلَا تَخۡشَوۡهُمۡ وَٱخۡشَوۡنِي وَلِأُتِمَّ نِعۡمَتِي عَلَيۡكُمۡ وَلَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja rero mu rugendo, uratumbera amaja i Makka. Bislamu! Aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera amaja i Makka, kugira ngo abo mudasangiye ukwemera ntibazoronke icitwazo co kubacanishamwo ku bijanye n’ubutumbero, kiretse gusa abirenganije muri bo bazobandanya babahaririza. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye, ahubwo murantinya Jewe Allah maze mukurikize amabwirizwa yanje, kugira Ndabakwirize inema zanje mu kubahitiramwo amabwirizwa atunganye, no kugira rero mukurikire inzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
كَمَآ أَرۡسَلۡنَا فِيكُمۡ رَسُولٗا مِّنكُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِنَا وَيُزَكِّيكُمۡ وَيُعَلِّمُكُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَيُعَلِّمُكُم مَّا لَمۡ تَكُونُواْ تَعۡلَمُونَ
Nk’uko Twabateye iteka ryo gutumbera amaja i Makka, Twarabarungikiye n’Intumwa ivuye muri mwebwe, ibasomera Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ukuri n’ikinyoma, ikanabeza ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose, ikabigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo (Sunnah), ikanabigisha ivyo mutari muzi mu nkuru z’ab’aho hambere n’Intumwa zabo.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
فَٱذۡكُرُونِيٓ أَذۡكُرۡكُمۡ وَٱشۡكُرُواْ لِي وَلَا تَكۡفُرُونِ
Kubera ivyo vyose rero, nimuninahaze mwongere muntazire, Nzobayaga neza Ndabahe n’indishi ibakwiye, muheze rero kandi munshimire mu mvugo n’ingiro, kandi ntimukangararize mu kwihakana inema zanje nabahaye.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱسۡتَعِينُواْ بِٱلصَّبۡرِ وَٱلصَّلَوٰةِۚ إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Bemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihanganira ibibagoye maze mwihangane mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, kuko ari ryo ribuza umuntu gukora ivyaha rutura n’ibicumuro. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku vyo barondera.
അറബി ഖുർആൻ വിവരണങ്ങൾ:
 
പരിഭാഷ അദ്ധ്യായം: ബഖറഃ
സൂറത്തുകളുടെ സൂചിക പേജ് നമ്പർ
 
വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി - വിവർത്തനങ്ങളുടെ സൂചിക

യൂസുഫ് ഘഹീതി വിവർത്തനം ചെയ്തിരിക്കുന്നു. ആഫ്രിക്കൻ ഡെവലപ്മെൻ്റ് ഫൗണ്ടേഷൻ പുറത്തിറക്കിയതാണ്.

അടക്കുക