Check out the new design

د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي * - د ژباړو فهرست (لړلیک)

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

د معناګانو ژباړه سورت: یونس   آیت:
وَمِنۡهُم مَّن يَنظُرُ إِلَيۡكَۚ أَفَأَنتَ تَهۡدِي ٱلۡعُمۡيَ وَلَوۡ كَانُواْ لَا يُبۡصِرُونَ
Mu bagarariji harimwo n’abakuraba n’ivyemezo ushikiriza, ntibaheze ngo bemere kurongoka. Ntumwa y’Imana! Mbega woshobora gutuma ibipfamaso bibona bigatumbera inzira n’aho vyoba bitabona ukuri ngo binyurwe[12]!
[12] Muri iyi Aayah, Imana Allah Igereranya ababona ivyemezo vyotuma bemera, ntibaheze ngo bemere, nka kurya kw’impumyi zitabona ngo zitumbere inzira. Nka kurya rero, ata wushobora gutuma impumyi ibona ngo itumbere inzira, ni ko umugarariji abona ivyemezo vyotuma yemera akabihakana, ata wushobora gutuma yemera mu gihe Imana Allah Itabishatse.
عربي تفسیرونه:
إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَظۡلِمُ ٱلنَّاسَ شَيۡـٔٗا وَلَٰكِنَّ ٱلنَّاسَ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Mu vy’ukuri Imana Allah, nta na kimwe Irenganyako abantu mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke kugabanywa indishi, ariko abantu ni bo nyene birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah.
عربي تفسیرونه:
وَيَوۡمَ يَحۡشُرُهُمۡ كَأَن لَّمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا سَاعَةٗ مِّنَ ٱلنَّهَارِ يَتَعَارَفُونَ بَيۡنَهُمۡۚ قَدۡ خَسِرَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِلِقَآءِ ٱللَّهِ وَمَا كَانُواْ مُهۡتَدِينَ
N’igihe Imana Allah Yegeranirije hamwe ababangikanyamana bose ku musi w’izuka, bakaba nk’aho batigeze baba kw’isi kiretse isaha imwe gusa y’umurango, bazoheza bamenyane nk’uko bari bakiri kw’isi, hanyuma nya kumenyana guhere mu kanya isase. Ni ukuri, harahomvye abagararije bagahakana bivuye inyuma, ko bazozuka bagahura n’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze. Kira noneho, ntibari no gushobozwa kuba abagororotsi.
عربي تفسیرونه:
وَإِمَّا نُرِيَنَّكَ بَعۡضَ ٱلَّذِي نَعِدُهُمۡ أَوۡ نَتَوَفَّيَنَّكَ فَإِلَيۡنَا مَرۡجِعُهُمۡ ثُمَّ ٱللَّهُ شَهِيدٌ عَلَىٰ مَا يَفۡعَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Nitwaramuka Tukweretse ukiri muzima bimwe mu bihano Twabasezeraniye kw’isi, canke Tukakwaka ubuzima ugapfa Tutarabikwereka, uko biri kwose ico womenya, ni uko impera n'imperuka bazosubizwa iwacu Twebwe Allah. Hanyuma Imana Allah, ni Yo Cabona ku vyo bagira vyose kw'isi, kandi Izobibahembera.
عربي تفسیرونه:
وَلِكُلِّ أُمَّةٖ رَّسُولٞۖ فَإِذَا جَآءَ رَسُولُهُمۡ قُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡقِسۡطِ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Bantu! Umugwi uwo ari wo wose w’abantu wabayeho aho hambere yanyu, wararungikiwe Intumwa ivuye muri bo; nk’uko mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ibararikira kwumvira Imana Allah. Igihe rero haje Intumwa yabo ku musi w’izuka, bazocirirwa urugororotse, eka ntibazorenganywa namba.
عربي تفسیرونه:
وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza bavuga bati: “Mbega umusi w’izuka ni ryari, niwaba wewe n’abagukurikiye muri imvugakuri mu vyo mudusezeranira?”.
عربي تفسیرونه:
قُل لَّآ أَمۡلِكُ لِنَفۡسِي ضَرّٗا وَلَا نَفۡعًا إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۗ لِكُلِّ أُمَّةٍ أَجَلٌۚ إِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ فَلَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nta kibi nshoboye kwikingira, eka nta n’ico nokwimarira kiretse ico Imana Allah Yashatse ko kiba”. Burya umugwi wose w’abantu urafise isango wagenewe ryo gupfa; igihe rero isango ryawo ryo gupfa ryageze, ntushobora kwongerezwa ikiringo co kubaho eka n’ikiringo co kubaho, ntikinashobora guhera imbere y’isango nyezina.
عربي تفسیرونه:
قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُهُۥ بَيَٰتًا أَوۡ نَهَارٗا مَّاذَا يَسۡتَعۡجِلُ مِنۡهُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Enda nyabuna, nimumbwire uko mwovyifatamwo, igihe mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah mw’ijoro canke ku murango! Mbega abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bihutira iki mu gusaba ibihano!”.
عربي تفسیرونه:
أَثُمَّ إِذَا مَا وَقَعَ ءَامَنتُم بِهِۦٓۚ ءَآلۡـَٰٔنَ وَقَدۡ كُنتُم بِهِۦ تَسۡتَعۡجِلُونَ
Mbega bagarariji! Inyuma y’aho mushikiwe n’ibihano, ni ho mwokwemera Imana Allah, kandi nya kwemera muri ico gihe ata co kwobamarira! Mwoheza mukabwirwa muti: “Ubu ni ho mubonye kwemera Imana Allah kandi mwahora muyiteburako!”;
عربي تفسیرونه:
ثُمَّ قِيلَ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ ذُوقُواْ عَذَابَ ٱلۡخُلۡدِ هَلۡ تُجۡزَوۡنَ إِلَّا بِمَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ
Hanyuma abirenganije mu kugarariza Imana Allah na bo, bakabwirwa bati: “Nimwumvirize ibihano vy’Imana Allah vyamaho, burya mugira ngo murahembwa kiretse ku vyo mwari mwararondeye kw’isi!”.
عربي تفسیرونه:
۞ وَيَسۡتَنۢبِـُٔونَكَ أَحَقٌّ هُوَۖ قُلۡ إِي وَرَبِّيٓ إِنَّهُۥ لَحَقّٞۖ وَمَآ أَنتُم بِمُعۡجِزِينَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye guhanwa ku musi w’izuka, ko ari ivy’ukuri! Bishure uti: “Ego cane, ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema Allah, ni ivy’ukuri koko, kandi na mwe ntimuzonanira Imana Allah ko Ibazura, Ikanabahembera ivyo mwakoze”.
عربي تفسیرونه:
 
د معناګانو ژباړه سورت: یونس
د سورتونو فهرست (لړلیک) د مخ نمبر
 
د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي - د ژباړو فهرست (لړلیک)

یوسف ګهيتي ژباړلی. د افریقا پرمختیایي بنسټ لخوا خپره شوې ده.

بندول