Nta co abavukanyi banyu bazobamarira, eka n’abana banyu batuma mugira abagararije abagenzi somambike, nta co bazobamarira. Ku musi w’izuka, Imana Allah Izobatandukanya, Iheze Yinjize aberanda mu Bwami bw’ijuru, inkozi z’ikibi na zo Izinjize mu muriro. Burya rero Imana Allah, ivyo mukora n'ivyo muvuga vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona.
Bemeramana! Mu vy’ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga mu mvugo no mu ngiro, ku Ntumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, igihe babwira abantu babo batemera bati: “Mu vy’ukuri twebwe, turitandukanije na mwe hamwe n’ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah. Kuva ubu rero, twagararije ivyo mwemera mu bigirwamana, hamaze no kwibonekeza urwanko n’inzigo hagati yacu na mwe, kugeza aho muzokwemera Imana Imwe Rudende Allah, mukavavanura no gusenga ibigirwamana”. Ariko rero, ntimwokwigana ijambo ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye se yagarariza iti: “Ni ukuri, nzogusabira imbabazi ku Mana Allah, mugabo jewe nta na kimwe nzokumarira ku Mana Allah[1]”. Ibrahimu rero yahavuye atakambira Imana Allah, ati: "Mana yacu Rurema Allah! Twamaze kukwishimikiza mu kukwizera muri vyose, kandi twagarutse iwawe kwigaya, burya iwawe gusa ni yo maherezo yacu;
[1] Aho, hari imbere yuko Ibrahimu amenya ko se yamaze kugarariza akaba umwansi w'Imana Allah; mu nyuma y'aho rero, yahavuye avavanura na se, aritandukanya na we.
Mana yacu Rurema Allah! Ntutugerageze ngo Uduteze abagarariji mu vyo tutokwihanganira; turagusavye Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu, ntubiduhanire. Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri Wewe, Uri Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora".
Bemeramana! Ni ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga ku Ntumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), hamwe no ku bemeramana bari kumwe na yo, canecane ku wuzoba yizeye indishi ku Mana Allah, n’intsinzi ku musi w’imperuka. Nayo uwuzogenza umugongo akirengagiza kwisunga imigenzo y'Abavugishwamana, ni ukuri Imana Allah, ni Yo Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Kumbure Imana Allah Izobakundanisha, mwebwe n’abo mwankanye mu bagararije mu bavandimwe banyu, biciye mu kwemera bakaba abislamu. Burya Imana Allah, ni Mushoboravyose; Imana Allah, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Bemeramana! Imana Allah ntibabuza na gato kugirira neza no gutunganiriza abatabarwanya ku mvo z’ukwemera, bakaba batanabasohoye mu zanyu. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abatunganiriza abandi ata nkunzi.
Ahubwo Imana Allah, Ibabuza gusa kugira abagenzi somambike ababarwanije ku mvo z’ukwemera, bakabasohora mu zanyu, bakanafasha mu kubomora. Kubera ivyo rero, abazobagira abagenzi somambike, abo ni bo birenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Ewe Muvugishwamana! Abemeramanakazi, nibaza bagutumbera bashaka kwiyemeza imbere yawe ko batazobangikanya Imana Allah, batazokwiba, batazorenga ibigo, batazokwica abana babo ku gutinya ubukene canke guteterwa[2], batazovuga ikinyoma mu kwomekera abana ku bagabo babo mu gihe atari ba se babavyara, batazoca kubiri n’ivyo ubabwirije, uraheza rero ubemerere isezerano ryabo, maze ubasabire imbabazi ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimuzogire abantu bashavuriwe n’Imana Allah, ba somambike, na kare baramaze kwihebura ko ata neza baziga mu buzima bw’inyuma yo gupfa; nk’uko abagarariji bihebuye ko abantu babo bari mu mva batazozuka, kuko batemera izuka ry’ibiremwa.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Zoekresultaten:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".