Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Index van vertaling

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Vertaling van de betekenissen Surah: Soerat At-Taghaabon (Beider Verlies en Winst)   Vers:

SURATU TTAGHAABUN

يُسَبِّحُ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ لَهُ ٱلۡمُلۡكُ وَلَهُ ٱلۡحَمۡدُۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, ubwami n’ishimagizwa ni ivyayo, ni na Yo Mushoboravyose.
Arabische uitleg van de Qur'an:
هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ فَمِنكُمۡ كَافِرٞ وَمِنكُم مُّؤۡمِنٞۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ
Ni Yo Yonyene Yabaremye, gutyo muri mwebwe havamwo umuhakanyi n’umwemeramana (umwe wese ku co yahisemwo). Imana Allah na Yo, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.
Arabische uitleg van de Qur'an:
خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّ وَصَوَّرَكُمۡ فَأَحۡسَنَ صُوَرَكُمۡۖ وَإِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ
Yaremye amajuru n’isi mu kuri (ata gufyina kurimwo), Iraheza Irabarema Ibaha n’ishusho ryiza ribabereye. Ni kuri Yo rero, ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Arabische uitleg van de Qur'an:
يَعۡلَمُ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَيَعۡلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعۡلِنُونَۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ
Bantu! Imana Allah Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, Iranazi ivyo mugirira mw’ibanga n’ivyo mugirira ku mugaragaro. Kandi burya Imana Allah, Irazi n'ibinyegejwe mu mishaha.
Arabische uitleg van de Qur'an:
أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ نَبَؤُاْ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَبۡلُ فَذَاقُواْ وَبَالَ أَمۡرِهِمۡ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Babangikanyamana! Mbega, ntimwashikiriwe n’inkuru y’abagararije b’aho hambere! Barahonjeje inkurikizi z’ubugarariji bwabo, baranarindiriwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabische uitleg van de Qur'an:
ذَٰلِكَ بِأَنَّهُۥ كَانَت تَّأۡتِيهِمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَقَالُوٓاْ أَبَشَرٞ يَهۡدُونَنَا فَكَفَرُواْ وَتَوَلَّواْۖ وَّٱسۡتَغۡنَى ٱللَّهُۚ وَٱللَّهُ غَنِيٌّ حَمِيدٞ
Ivyo vyose rero, vyatewe n’uko Intumwa zabazanira ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, bakavuga n’akagaye n'akantu bati: “Mbega abantu nkatwe, ni bo boturongora!”. Ni uko rero, baraheza baragarariza Imana Allah, barahakana n’Intumwa zayo bivuye inyuma, bagenza umugongo ntibemera ukuri, Imana Allah na Yo, Irabirengagiza. Burya Imana Allah, ni Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Arabische uitleg van de Qur'an:
زَعَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَن لَّن يُبۡعَثُواْۚ قُلۡ بَلَىٰ وَرَبِّي لَتُبۡعَثُنَّ ثُمَّ لَتُنَبَّؤُنَّ بِمَا عَمِلۡتُمۡۚ وَذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٞ
Abagararije, barigamba ko batazozurwa. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Muzobuzwa n’iki kuzurwa! Ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema ko muzozurwa, hanyuma mumenyeshwe ivyo mwakoze vyose; kandi ivyo biroroshe cane ku Mana Allah”.
Arabische uitleg van de Qur'an:
فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَٱلنُّورِ ٱلَّذِيٓ أَنزَلۡنَاۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ
Babangikanyamana! Enda rero nyabuna nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, mwemere na Qor’ani Twebwe Allah Twamanuriye Intumwa yacu. Burya Imana Allah, Irazi ivyo mukora, ni Muhetuziwavyose.
Arabische uitleg van de Qur'an:
يَوۡمَ يَجۡمَعُكُمۡ لِيَوۡمِ ٱلۡجَمۡعِۖ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلتَّغَابُنِۗ وَمَن يُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ وَيَعۡمَلۡ صَٰلِحٗا يُكَفِّرۡ عَنۡهُ سَيِّـَٔاتِهِۦ وَيُدۡخِلۡهُ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدٗاۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Nimwibuke n’umusi Imana Allah, Yabakoranirije hamwe ku musi w’iyegeranywa ry’ibiremwa. Uwo, ni wo musi w’uruhombo no kwicuza. Uwo wese rero yemera Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe, Izomubabarira ibicumuro vyiwe, Imwinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye.
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ
Nayo abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’ivyemezo vyayo Yarungikanye Intumwa, vyerekana ko Ikwiye gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa; abo, ni bo bantu rero bo mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera; ayo, ni yo maherezo mabi cane.
Arabische uitleg van de Qur'an:
مَآ أَصَابَ مِن مُّصِيبَةٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَمَن يُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ يَهۡدِ قَلۡبَهُۥۚ وَٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ
Nta n’umwe ashikirwa n’ikiza ico ari co cose, kiretse ko kiba ku bushake n’ubushobozi vy’Imana Allah. Uwo wese yemera Imana Allah vy’ukuri, Imana Allah Izoshoboza umushaha wiwe kwakirana umutima ushima ivyagezwe. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُواْ ٱلرَّسُولَۚ فَإِن تَوَلَّيۡتُمۡ فَإِنَّمَا عَلَىٰ رَسُولِنَا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ
Bantu! Enda rero nyabuna nimwumvire Imana Allah, mwongere mwumvire n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Nimwagenza umugongo mukagabitanya, ni ukuri Intumwa yacu, ijejwe gusa gushikiriza ubutumwa butomoye.
Arabische uitleg van de Qur'an:
ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ
Allah, ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Abemeramana rero, nibishimikize Imana Allah bayizere.
Arabische uitleg van de Qur'an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِنَّ مِنۡ أَزۡوَٰجِكُمۡ وَأَوۡلَٰدِكُمۡ عَدُوّٗا لَّكُمۡ فَٱحۡذَرُوهُمۡۚ وَإِن تَعۡفُواْ وَتَصۡفَحُواْ وَتَغۡفِرُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mu vy’ukuri mu bakenyezi banyu no mu bibondo vyanyu, harimwo abansi banyu bashobora kubanyereza, murabiyubara rero. Nimwabagirira ikigongwe mukirengagiza ivyo babagiriye mukanabagumiriza ibanga; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo, Izobasubiriza mu ndumane.
Arabische uitleg van de Qur'an:
إِنَّمَآ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَأَوۡلَٰدُكُمۡ فِتۡنَةٞۚ وَٱللَّهُ عِندَهُۥٓ أَجۡرٌ عَظِيمٞ
Mu vy’ukuri amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ni ibigeragezo kuri mwebwe. Imana Allah na Yo, Irafise impembo ihambaye.
Arabische uitleg van de Qur'an:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ مَا ٱسۡتَطَعۡتُمۡ وَٱسۡمَعُواْ وَأَطِيعُواْ وَأَنفِقُواْ خَيۡرٗا لِّأَنفُسِكُمۡۗ وَمَن يُوقَ شُحَّ نَفۡسِهِۦ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimwitange uko mushoboye kwose mu kwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah; mwumvire n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muyigamburukire, maze mutange no mu vyo mwaronkejwe ku neza yanyu. Abazokingirwa ntibabe ingumyi; abo, ni bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabische uitleg van de Qur'an:
إِن تُقۡرِضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا يُضَٰعِفۡهُ لَكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ شَكُورٌ حَلِيمٌ
Nimwagurana Imana Allah ingurane nziza (mu gutanga ku bwayo), Izobagwiriza indishi umurengera, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntibibahanire. Burya Imana Allah, ni Nyenindishi, Isubiriza mu ndumane uwutanga; Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana;
Arabische uitleg van de Qur'an:
عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Izi ibinyegeje n’ibiboneka. Ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Arabische uitleg van de Qur'an:
 
Vertaling van de betekenissen Surah: Soerat At-Taghaabon (Beider Verlies en Winst)
Surah's Index Pagina nummer
 
Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - الترجمة الكيروندية - Index van vertaling

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Sluit