Check out the new design

د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي * - د ژباړو فهرست (لړلیک)

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

د معناګانو ژباړه سورت: یوسف   آیت:
يَٰبَنِيَّ ٱذۡهَبُواْ فَتَحَسَّسُواْ مِن يُوسُفَ وَأَخِيهِ وَلَا تَاْيۡـَٔسُواْ مِن رَّوۡحِ ٱللَّهِۖ إِنَّهُۥ لَا يَاْيۡـَٔسُ مِن رَّوۡحِ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Ehe bane banje! Nimusubire muri Misiri, maze mugendereze inkuru ku vyerekeye Yusufu na murumuna wiwe, kandi ntimwihebure ku mpuhwe z’Imana Allah, burya nta wihebura ku mpuhwe z’Imana Allah, kiretse abantu b’abagarariji, batemera ubushobozi n'ububasha vyayo”.
عربي تفسیرونه:
فَلَمَّا دَخَلُواْ عَلَيۡهِ قَالُواْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡعَزِيزُ مَسَّنَا وَأَهۡلَنَا ٱلضُّرُّ وَجِئۡنَا بِبِضَٰعَةٖ مُّزۡجَىٰةٖ فَأَوۡفِ لَنَا ٱلۡكَيۡلَ وَتَصَدَّقۡ عَلَيۡنَآۖ إِنَّ ٱللَّهَ يَجۡزِي ٱلۡمُتَصَدِّقِينَ
Bahavuye rero basubira muri Misiri, bagize ngo barinjiye kwa Yusufu, bamubwiye bati: “Ewe mutware! Twaratewe n’inzara, twebwe n’umuryango wacu wose, ni ko kuza twibangikanije iki kiguzi gidashemeye, turasavye rero ko mwotugerera ibikwiye nk’uko mwahora mubigenza ku kiguzi nk’ico nyene, n’aho kidashemeye. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahemba abafasha abandi bakabaha imperezwa”.
عربي تفسیرونه:
قَالَ هَلۡ عَلِمۡتُم مَّا فَعَلۡتُم بِيُوسُفَ وَأَخِيهِ إِذۡ أَنتُمۡ جَٰهِلُونَ
Yusufu amaze kwumva ivyo bavuze, yafashwe n’ikigumbagumba, aca ababwira ati: “Mbega mwoba mwibuka ivyo mwagiriye Yusufu na murumunawe igihe mutashobora gutahura iherezo ryanyu?”.
عربي تفسیرونه:
قَالُوٓاْ أَءِنَّكَ لَأَنتَ يُوسُفُۖ قَالَ أَنَا۠ يُوسُفُ وَهَٰذَآ أَخِيۖ قَدۡ مَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَآۖ إِنَّهُۥ مَن يَتَّقِ وَيَصۡبِرۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni ho baca bamubaza bitangaza bati: “Burya mu vy’ukuri, yoba ari wewe Yusufu!?”. Na we ati: “Ego cane ni jewe! Uyu na we ni murumunanje, Imana Allah Yaratugiriye ubuntu maze Iraduhuza. Burya uwutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanihanganira ibigeragezo, nta nkeka ko Izobimuhembera; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitakaza impera y’abagwaneza”.
عربي تفسیرونه:
قَالُواْ تَٱللَّهِ لَقَدۡ ءَاثَرَكَ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا وَإِن كُنَّا لَخَٰطِـِٔينَ
Bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah ko Yamaze kuguha icubahiro kiturengeye, kandi ku vyo twabagiriye, twarakosheje pe!”.
عربي تفسیرونه:
قَالَ لَا تَثۡرِيبَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡيَوۡمَۖ يَغۡفِرُ ٱللَّهُ لَكُمۡۖ وَهُوَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Yusufu ni ho yabishura ati: “Kuri uno musi, nta kabi kuri mwebwe, Imana Allah Ibababarire ivyaha vyanyu, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyempuhwe bose”.
عربي تفسیرونه:
ٱذۡهَبُواْ بِقَمِيصِي هَٰذَا فَأَلۡقُوهُ عَلَىٰ وَجۡهِ أَبِي يَأۡتِ بَصِيرٗا وَأۡتُونِي بِأَهۡلِكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ni ho rero bamwiganira ko se yamaze guhuma biturutse ku ntimba amufitiye, aca ababwira ati: “Nimugende mujanye iyi kanzu yanje; nimwagerayo, muce muyiterera mu maso ya data, azoca asubira kubona ukuri kwamye, hanyuma muzoce mugaruka muzananye n’umuryango wose”.
عربي تفسیرونه:
وَلَمَّا فَصَلَتِ ٱلۡعِيرُ قَالَ أَبُوهُمۡ إِنِّي لَأَجِدُ رِيحَ يُوسُفَۖ لَوۡلَآ أَن تُفَنِّدُونِ
Bagize ngo baratanguye urugendo bava muri Misiri bagana muri Shaamu, bafise nya kanzu, se wabo Yakubu yaciye abwira abari kumwe na we ati: “Ni ukuri, ndumva akamoto ka Yusufu n’aho mwoshaka mugatebura ku vyo mvuze, mwibaza ko ndi umukehabwenge”.
عربي تفسیرونه:
قَالُواْ تَٱللَّهِ إِنَّكَ لَفِي ضَلَٰلِكَ ٱلۡقَدِيمِ
Abari ng’aho, bamwishuye bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wewe mu vy’ukuri, ukirembejwe n’intimba y’urukundo rwa Yusufu, bigatuma uguma umubona!”.
عربي تفسیرونه:
 
د معناګانو ژباړه سورت: یوسف
د سورتونو فهرست (لړلیک) د مخ نمبر
 
د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي - د ژباړو فهرست (لړلیک)

یوسف ګهيتي ژباړلی. د افریقا پرمختیایي بنسټ لخوا خپره شوې ده.

بندول