Check out the new design

Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti * - Index van vertaling

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Vertaling van de betekenissen Surah: el-Anaam   Vers:
هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّآ أَن تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ أَوۡ يَأۡتِيَ رَبُّكَ أَوۡ يَأۡتِيَ بَعۡضُ ءَايَٰتِ رَبِّكَۗ يَوۡمَ يَأۡتِي بَعۡضُ ءَايَٰتِ رَبِّكَ لَا يَنفَعُ نَفۡسًا إِيمَٰنُهَا لَمۡ تَكُنۡ ءَامَنَتۡ مِن قَبۡلُ أَوۡ كَسَبَتۡ فِيٓ إِيمَٰنِهَا خَيۡرٗاۗ قُلِ ٱنتَظِرُوٓاْ إِنَّا مُنتَظِرُونَ
Abirengagiza Aayah n'ivyemezo vyacu bakanaburagiza abantu gukurikira inzira yacu, nta co barindiriye kugira bemere atari uko bashikirwa n’umumalayika ajejwe urupfu n’abafasha biwe ku musi wo gupfa; canke ko Imana Allah Iza Ikarubacira ku musi w’izuka; canke ko bashikirwa na bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuhero w’isi wageze[33]. Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimurindire rero ko ico gihe kibashikira kugira muheze mutandukanye ukuri n’ikinyoma, mumenye inkozi y’ikibi n’umugwaneza. Mu vy’ukuri, na twe nyene turarindiriye ico gihe”.
[33] Nko guserukira izuba mu burengero bwaryo.
Arabische uitleg van de Qur'an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ فَرَّقُواْ دِينَهُمۡ وَكَانُواْ شِيَعٗا لَّسۡتَ مِنۡهُمۡ فِي شَيۡءٍۚ إِنَّمَآ أَمۡرُهُمۡ إِلَى ٱللَّهِ ثُمَّ يُنَبِّئُهُم بِمَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ
Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, abacanyemwo mw’idini ryabo bakicamwo imigwimigwi, nta na kimwe ubabazwako. Bazoharurirwa n’Imana Allah, Iheze Ibabwire ido n'ido y'ivyo bari baragize kw’isi, Inahembe umwe wese ku rugero rw'ivyo yakoze.
Arabische uitleg van de Qur'an:
مَن جَآءَ بِٱلۡحَسَنَةِ فَلَهُۥ عَشۡرُ أَمۡثَالِهَاۖ وَمَن جَآءَ بِٱلسَّيِّئَةِ فَلَا يُجۡزَىٰٓ إِلَّا مِثۡلَهَا وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Uwo wese rero azohura n’Imana Allah ku musi w’izuka yarakoze iciza, azoheza agihemberwe kigwijwe incuro cumi; nayo uwuzohura na Yo yarakoze ikibi, ntazohabwa kiretse igihano c’ikibi kimwe yakoze, abo bose rero nta na kimwe bazorenganywako.
Arabische uitleg van de Qur'an:
قُلۡ إِنَّنِي هَدَىٰنِي رَبِّيٓ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ دِينٗا قِيَمٗا مِّلَّةَ إِبۡرَٰهِيمَ حَنِيفٗاۚ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe mu vy’ukuri, Imana yanje Rurema Allah Yarandongoye mu nzira igororotse igana mu Bwami bw’ijuru, ari ryo dini ry’ubwislamu ritomora ingingo zerekeye ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, ni na ryo dini ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho ntiyari no mu babangikanyamana”.
Arabische uitleg van de Qur'an:
قُلۡ إِنَّ صَلَاتِي وَنُسُكِي وَمَحۡيَايَ وَمَمَاتِي لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Babwire kandi uti: “Mu vy’ukuri, isengesho ryanje, ikerera ryanje ry’ibitungwa[34], ubuzima bwanje no gupfa kwanje, vyose biba ku bw’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
[34] Ikerera riba ku bw’Imana Allah no kw’izina ryayo, ntiryigera riba ku bw’ibigirwamana, ku bw’amajini canke ku bw’imizimu n'abaganza, ntiryigera riba no kw’izina rya kimwe muri vyo.
Arabische uitleg van de Qur'an:
لَا شَرِيكَ لَهُۥۖ وَبِذَٰلِكَ أُمِرۡتُ وَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Iyo Mana Allah, ntibangikanywa n’ikintu na kimwe mu bumana bwayo, canke mu bushobozi n'ububasha bwayo bwo kurema, canke mu mazina no mu matazirano yayo. Ivyo, ni vyo biranga ukwemera nategetswe n’Imana yanje Allah, kandi ni jewe nabaye uwa mbere mu bantu narungitsweko yemanga ko Imana Allah ari Imwe Rudende.
Arabische uitleg van de Qur'an:
قُلۡ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَبۡغِي رَبّٗا وَهُوَ رَبُّ كُلِّ شَيۡءٖۚ وَلَا تَكۡسِبُ كُلُّ نَفۡسٍ إِلَّا عَلَيۡهَاۚ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُم مَّرۡجِعُكُمۡ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Hari ikitari Imana Allah nshaka ko coba imana yanje, kandi ari Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’ikintu cose! Nta muntu n'umwe akora icaha kiretse ko ari we nyene azogihanirwa ku gatwe kiwe, nta n’umuntu n'umwe azohanirwa icaha ca mugenziwe. Hanyuma ubwegeranirizo bwanyu ku musi w’izuka, ni ku Mana Allah, Izoheza Ibabwire ivyo mwahora muhazanako mw’idini”.
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَكُمۡ خَلَٰٓئِفَ ٱلۡأَرۡضِ وَرَفَعَ بَعۡضَكُمۡ فَوۡقَ بَعۡضٖ دَرَجَٰتٖ لِّيَبۡلُوَكُمۡ فِي مَآ ءَاتَىٰكُمۡۗ إِنَّ رَبَّكَ سَرِيعُ ٱلۡعِقَابِ وَإِنَّهُۥ لَغَفُورٞ رَّحِيمُۢ
Imana Allah, ni Yo Yabaremye mukurakuranwa kw’isi, Ibashinga gutunganya ivy’isi mwubahirije amabwirizwa yayo, Iraheza Irabasumbasumbanya mu kubaronsa ibibabeshaho no mu kubaremana imirya, kugira Ibagerageze mu vyo Yabaronkeje. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah Iranyarutsa guhana abagarariza bagabitanya. Ni ukuri, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabische uitleg van de Qur'an:
 
Vertaling van de betekenissen Surah: el-Anaam
Surah's Index Pagina nummer
 
Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti - Index van vertaling

Vertaald door Yoessoef Ghayiti. Uitgegeven door de Afrikaanse Ontwikkelingsstichting.

Sluit